Hanga Amaso Yehova Aguhumurize
“Imana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa ibahe guhūza imitima yanyu, nk’uko Kristo Yesu agomba.”—ABAROMA 15:5.
1. Ni kubera iki buri musi uzana inkenero nini kuruta y’impumurizo?
BURI musi uhaca uzanana n’inkenero yongerekana y’impumurizo. Nk’uko umwanditsi wa Bibiliya umwe yabivuze hakaba haciye imyaka irenga 1 900, “ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu.” (Abaroma 8:22) Muri iki gihe turimwo ‘ukuniha’ n’ ‘ukuramukwa’ vyarabaye vyinshi gusumba uko vyigeze kumera. Guhera ku Ntambara ya I y’Isi Yose, ubwoko-muntu bwaracumukujwe n’amagume adasiga ayandi, mu buryo bw’intambara, ubukozi bw’ikibi, n’ivyago mvabwumbire, ivyo kenshi bikaba bijanye n’uko umuntu afata nabi isi.—Ivyahishuriwe Yohana 11:18.
2. (a) Ni nde canecane akwiye kwagirizwa ivyago bihari ubu bishikira ubwoko-muntu? (b) Ni ikirukuri kihe kiduha ishingiro ry’impumurizo?
2 Ni kuki habayeho ubucumukure bwinshi gutyo muri iki gihe turimwo? Mu kudondora ijugunywa rya Shetani ikuwe mw ijuru inyuma y’ivuka ry’Ubwami mu 1914, Bibiliya yishura iti: “Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.” (Ivyahishuriwe Yohana 12:12) Ikimenyamenya cibonekeza c’iranguka ry’ico kimenyeshakazoza gisobanura yuko dusa n’abashitse kw iherezo ry’ubutegetsi nkorakibi bwa Shetani. Ese ukuntu duhumurizwa n’ukumenya yuko ubuzima kw isi vuba bugiye gusubira ku mero nyamahoro yari ihari imbere y’uko Shetani ajana abavyeyi bacu ba mbere mu bugarariji!
3. Ni ryari abantu batari bakeneye impumurizo?
3 Mu ntango, Umuremyi w’umuntu yaratanze ubusitani buteye igomwe ngo bubere umuhira inyabubiri y’abantu ya mbere. Bwari buherereye mu karere kitwa Edeni, irisobanura “Akanyamuneza” canke “Uburyoherwe.” (Itanguriro 2:8, NW, akajambo k’epfo) Turetse ivyo, Adamu na Eva bǐnovora amagara atagira akanenge, bakagira n’ikizigizigi c’ukutigera bapfa. Iyumvire vyonyene ibintu vyinshi bari gushobora gukuririzamwo ububangukirwe bwabo—nko mu vy’ugutunganya ubusitani, uguhingura utugenegene, ubwubatsi, umuziki. Iyumvire kandi ibikorwa vyose vy’irema bari gushobora gutohoza uko bashitsa igikorwa-banga cabo c’ukuganza isi n’ukuyigira iparadizo. (Itanguriro 1:28) Si ivy’imbeshere, ubuzima bwa Adamu na Eva ntibwobaye ubwuzuye ukuniha hamwe n’ukuramukwa, ahubwo bwokwuzuye uburyoherwe n’akanyamuneza. Birumvikana ko batobaye bakeneye impumurizo.
4, 5. (a) Ni kubera iki Adamu na Eva bananiwe n’agasuzumisho k’ubugamburutsi? (b) Ubwoko-muntu bwahavuye bukenera impumurizo gute?
4 Ariko rero ico Adamu na Eva bari bakeneye koko, kwari ugutsimbataza urukundo n’inkenguruko bigera ibwina bagirira Se wabo wo mw ijuru munyarukundo. Urukundo mwen’urwo rwobavyuriye ukugamburukira Imana ibihe vyose. (Gereranya na Yohana 14:31.) Birababaje kubona abavyeyi bacu ba mbere bompi barananiwe kugamburukira Segaba wabo mwen’uburenganzira, Yehova. Ahubwo bariretse baja munsi y’ubutegetsi nkorakibi bw’umumarayika yaguye, Shetani ya Diyǎbule. Shetani ni we yoheje Eva ngo akore icaha arye ku camwa kibujijwe. Maze Adamu akora icaha igihe na we yarya ku camwa co kuri nya giti Imana yari yagabishijeko bitomoye iti: “Umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza.”—Itanguriro 2:17.
5 Muri ubwo buryo, iyo nyabubiri nyacaha itangura gupfa. Igihe Imana yabasomera urubanza rw’ugupfa, yabwiye kandi icese Adamu iti: “Uzaniye ivu umuvumo; uzokwama urya ibirivamwo ubiruhiye, imisi yose y’ukubaho kwawe; rizohora rikumerera imikere n’ibitovu, arik’uzotungwa n’ibirimano vyo mu ndimiro.” (Itanguriro 3:17, 18) Gutyo Adamu na Eva baba batakaje ca kizigizigi c’ukugira isi y’inyovu iparadizo. Aho birukaniwe muri Edeni, bǎbwirizwa gukoresha inkomezi zabo zose batunurukira ibifungurwa bakura mw ivu ryari ryaravumwe. Abakomoke babo, ko bari barazwe ubwo bumeremere bunyacaha kandi bw’ugupfa, bahavuye bakenera cane impumurizo.—Abaroma 5:12.
Insezeranwa Mpumuriza Irânguka
6. (a) Ni insezeranwa mpumuriza iyihe Imana yatanze inyuma y’igwa mu caha ry’ubwoko-muntu? (b) Lameki yǎtuye ikimenyeshakazoza giki ku biraba impumurizo?
6 Igihe Yehova yasomera urubanza nya nkwezi y’ubugarariji bw’umuntu, yaragaragaje ko ari ‘we Mana itanga uguhumurizwa.’ (Abaroma 15:5) Ivyo yabigize mu gusezerana “urubuto” (NW) rwohejeje rugahabuza uruvyaro rwa Adamu rukava mu nkurikizi nyabutindi z’ubugarariji bwa Adamu. (Itanguriro 3:15) Haciye igihe, Imana yaratanze kandi ibiba birerekana iryo habuzwa. Nk’akarorero, yarahumekeye Lameki, umukomoke wa kure wa Adamu yamuka ku muhungu wiwe Seti, ngo amenyeshe kazoza ku vyerekeye ico umuhungu wa Lameki yokoze: “Uyu azoturuhura mu bikorwa vyacu no mu butame bg’amaboko yacu butewe n’iri vu Uhoraho yavumye.” (Itanguriro 5:29) Mu buryo buhuye n’iyo nsezeranwa, nya muhungu yǐswe Nowa, iritahurwa ko risobanura “Uburuhukiro” canke “Uruhoza.”
7, 8. (a) Ni inyifato y’ibintu nki yatumye Yehova yicuza ku vy’uko yaremye umuntu, kandi yaciye ashinga intēgo y’ukugira iki kuri ivyo? (b) Nowa yabayeho gute yisunga insobanuro y’izina ryiwe?
7 Muri ico gihe, Shetani yariko akwega abamukurikira muri bamwebamwe mu bamarayika b’ijuru. Bano barihaye imibiri ifadika bacika abantu buntu hanyuma batwara abagore basa n’irirenga bakomoka kuri Adamu barabarongora. Mwen’ayo mahura atajanye n’akame yahavuye yonona ikibano c’abantu, avamwo ubwoko bw’abaterekwamana b’Abanefili, “abagwishi,” abujuje isi ikorabukazi. (Itanguriro 6:1, 2, 4, 11; Yuda 6) “Nuk’Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingen’ari vyinshi mw isi, . . . Uhoraho yicuza ico yaremeye abantu mw isi, bimutera intuntu mu mutima.”—Itanguriro 6:5, 6.
8 Yehova yaciye ashinga intēgo y’uguhonya iyo si nkorakibi akoresheje umwuzure nkwiramubumbe, ariko abanza kubwira Nowa kwubaka ubwato bw’ukuziguriza ubuzima. Gutyo, ubwoko bw’abantu hamwe n’ubwoko bw’ibikoko bibona gukira. Ese ukuntu inyuma y’Umwuzure Nowa n’umuryango wiwe bategerezwa kuba bariyumvisemwo ko baremuruwe aho basohokeye bavuye muri nya bwato bakaja kw isi ihumanuwe! Ibaze ukuntu bihumuriza gusanga nya muvumo kw ivu wabanduwe, bigatuma igikenurwa c’uburimyi coroha cane birushirije! Si ivy’imbeshere, ikimenyeshakazoza ca Lameki caragaragaye ko ari ic’ukuri, Nowa na we abaho yisunga insobanuro y’izina ryiwe. (Itanguriro 8:21) Nowa, nk’umusuku mwizerwa w’Imana, yarabaye umukoreshwa mu vy’ukuzana urugero runaka rw’‘impumurizo’ ku bwoko-muntu. Ariko rero, akosho nkorakibi ka Shetani n’abamarayika mademo biwe ntivyarangiranye na nya Mwuzure, kandi ubwoko-muntu burabandanya kunihira munsi y’umutwaro w’icaha, indwara n’urupfu.
Umunaka Aruta Nowa
9. Yezu Kirisitu yahinyuje gute yuko ari umufasha n’umuhumuriza w’abantu bihana?
9 Amaherezo, mu mpera z’imyaka nk’4 000 y’inkuru-kahise y’umuntu, rwa Rubuto rwari rwarasezeranywe rwaraje. Urukundo rwinshi Yehova Mana afitiye ubwoko-muntu rwaramuvyuriye kurungika Umwana wiwe w’ikinege kw isi kugira apfe ngo abe incungu icungura abantu banyavyaha iyo bava bakagera. (Yohana 3:16) Yezu Kirisitu arazanira indemururo nini abanyavyaha bihana batumikisha ukwizera mu rupfu ntangankuka rwiwe. Abegurira Yehova ubuzima bwabo bose bagacika abayoboke babatijwe b’Umwana wiwe bararonka imporosho n’impumurizo biramba. (Matayo 11:28-30; 16:24) Naho bari n’amakemwa, bararonkera umunezero ugera ibwina mu gusukurira Imana bafise imburanyamutima idahumanye. Ese ukuntu bahumurizwa n’ukumenya yuko mu gihe babandanije gutumikisha ukwizera muri Yezu bazohêrwa ubuzima budashira! (Yohana 3:36; Abaheburayo 5:9) Niba bakoze icaha gikomeye babitumwe n’ubugoyagoye, rero barafise umufasha, canke umuhumuriza, ni we Mukama Yezu Kirisitu yazutse. (1 Yohana 2:1, 2) Bahishuye mwen’ico caha kandi bagatera intambwe zisabwa n’Ivyanditswe z’ukuzibukira ukuba abamogoreye icaha, baraharonkera indemururo, bakamenya yuko ‘Imana ari iyo kwizigirwa kandi igororoka, bigatuma ibaharira ivyaha vyabo.’—1 Yohana 1:9; 3:6; Imigani 28:13.
10. Ni icigwa giki dukura mu bitangaro Yezu yarangūye igihe yari ngaha kw isi?
10 Yezu igihe yari aha kw isi, yarazanye kandi imporosho mu kwidegembesha abiziziwe n’amademo, mu gukiza ubwoko bwose bw’indwara, no mu kuzura abakundwa bǎpfuye akabasubiza bazima. Ni ko, ivyo bitangaro vyari ivy’inyungu y’igihe gito gusa, kubera ko abahezagiwe gutyo mu nyuma bashaje hanyuma bagapfa. Yamara rero, Yezu ngaho yari adomye urutoke ku mihezagiro idashira ya kazoza azocuncuburira ku bwoko-muntu bwose. Ubu ari Umwami wo mw ijuru w’umunyabushobozi, vuba agiye kuzogira ibiruta rwose ukwirukana amademo gusa. Azoyajugunyira mu gisumanyenzi yo hamwe n’umugenderambere wayo Shetani, mu mero y’ukudakora. Maze ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Kirisitu, ingoma y’ubuninahazwa, izoca itangura.—Luka 8:30, 31; Ivyahishuriwe Yohana 20:1, 2, 6.
11. Ni kubera iki Yezu yǐyise “Umwami w’isabato”?
11 Yezu yavuze yuko ari “Umwami w’isabato,” kandi menshi mu makiza yagize yarangūwe ku musi w’Isabato. (Matayo 12:8-13; Luka 13:14-17; Yohana 5:15, 16; 9:14) Ivyo yabigirira iki? Urumva, Isabato yari igihimba c’Iteka Imana yahaye Isirayeli hanyuma gutyo igakora nk’“igitūtu c’ivyiza bizoba.” (Abaheburayo 10:1) Ya misi itandatu y’ibikorwa yo mu mushamvu iratwibutsa imyaka 6 000 umuntu amaze mu buja bwo ku butegetsi bw’agahahazo bwa Shetani. Wa musi w’Isabato wo mu mpera y’umushamvu uratwibutsa bwa buruhukiro mpumuriza ubwoko-muntu buzogira mu gihe ca ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Nowa Mukuru, Yezu Kirisitu.—Gereranya na 2 Petero 3:8.
12. Dushobora kwitega ibintu bihumuriza ibihe?
12 Ese indemururo abatwarwa bo kw isi b’ubutegetsi bwa Kirisitu bazokwiyumvamwo igihe bazosanga bagiye bidegemvya biherejeko, bakuwe mu kosho nkorakibi ka Shetani! Iyindi mpumurizo izoza uko bazogirirwa ugukizwa ubumuga bwo ku mubiri, mu vy’akanyengetera no mu buzirikanyi. (Yesaya 65:17) Maze, ca wiyumvira akamwemwe kazobasya nibatangura guha ikaze abakundwa bagarutse bavuye mu bǎpfuye! Muri ubwo buryo Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo.” (Ivyahishuriwe Yohana 21:4) Uko ivyiza biva ku nkuka y’incungu ya Yezu bizoja birakoreshwa, abatwarwa bagamburutsi b’Ubwami bw’Imana bazocika abakemuke, bakire bimwe biherejeko ingaruka mbi zose z’icaha ca Adamu. (Ivyahishuriwe Yohana 22:1-5) Maze Shetani azorekurwa “igihe gito.” (Ivyahishuriwe Yohana 20:3, 7) Abantu bose bashigikirana ubwizerwe ububesegaba Yehova afitiye uburenganzira bazoherwa ubuzima budashira. Iyumvire umunezero utavugwa hamwe n’indemururo bazogira vy’‘uguhabwa ukwidegemvya bimwe bidahaze bakava mu buja bw’ukubora’! Gutyo ubwoko-muntu bugamburuka buzogira ‘umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.’—Abaroma 8:21.
13. Ni kuki Abakirisu b’ukuri bose bakeneye impumurizo Imana itanga?
13 Mu kurindira, tubandanya kunyukurwa n’ukuniha n’ukuramukwa bisangiwe n’ababa mu runkwekwe rubi rwa Shetani bose. Iyongerekana ry’indwara zo ku mubiri hamwe n’imparangane z’ivy’akanyengetera birababaza abantu b’ubwoko bwose, dushizemwo n’Abakirisu b’abizerwa. (Ab’i Filipi 2:25-27; 1 Ab’i Tesalonike 5:14) Si ivyo gusa, kubera turi Abakirisu kenshi turihanganira agashinyuro hamwe n’uruhamo vy’akarenganyo Shetani aturundako kubera ‘ukugamburukira Imana nka yo mutware kuyirutisha Abantu.’ (Ivyakozwe n’intumwa 5:29) Gutyo, niba tugomba kurindirako mu kugira igomba ry’Imana mpaka gushika kw iherezo ry’isi ya Shetani, turakeneye impumurizo, imfasho hamwe n’inkomezi Yo itanga.
Aho Twokura Impumurizo
14. (a) Ni insezeranwa nki Yezu yatanze mw ijoro rya buca apfa? (b) Ni igiki gikenewe niba tugomba kwungukira bimwe vyuzuye ku mpumurizo y’impwemu yera y’Imana?
14 Mw ijoro rya buca Yezu apfa, yaratomoreye abaposolo bizerwa biwe yuko vuba yobavirīye agasubira kwa Se wiwe. Ivyo vyarabadugaritse umutima vyongera birabatera intuntu. (Yohana 13:33, 36; 14:27-31) Yezu yari azi ko bokeneye impumurizo ihozako, asezerana ati: “Nzosaba Data, na we azobaha uwundi [muhumuriza], ngw az’abane namwe ibihe bidashira.” (Yohana 14:16, [akajambo k’epfo, NW]) Yezu ngaha yariko avuga impwemu yera y’Imana, iyacuncuburiwe ku bayoboke biwe haciye imisi 50 inyuma y’izuka ryiwe.a Mu bindi bintu impwemu y’Imana yagize, yarabahumurije mu gihe c’ibigeragezo vyabo yongera irabakomeza kugira babandanye kugira igomba ry’Imana. (Ivyakozwe n’intumwa 4:31) Ariko rero, mwen’iyo mfasho ntikwiye kubonwa nk’ikintu cizana. Kugira buri Mukirisu ayungukireko mu buryo bwuzuye, ategerezwa kubandanya kuzamba asaba nya mfasho mpumuriza Imana itanga ibicishije ku mpwemu yera yayo.—Luka 11:13.
15. Bumwebumwe mu buryo Yehova aduha impumurizo ni ubuhe?
15 Ubundi buryo Imana itangamwo impumurizo, ibicisha kw Ijambo ryayo Bibiliya. Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.” (Abaroma 15:4) Ivyo biraranga ko dukeneye ubudahorereza gutohoza ibintu vyanditswe muri Bibiliya no mu bisohokayandikiro bishingiye kuri yo, no kubizirikanako. Turakeneye kandi kwitaba tudahorereza amahwaniro makirisu, ahasangirirwa ivyiyumviro bihumuriza bikuwe mw Ijambo ry’Imana. Imwe mu ntēgo nyamukuru za mwen’iyo mitororokano ni ukuremeshanya.—Abaheburayo 10:25.
16. Intunganyo mpumuriza z’Imana zikwiye kutuvyurira kugira iki?
16 Ikete Paulo yandikiye Abaroma rirashishikara kuranga imyanzuro myiza turonkera mu gukoresha intunganyo mpumuriza z’Imana. Paulo yanditse ati: “Imana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa ibahe guhūza imitima yanyu, nk’uko Kristo Yesu agomba, kugira ngo muhimbaze n’umutima umwe n’akanwa kamwe Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ni yo Se.” (Abaroma 15:5, 6) Eyego, dutoreye akunguko kuzuye ku ntunganyo mpumuriza z’Imana, tuzosa, bimwe birushirije, n’Umugenderambere murindutsi wacu Yezu Kirisitu. Ivyo bizotuvyurira kuguma dukoresha iminwa yacu mu kuninahaza Imana mu gikorwa cacu c’ugushinga intahe, ku mahwaniro yacu, mu biyago tugira twihereranije n’abizeye bagenzacu, no mu mazambo yacu.
Mu Bihe vy’Ibigeragezo Bikomakomeye
17. Yehova yahumurije gute Umwana wiwe, kandi vyanzutsemwo iki?
17 Yezu ‘yarahagaritse umutima cane,’ eka ‘umutima uragira akabonge nk’akagomba kumwica’ mw ijoro rya buca apfa urunihisha. (Matayo 26:37, 38) Nuko yarisobōye aja hirya gatoyi yikuye mu bayoboke biwe hanyuma arazamba kuri Se wiwe ngo amufashe. ‘Yarumviwe ku bwo gutinya Imana kwiwe.’ (Abaheburayo 5:7) Bibiliya irashikiriza yuko ‘umumarayika yǐyeretse Yezu avuye mw ijuru, akamuha intege.’ (Luka 22:43) Uburyo buranga uburindutsi n’ubugabo Yezu yashishikaye guhangana n’abamurwanya ni ikimenyamenya c’uko uburyo Imana yahumurije Umwana wiwe bwari kirumara bimwe birushirije.—Yohana 18:3-8, 33-38.
18. (a) Mu buzima bw’umuposolo Paulo ni ikiringo ikihe canecane camubereyemwo ibigeragezo? (b) Ni mu buryo ki dushobora kuba impumurizo ku bakurambere banyembabazi bakora bagatama?
18 Umuposolo Paulo na we nyene yaraciye mu biringo vy’ibigeragezo bikomakomeye. Akarorero, igikorwa ngenerwa ciwe i Efeso caranzwe n’ ‘ukurira hamwe n’ibigeragezo yatejwe n’inama z’Abayuda.’ (Ivyakozwe n’intumwa 20:17-20) Amaherezo, Paulo yaravuye i Efeso inyuma y’aho abashigikizi b’imanakazi Arutemi bujurije igisagara umugumuko kubera igikenurwa ciwe c’ubukwiririji. (Ivyakozwe n’intumwa 19:23-29; 20:1) Mu gihe Paulo yariko yerekeza i buraruko aja mu gisagara c’i Tirowa, hari ikindi kintu cari kiremereye umuzirikanyi wiwe bimwe bikomeye. Hagisigaye igihe gitoyi ngo habe uwo mugumuko i Efeso, yari yararonse raporo ihagarika umutima. Ikorane rikiri rito ry’i Korinto ryari ryakubiswe n’amacakubiri, rikaba kandi ryariko rirekerana ubusambanyi. Niho Paulo yari yanditse ari i Efeso ikete ry’igikangīro gikomeye, afise ivyizigiro vy’uko ahubûra iyo nyifato y’ibintu. Ico nticari ikintu kimworoheye kugira. “Nabandikiye mfise intuntu nyinshi, umutima wamvuyemwo, ndira amarira menshi,” ni ko mu nyuma yahishuye mw ikete rigira kabiri. (2 Ab’i Korinto 2:4) Nk’ukwo kwa Paulo, abakurambere banyembabazi ntibasanga vyoroshe gutanga impanuro n’igikangīro vy’uguhubūra, mu ruhande kukaba ari ukubera ko bazi cane ubugoyagoye bwabo bwite. (Ab’i Galatiya 6:1) Tube rero ab’impumurizo kuri abo bagendera imbere muri twebwe, mu kwitaba n’umutima ukunze impanuro iranga urukundo kandi ishingiye kuri Bibiliya.—Abaheburayo 13:17.
19. Ni kubera iki Paulo yavuye i Tirowa akaja i Makedoniya, kandi yahavuye aronka indemururo gute?
19 Bugingo Paulo yari i Efeso, ico yagize ntikwabaye gusa ukwandikira abavukanyi b’i Korinto, ariko kandi yararungitse Tito ngo aje kubasahiriza, amushinga kugaruka amuzaniye raporo y’ukuntu bakiriye nya kete. Paulo yari yizigiye guhurira na Tito i Tirowa. Ngaho Paulo yarahahezagirishijwe uturyo twiza tw’ukugira abantu abayoboke. Ariko ivyo vyarananiwe kumuremurura amaganya yari afise, kubera ko Tito atari bwashike. (2 Ab’i Korinto 2:12, 13) Niho yafunga isafari akaja i Makedoniya, yizigiye ko ahurirayo na Tito. Imero nyamaganya Paulo yari arimwo yarunyuwe n’ururwanyo rwinshi rwatewe igikorwa ngenerwa ciwe. “Hamwe twaja i Makedoniya,” ni vyo asigura, “umubiri wacu ntiwaribgatenzukirwe na gatoya, kuko twababajwe uburyo bgose; inyuma hār’intambara, imbere hār’ubgoba. Arikw Imana ihūmuriza [abacishijwe] bugufi yaduhūmurishije ukuza kwa Tito.” (2 Ab’i Korinto 7:5, 6) Mbega indemururo, igihe amaherezo Tito yashika kubwira Paulo ivyerekeye ukuntu Abanyakorinto bakiriye neza ikete ryiwe!
20. (a) Nk’uko vyabaye kuri Paulo, ubundi buryo buhambaye Yehova atanga impumurizo ni ubuhe? (b) Ni igiki kija kurimbūrwa mu gihimbu gikurikira?
20 Ivyashikiye Paulo birahumuriza abasuku b’Imana kino gihe, abenshi muri bo bakaba bahangana n’ibigeragezo bibatera kuba ‘abacishijwe bugufi,’ canke ‘bababajwe.’ (Phillips) Egome, ‘ya Mana itanga impumurizo’ irazi inkenero zacu umwumwe ukwiwe kandi igashobora kudukoresha ngo duhumurizanye, nka kumwe nyene Paulo yaronka impumurizo biciye kuri raporo ya Tito yerekeye agatima k’ukwihana k’Abanyakorinto. (2 Ab’i Korinto 7:11-13) Mu gihimbu cacu gikurikira, turaja kurimbūra ukuntu Paulo yishuranye igishika Abanyakorinto n’ukuntu bishobora kudufasha kugira tube abasangira impumurizo y’Imana ba kirumara muri iki gihe.
[Akajambo k’epfo]
a Kimwe mu bikurubikuru impwemu y’Imana yakoze ku Bakirisu bo mu kinjana ca mbere kwabaye ukubasīga baba abana b’Imana bo mu vy’impwemu n’abavukanyi ba Yezu. (2 Ab’i Korinto 1:21, 22) Ivyo bibikiwe gusa abayoboke 144 000 ba Kirisitu. (Ivyahishuriwe Yohana 14:1, 3) Kino gihe abenshi nya benshi mu Bakirisu barahawe ku buntu icizigiro c’ubuzima budashira kw isi paradizo. Naho batasīzwe, na bo nyene bararonka imfasho n’impumurizo vy’impwemu yera y’Imana.
Woshobora Kwishura?
◻ Ubwoko-muntu bwagiye gukenera impumurizo bigenze gute?
◻ Yezu yagaragaje ate ko aruta Nowa?
◻ Ni kubera iki Yezu yǐyise “Umwami w’isabato”?
◻ Imana itanga impumurizo gute muri iki gihe?
[Ikarata/Ifoto ku rup. 24]
Paulo yaragize impumurizo nyinshi biciye kw iraporo ya Tito yerekeye Abanyakorinto
MAKEDONIYA
Filipi
UBUGIRIKI
Korinto
AZIYA
Tirowa
Efeso