ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/8 rup. 32
  • Ushobora Kugira “Umutima nk’uw’Intambge”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ushobora Kugira “Umutima nk’uw’Intambge”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/8 rup. 32

Ushobora Kugira “Umutima nk’uw’Intambge”

BIBILIYA rimwerimwe irakoresha intambwe nk’ikigereranyo c’uburindutsi n’umwishimiro. Abagabo b’intatinyurukamvye canke barindutsi badondorwa nk’abafise “umutima nk’uw’intambge,” intungane na bo bakavugwa ko “bagumya umutima nk’intambge.” (2 Samweli 17:10; Imigani 28:1) Canecane igihe isomborokejwe, intambwe iraranga ko ikwiriye kumenyekana ko “ari yo irusha ibikōko vyose inkomezi.”—Imigani 30:30.

Ukudatinya kw’intambwe ni kwo Yehova Mana asanisha n’umwiyemezo wiwe w’ugukingira igisata ciwe. Yesaya 31:4, 5 havuga icese hati: “Nk’ukw intambge, cank’umugunza w’intambge igwangwarira ku co yishe, iy’abungere benshi batabajwe kurwana na yo, ntikangwe n’amajwi yabo, kandi ntiteshwe n’urwamo rwabo, uko ni k[o Yehova, NW] Nyen’ingabo azomanurwa no kurwanira ku musozi Siyoni . . . azoharinda ahakize, azohaca hejuru aharokore.” Gutyo rero Yehova arakura amakenga abasuku biwe yuko azobabungabunga ashirutse ubute, canecane iyo bari imbere y’ibibabangamiye.

Umwansi mukuru w’ubwoko-muntu, ari we Shetani ya Diyǎbule, Bibiliya imugereranya n’intambwe iroha, y’impabe. Kugira tuzibukīre kuba igicáki cayo, mu Vyanditswe tubarirwa uku: ‘Gumye amenge yanyu, mwame mugavye.’ (1 Petero 5:8) Uburyo bumwe bw’ukugira ivyo ni ukuzibukīra ugutura ingiga mu vy’impwemu kwotera impanuka. Muri ivyo Yezu yavuze ati: “Mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’[amaganya y’ubuzima, NW].” (Luka 21:34-36) Egome, kuba uwikanguye mu vy’impwemu muri iyi “misi y’iherezo” birashobora kuduha “umutima nk’uw’intambge,” ‘uhamye, wizigiye Yehova.’—2 Timoteyo 3:1; Zaburi 112:7, 8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika