21 SAMWELI
Agahungu kaserukiye Yehova n’umutima rugabo
MU BURYO kanaka, hari ibintu Samweli yari ahuriyeko n’umukobwa wa Yefuta na Samusoni. Ibintu abavyeyi babo bakoze vyarahinduye cane ubuzima bwabo. Cokimwe n’umukobwa wa Yefuta, Samweli yamaze ubuzima bwiwe bwose akorera Yehova mu buryo budasanzwe. (1 Sam. 2:11) Cokimwe na Samusoni, Samweli yabaye Umunaziri ubuzima bwiwe bwose. (Abac. 13:7) Kandi cokimwe n’abo bompi, Samweli yari akeneye kugira umutima rugabo.
Igihe Samweli yacuka, akaba ashobora kuba yari afise imyaka itatu canke irenga gato, nyina wiwe Hana yaramujanye kw’ihema ryeranda rya Yehova ryari i Shilo, nk’uko yari yarabisezeraniye Yehova. Ariko buri mwaka yaraja kuraba uwo muhungu wiwe, akamushira n’impuzu nshasha. Samweli yakuriye ng’aho, yitwararikwa n’umuherezi mukuru yari yitereye mu myaka yitwa Eli. Abagore bamwebamwe bo ng’aho kw’ihema ryeranda bashobora kuba barafasha mu kwitwararika Samweli.
Ariko, abantu bariko barakora ibibi ng’aho kw’ihema ryeranda kandi Eli nta co yakoze kugira abihagarike. Abahungu biwe babiri Hofuni na Finehasi bari abantu babi. Barasambana n’abagore bamwebamwe bakorera aho kw’ihema ryeranda rya Yehova. Ariko kandi bariko barahumanya ugusenga gutyoroye no mu yindi mice. Biboneka ko igihe abantu baba bazanye ibimazi ng’aho kw’ihema ryeranda, Hofuni na Finehasi baca bategeka abasuku ngo batore ibipande vyizavyiza kuri ico kimazi, aho kubiha Yehova. Eli yari azi ivyo abahungu biwe bakora, ariko yabahanura mu buryo budafashe, na bo bagaca birengagiza ivyo ababwiye. Naho Samweli yari akikujwe n’ubukozi bw’ikibi nk’ubwo, yakuze ashimwa n’Imana n’abantu. Igihe kigeze c’uko Yehova akosora izo ngorane zari i Shilo, yahisemwo ako gahungu Samweli ngo abe ari ko gashikiriza ubwo butumwa bwiwe.
Igihe kimwe mw’ijoro, hari ijwi ryakanguye Samweli. Ni Yehova yariko aramuhamagara! Ariko Samweli yibajije ko ari Eli amuhamagaye, aca yiruka kubaza uwo muherezi mukuru ico amuhamagariye. Eli yari ashaje kandi ntiyari akibona. Yabwiye Samweli ngo asubire kuryama kuko atari amuhamagaye. Ivyo vyarabaye izindi ncuro zibiri. Amaherezo, Eli yaratahuye ibiriko biraba aca arabwira Samweli ngo asubire kuryama. Yamubwiye ko Yehova asubiye kumuhamagara, yoca yitaba ati: «Mbwira Yehova, kuko jewe umusavyi wawe ndaguteze yompi.» Samweli yarakoze uko Eli amubwiye.
Ku ncuro igira kane, Yehova yarasubiye guhamagara Samweli ati: «Samweli, Samweli!» Ako gahungu kaciye kishura gati: «Numbwire, jewe umusavyi wawe ndaguteze yompi.» Yehova yaciye amubwira. Yamubwiye ko ashaka gukosora ingorane zari i Shilo kandi ko Eli yohanywe kubera yananiwe gukosora abahungu biwe. Yehova yashaka guhana Eli n’umuryango wiwe, harimwo n’abo bahungu biwe. Yehova yatumye Samweli ngo ashikirize Eli ubwo butumwa!
Samweli yaciye asubira kuryama, ariko Bibiliya ntivuga nimba yarasubiye gutora agatiro. Mu gitondo yaravyutse arugurura imiryango y’ikigo c’ihema ryeranda. ‘Samweli yaratinye kwiganira Eli ivyo yari yeretswe’, kandi birumvikana. Eli yarahamagaye Samweli aramubaza ivyo Imana yamubwiye. Ashobora kuba yarabonye ko Samweli afise ubwoba aca yongerako ati: «Ndagusavye ntihagire ico umpisha.»
Naho Samweli yari akiri muto, yabwirijwe gushikiriza umuherezi mukuru Eli ubutumwa bw’urubanza Yehova yari yamuciriye
Nta gukeka ko ico kintu kitari coroshe kuri Samweli. Samweli ashobora kuba yarubaha Eli kuko yari ameze nka sekuru wiwe. Nta gukeka kandi ko yamwubaha kubera yari umuherezi mukuru muri Isirayeli. Naho vyari ukwo, ‘Samweli yaramwiganiye vyose.’ Rero Eli yaramenye ko yari agiye gushikirwa n’ingorane. Yoba none amaherezo yarakosoye abo bahungu biwe? Nta cerekana ko yabikoze.
Yehova yarahezagiye cane Samweli kuko yagize umutima rugabo. Bibiliya ivuga iti: «Yehova ubwiwe abana na we.» N’ikirushirije, Imana yaciye imugira umuhanuzi, kandi «mu vyo [Samweli] yavuga vyose, nta na kimwe Imana yareka ngo kigende kidashitse.» Ibintu vyose Samweli yavuze ku bijanye na Eli n’abahungu biwe, amaherezo vyarashitse. Mu myaka myinshi yakurikiye, Yehova yarakoresheje Samweli mu guha ubuyobozi ihanga rya Isirayeli. Samweli yaramaze imyaka myinshi ari umuhanuzi wa Yehova w’intahemuka akaba n’umucamanza. Yari yarize kugira umutima rugabo kuva akiri umwana, kandi yagumye awerekana mu buzima bwiwe bwose.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Samweli yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Vuga ingene i Shilo hari hameze, ahari ihema ryeranda rya Yehova. (w92 1/11 8-9-wcgr) A
Todd Bolen/BiblePlaces.com
Ifoto A: Aho Shilo yari iherereye
2. Samweli yari abayeho gute kw’ihema ryeranda? (ia 61-62 ing. 9-13) B
Ifoto B
3. Ni mu buryo ubuhe agahugu Samweli ‘katari bwamenye Yehova’? (1 Sam. 3:7; w02 15/12 8 ing. 5-6)
4. Ubuhanuzi bwerekeye umuryango wa Eli bwarangutse gute? (it «Éli, I» ing. 5-7-wcgr)
Rondera ivyigwa wohakura
Uwukiri muto yokwigira iki kuri Samweli mu bijanye n’igituma bihambaye . . .
kugamburuka? (1 Sam. 3:5)
kwubaha? (1 Sam. 3:6-10)
kuba umwizigirwa? (1 Sam. 3:15) C
Ifoto C
Ni ryari uwukiri muto yokenera kugira umutima rugabo wo kuvuga, kandi akarorero ka Samweli komufasha gute?
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Samweli?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Samweli niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Ni ryari abato n’abakuze bokenera umutima rugabo wo gukora ibigororotse?
Samweli yagumye akora ibigororotse naho abantu bamukikuje bagambarariye Imana.