ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/3 rup. 3-4
  • Umubabaro Ni Wose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umubabaro Ni Wose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Huzuye “Ubutame n’Umubabaro”
  • Vyoba Vyari mu Mugambi w’Imana?
  • Igihe Ata Mubabaro Uzoba Ukiriho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ikibazo ca 3: Kubera iki Imana ireka ngashikirwa n’imibabaro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Kubera iki hari imibabaro myinshi gutyo?
    Be maso!—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/3 rup. 3-4

Umubabaro Ni Wose

“MBEGA ni kuki hari uyu mubabaro w’agaterabwoba ushikira umuntu ukwiwe ukanashikira abantu ikivunga . . . ? Imana bizwi ko ari yo igira ibintu vyose biri n’ico bivuze, ariko yamara hakaba hari ibintu vyinshi bitagira ico bivuze muri iyi si, umubabaro mwinshi cane utagira iyo uva n’iy’uja, n’ivyaha bitagira umutwe n’amaguru. Iyo Mana none yoba kumbure imeze kumwe Nietzsche yayagiriza ko iri: inkandamizi, inyangushi, inyambuzi, inyicanyi?”—On Being a Christian, canditswe na Hans Küng.

Ushobora kubona ko uwo munyatewolojiya mugatolika Hans Küng ariko gusa yerekana ingorane ishusha umutwe abatari bake—ni kuki Imana mushoboravyose, y’urukundo ireka hakaba umubabaro mwinshi uku? Ntaho woba urumva abantu babaza ikibazo mwen’ico? Uwo wese afise imbabazi aratuntuzwa n’ico Küng adondora ko ari “umwicuko ntahera w’amaraso, icuya n’amosozi, umubabaro, intuntu, intimba n’ubwoba, ubunyakamwe n’urupfu.” Kukaba nkako, bimeze cane nk’uruzi, isegenya y’ikinya n’amaganya vyakubaguye ubuzima bw’amamiliyoni mu gihe cahise cose.—Yobu 14:1.

Huzuye “Ubutame n’Umubabaro”

Iyumvire umubabaro uterwa n’intambara, intuntu idashikira gusa abahitanwa n’ivyago ariko ishikira kandi abasigara mu marira, nk’abavyeyi n’incuti z’abana bihitana hamwe n’abandi baba bakorewe amabi. Nta gihe kirekire kihaciye Umusaraba Utukura (rya shirahamwe ry’ugutabara imbabare) uvuze uti: “Mu myaka cumi iheze, abana umuliyoni 1,5 bariciwe mu matati akoreshwamwo ibirwanisho.” Mu Rwanda mu 1994, Umusaraba Utukura uvuga yuko “abagabo, abagore n’abana ibihumbi amajana bakeraguwe rukôko, umukuzako.”

Ntitwirengagize kandi intuntu iterwa n’ukwononwa kw’abana. Inabibondo umwe yari mu marira, uwavuze yuko umuhungu wiwe yiyahuye inyuma y’aho agōkeweko n’umukozi musangabana, yagize ati: “Umugabo yagotse ku muhungwanje . . . yaramwononye amwononana n’ikindi gitigiri c’uduhungu, mu buryo bw’inkuzako, buteye isoni vy’akataraboneka bibaho.” Tuvuge iki ku bikangaguriko biterwa n’intuntu igirwa n’abagwa mu mpōrero bahitanywe n’abicanyi b’imburakigongwe canke abicanyi ntondeshamurongo, nka bamwe bǎfatirwa mu Bwongereza “bamaze imyaka 25 banyuruza, basambanya ku nguvu, bakanagiza bongera bica badahanwa”? Muri kahise hose, hari ivyo abagabo n’abagore bǎgiriraniye bitera intuntu n’umubabaro bitigeze bigira umupaka.—Umusiguzi 4:1-3.

Kuri ivyo ongerako umubabaro uterwa n’indwara zo mu kanyengetera no mu mubiri hamwe n’intuntu y’amarira y’agaterabwoba, irimagura imiryango iyo hagize abakundwa bapfa bakiri bato. Hariho kandi n’agahinda kagirwa n’ingwampōrero z’ikigoyi canke ibindi vyago vyitwa ngo ni ivyaduka. Ni bake boharira ivyo Musa yavuze yuko imyaka 70 canke 80 tumara yuzuye “ubutame n’umubabaro.”—Zaburi 90:10.

Vyoba Vyari mu Mugambi w’Imana?

Mbega, nk’uko bamwe bǎbivuze, uyu mubabaro udahera woba uri mu mugambi ntatahurika w’Imana? Twoba dukwiye kubabara ubu kugira twumve ko dukeneye ubuzima bwo ‘mw isi yindi’? Vyoba ari vyo, nk’uko wa mufilozofe w’Umufaransa Teilhard de Chardin yavyemera, ngo “umubabaro wica ukaboza urakenewe ku muntu kugira abeho hanyuma acike impwemu”? (The Religion of Teilhard de Chardin; impirikano ni izacu.) Si vyo namba!

Ubwo umushingamigambi w’umurimbuzi yoremye ibintu vyica abona hanyuma akavuga ko ari umunyembabazi igihe akijije abantu ingaruka mbi bitera? Eka da! Ni kuki Imana y’urukundo yogira ikintu nk’ico? None ni kubera iki Imana ireka hakabaho umubabaro? Umubabaro woba uzokwigera uhera? Igihimbu gikurikira kiraja kwihweza ivyo bibazo.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]

Ifoto ya OMS yagizwe na P. Almasy

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika