16 BARAKI NA DEBORA
«Sinzoreka kujana nawe»
ABISIRAYELI bari mu bihe bitoroshe. Bari baragambarariye Yehova. Nk’uko Yehova yari yarabibabwiye, yarabaretse baraganzwa n’abansi babo. Abanyakanani batwarwa n’umwami yitwa Yabini. Umukuru w’ingabo ziwe yari umugabo w’inkozi y’ikibi yitwa Sisera. Mu ngabo ziwe nyinshi, harimwo abatwara imikogote 900 y’ivyuma.
Ingabo za Sisera zamaze imyaka 20 zitera ubwoba Abisirayeli. Abasoda ba Sisera bateye igisagara kanaka, barafata abagore bakiri bato bakabasambanya ku nguvu. Kubera ivyo bintu biteye ubwoba bakora, Abisirayeli baratinya guca mu mabarabara makurumakuru kandi ntibari bakiba mu mazu yabo. Kubera ko Abisirayeli nka bose ata birwanisho bari bafise, ntibashobora kwirwanira.
Muri ico gihe, hari umugore w’umutima rugabo yitwa Debora yari umuhanuzikazi wa Yehova. Abantu baramuzanira n’imanza zigoye akazibacira. Yehova yarakoresheje Debora mu guhagurutsa umucamanza akaba n’umurokozi wa Isirayeli, umugabo yitwa Baraki. Debora yaramutumyeko kugira amuhe ubuyobozi buvuye kuri Yehova. Iyumvire ingene Baraki yatangaye igihe Debora yamubwira ko Yehova ashaka ko yegeranya ingabo 10.000 akazijana ku musozi Tabora. Yamubwiye ko Yehova yasezeranye ko yotsinze Sisera n’ingabo ziwe!
Baraki yoba yari umuntu w’umunyabwibone yoshavuzwa no kubona ahawe ubuyobozi n’umugore? Habe namba. Ahubwo yaragamburutse ubwo buyobozi yicishije bugufi, aremera kuja ku musozi Tabora, mugabo abwira Debora ko aza kugenda ari uko ajanye na we. Kuba Baraki yasavye Debora ko bojana ntibisigura ko yari yabuze ukwizera. Haciye igihe, intumwa Pawulo yashize Baraki mu rutonde rw’abagabo n’abagore bari bafise ukwizera gukomeye. (Heb. 11:1, 2, 32) Mu gusaba Debora ngo ajane n’ingabo ziwe, yari yerekanye ukwizera. Yari azi ko Yehova ariko arakoresha Debora, rero yipfuza ko yoguma amuronsa ubuyobozi buvuye kuri Yehova. Debora abigiranye umutima rugabo yaremeye kujana na Baraki. Yamubwiye ati: «Sinzoreka kujana nawe.» Yaramenyesheje kandi Baraki ko naho aza gutsinda iyo ntambara, ata mugabo aza kwica Sisera, naho yoba Baraki ubwiwe. Iryo teka Imana yari yariteye umugore.
Baraki yaciye akora ivyo Yehova yamutegetse gukora adatebaganye. Yaregeranije abasoda b’umutima rugabo 10.000. Naho abo Bisirayeli ata birwanisho vyinshi bari bafise, Baraki yarabateguye uko ashoboye kwose ku bw’urwo rugamba. Izo ngabo zakoraniye ku musozi Tabora. Umusozi Tabora wari uherereye mu kiyaya ca Yezireli, ukaba wareha n’imetero nka 562 z’uburebure, hejuru hateze nka kurya kw’ibakure yubitse. Debora na Baraki n’ingabo ziwe bari kuri uwo musozi, barashobora kubona Sisera n’imikogote yiwe myinshi bakiri kure.
None Baraki yari gukora iki? Abantu bamenyereye ivy’intambara bari kwiyumvira ko vyoba vyiza barindiriye Sisera n’ingabo ziwe bakegera umusozi Tabora. Bari kwiyumvira ko imikogote itanguye kuduga umusozi yari kugabanya ubunyarutsi, bigaca bituma Baraki n’ingabo ziwe boroherwa no kurwana na Sisera. Ariko Baraki yari azi ko urwo rugamba rutari urwiwe, ahubwo ko ari urwa Yehova. Rero yarumvirije ivyo Debora amubwiye. Yehova abicishije kuri Debora, yarabwiye Baraki ngo ahaguruke aje gutera Sisera. Baraki n’ingabo ziwe babigiranye umutima rugabo, baramanutse uwo musozi baja kurwana n’iyo mikogote iteye ubwoba!
Umucamanza n’umuhanuzikazi babwirijwe kurwana n’umukuru w’ingabo w’umubisha n’imikogote yiwe y’intambara
Ku muntu amenyereye ivy’intambara, nta mahirwe bari bafise yo gutsinda. Ariko rero Yehova yarabonye umutima rugabo wabo maze arabaha impera. Yarahungabanije izo ngabo z’Abanyakanani aca aragwisha imvura nyinshi. Ico kiyaya ca Yezireli cose caciye cuzura amazi maze imikogote ica irashaya. Rero vyaciye biba ngombwa ko ingabo za Sisera ziva mu mikogote, zikarwana n’ingabo za Isirayeli amaso mu yandi. Ya mikogote yabo nta co yabafashije. Nta musoda n’umwe wa Sisera yarokotse. Sisera we bite?
Sisera yarashoboye guhunga n’amaguru, ariruka aca muri ivyo vyondo arateba arashika ahantu hataramutse. Yari arajwe ishinga no kurokora ubuzima bwiwe aho kugerageza gukingira abasoda biwe. Ariko Baraki yaciye amukurikira. Ivyo vyose Yehova yarabibona, kandi yari yiyemeje kwica Sisera.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Baraki na Debora berekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Abisirayeli bari bamerewe gute igihe batwarwa na Sisera? (w15 1/8 12 ing. 6)
2. Kubera iki Debora adaharurwa muri ba bacamanza 12 baca imanza muri Isirayeli imbere y’uko Samweli aba umuhanuzi? (w86 1/6 31 ing. 6-8-wcgr)
3. Ni mu buryo ki Debora yari «umuvyeyi muri Isirayeli»? (Abac. 4:4, 5; 5:7; w15 1/8 13 ing. 1) A
Ifoto A
Ifoto A
4. Debora na Baraki bashaka kuvuga iki igihe bavuga ko «inyenyeri zarwanye» na Sisera? (Abac. 5:20; w05 15/1 25 ing. 5)
Rondera ivyigwa wohakura
Baraki yaremeye gufashwa n’umugore w’umwizigirwa abigiranye ukwicisha bugufi. Ni ryari umuvukanyi yomwigana? B
Ifoto B
Kubera iki Debora yari akeneye umutima rugabo kugira ajane na Baraki ku rugamba? Ni ryari dukenera mwene uwo mutima rugabo?
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Baraki na Debora?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Baraki na Debora nibazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Raba ingene iyi nkuru idukura amazinda ko ivyo dukora bihambaye kuri Yehova.
Baraki na Debora batwigisha iki ku bijanye n’ukwizigira, ukwifata ruto, n’ukugamburuka?
«Biciye ku kwizera, Baraki yaranesheje ingabo zikomeye» (w03 15/11 28-31)