Umwana Wawe Yoba Akwiye Kuja mw Ishure ry’Indaro?
IBAZE hamwe woba uba mu gisagara gitoyi mu gihugu kiri mu nzira y’amajambere. Ufise abana batari bake mw ishure ry’intango, ariko bámazemaze imyaka 12 bakaba bazokwunguruza bakaja mw ishure ryisumbuye. Mu karere mubamwo, amashure yisumbuye aruzuye birenze, akenye ibikoresho, akagira n’abakozi badashemeye. Uguhagarika akazi rimwe na rimwe kurugarisha amashure hagashira amayinga n’amezi icarimwe.
Hari uwuguhereje iboroshire iteye igomwe idondora ishure ry’indaro ryo mu gisagara. Ubona amashusho y’abanyeshure bahimbawe, bashajije mu nyambaro, bigira mu masomero, mu malaboratwari no mu mabibiliyoteki, vyose birimwo ibikoresho bikwiye. Nya banyeshure bashakashakira muri orodinateri, bakaruhukira mu vyumba vy’uburyamo birimwo isuku, biteye igomwe. Usoma yuko kimwe mu vyo iryo shure rishaka gushikako ari ugufasha abarerwa ngo “bashikire urugero rw’ivy’amashure rusumbirije bashoboye.” Ukongera ugasoma ngo: “Abarerwa bose basabwa kwisunga icegeranyo c’inyifato isa n’irya mu bisanzwe yitezwe mu rugo, aho bashimikira ku bugwaneza, urupfasoni, ukwubaha abavyeyi n’abakurambere, ugusenyera ku mugozi umwe, ukutinubana, ubuntu, ukutagira ubugunge, n’ukutadohoka.”
Umusore amwenyagura adondwa avuga ati: “Abavyeyi banteye agateka mu buzima, k’ukuja mw ishure ryiza ribaho.” Umwigeme akavuga ati: “Ishure ntiryoroshe ariko riraryoshe. Ngaha ukwiga kurizana.” Ubona worungika umuhungu wawe canke umukobwa wawe kw ishure ry’indaro mwen’iryo?
Ukwiga na Kamere y’Ivy’Impwemu
Abavyeyi bitwararitsi bose bashaka guha abana babo intango nziza mu buzima, kandi kugira babigereko, ukwiga kunogangije kandi kurimwo uburimbane ni ikintu gihambaye. Kenshi ukwiga amashure kuratanga uburyo bw’ukuzoshobora kuronka akazi muri kazoza, kukanafasha abakiri bato kwisununura bakavamwo abakuze bashoboye kwitunga no kuzotunga ingo zabo zo muri kazoza.
‘Mu gihe ishure ry’indaro ryigisha neza rigatanga n’ubuyobozi bunaka mu vyo kwigenza runtu, umuntu yobuzwa n’iki kuritorerako akunguko?’ ni ko kumbure wobaza. Mu kwishura ico kibazo, Abakirisu b’abavyeyi hariho ikintu gihambaye bimwe bikomeye bakwiye kurimbura biciye mw isengesho—ukuntu abana babo bomererwa mu vy’impwemu. Yezu Kirisitu yabajije ati: “Kand’umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose, ni yakwa ubu[zima] bgiwe?” (Mariko 8:36) Birumvikana, muri ivyo nta nyungu namba irimwo. Imbere yo gufata ingingo yo kurungika umwana mw ishure ry’indaro rero, Abakirisu b’abavyeyi bakwiye kurimbura ingaruka ivyo vyoshobora kugira ku bizigizigi abana babo bafise vy’ubuzima budashira.
Akosho Kava ku Bandi Banyeshure
Amashure y’indaro amwamwe ashobora kuba afise ingero z’ivy’ukwigisha z’igitangaza. Ariko bite ku ngero z’ivy’ukwigenza runtu z’abayigamwo canke kumbure mbere za bamwebamwe muri bene gukora muri ayo mashure? Ku vyerekeye ubwoko bw’abantu bobaye bagwiriye muri iyi “misi y’iherezo,” intumwa Paulo yanditse ati: “Mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, birārira, bibona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana, bafise ishusho yo [kwibanda ku M]ana, ariko [bagahinyuka ko batari ukwo ku bu]shobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu.”—2 Timoteyo 3:1-5.
Ukwo gutituka kw’ivy’ukwigenza runtu n’ivy’impwemu gukwiye hose, kukaba guteza agahigo Ivyabona vya Yehova mu vy’ukubaho bisunga ingingo za Bibiliya. Abanyeshure biga bataha imisi yose, basanga ukuja hamwe kwabo n’abo bigana b’iyi si kw’igihe gito gushobora kugira akosho kabi gakomeye kuri kamere yabo y’ivy’impwemu. Guhindura ubusa ako kosho bishobora kuba urugamba koko ku bana b’Ivyabona, naho buri musi bashigikirwa, bagahanurwa kandi bakaremeshwa n’abavyeyi babo.
None abana barungikwa bavuye i muhira iwabo bakaja mu mashure y’indaro, ivyabo vyifashe gute? Baba batawe ukwabo, bonkowe ku gushigikirwa mu vy’impwemu kudahorereza kuva ku bavyeyi buzuye urukundo. Kubera ko babana n’abanyesomero bagenzi babo amasaha 24 ku musi, umukazo wo kugira bashire iyo iryo shengero rishize uragira akosho gakaze birushirije ku mizirikanyi n’imitima vyabo bikiri ibishoro, kuruta uko koshobora kubigira ku banyeshure bibera i muhira. Umunyeshure umwe yavuze ati: “Mu vyo kwigenza runtu, umunyendaro aba mu kaga guhera mu gitondo gushika mw ijoro.”
Paulo yanditse ati: “Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Ab’i Korinto 15:33) Abakirisu b’abavyeyi ntibakwiye kuzimirizwa mu kwiyumvira yuko abana babo batazokomereka mu vy’impwemu mu gihe bama bari kumwe n’abadasukurira Imana. Inyuma y’ikiringo kinaka, abana bibanga Imana barashobora gucika ibiti ku mico ya gikirisu, kandi bagashobora gutakaza ugushima kwose bari bafitiye ibintu vy’impwemu. Rimwe na rimwe ivyo ntibihuta birigaragaza ku bavyeyi, gushika abana babo bamaze kuva mw ishure ry’indaro. Maze kenshi haba harengeranye kugorora ibintu.
Ivyashikiye uwitwa Clément bisa n’ivyo. Arigana ati: “Imbere yo kugenda kure mw ishure ry’indaro, nari mfitiye urukundo ukuri kandi ngasohoka mu busuku bwo mu ndimiro ndi kumwe n’abavukanyi. Canecane narakunda kugira uruhara mu kwiga Bibiliya kw’urugo no mu Nyigisho y’Igitabu y’Ikorane. Ariko rero, aho mariye kuja mw ishure ry’indaro maze imyaka 14 y’amavuka, ukuri narataye buhere. Mu myaka itanu yose namaze mw ishure ry’indaro, sinigeze nja ku makoraniro. Ingaruka y’ukugira abagenzi babi, nagiye mu vy’ibiyayura umutwe, mu vy’itabi, no mu kunywa butuku.”
Akosho Kava ku Bigisha
Mw ishure iryo ari ryo ryose harashobora kubayo abigisha bononekaye mu vy’ukwigenza runtu, bakoresha nabi ikibanza barimwo c’ubukuru. Bamwe usanga ari imburakigongwe n’indyagumvyi, mu gihe abandi usanga barya imitsi abanyeshure babo mu kubimarirako inambu y’umubiri. Mu mashure y’indaro ivyo abigisha mwen’abo bakora ntibikunda gushikanwa imbere.
Ariko rero, abigisha benshi baragerageza ata buryarya kumenyereza abana ngo babe abanyakibano bimbuka, babe abakwiriye isi ibakikuje, bahuze na yo. Mugabo aho harimwo iyindi ngorane ku bana b’Ivyabona. Imico y’isi ntiyama nantaryo ihura n’ingingo za gikirisu. Naho abigisha baremesha abanyeshure kuba abakwiriye iyi si, Yezu yavuze yuko abayoboke biwe ‘batobaye ab’isi.’—Yohana 17:16.
Bite none hamwe imbangamyi zovyuka mu gihe abana bariko bakurikira ingingo zo muri Bibiliya? Niba nya bana biga mw ishure ry’aho batuye kandi bakaba baba i muhira, bashobora kuganira ibibazo mwen’ivyo n’abavyeyi babo. Abavyeyi na bo, bashobora kuyobora abana babo kandi kumbure bakaganira n’umwigisha. Ingaruka yavyo, imbangamyi n’ukutumvikana usanga bitunganywa vuba.
Mu mashure y’indaro ho ni ibindibindi. Abanyeshure mwen’abo bama mu minwe y’abigisha babo. Mu gihe abana bahagarariye ingingo za gikirisu, bategerezwa kubigira badafise kwa gushigikirwa n’abavyeyi babo kwa buri musi. Rimwe na rimwe, abana barihata kugira bagume ari abizerwa ku Mana mu mimerere mwen’iyo. Kenshi na kenshi ariko, nta vyo bagira. Umwana bisa n’uko ari bugondamire ku vyo umwigisha agomba.
Ukudacaruka
Atari nko muri za kaminuza aho abanyeshure ubusanzwe bafise umwidegemvyo wo kwishira bakizana uko bashaka, amashure y’indaro arabuza ugucaruka kw’abana. Menshi muri ayo mashure ntaha uburyo abarerwa bw’ukuva mu kigo c’ishure kiretse ku Wiyinga, amwamwe mbere akaba n’ivyo atabirekura. Umunyeshure umwe wo kw ishure ry’indaro yitwa Eru w’imyaka 11 y’amavuka, agira ati: “Abakuru b’ishure ntibigera batwemerera gusohoka ngo tuje ku makoraniro, ukuja mu ndimiro kwo ntuvuge. Mw ishure, hariho ivy’ugusenga bigirirwa Abagatolika n’Abanyesilamu bonyene. Buri munyeshure wese ahitamwo muri aho habiri canke agahangana no kuronderwa ngo aje ku ruhande rw’abigisha canke rw’abanyeshure. Abanyeshure barahātwa kandi ngo baririmbe ururirimbo rw’igihugu n’indirimbo z’idini.”
Igihe abavyeyi bandikishije abana babo mw ishure nk’iryo, ni ubutumwa buki baba bariko barungikira imiyabaga yabo? Nya butumwa bushobora neza kuba ari uko ukwiga kwo mw isi guhambaye kuruta ugukoranira hamwe ku bwo gusenga no kugira uruhara muri ca gikorwa c’uguhindura abantu abigishwa—ko mbere guhambaye kuruta ukutadohoka ku Mana.—Matayo 24:14; 28:19, 20; 2 Ab’i Korinto 6:14-18; Abaheburayo 10:24, 25.
Mu mashure y’indaro amwamwe, abanyeshure b’Ivyabona barinyamumba kugira bige Bibiliya bari kumwe, ariko na vyo nyene kenshi usanga bigoye. Umwigeme umwe akiri muto yitwa Blessing, w’imyaka 16, aravuga ku vyerekeye ishure ry’indaro yigako ati: “Buri musi abitwa ngo ni Abakirisu baratororokana ngo basenge. Twebwe Ivyabona turagerageza gusabana na bo kugirango dushobore kugira inyigisho yacu, ariko abadukurira batubwira ngo iyungungane ryacu ntiryemewe. Baca bagerageza kuduhata ngo dusengane na bo. Iyo twanse, baraduhana. Gutera akamo abigisha bituma ibintu bidabuka. Batwita amazina yose abaho hanyuma bakabwira abanyeshure badukurira ngo baduhane.”
Kwibonekeza ko Tumeze Ukundi
Iyo abanyeshure bo mw ishure ry’indaro bazwi neza ko ari Ivyabona vya Yehova, ivyo bishobora kubagirira akarusho. Abakuru b’ishure barashobora kubakurako ivy’ukugira uruhara mu mirimo y’agahato y’idini y’ikinyoma, na vyo bikaba bigongana n’ukwizera kw’Ivyabona. Abanyeshure bagenzi babo bashobora kwirinda kugerageza kubashiramwo mu mirimo n’ibiyago bibibibi. Harashobora kuboneka utubero two gushinga icabona ku banyeshure bagenzi babo no ku bigisha. Ikindi kandi, ababaho bisunga ingingo za gikirisu ntibakunda kubicura ko bokora ikibi c’akamaramaza, kandi rimwe na rimwe barironsa ukwubahwa n’abigisha be n’abanyeshure bagenzi babo.
Ariko rero, ibintu ntivyama bigenda gutyo. Ukwibonekeza ko tumeze ukundi kenshi biratuma umuntu akiri muto yamira ku guhamwa no gutyekezwa n’abanyeshure be n’abigisha nyene. Uwitwa Yinka, agahungu k’imyaka 15 y’amavuka kiga mw ishure ry’indaro, kavuga gati: “Kw ishure, mu gihe uzwi ko uri umwe mu Vyabona vya Yehova, ucika imbashwa. Kubera ko bazi aho duhagaze mu vy’impwemu no mu vy’ukwigenza runtu, baratega imitego kugira baturonke.”
Ibanga Ryega Abavyeyi
Nta mwigisha, nta shure canke ikoleji bishobora mu buryo bukwiriye kugerageza gufata igikorwa c’uguhindura abana ngo babe abasuku biyeguye ba Yehova. Ivyo si akazi kabo, eka mbere si bo vyega. Ijambo ry’Imana ritegeka ko abavyeyi ubwabo ari bo bari bwiteho ivyo abana babo bakeneye mu vy’impwemu. Paulo yanditse ati: “Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk[o Yehova] agomba.” (Abanyefeso 6:4) Abavyeyi bashobora bate gukurikiza iyo mpanuro mvamana mu gihe abana babo bari kure mw ishure ry’indaro aho ukugenderwa gushobora kuba kugarukirizwa kuri rimwe canke kabiri ku kwezi?
Imimerere iratandukanye cane, ariko Abakirisu b’abavyeyi barigora kugira bakore mu buryo buhuye n’aya majambo yahumetswe: “Arik’umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane-cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’azoba abaye hanyuma y’ūtizera.”—1 Timoteyo 5:8.
Hoba Hariho Ubundi Buryo?
Abavyeyi bogira iki mu gihe basa n’abafise amahitamwo abiri gusa—ishure ry’indaro canke ishure ry’aho baba rikenye ibikoresho? Bamwe mu basanze ivyabo ari uko bimeze baratondeka ivy’uko haba ivyigwa vyo ku ruhande kugirango bongerereze inyigisho abana babo baronkera kw ishure ry’aho baba. Abandi bavyeyi barashira ku ruhande umwanya wo kwicishiriza ubwenge abana babo.
Rimwe na rimwe abavyeyi baririnda imbangamyi mu gutegekanya neza hakiri kare ivy’igihe abana babo bazoba bakuze bihagije kugira binjire ishure ryisumbuye. Niba ufise abana bakiri bato canke ukaba utegekanya kugira umuryango, utegerezwa gusuzuma ukaraba ko hoba hariho ishure ryisumbuye ribereye mu karere utuyemwo. Mu gihe ataryo, kumbure vyoshoboka ko wimuka ukaryegera.
Nk’uko abavyeyi babizi neza, bisaba ubuhanga, ukwihangana, hamwe n’umwanya munini kugira umuntu yinjize mu mwana ugukunda Yehova. Niba ivyo bigoye igihe umwana aba i muhira, ibaze rero ingene vyoba birushirije kuguma mu gihe umwana aba kure cane! Kubera ko ubuzima budashira bw’umwana budasigwa inyuma, abavyeyi bategerezwa guhitamwo ata gufyina kandi biciye mw isengesho, niba guhereza umuyabaga wabo ishure ry’indaro vyoba bifise agaciro kugeza aho ahakwa gutyo. Ese ingene kwoba ari ukutabona kure umuntu ataye ivyokwungura umwana mu vy’impwemu ngo atore ivyiza vyova ku kwigishirizwa mw ishure ry’indaro! Ivyo vyoba bimeze nk’ukwitera mu nzu iriko irarurumba kugira ukize agasharizo—uburuhiro ukarigitwa n’imbeya.
Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Umunyamakenga iy’abonye ikibi kije, arikinga, arikw imburabgenge zikomeza inzira zikigabura.” (Imigani 22:3) Icorushiriza kuba ciza ni ugukinga ibintu bibi hakuzogira ivyo ukosora mu nyuma. Ivyo kuvyiyumvira vyoba biranga ubukerebutsi, wibajije uti ‘Umwana wanje yoba akwiye kuja mw ishure ry’indaro?’
[Uruzitiro ku rup. 32]
Ivyabona Bakiri Bato Bari n’Ico Biyumvira kw Ishure ry’Indaro
“Kw ishure ry’indaro, abana b’Ivyabona baba bonkowe ku mwifatanyo wo mu vy’impwemu. Ni ahantu habi cane hakaza umuntu ngo akore ibibi.”—Rotimi, uwize mw ishure ry’indaro hagati y’imyaka 11 na 14 y’amavuka.
“Kurorera amakoraniro vyari bigoye bimwe bidasanzwe. Nashobora gusa kuyarorēra ku Wiyinga honyene, kandi kugira ivyo mbigereko, nategerezwa kunyororoka igihe abanyeshure baba batonze ngo baje mw isengero. Sinigera ngira umunezero, kuko i muhira nari menyereye kurorēra amakoraniro yose y’ikorane, kandi nkaja mu gikenurwa co mu ndimiro ku Yagatandatu no ku Yiyinga. Ishure nticari ikintu cubaka. Narahomvye vyinshi.”—Esther, uwari amenyereye kunywafīrwa n’abigisha kubera ko atǎgira uruhara mu vy’ugusengeshwa kw ishure.
“Ugushinga intahe ku bandi banyeshure ntivyari vyoroshe mw ishure ry’indaro. Ntivyoroshe kwibonekeza ko umeze ukundi. Nashaka gukurikira umugwi. Kumbure nari kurushiriza kuba inshiramanga iyo mba narashobora kuja ku makoraniro, nkaja no mu busuku bwo mu ndimiro. Ariko ivyo nashobora kubigira igihe gusa ndi mu buruhuko, na bwo bukaba bwaba gatatu konyene mu mwaka. Igihe ufise itara ritaja riruzurizwa ibitoro, umuco utera uyongēra. Ni na ko vyari bimeze mw ishure.”—Lara, uwize mw ishure ry’indaro kuva ku myaka 11 gushika kuri 16 y’amavuka.
“Ubu ntakiri mw ishure ry’indaro, ndanezerwa kubona nshobora kurorera amakoraniro yose, nkagira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro, kandi nkanezererwa igisomwa c’umusi ndi kumwe n’abo mu rugo bandi. Naho kuguma muri iryo shure vyari bifise uturusho tumwetumwe, nta kintu na kimwe gihambaye kuruta ubucuti ngirana na Yehova.”—Naomi, uwajijuye se wiwe ngo amukure mw ishure ry’indaro.