Ugutabara Aho Ibintu Vyasenyaguritse
AKIGORO umuntu agira ngo atabare ahahitiye ikiza, ni nyagushemezwa vy’ukuri. Amaporogarama y’ugutabara yarafashije gusubira kwubaka amazu, gusubiza hamwe ingo, n’ikiri hejuru ya vyose, gukiza abatari bake.
Iyo icago giteye, Ivyabona vya Yehova barakoresha—kandi bagashima—intunganyo izo ari zo zose zigirwa biciye mu migambi isi ishinga. Muri ico gihe nyene, barafise ibanga mvavyanditswe ryo ‘kugirira ineza . . . canecane ab’inzu y’abizera.’ (Ab’i Galatiya 6:10) Egome, Ivyabona bumva ko ari nk’incuti; babonana nk’uko boba ari “bene mugabo umwe.” Ico ni co gituma bitana “muvukanyi” na “muvukanyikazi.”—Gereranya na Mariko 3:31-35; Filemoni 1, 2.
Nuko iyo icago gishikiye abo mu kibano, abakurambere bo mu Vyabona vya Yehova baragira utwigoro tw’umwibabazo kugira bamenye neza aho umuharurwa w’ikorane wese ari n’ivyo akeneye, hanyuma bakagira indinganizo z’ugusahiriza gukenewe. Rimbura ukugene ivyo ari ko vyabaye i Accra muri Ghana; i San Angelo muri REZUB; n’i Kobe mu Buyapani.
I Accra—“Umwuzure Mutoyi”
Iyo mvura yatanguye kugwa nko kw isaha zitanu z’ijoro, imara amasaha n’amasaha isegenyuka urudacika. “Yaraguye bimwe bigumye ku buryo umuryango wose muzima utatoye n’ak’imbwa,” bivugwa na John Twumasi, umwe mu Vyabona vya Yehova i Accra. Ikinyamakuru Daily Graphic cayise “Umwuzure mutoyi.” “Twaragerageje gutwara ibintu vy’ingirakamaro bikeyi mu nzu yo hejuru,” ni John abandanya avuga, “ariko aho twugururiye urugi ku bwinjiriro, amazi y’isegenya yaramennye yitera mu nzu.”
Abakuru barateye akamo abantu ngo bahave, yamara abatari bake baragonanwe, batinya yuko inzu igaragara—naho yoba yuzuyemwo amazi—yokwega abasahuzi. Bamwe ntibashoboye kuhavirira naho nyene bǎbishaka. “Twe na mawe ntitwashobora kwugurura urugi,” uwo avuga ni umukobwa yitwa Paulina. “Nya mazi yaguma aduga, duca duhagarara ku ngunguru zikomeye hanyuma tuguma dufashe umushoro w’igisenge. Amaherezo, nko kw isaha cumi n’imwe zo mu gitondo, ababanyi baratugarukiye.”
Vuba bishoboka, Ivyabona vya Yehova barakoze akazi. Hari umuvukanyikazi mukirisu yitwa Beatrice yigana ibi: “Abakurambere bo mw ikorane bǎriko baraturondera, hanyuma badusanga ku muhira w’ikindi Cabona aho twari twahungiye. Imisi itatu gusa inyuma y’iryo segenya, abakurambere hamwe n’abaharurwa b’ikorane bakiri bato baraje iwacu baraharagura ivyondo babikura imbere n’inyuma ku nzu yacu. Ishirahamwe Watch Tower ryaratanze imiti y’isuku, imiti y’imyicamigera, ipentiri, imatara, uburengeti, impuzu hamwe n’ivyambarwa vy’abana. Abavukanyi baraturungikiye ibifungurwa vy’imisi itari mike. Vyaranshitse ku mutima cane rwose!”
John Twumasi, umwe twavuga haruguru, ashikiriza ibi: “Narabariye uwundi mupangayi yuko Ishirahamwe ryacu ryari ryaturungikiye imiti y’isuku n’imyicamigera—bihagije vyo gusukura inzu yose nzima. Abapangayi nka 40 barafashije gusukura. Iyo miti y’isuku narayihayeko ababanyi banje, harimwo umugabo umwe w’umupadiri w’isengero imwe y’aha iwacu. Abo dukorana bǎrihenda biyumvira yuko Ivyabona vya Yehova barangira urukundo abantu babo gusa.”
Abavukanyi n’abavukanyikazi bakirisu barakengurutse cane insahirizo ndangarukundo bǎhawe. Muvukanyi Twumasi asozera ati: “Naho ibintu nahombeye muri iryo segenya vyari biciye menshi kuruta ibintu twatabarishijwe, urugo rwanje hamwe nanje twumva yuko, kubera izi ndonswa zishika ku mutima ziva kw Ishirahamwe, twungutse ibiruta ivyo twahomvye.”
I San Angelo—“Wamengo Isi Iriko Irarangira”
Ibishururu vyayogeje San Angelo ku wa 28 Rusama 1995, vyararandaguye ibiti, biranyiginyura ibikingi vy’umuyagankuba, vyongera bita mu mayira amakika intsinga zirimwo umuyagankuba. Imiyaga yarahuhuta igashika ku birometero nk’160 kw isaha, igasiga iyogeje ivyubakiwe abanyagihugu. Amazu ashika 20 000 yaramaze ibiringo ari mu mwijima. Hanyuma maze haza urubura. Ibiro vy’Igihugu Biraba Ibihe vy’Ikirere, vyavuze ko haguye “urubura runganangana itugu,” maze hagwa “urunganangana umunana,” hanyuma amaherezo hagwa “urunganangana agakunga.” Ico gitero cari akazibamatwi. Uwuhaba umwe yavuze ati: “Wamengo isi iriko irarangira.”
Nya kirura cakurikiwe n’agahengwe mburizi. Abantu bukebuke barasokorotse bava mu mazu yabo yanyukaguwe, kugira bihweze ivyatikiye. Ibiti vyari bigihagaze vyari vyakokotse akaremba kavyo. Amazu yari agihagaze yasa n’ayashishuruwe. Mu mihingo imwimwe urubura rwarapfutse isi mu birundorundo rushika ku metero imwe y’injakuzimu. Ibihumbi vy’amadirisha ava ku mazu no ku miduga yaratagaguritse muri ico kirura, ku buryo imvunji z’ibiyo vyamenaguritse zaja ziranyenyereza mu rubura rwari rupfukereye isi. “Aho nshikiye muhira,” bivugwa n’umugore umwe, “naricaye gusa mu modoka yanje mw irembo hanyuma ndarira. Ubwo butikire bwari bubi akatavugwa, binta gusa mu gahundwe.”
Amaporogarama y’ugutabara hamwe n’ibitaro ntivyatebaganye gufashisha amahera, ibikoresho vy’ukwubaka, ubuvuzi, n’impanuro. N’ivyoratwa, abantu benshi ubwabo bari baciweko n’ico kirura barakoze uko bashoboye kugira bafashe abandi.
Amakorane y’Ivyabona vya Yehova na yo nyene yarahagurutse. Aubrey Conner, umukurambere wo muri San Angelo, ashikiriza aya: “Nya kirura capfuye guhera tuba turi kw itelefone tubazanya uko tumerewe. Twarafashanije twongera dufasha n’ababanyi batari Ivyabona gutera amadirisha, guhoma ibisenge, no gusakara amazu rwose bishoboka. Maze uw’inzu yiwe yari yagize ico iba wese twaramwanditse. Inzu zishika ijana zari zikeneye gusanasanwa, ibikoresho twatabarishijwe n’amashirahamwe yo gutabara na vyo ntivyari bihagije. Nuko tugura ibindi bikoresho hanyuma turiyungunganya ngo dukore. Bose hamwe, Ivyabona nk’1 000 barishakiye gufasha, haza nk’250 buri wikendi. Baza bava nko ku birometero 740. Bose bakora intaruha, kenshi mu gihe c’ubushuhe bw’ingero 40°C. Hari n’umuvukanyikazi w’imyaka 70 yakoranye natwe buri wikendi dukuyemwo imwe, aho hakaba hari igihe inzu yiwe ubwayo yariko irasanasanwa. Kandi kuri iyo wikendi yaruriye ku gisenge ciwe bwite arafasha muri ayo masanasana!
“Twarakunda kwumva ibivugwa n’abatwitegereza, nk’ibi ngo ‘Ntivyoba ari agahore none iyaba ayandi madini yogirira ibi abaharurwa bayo?’ Ababanyi bacu barajorejwe no kubona ikipe y’abishakire 10 gushika 12 (dushizemwo abavukanyikazi) batura hakiri kare ku Wagatanu mu gitondo ku muhira w’ikindi Cabona, biteguye ngo basanasane canke mbere ngo basubire bubake igisenge cose kizima ata co basavye. Ahenshi igikorwa caranonosorwa mw iwikendi imwe. Rimwe na rimwe, umupatanyi wo hanze yaba yamaze gutangura igikorwa c’igisenge igihe ikipe yacu yashika ku nzu yo ku muryango ukurikira. Twarakurako igisenge ca kera hanyuma tukubaka icacu, eka n’imbuga tukayikubura imbere yuko barangiza icabo. Rimwe na rimwe barahagarika akazi kabo kugira gusa batwitegereze!”
Muvukanyi Conner asozera ati: “Twese tuzokumbura ivyo twǐbonera turi kumwe. Twarahavuye turamenyana mu buryo bumeze ukundi, mu kurangira no mu kurangirwa urukundo rwa kivukanyi mu buryo tutari bwabone. Twumva ko iyo ari ishantiyo gusa y’uko bizoba bimeze mw isi nshasha y’Imana, abavukanyi n’abavukanyikazi bafashanya kubera ko vy’ukuri babishaka.”—2 Petero 3:13.
I Kobe—“Ivunjagurika ry’Ibiti, Isima n’Imitumba y’Abantu”
Ababa i Kobe bari bazwi ko biteguye. Si ivy’imbeshere, buri wa 1 Nyakanga barubahiriza Umusi Wahariwe Ugukinga Ivyago. Abana b’ishure barakora imyimenyerezo ku vy’ukunyiganyiga kw’isi, abasirikare bagasubiramwo ivyo batumwa vy’ukurokora hakoreshejwe za kajugujugu, amadeparutema araba ivy’umuriro na yo agasohora amamashini yayo avyura ukunyiganyiga kw’isi kw’urwigano, muri yo abishakire bakimenyereza mu vy’ukurokoka imbere mu rubweta rungana n’icumba, runyiganyiga kandi rugigimwa ukamenga ni nyamugigima nyene. Ariko aho nyamugigima nyaco gishikiye ku wa 17 Nzero 1995, uwo mwiteguro wose wamenga ni mpfagusa. Ibihumbi amacumi vy’ibisenge vyarafyaramye—kikaba ari ikintu kitari bwigere gishika mu vyigano bǎgira. Amagarimoshi yaracurangutse; ibihimba vy’ibarabara vyaravunjaguritse; imiringoti y’imyuka n’iy’amazi yaracagaguritse; amazu yahenaguritse nk’ibihubahuba. Ikinyamakuru Time caradondoye iryo rorerwa ngo ryari “ivunjagurika ry’ibiti, isima n’imitumba y’abantu.”
Maze haza imiriro. Inyubakwa nininini zararurumvye abazimyamuriro na bo babuze uko bagira bari bajumaniwe mu birometero n’ibirometero vy’intamenwa y’uruja n’uruza rurundanye. Abashikira iyo miriro kenshi basanga ata mazi ashobora kuronkerwa mu miringoti yayogejwe y’amazi y’igisagara. “Umusi wa mbere kari agacavutu kazima,” vyavuzwe n’umukuru umwe. “Sinari bwigere numva inguvu zimpezemwo mu buzima nk’ico gihe, nzí ko hari abantu benshi cane baguye muri ayo mazu yaka. Kandi nkaba nari nzi ko ataco nshoboye kugira kuri ivyo.”
Bose hamwe, hapfuye abantu 5 000, inyubakwa zishika nk’50 000 na zo zisigara ari umusaka. Kobe yari ifise gusa ica gatatu c’ibifungurwa yari ikeneye. Kugira abantu bamwebamwe baronke amazi, barinze gusongonoza ibiziba babikuye munsi y’ibiringoti vy’amazi vyacagaguritse. Abataye izabo bahungiye mu bwikingo, bumwebumwe muri bwo bukagabura ibifungurwa, ku musi buri muntu agahabwa agaceri urushi. Umwikomo ntiwatevye gukwiragira. “Abakuru nta co bakoze,” ni kwo umugabo umwe yidōze. “Tubandanije kwiheka kuri bo tuzogwa isari ku gupfa.”
Amakorane y’Ivyabona vya Yehova y’i Kobe no mu micungararo yaho yariyungunganije adatevye. Umudereva wa kajugujugu umwe yiboneye igikorwa cabo yavuze ati: “Naragiye ahatewe n’ico cago ku musi w’inyiganyiga ndahamara umushamvu. Nshitse ku bwikingo bumwe nasanze ibintu vyose ari urudavagi. Nta bikorwa vy’ugutabara namba vyariko bikorwa. Ivyabona vya Yehova ni bo bonyene biteyeyo, baja baratunganya ikintu kimwekimwe.”
Si ivy’imbeshere, hǎriho vyinshi vyo gukora. Ingoro z’Ubwami cumi zaracikishijwe izitabereye gukoreshwa, Ivyabona barenga 430 na bo ntibǎgira uburaro. Amazu yandi 1 206 bǎbamwo yari akeneye gusanasanwa. Si ivyo gusa, ingo z’Ivyabona 15 bari bapfiriye muri ico cago zari zikeneye impumurizo bimwe bibi.
Ivyabona bangana nk’1 000 bo hirya no hino mu gihugu bakoresheje umwanya wabo ku bwishakire barafasha mu gikorwa c’ugusanasana. “Igihe twakora ku mazu y’abatohoji ba Bibiliya batari bwabatizwe,” bivugwa n’umuvukanyi umwe, “nantaryo twarabazwa ngo ‘Ibi vyose tuja kubiriha angahe?’ Aho tubabwiriye yuko ico gikorwa cari carihiwe n’amakorane, baradukuriye ubwatsi, bavuga bati ‘Ivyo twize ni vyo turiko turibonera!’ ”
Abenshi barajorejwe n’inyitabo yihuta kandi ishika kure y’Ivyabona. “Narajorewe rwose,” bivugwa na wa mudereva twavuga imbere y’aha. “Mwitana ngo ‘muvukanyi’ na ‘muvukanyikazi.’ Narabonye ukugene mufashanya; mwebwe vy’ukuri mugize umuryango.”
Ivyabona ubwabo barakuye ivyigwa vy’agaciro kuri ico kinyamugigima. Umuvukanyikazi umwe yariyemereye ibi: “Nantaryo niyumvamwo yuko uko iyungungane rirushiriza kuba rinini ari kwo ukwitwararika umuntu wese ukwiwe birushiriza kugora.” Ariko ubwitwararitsi yagiriwe bw’ikibabarwe bwarahinduye imbono yiwe y’ibintu. “Ubu ndazi yuko Yehova atubabaye atari gusa ukutubabara bwa yungungane, ariko kandi bwa bantu umwumwe ukwiwe.” Ariko rero, hariho ugutabarwa ivyago kw’intahava kuri imbere.
Ugutabarwa kw’Intahava Kuri Bugufi!
Ivyabona vya Yehova biteze igihe ubuzima bw’umuntu hamwe n’ibimutunga bitazoba bigikeneshwa n’ivyago. Mw isi nshasha y’Imana, umuntu azokwigishwa gushira hamwe n’ibikikije isi. Uko abantu bazoja barigizayo ingeso z’ubwikunzi, ivy’ugushobora guhitanwa n’ivyaduka vyo ku bidukikije bizoba bike.
Vyongeye, Yehova Mana—we Muremyi w’ibinyabukomezi vyo mu bidukikije—azoraba neza ko umuryango wiwe w’abantu hamwe n’ibiremano vyo kw isi bidasubira guhanamirwa n’ibinyabukomezi vyo mu bidukikije. Maze isi izocika iparadizo vy’ukuri. (Yesaya 65:17, 21, 23; Luka 23:43) Ca kimenyeshakazoza co mu Vyahishuriwe Yohana 21:4 kizoheza kirangukane ubwiza, ari co c’iki: “Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.”
[Ifoto ku rup. 5]
Beatrice Jones (ibumoso) yerekana ukugene we hamwe n’abandi bǎgira urunani ngo bace mu mazi y’isegenya
[Ifoto ku rup. 6]
Igikorwa c’ugutabara inyuma y’ibishururu