Ivyo Imana Isaba Kuri Twebwe Ni Ibiki?
“Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora.”—1 YOHANA 5:3.
1, 2. Ni kuki tudakwiye gutangazwa n’uko Imana iri n’ivyo isaba abashaka kuyisenga mu buryo bwemereka?
“IDINI yanje ni nziza bihagije kuri jewe!” Ivyo none si vyo abantu bakunda kuvuga? Mugabo, mu binyakuri, ikibazo gikwiye kuba iki: “Idini yanje yoba iryohera Imana?” Egome, Imana iri n’ivyo isaba abashaka kuyisenga bimwe vyemereka. Ivyo none birakwiye kudutangaza? Oya vy’ukuri. Dufate nka hamwe woba wigabira inzu iteye igomwe, iyo uheruka gusanura ku mahera menshi. Ubwo wopfa kwemerera uwo ari we wese kuyibamwo? Urumva ko utobigira! Uwo wese yoboneka ngo ayipangemwo yobwirizwa gukwiza ivyo usaba.
2 Yehova Mana na we nyene yarahaye umuryango w’abantu uwu muhira ari yo si. Munsi y’ubutegetsi bw’Ubwami bwiwe, isi vuba igiye “gusanurwa”—ihindurwemwo iparadizo iteye igomwe. Yehova ivyo azobishitsa. Yararishe igiciro kinini, atanga Umwana wiwe w’ikinege kugira atume ivyo bishoboka. Nta nkeka, Imana itegerezwa kuba iri n’ivyo isaba abazohaba!—Zaburi 115:16; Matayo 6:9, 10; Yohana 3:16.
3. Salomo yaciye muri make gute ivyo Imana yiteze kuri twebwe?
3 Twoshobora gute kumenya ivyo Imana isaba ivyo ari vyo? Yehova yarahumekeye Umwami Salomo munyarwevu, ngo ace muri make ivyo Imana yiteze kuri twebwe. Aho ahereje kurimbura ibintu vyose yari yarakurikiranye—ushizemwo ubutunzi, imishinga y’ukwubaka, ivy’umuziki, hamwe n’urukundo rw’akanyengetero—Salomo yahavuye atahura ibi: “Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.”—Umusiguzi 12:13, impirikano ni izacu.
“Ivyagezwe Vyayo Ntibigora”
4-6. (a) Insobanuro urudome ku rundi y’ijambo ry’Ikigiriki rihibanuwe ngaha ngo ‘bigora’ ni iyihe? (b) Ni kuki dushobora kuvuga yuko amabwirizwa y’Imana atari umutwaro?
4 “Witondere ivyagezwe na yo.” Kw ishimikiro, ivyo ni vyo Imana yiteze kuri twebwe. Ivyo none kuri we vyoba ari vyinshi kurenza adusavye? Habe namba. Intumwa Yohani aratubwira ikintu gisubiriza cane umutima mu nda ku vyerekeye ivyagezwe canke ivyo Imana isaba. Yanditse ati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora.”—1 Yohana 5:3, impirikano ni izacu.
5 Ijambo ry’Ikigiriki ryahibanuwe ngo ‘bigora’ urudome ku rundi risigura “biremereye.” Rishobora kwerekeza ku kintu kigoye gukurikiza canke kigoye gushitsa. Muri Matayo 23:4, rirakoreshwa mu kudondora ya ‘mizigo iremereye,’ ya mategeko hamwe n’impererekane ngirwanabantu, bimwe abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo bǎshira ku bantu. Woba none utegereye ico iyo ntumwa Yohani w’umutama ariko arapfundika? Ivyagezwe n’Imana si umutwaro uremereye, eka ntibinagoye birenze ku buryo tutobishitsa. (Gereranya na Gusubira mu vyagezwe 30:11.) Ahubwo, iyo dukunda Imana, ugushitsa ivyo isaba bituma tuba abahirwe. Biraduha akaryo k’igiciro k’ukuranga urukundo dufitiye Yehova.
6 Kugira twerekane urukundo dufitiye Imana, turakeneye kumenya ibintu kandondwa yiteze kuri twebwe. Reka ubu twihweze bitanu mu vyo Imana isaba. Uko tuvyihweza, gumiza mu muzirikanyi ico Yohani yanditse, ari co c’iki: ‘Ivyagezwe vy’Imana ntibigora.’
Ukumenya Imana
7. Agakiza kacu gahagaze ku ki?
7 Igisabwa ca mbere ni ukumenya Imana. Rimbura amajambo Yezu yavuze muri Yohani ikigabane ca 17. Yezu yabivuze mw ijoro rya nyuma ry’ubuzima bwiwe bwa kimuntu. Igice kinini c’umugoroba yari yakimaze ategura intumwa ziwe kuko yagira agende. Yari arajwe ishinga na kazoza kabo, kazoza kabo k’ibihe bidashira. Yarararamuriye amaso mw ijuru, arabasabira. Mu murongo wa 3, dusoma ibi: “Ubuzima budahera nabwo ni ukukumenya wewe Mana rudende y’ukuri n’uwo watumye Yezu-Kristu.” (Ubwuzure Bushasha) Egome, agakiza kabo kari gahagaze ku ‘kumenya’ Imana na Kirisitu bompi. Ivyo na twebwe biraturaba. Kugira turonke agakiza, dutegerezwa kugira mwen’ubwo bumenyi.
8. “Ukumenya” Imana bisobanura iki?
8 Ariko ‘ukumenya’ Imana bisigura iki? Ijambo ry’Ikigiriki ryahibanuwe ngaha ngo “ukumenya” risobanura “gushika ku kumenya, ku kuba uzi,” canke “gutahura umunonosore.” Urabona kandi yuko mu mpibanuro ngo “ukumenya” harimwo ivy’uko ico ari igikorwa kibandanya. Kumenya Imana rero bisigura gushika ku kuyimenya bitari ivy’inderembe, ariko bishika imbere, tukagwiza ubugenzi tugirana na yo burimwo ugutahurana. Ubucuti bubandanya umuntu agirana n’Imana burazana ubumenyi buyerekeye bwongerekana ubudasiba. Ico gikorwa kirashobora kubandanya ubudashira, kuko tutazokwigera twiga ibihari vyose vyo kumenya vyerekeye Yehova.—Abaroma 11:33.
9. Ni ibiki dushobora kwiga vyerekeye Yehova biva mu gitabu c’irema?
9 None turonka gute ubumenyi bwerekeye Imana? Hariho ibitabu bibiri bishobora kudufasha. Ica mbere ni igitabu c’irema. Ibintu Yehova yaremye—ibihumeka n’ibidahumeka—biratwigisha uwo ari we. (Abaroma 1:20) Rimbura uturorero dukeyi. Umusūmo w’umushururuko ukomeye w’amazi, umwîsekuro w’ihindukira ry’igisebuzi mu gihe c’inkuruma, ukubona ijuru rijejeta inyenyeri mw ijoro ryerûtse—ibintu mwen’ivyo none ntibitwigisha yuko Yehova ari Imana y’ ‘inkomezi nyinshi’? (Yesaya 40:26) Umwana atwenga igihe yitegereje ikibunda c’imbwa gihīga umurizo waco, canke umwana w’akayabu ariko akina n’umupira w’ubwoya—ivyo none ntivyerekana ko Yehova, ‘ya Mana ihimbawe,’ afise agatima k’ivy’ugutwenza? (1 Timote 1:11, UB) Akanovera k’icibo kiryoshe cane, akamoto keza k’amashurwe mu gashamba, amabara ahinze y’ikinyugunyugu giteye igomwe, ijwi ry’inyoni ziririmba mu gihe c’impeshi, ukugumbirana igishika uwo ukunda—mu bintu mwen’ivyo none ntitubonamwo yuko Umuremyi wacu ari Imana y’urukundo, ishaka ko twinovora ubuzima?—1 Yohana 4:8.
10, 11. (a) Ni ibintu biki vyerekeye Yehova n’intēgo ziwe tudashoboye kwigira mu gitabu c’irema? (b) Ni inyishu z’ibibazo ibihe zisangwa muri Bibiliya honyene?
10 Ariko rero, hariho akarimbi mu vyo dushoboye kumenya kuri Yehova túrabiye muri nya gitabu c’irema. Nk’akarorero, Izina ry’Imana ni nde? Ni kuki yaremye isi kandi kuri yo ikahashira abantu? Ni kuki Imana ireka hakaba ubukozi bw’ikibi? Ni igiki kazoza katubikiye? Kugira turonke inyishu ku bibazo mwen’ivyo, dutegerezwa kuja ku kindi gitabu gitanga ubumenyi bwerekeye Imana, ari co Bibiliya. Mu mpapuro zaco, Yehova arahishura ibintu bimwerekeye, dushizemwo izina ryiwe, kamere-muntu yiwe, n’intēgo ziwe—akaba ari amakuru tudashoboye kumenyera kw isôko rindi na rimwe.—Kuvayo 34:6, 7; Zaburi 83:18; Amosi 3:7.
11 Mu Vyanditswe, Yehova kandi aratanga ubumenyi bwa nkenerwa bwerekeye abandi bantu dukeneye kumenya ibiberekeye. Nk’akarorero, Yezu Kirisitu ni nde, kandi ni uruhara ruki afise mu vy’ukurangūra intēgo za Yehova? (Ivyakozwe n’intumwa 4:12) Shetani ya Diyǎbule ni nde? Ayovya abantu mu buryo ki? Dushobora gute kuzibukīra ukuyobeshwa na we? (1 Petero 5:8) Inyishu nkizabuzima kuri ivyo bibazo zisangwa muri Bibiliya honyene.
12. Wewe wosigura ute igituma ukumenya Imana n’intēgo ziwe atari umutwaro?
12 Ukumenya Imana mwen’ukwo, yo hamwe n’intēgo zayo, woba ari umutwaro? Habe n’umuziriziri! Woba ushobora kwibuka ukugene wumvise umerewe igihe wamenya ari ryo rya mbere yuko izina ry’Imana ari Yehova, yuko Ubwami bwiwe buzogarukana Iparadizo kuri iyi si, yuko yatanze Umwana mukundwacane wiwe ngo abe incungu kubera ivyaha vyacu, hamwe n’ibindi bintu-kuri vy’igiciro? Mbega ntikwari nk’ugukuraho igitwikiro c’ukutamenya hanyuma ukabona ibintu mu buryo burongorotse kuruta ari ryo rya mbere? Ukumenya Imana si umutwaro, ahubwo ni akanyamuneza!—Zaburi 1:1-3; 119:97.
Ugushikīra Imfatirwako z’Imana
13, 14. (a) Uko tuja turamenya Imana, ni amahinduka maki dukeneye kugira mu buzima bwacu? (b) Imana isaba ko twirinda ingeso izihe zihumanye?
13 Uko tuja turamenya Imana, turaheza tukabona yuko dukeneye kugira amahinduka mu buzima bwacu. Ivyo bituzana ku gisabwa kigira kabiri: Dutegerezwa gushikīra imfatirwako z’Imana zigenga inyirongōro nziza kandi tukemera ukuri kwayo. Ukuri ni iki? Vy’ukuri ivyo twemera n’ivyo dukora vyoba bihambaye ku Mana? Abantu benshi muri iki gihe biboneka ko batiyumvira ko bihambaye kuri yo. Raporo imwe yashikirijwe n’Isengero yo mu Bwongereza mu 1995, yerekanye yuko ukubana n’umuntu ata kwabīrana bidakwiye kubonwa nk’icaha. “Imvugo ngo ‘kubaho mu caha’ irateza isoni kandi nta co ifasha,” vyavuzwe n’umwepisikopi umwe w’isengero.
14 None rero “kubaho mu caha” ntibikiri icaha? Yehova aratubwira mu mvugo zitomoye neza ukugene abona ivy’inyirongōro mwen’iyo. Ijambo ryiwe Bibiliya rivuga icese riti: “Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka.” (Abaheburayo 13:4) Ukumarana inambu y’umubiri imbere y’ukwabirana bishobora kuba atari icaha mu maso y’abakuru b’amadini barekerana ibintu hamwe no ku bajamisa, ariko mu nyonga z’Imana ni icaha gikomeye! N’uburengabigo, ubugǒke, hamwe n’ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina nta ho bitaniye. (Abalewi 18:6; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10) Imana isaba ko twirinda ingeso mwen’izo; ibona ko zihumanye.
15. Ni mu buryo ki ivyo Imana isaba bishiramwo kandi uburyo dufata abandi hamwe n’ivyo twemera?
15 Mugabo rero ntibihagije kwirinda ingeso Imana ibona ko ari iz’icaha. Ivyo Imana isaba birimwo kandi uburyo dufata abandi. Mu rugo, yiteze ko umugabo n’umugore bakundana kandi bakubahana. Imana isaba ko abavyeyi bitaho ivyo abana babo bakenera mu vy’umubiri, mu vy’impwemu no mu vy’akanyengetera. Ibwira abana kugamburukira abavyeyi babo. (Imigani 22:6; Ab’i Kolosayi 3:18-21) None ivyo twemera vyo bite? Yehova Mana ashaka ko twirinda ivyemero n’imigenzo biva mu nsengo y’ikinyoma canke biteye kubiri n’ukuri kurongorotse kwigishwa muri Bibiliya.—Gusubira mu vyagezwe 18:9-13; 2 Ab’i Korinto 6:14-17.
16. Sigura igituma atari umutwaro gushikira imfatirwako z’Imana zigenga inyirongōro nziza, no kwemera ukuri kwayo.
16 Gushikīra imfatirwako z’Imana zigenga inyirongōro nziza be no kwemera ukuri kwayo vyoba ari umutwaro kuri twebwe? Si uko usanga bimeze turimbuye inyungu bivamwo—imyabirano aho umugabo n’umugore bakundana kandi bakizigirana isubirira imyabirano itabagurikanga kubera ubuhemu; imihira aho abana biyumvamwo ko bakundwa kandi bashakwa n’abavyeyi babo isubirira ingo usanga abana biyumvamwo ko badakundwa, bafatwa minenegwe, badashakwa; imburanyamutima irongorotse n’amagara meza bisubirira urwagiro n’umubiri urigitwa n’INDWABUSOBI canke izindi ndwara zandukirira mu bihimba vy’irondoka. Nta kwihenda, ivyo Yehova asaba mu vy’ukuri ntibitwima ikintu na kimwe dukeneye kugira twinovore ubuzima!—Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13.
Niwubahe Ubuzima n’Amaraso
17. Yehova abona ate ubuzima n’amaraso?
17 Uko uhuza ubuzima bwawe n’imfatirwako z’Imana, urahava ugatahura ukuntu ubuzima ari ubw’igiciro vy’ukuri. Reka ubu na ho tuyage ico Imana isaba kigira gatatu: Dutegerezwa kwubaha ubuzima n’amaraso. Ubuzima ni butagatifu kuri Yehova. Ivyo birakwiriye, kuko ari we Sôko ry’ubuzima. (Zaburi 36:9) Washaka mbere n’ubuzima bw’umwana ataravuka ari muri nyina wiwe buri n’igiciro kuri Yehova! (Kuvayo 21:22, 23) Amaraso aserukira ubuzima. Ni co gituma rero amaraso na yo nyene ari matagatifu mu nyonga z’Imana. (Abalewi 17:14) Ntibikwiye rero kudutangaza kubona Imana yitega ko tubona ubuzima n’amaraso nk’uko ibibona.
18. Ukuntu Yehova abona ubuzima n’amaraso bisaba iki kuri twebwe?
18 Kwubaha ubuzima n’amaraso bisaba iki kuri twebwe? Twebwe Abakirisu, ntitwirirwa turahatsa ubuzima bwacu bidakenewe kugira gusa twinezereze. Turitwararitse ukwirinda impanuka, ari na co gituma kandi turaba neza ko imiduga yacu canke amazu yacu bimeze neza. (Gusubira mu vyagezwe 22:8) Ntitunywa itabi, ubugoro, canke ngo tunywe urumogi rwizizira canke ruyayura umutwe, kugira turyoherwe. (2 Ab’i Korinto 7:1) Kubera ko twumviriza Imana igihe ivuga ngo ‘mwirinde amaraso,’ ntitwemera ngo tuyaterwe mu mubiri. (Ivyakozwe n’intumwa 15:28, 29) Naho dukunda ubuzima, ntituzogerageza gukiza ubuzima bwacu bw’ubu mu kurenga kw iteka ry’Imana ngo duhakwe gutakaza ikizigizigi cacu c’ubuzima budashira!—Matayo 16:25.
19. Sigura ukugene twungukira ku kwubaha ubuzima n’amaraso.
19 Gufata ubuzima n’amaraso nk’uko ari bitagatifu vyoba ari umutwaro kuri twebwe? Eka data! Vyiyumvire. Vyoba ari umutwaro twirinze kwandura kanseri y’amahaha iterwa n’ukunywa itabi? Woba ari umutwaro duponyotse ukwizizirwa n’ibiyayuzi vyogirira umuntu nabi ku mubiri no mu buzirikanyi? Woba ari umutwaro tugumye twirinze kwandura INDWABUSOBI, indwara y’igitigu, canke iyindi ndwara yinaka iva ku guterwa amaraso? Birumvikana, tuzibukiriye utumenyero hamwe n’utugeso bibabaza mwen’ivyo, ni ku bw’inyungu nziza bihebuje yacu.—Yesaya 48:17.
20. Urugo rumwe rwǔngukiye gute ku kubona ubuzima nk’uko Imana ibubona?
20 Rimbura iki cabaye. Haraciye imyaka mikeyi, Icabona w’umukenyezi yari yibungenze iy’amezi nk’atatu n’igice, atanguye kuvirirana ku mugoroba umwe, baca bamwirukangana ku bitaro. Umuganga amaze kumusuzuma, uno mugore asama ikiyago c’umuforoma na nya muganga, uno ariko abwira umwe mu baforoma yuko babwirizwa gukurayo iyo mbanyi. Kubera ko yari azi uko Yehova abona ubuzima bw’uwutaravuka, yaranse ashikamye ko bayikorora, abarira wa muganga ati: “Niba [ikibondo] gikomeye, nimukirekereyo!” Yarabandanije kuja arava amaraso rimwe na rimwe, ariko hashize amezi makeyi mu nyuma yaravyaye akana k’agahungu hataragera k’amagara meza, ubu akaba amaze imyaka 17. Nya mukenyezi yasiguye ati: “Umuhungu wacu ivyo vyose twarabimubwiye, na we avuga ko ahimbawe kubona atǎtawe mw iyarara. Arazi yuko ugusukurira Yehova kwacu ari yo mpamvu yonyene itumye ariho.” Vy’ukuri, kubona ubuzima nk’uko Imana ibubona ntiwari umutwaro kuri urwo rugo!
Dusukure Turi Kumwe n’Igisata ca Yehova Cungunganije
21, 22. (a) Yehova yitega ko tumusukurira turi kumwe na bande? (b) Igisata c’Imana cungunganije gishobora kumenyerwa ku biki?
21 Ntituri twenyene mu kugira amahinduka akenewe y’uguhuza ubuzima bwacu n’imfatirwako z’Imana. Yehova arafise igisata kuri iyi si, kandi yiteze ko tumusukurira turi kumwe n’abakigize. Ivyo bituzanye ku gisabwa ca kane: Dutegerezwa gusukurira Yehova turi kumwe n’iyungungane ryiwe rirongôwe n’impwemu.
22 None, igisata ca Yehova cungunganije gishobora kumenyerwa ku biki? Nk’uko bisabwa n’imfatirwako zishizwe ahabona mu Vyanditswe, barakundana nya gukundana, barubaha rwose Bibiliya, baratera iteka izina ry’Imana, barakwiririza ivy’Ubwami bwayo, kandi ntibagize umuce w’iyi si mbi. (Matayo 6:9; 24:14; Yohana 13:34, 35; 17:16, 17) Hari iyungungane ry’ivy’idini rimwe risa kuri iyi si rifise ayo maharama yose aranga Ubukirisu bw’ukuri—Ivyabona vya Yehova!
23, 24. Twoshobora gutangira akarorero gute ivy’uko atari umutwaro gusukurira Yehova turi kumwe n’igisata ciwe cungunganije?
23 Woba ari umutwaro gusukurira Yehova turi kumwe n’igisata ciwe cungunganije? Eka ntuvuge! Ahubwo nyabuna, ni agateka k’igiciro kuba dukundwa kandi dushigikirwa n’umuryango ukwiye kw isi w’abavukanyi n’abavukanyikazi bakirisu. (1 Petero 2:17) Iyumvire kurokoka izāma ry’ubwato ugasanga uri mu mazi, wirwanako kugira ugume ureremba. Umaze kwumva ko ata kundi uri bubigire, ukaja ubona ukuboko kuramvúra ngo kukwegēre kuvuye mu bwato bw’ugutabara. Yego, harimwo abandi barokoke! Muri ubwo bwato bw’ugutabara, wewe hamwe n’abandi muja murakurakuranwa gusoza mugenda ku nkengera, mugenda muratorora abandi barokoke inzira yose.
24 None twebwe ivyacu ntivyifashe nk’ukwo nyene? Twarakwezwe dukuwe mu “mazi” mageramizi y’iyi si mbi twinjizwa mu “bwato bw’ugutabara” ari bwo yungungane rya Yehova ryo kw isi. Muri ryo, dusukura turi kumwe n’abandi uko dutera tuja ku “nkengera” z’isi nshasha itunganye. Niba imikazo y’ubuzima yoshobora gutuma turambirwa ku nzira turimwo, ibaze ukuntu dukenguruka kubera insahirizo n’indemururo duhabwa na bagenzi bacu b’Abakirisu b’ukuri!—Imigani 17:17.
25. (a) Tubwirizwa kugira iki ku vyerekeye abakiri mu “mazi” y’iyi si mbi? (b) Ni igiki gisabwa n’Imana kija kwihwezwa mu gihimbu gikurikira?
25 Abandi none—abantu b’umutima nzirabugunge bakiri mu “mazi,” bo bite? Tubwirizwa kubafasha ngo binjire mw iyungungane rya Yehova, si vyo none? (1 Timoteyo 2:3, 4) Barakeneye gufashwa ngo bige ivyo Imana isaba. Ivyo bituzana ku co Imana isaba kigira gatanu. Dutegerezwa kuba abavugiraheru ntahemuka b’Ubwami bw’Imana. Ico ivyo bisaba tuja kucihweza mu gihimbu gikurikira.
Woba Uvyibuka?
◻ Ni kuki amabwirizwa y’Imana atari umutwaro?
◻ Turonka gute ubumenyi bwerekeye Imana?
◻ Ni kuki atari umutwaro gushikira imfatirwako z’Imana zigenga inyirongōro nziza, no kwemera ukuri kwayo?
◻ Ukuntu Imana ibona ubuzima n’amaraso twebwe bidusaba iki?
◻ Imana yitega ko tuyisukurira turi kumwe na bande, kandi bashobora kumenyerwa ku biki?
[Amafoto ku rup. 11]
Mu gitabu c’irema no muri Bibiliya turahigira ivyerekeye Yehova
[Abo dukesha amafoto]
Ingona: Tubihawe na Australian International Public Relations; idubu: Safari-Zoo y’i Ramat-Gan, i Tel Aviv