ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/4 rup. 20-24
  • Nureme Uko Ukurokorwa Kwegereza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nureme Uko Ukurokorwa Kwegereza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ibihe Bigoye”
  • Nta Kurokorwa Kuzanwa n’Abantu
  • Ukurokorwa Kuregereje—Kuri Bande?
  • Umurokozi Mukuru
  • Ukurokora Kwabaye mu Gihe Cahise
  • Ukurokorwa n’Ubwami bw’Imana kuregereje!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Woba uha agaciro ivyo Yehova yakoze kugira ngo akurokore?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ukurokorwa Tukinjira mw Isi Nshasha Itunganye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ijambo rya Yehova ryama riranguka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/4 rup. 20-24

Nureme Uko Ukurokorwa Kwegereza

‘Ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Yehova mbivuze.’—YEREMIYA 1:19.

1, 2. Ni kuki umuryango w’abantu ukeneye kurokorwa?

UKUROKORWA! Ese ukuntu ari ijambo rihumuriza! Kurokorwa bisigura gutabarwa, ugukurwa mu nyifato y’ibintu mbi, y’amagorwa. Ivyo birimwo iciyumviro c’ukuzanwa mu buzima bwiza, buhimbaye gusumba.

2 Ese ukuntu n’umwiheburo n’akantu umuryango w’abantu ukeneye ukurokorwa mwen’ukwo muri iki gihe! Hose abantu barakubagurwa kandi bakavunwa intege n’imbangamyi z’amananiza—mu vy’ubutunzi, mu vy’ikibano, mu vy’umubiri, mu vy’ubuzirikanyi, no mu vy’akanyengetera. Abantu benshi gusumba baraterwa umwikomo kandi bakihebuzwa n’ukuntu ivy’iyi si biriko bigenda, kandi bakaba bipfuza ko hoba ihinduka rituma ibintu bimera neza gusumba.—Yesaya 60:2; Matayo 9:36.

“Ibihe Bigoye”

3, 4. Ni kuki ubu ukurokorwa gukenewe rwose?

3 Kubera yuko iki kinjana ca 20 cabayemwo amarushwa y’agakomeye kuruta ikindi kinjana ico ari co cose, ukurokorwa kurakenewe kuruta ikindi gihe cose carenganye. Muri iki gihe, abantu barenga umuliyaridi babayeho mu bukene bubabaje, kandi ico gitigiri ciyongerako abashika nk’imiliyoni 25 ku mwaka. Buri mwaka hafi abana imiliyoni 13 barapfa bivuye ku kudafungura neza canke ku zindi nyendamuvano zituruka ku bukene—ni ukuvuga abarenga 35 000 ku musi! Kandi yandi mamiliyoni y’abantu bakuze barapfa bujaniranwe bivuye ku ndwara zitari zimwe.—Luka 21:11; Ivyahishuriwe Yohana 6:8.

4 Indwano hamwe n’imivurungano yo mu banyagihugu vyaratumye haba ugucumukura bitagira uko vyovugwa. Igitabu Death by Government (Urupfu Ruterwa n’Intwaro), kivuga ko indwano, amatati ashingiye ku bwoko no kw idini, hamwe n’igandagurwa ry’amasinzi rigirwa n’intwaro mu banyagihugu bazo bwite “vyishe abantu barenga imiliyoni 203 muri iki kinjana.” Mu nyuma cavuze ibi: “Abapfa boshobora kuba begereza abantu imiliyoni 360. Ni nk’uko ubwoko-muntu bwoba bwatikijwe n’Ikiza c’Ubuyobe ca none. Kandi vy’ukuri bwaratikijwe, budatikijwe n’imikorobo mugabo n’ikiza c’Agahambaye.” Umwanditsi Richard Harwood yabonye ibi: “Indwano z’umugigano zo mu binjana vyahise zari intambara zidashemeye tugereranije.”—Matayo 24:6, 7; Ivyahishuriwe Yohana 6:4.

5, 6. Ni igiki gituma iki gihe turimwo kibamwo amarushwa gutya?

5 Icigeretse ku bintu bibabaza vyo mu myaka iheruka ni iyongerekana rinini rwose ry’ubukozi bw’ikibi bukaze, ubushakanyi n’ugusambuka kw’umuryango. Uwahoze ari Umunyamabanga ashinzwe Indero wo muri Reta Zunze Ubumwe, William Bennett, yamenyesheje ko mu myaka 30 abantu bo muri Reta Zunze Ubumwe bongerekanye 41 kw ijana, mugabo ko ubukozi bw’ikibi bukaze bwongerekanye 560 kw ijana, ibitwarire vyongerekana 400 kw ijana, imyahukano 300 kw ijana, ukwiyahura kw imiyabaga na kwo kwongerekana 200 kw ijana. John DiIulio, Jr., Porofeseri wo kuri Kaminuza y’i Princeton, yarabuye ivy’izūrūka ry’imigwi y’abakiri bato “b’abaryanyi b’indenzarugero,” bano bakaba “bagandagura, batera, basambanya ku gahato, bambura, bagasenya inzugi kandi bakanandurutsa imivurungano ikomeye mu kibano. Ntibatinya guterwa isoni n’ugufatwa, amarushwa ava ku gupfungwa, canke imisonga y’imburanyamutima.” Muri ico gihugu, ubwicanyi ni yo mpamvu ntezarupfu igira kabiri mu bamaze imyaka y’amavuka iri hagati ya 15 na 19. Kandi abana benshi bari munsi y’imyaka ine barapfa bivuye ku gufatwa nabi kuruta abapfa bahitanywe n’indwara.

6 Ubukozi bw’ikibi hamwe n’ubukazi mwen’ivyo ntibiri mw ihanga rimwe gusa. Ibihugu vyinshi biratanga amakuru avuga ko birimwo isibe nk’iryo nyene. Igiterera umuganda muri ivyo ni iyongerekana ry’ikoreshwa ritemewe ry’ibiyayuzi ryonona abantu amamiliyoni. Ikinyamakuru co muri Ostraliya citwa Sydney Morning Herald cavuze kiti: “Ubutarafikayi bw’ibiyayuzi bugirwa mu mahanga bwacitse ubucuruzi bw’isi bugira kabiri burushirije kuzana inyungu inyuma y’urudandazwa rw’ibirwanisho.” Iyindi nyungamwo ni ubukazi hamwe n’ubushakanyi ubu vyerekanwa rwose kuri Televiziyo. Mu bihugu vyinshi, iyo umwana ashikanye imyaka 18 y’amavuka, aba amaze kubona ibikorwa ibihumbi mirongo vy’ubukazi hamwe n’ibidaharurika vy’ubushegabo vyerekanwa kuri Televiziyo. Ako ni akosho kononyi gahambaye, kubera ko ubumuntu bwacu bukarishwa n’ivyo nantaryo dufungurira imizirikanyi yacu.—Abaroma 12:2; Abanyefeso 5:3, 4.

7. Ikimenyeshakazoza ca Bibiliya cǎvuze imbere y’igihe gute ivyerekeye imero z’ibintu mbi za none?

7 Ikimenyeshakazoza ca Bibiliya caravuze imbere y’igihe ivyerekeye urwo rukurikirane ruteye akoba rw’ibishikiragihe muri iki kinjana turimwo. Cavuze ko hobaye indwano zikwiye kw isi yose, ibīza vy’indwara, amapfa, n’igwirirana ry’ubugarariji. (Matayo 24:7-12; Luka 21:10, 11) Kandi iyo twihweje ikimenyeshakazoza canditswe muri 2 Timoteyo 3:1-5, bimera nk’ukwumviriza amakuru ya buri musi. Kigereranya iki gihe turimwo ko ari “[i]misi y’iherezo” kandi kikadondora abantu ko ari ‘abikunda gusa, abakunda amahera, batumvira abavyeyi, abahemu, badakunda ababo, batigumya, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana.’ Uko ni ko vy’ukuri isi imeze muri iki gihe. Nk’uko William Bennett yavyemeje icese: “Hariho ibimenyetso vyinshi kurenza vy’uko . . . akaranga k’abantu kaboze.” Mbere vyaravuzwe ko akaranga k’abantu kaheranye n’indwano ya mbere y’isi yose.

8. Ni kuki Imana yazanye Umwuzure mu gihe ca Nowa, kandi ivyo vyerekeye gute iki gihe turimwo?

8 Inyifato y’ibintu ubu yarunyutse mbere kuruta iy’imbere y’Umwuzure wo mu gihe ca Nowa, igihe “isi yuzu[ra] umuryano.” Ico gihe, abantu muri rusangi bǎranse kwihana ngo bave mu nzira mbi zabo. Ni co gituma Imana yavuze iti: “Isi yuzuye umuryano kubgabo; nuko nzobarandura.” Umwuzure warakuyeho iyo si yuzuye ubukazi.—Itanguriro 6:11, 13; 7:17-24.

Nta Kurokorwa Kuzanwa n’Abantu

9, 10. Ni kuki tudakwiye kwitega kurokorwa n’abantu?

9 Ukwinanata kw’abantu kwoba gushoboye kuturokora ngo kudukure muri iyi mero y’ibintu mbi? Ijambo ry’Imana ryishura riti: “Ntimukishimire abahambaye, cank’umwana w’umuntu n’umwe, ata co yoshobora gukiza.” “Ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” (Zaburi 146:3; Yeremiya 10:23) Imyaka ibihumbi n’ibihumbi y’akahise yaragaragaje ivyo bintu-kuri. Abantu baragerageje buri buryo bwose bubaho mu vya politike, ivy’ubutunzi, n’ivy’ikibane, mugabo ibintu biguma bitituka. Iyaba harabonetse umuti utowe n’umuntu, ubu biba bimaze kwibonekeza. Ahubwo nyabuna ibihari ni uko “umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.”—Umusiguzi 8:9; Imigani 29:2; Yeremiya 17:5, 6.

10 Ubu haraciye imyaka irenga cumi, uwahoze ari umujenama mu vy’umutekano wo muri Reta Zunze Ubumwe, Zbigniew Brzezinski, yavuze ati: “Insozero ntazibukirwa y’umwihwezo utagiramwo ngondegonde w’ibiba kw isi yose ni iy’uko imivurungano yo mu kibane, uruhagarara rwo mu vya politike, amagume y’ivy’ubutunzi, hamwe n’amatati mpuzamahanga ameze nk’ayagiye kurushiriza gukwiragira.” Yongeyeko ati: “Impanamyi ibangamiye ubwoko muntu [ni] iy’umuvurungano ukwiye hose.” Iryo gerereza ry’ukuntu ibintu bimeze kw isi mbere rirarushirije kumera gutyo muri iki gihe. Mu gusigura ivyerekeye iki kiringo kirimwo ubukazi bwiyongereye, ikinyamakuru c’i New Haven muri Connecticut, ari co Register, camenyesheje icese kiti: “Ibintu bisa n’ivyononekaye rwose ku buryo bitoba bigishoboka ko bihagarikwa.” Haba namba, nta kizohagarika iyononekara ry’iyi si, kubera ikimenyeshakazoza cerekeye iyi “misi y’iherezo” cavuze kandi kiti: “Abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.”—2 Timoteyo 3:13.

11. Ni kuki ukwunyuka kw’imero z’ibintu kutazohindurwa n’utwigoro tw’umuntu?

11 Abantu ntibashobora guhindura ivyo bintu biba kubera yuko Shetani ari ‘we mana y’ivy’iyi si.’ (2 Ab’i Korinto 4:4) Egome “isi yose iri muri wa Mubi.” (1 Yohana 5:19; raba kandi Yohana 14:30.) Bibiliya iravuga itihenda ku vyerekeye iyi misi turimwo iti: “Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.” (Ivyahishuriwe Yohana 12:12) Shetani arazi ko ubutegetsi bwiwe hamwe n’isi yiwe bigiye kurangira, ni co gituma ameze nk’ “intambge yivuga, arondera uwo arotsa.”—1 Petero 5:8.

Ukurokorwa Kuregereje—Kuri Bande?

12. Ukurokorwa kwegereje kuri bande?

12 Ibintu bigoye vyiyongera kw isi ni ikimenyamenya ntahinyuzwa c’uko ihinduka rinini rwose—vy’ukuri, ukurokorwa guhambaye—ryegereje cane! Kuri bande? Ukurokorwa kuriko kuregereza ku bashira ikebu ku bimenyetso mburizi hanyuma bagaheza bagakora ikibereye. Muri 1 Yohana 2:17 harerekana ibitegerezwa kugirwa: “Isi [ivy’iyi si ya Shetani] irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.” (Impirikano ni izacu.)—Raba kandi 2 Petero 3:10-13.

13, 14. Yezu yashimitse gute ku nkenero y’ukuguma tugavye?

13 Yezu yaramenyesheje ko iki kibane cononekaye ca none kigiye kuzozimanganywa mu gihe c’umuvurungano “[u]tigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi utazokwongera kubaho.” (Matayo 24:21) Ni co gituma yagabishije ati: “Mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego: kukw ari k’uzoshika ku bantu bose bashagaje mw isi yose. Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho.”—Luka 21:34-36.

14 ‘Abirinda’ kandi ‘bama bagavye’ bazohīga ivyo Imana igomba kandi babikore. (Imigani 2:1-5; Abaroma 12:2) Abo ni bo ‘bazoshobora guhunga’ agatikizo kagiye kuzanwa kuri iyi si ya Shetani. Kandi barashobora kugira umwishimiro wuzuye w’uko bazorokorwa.—Zaburi 34:15; Imigani 10:28-30.

Umurokozi Mukuru

15, 16. Umurokozi mukuru ni nde, kandi ni kuki tudakekeranya ko imanza ziwe zizoba zigororotse?

15 Kugira abasuku b’Imana barokorwe, ni ngombwa ngo Shetani akurweho we hamwe n’isi yiwe. Ivyo bisaba isôko ry’ukurokora ry’ububasha busumvya abantu kure n’iyo. Iryo sôko ni Yehova Mana, Segaba Rutura, Umuremyi mushoboravyose w’iri hangāre riteye akoba. Ni we Murokozi mukuru: “Jewe, jewe nyene nd[i Yehova]; kandi nta wundi Mukiza atari jewe.”—Yesaya 43:11; Imigani 18:10.

16 Muri Yehova ni ho hari urugero rw’agaheta rw’ububasha, ubwenge, ubutungane n’urukundo. (Zaburi 147:5; Imigani 2:6; Yesaya 61:8; 1 Yohana 4:8) Gutyo rero, niyashitsa imanza ziwe, dushobora gushwiruka ko ibikorwa vyiwe bizoba bigororotse. Aburahamu yabajije ati: “Non’Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?” (Itanguriro 18:24-33) Paulo yaritangaje ati: “Mbeg’Imana iragabitanya? Eka na mba!” (Abaroma 9:14) Yohani yanditse ibi: “Ego me [Yehova] Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ukuri n’ukugororoka.”—Ivyahishuriwe Yohana 16:7.

17. Abasuku ba Yehova bo mu gihe cahise baseruye gute umwishimiro bafise mu mihango yiwe?

17 Iyo Yehova atanze umuhango w’ukurokora, arawushitsa ata kunanirwa. Yosuwa yavuze ati: “Nta kintu na kimwe mu vyiza vyose [Yehova] yasezera[nye] . . . kitāshitse.” (Yosuwa 21:45) Salomo yamenyesheje icese ati: “Nta jambo na rimwe ritāshitse mu vyiza vyose yasezera[nye].” (1 Abami 8:56) Intumwa Paulo yavuze ko Aburahamu “[ata]kekeranishwa no kutizera, . . . amenya neza adakekeranya yukw ico [Imana] yasezeranye ishobora no kugikora.” Sara nk’ukwo nyene “yiyumviriye yukw iyasezeranye ar’iyo kwizerwa.”—Abaroma 4:20, 21; Abaheburayo 11:11.

18. Ni kuki abasuku ba Yehova muri iki gihe bashobora kwishimira ko bazorokorwa?

18 Atari nka kumwe kw’abantu, Yehova ni uwo kwizigirwa vyuzuye, ashitsa iryo avumereye. “[Yehova] Nyen’ingabo ararahiye, ati N’ukuri, uko niyumviriye ni ko bizoshika, kand’uko nagabiye ni ko bizoba.” (Yesaya 14:24) Nuko rero igihe Bibiliya ivuga ngo “[Yehova] lero arazi gukiza abamuyobokeye ibibageramiye n’ukurindira ababi ngo bahanwe ku musi w’urubanza,” dushobora kugira umwishimiro w’uko ivyo bizoba. (2 Petero 2:9, Ubwuzure Bushasha) N’igihe abasuku ba Yehova bahanamiwe n’ugutikizwa n’abansi banyabubasha, bararema kubera aka gatima afise gaserukira muri uyu muhango yahaye umwe mu bamenyeshakazoza biwe: “Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe [Yehova] mbivuze.”—Yeremiya 1:19; Zaburi 33:18, 19; Tito 1:2.

Ukurokora Kwabaye mu Gihe Cahise

19. Yehova yarokoye Loti gute, ivyo bikagereranywa n’ibiki muri iki gihe?

19 Turashobora kuremeshwa rwose n’ukwigana ibikorwa vy’ugukiza vya Yehova bimwebimwe vyamaze kuba. Nk’akarorero, Loti “yarababazwa cane” n’ubukozi bw’ikibi bwari i Sodomu n’i Gomora. Mugabo Yehova ntiyiyobagije ‘induru y’ukwidodombera’ ivyo bisagara. Mu gihe kibereye, yararungitse intwarabutumwa guhimiriza Loti n’urugo rwiwe ngo bave muri ako karere badatevye. Ico vyavuyemwo? Yehova ‘yararokoye umugororotsi Loti,’ ‘ibisagara vy’i Sodomu n’i Gomora yarabikomvomvoye abigira umunyota.’ (2 Petero 2:6-8; Itanguriro 18:20, 21) Muri iki gihe na ho nyene, Yehova arumva induru y’ukwidodombera ubukozi bw’ikibi bw’agaterasoni bw’iyi si. Igihe intwarabutumwa biwe ba none bazoba banonosoye ca gikorwa cabo cihutirwa c’ugushinga icabona ku ntarūko ashaka, azokora ivy’ugusangangura iyi si kandi arokore abasuku biwe nk’uko yabigiriye Loti.—Matayo 24:14.

20. Dondora ivyerekeye ukurokora Yehova yagiriye Isirayeli ya kera ayikuye mu Misiri.

20 Mu Misiri ha kera abantu b’Imana amamiliyoni bari mu buja. Yehova yaravuze ibiberekeye ati: “Numvise gutaka kwabo . . . [ndazi] imibabaro yabo, kandi mmanukanywe no kubarokora.” (Kuvayo 3:7, 8) Ariko rero Farawo amaze kurekura abantu b’Imana ngo bagende, yarahinduye umuzirikanyi wiwe hanyuma arabakurikira afatanije n’ingabo ziwe z’ubushobozi. Abisirayeli basa n’abacakiwe ku Kiyaga Gitukura. Yamara Musa yavuze ati: “Nta co mutinya: mwihagararire gusa, murābe agakiza [Yehova] agira ngw abazanire uyu musi.” (Kuvayo 14:8-14) Yehova yarasatuyemwo kubiri Ikiyaga Gitukura, hanyuma Abisirayeli barahunga. Ingabo za Farawo zarabomye inyuma, mugabo Yehova yararungitse ububasha bwiwe hanyuma “ikiyaga kirabarengera: badobera nk’icuma c’isāsu mu mazi ahambaye.” Mu nyuma, Musa yariginye mu kuririmbira Yehova ati: “N’iyihe ihwanye nawe, wewe w’icubahiro kivuye mu kwera, wewe uteye ubgoba kubg’ibihambaye ukora, wewe ukora ibitangaza?”—Kuvayo 15:4-12, 19.

21. Igisata ca Yehova bakijijwe gute Abanyamoni, Abanyamowabu n’Abanyaseyiri?

21 Mu kindi gihe, amahanga y’abansi ya Amoni, Mowabu na Seyiri (Edomu) yarahanamiye igisata ca Yehova ngo agitikize. Yehova yavuze ati: “Nta co mutinya, canke ngo muranduke imitima kubg’ayo masinzi y’ingabo [z’abansi]; kukw intambara atar’iyanyu, ariko n’iy’Imana. . . . ntimuzorinda kurwana, . . . mwihagararire gusa, murābe agakiza [Yehova] azobakirisha.” Yehova yararokoye igisata ciwe mu gutera uruyoberane mu ngabo z’abansi ku buryo bano bicana.—2 Ngoma 20:15-23.

22. Ni ukurokora ku gitangaro ukuhe Yehova yagiriye Isirayeli ayikiza Abashuri?

22 Igihe Inganji Ntwarasi ya Ashuri yarwanya Yeruzalemu, Umwami Senakeribu yaracokoye Yehova mu kubwira abagabo bicaye hejuru ku ruzitiro ati: “N’izihe mu mana zose zo mur’ivyo bihugu [nǐgaruriye] zākijije igihugu cazo ngo ntigikorokere mu maboko [yanje], ng[o Yehova] na we akize Yerusalemu ngo ntihakorokere mu maboko [yanje]?” Abasuku b’Imana yababwiye ati: “Hezekiya ntabizigize [Yehova], ababarira ng[o Yehova] ntazobura kubakiza.” Maze Hezekiya yarasenganye ubwira ngo babone kurokorwa, “kugira ngw ibihugu vy’abami bose bo mw isi bamenye kw ari wewe [Yehova] wenyene.” Yehova yatikije abasirikare b’Abashuri 185 000, hanyuma abasuku b’Imana bararokorwa. Mu nyuma, igihe Senakeribu yariko arasenga imana yiwe y’ikinyoma, abahungu biwe baramugandaguye.—Yesaya, ikigabane ca 36 n’ica 37.

23. Ni ibibazo ibihe bikeneye kwishurwa ku biraba ukurokorwa kwo muri iki gihe?

23 Nta gukeka turashobora kurema iyo tubonye ukuntu Yehova mu gihe cahise yarokoye igisata ciwe mu buryo butangaje. Twovuga iki ku biraba iki gihe? Ni mu nyifato y’ibintu ngeramizi nyabaki abasuku biwe bizerwa bazojamwo vuba izosaba ukwo kurokora kwiwe kwo ku gitangaro? Ni kuki yarindiriye gushika ubu imbere y’uko abarokora? Ni irangūka nyabaki rizoba ry’aya majambo ya Yezu: “Ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike”? (Luka 21:28) Kandi none ukurokorwa kuzoba gute ku basuku b’Imana bamaze gupfa? Ikiganiro gikurikira kiraja kwihweza ivyo bibazo.

Ibibazo vy’Isubiramwo

◻ Ni kuki ukurokorwa gukenewe rwose?

◻ Ni kuki tutokwitega kurokorwa n’abantu?

◻ Ukurokorwa kwegereje kuri bande?

◻ Ni kuki dushobora kwishimira ukurokora kwa Yehova?

◻ Ni uturorero utuhe tw’ukurokora two mu gihe cahise turemesha?

[Ifoto ku rup. 21]

Aburahamu yari mu bari bishimiye Yehova bimwe vyuzuye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika