ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 9 rup. 48-51
  • ‘Kubera ukwizera baranyegeje Musa’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Kubera ukwizera baranyegeje Musa’
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • Ukwizera kw’Abavyeyi Kwǎhawe Impera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • “Ririmbira Yehova”!
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Musa yahisemwo gukorera Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ingene Musa Yarokotse
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 9 rup. 48-51

9 SHIFURA, PUWA, AMURAMU, YOKEBEDI, MIRIYAMU

‘Kubera ukwizera baranyegeje Musa’

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

YOZEFU yari amaze imyaka irenga 60 apfuye. Abanyamisiri bari baribagiye uwo mugabo w’umwizigirwa Yehova yari yarakoresheje kugira akize inzara ihanga ryabo. Hari hasigaye hatwara Umufarawo mushasha yanka Abisirayeli kandi abatinya. Abisirayeli baguma bagwira cane kubera Yehova yabahezagira. Abanyamisiri rero baciye bagira abaja abo Baheburayo bongera barabakubagura. Ariko naho bari abashumba babandanije kugwira.

Farawo yaciye yiga umugambi wo kubahonya. Yategetse ko abakenyezi b’abakirizi babiri b’Abaheburayo, Shifura na Puwa, bazanwa aho ari. Iyumvire ingene bumvise bamerewe uwo mutegetsi akomeye abategetse ko babonye havutse umwana w’umuhungu boca bamwica! Ariko abo bakenyezi babiri b’umutima rugabo «ba[ra]tinya Imana y’ukuri.» Bari bazi ko ata muntu n’umwe, naho yoba umutegetsi akomeye gute, yotuma bagambararira Yehova, Segaba w’ibiriho vyose. Kuba baratinya Imana vyatumye bakora ikintu kiranga umutima rugabo. «Ntibakoze ivyo umwami wa Misiri yari yabategetse.» Ahubwo riho, bakoze igihushane cavyo: Barakoze uko bashoboye kwose barakingira abana benshi bongera barabarokora. Farawo yarashavuye cane, ariko ntibamubwiye uko babigenza. Yehova yarabona ivyo bariko barakora. Ivyo vyatumye ‘Imana igirira neza abo bakirizi.’ Haciye igihe, Imana yarabahaye imiryango yabo bwite.

Ni ibiki vyari gushikira Musa akiri uruyoya iyo ba bakirizi, abavyeyi biwe, hamwe na mushikiwe batagaragaza umutima rugabo?

Igihe Farawo yabona ko umugambi mubi yari yagiriye Abisirayeli ata co uvuyemwo, yaciye ashinga itegeko rikaze: Yategetse ko abana bose b’abahungu bavutse baca batererwa mu ruzi Nili! Muri ico kiringo kitoroshe, hari umugabo n’umugore b’Abaheburayo, Amuramu na Yokebedi, babwirizwa gufata ingingo itoroshe. Bari basanzwe bafise abana babiri, Miriyamu na Aroni. Ariko igihe Yokebedi yibungenga umwana agira gatatu, we na Amuramu bari bazi ko hamwe yoba ari umuhungu yobaye ari mu kaga. Igihe uwo mwana w’umuhungu yavuka, baragerageje kumara igihe bamunyegeje. Ariko ntivyoroshe kunyegeza uruyoya. Uyo mwana amaze amezi atatu, Yokebedi yatoye ikapo, ayihomekako ikaburimbi n’uburembo, maze ayishiramwo uwo mwana. Yaciye aja kunyegeza iyo kapo mu marenga yo ku nkombe y’uruzi Nili. Agakobwa kiwe Miriyamu kaciye kinyegeza ahantu kugira gacunge musaza wako.

Yokebedi ari kumwe na Miriyamu, ariko ashira Musa mw’ikapo ikozwe mu rufunzo iri mu marenga yo ku nkombe y’uruzi Nili.

Bidatevye, umukobwa wa Farawo yaramanutse kwoga mu ruzi Nili. Yarabonye ya kapo, aca arungika umusukukazi ngo aje kuyimuzanira. Ayuguruye, yasanze hariyo akana keza k’agahungu kariko kararira, gaca kamutera ikigongwe. Yaciye afata ingingo yo kumurera nk’umwana wiwe, ariko yarabona ko yari akeneye umuvyeyi yomwonsa. Ubwo nyene Miriyamu yaciye abona ico akwiye gukora. Yaciye agenda ariruka ku mukobwa wa Farawo abigiranye umutima rugabo, maze amusaba ko yomuronderera umuvyeyi yomumwonkereza, na we aravyemera. Miriyamu yaciye agenda kuzana nyina wiwe. Iyumvire umunezero Yokebedi yagize, igihe yamenya ko yokwonkeje umwana wiwe kandi akamwitwararika ata nkomanzi, mbere akanabihemberwa! Nta gukeka ko Yokebedi na Amuramu bakoze ivyo bashoboye vyose kugira bigishe uwo mwana ivyerekeye Yehova. Ariko rero amaherezo, harageze ko baha uwo mwana umukobwa wa Farawo. Uwo mukobwa yamwise Musa.

Yehova yoba yarahaye impera Amuramu, Yokebedi, na Miriyamu kubera ukwizera n’umutima rugabo bagaragaje? Cane nyene! Amuramu na Yokebedi barigishije Miriyamu na Aroni kuba abasavyi ba Yehova b’abizigirwa. Vyongeye, bariboneye ko Yehova yariko arakingira Musa. Bibiliya ntivuga nimba abo bavyeyi boba bararamvye gushika biboneye kamere nziza za Musa n’ingene Yehova yamukoresheje. (Kuv. 6:20) Ariko Miriyamu na Aroni bobo baravyiboneye. Barabonye ingene Yehova yakoresheje Musa mu gukora ibitangaro. Vyongeye, bose uko ari batatu baragaragaje ukwizera n’umutima rugabo mu buryo budasanzwe. Mu kigabane gikurikira, turaza kubona ingene Musa yakuze n’ingene yafashe ingingo yo gukorera Yehova.

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • Kuvayo 1:6–2:10

  • Ivyakozwe 7:​17-21

  • Abaheburayo 11:23

Ikibazo co kuganirako:

Ba bakirizi hamwe n’umuryango wa Musa berekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Ivyo abashakashatsi bubuye vyerekana gute ko iyo nkuru ari iy’ukuri? (g04 8/4 4 ing. 4–5 ing. 1-wcgr)

  2. 2. Ni ibiki bishigikira inkuru yo muri Bibiliya ivuga ibijanye n’ikapo ikoze mu rufunzo be n’itegeko Farawo yatanze ryo kwica abana b’Abaheburayo? (g04 8/4 5 ing. 2–6 ing. 1-wcgr) A

    Umugabo w’Umunyamisiri ariko arakora ubwato mu rufunzo.

    Christine Osborne Pictures/Alamy Stock Photo

    Ifoto A: No muri kino gihe, abantu barakoresha urufunzo mu gukora ubwato

  3. 3. Ni ibiki tuzi kuri ba bakirizi b’Abaheburayo, kandi Yehova yabahezagiye gute? (w03 1/11 8 ing. 3-4; it «Accoucheuse»-wcgr) B

    Abakirizi babiri bariko banyegeza uruyoya. Umwe muri bo ariko ararunguruka abigiranye ukwiyubara abasoda b’Abanyamisiri bariko baradodora ku miryango barondera abana b’abahungu bavutse.

    Ifoto B

  4. 4. Miriyamu yagaragaje gute ukwizera kudasanzwe n’igihe yari ashaje? (ijwia ikiganiro 7 ing. 14-18)

Rondera ivyigwa wohakura

  • Abavyeyi bokwigira iki kuri Amuramu na Yokebedi?

  • Abana bavukana bokwigira iki kuri ka Miriyamu? C

    Udufoto: Abana bavukana bariko barakura ivyigwa kuri Miriyamu. Ivyo birerekanwa mu mafoto akurikira muri iki kigabane. Agakobwa kariko gasoma igitabu kicaranye na gasaza kako mu gihe gasaza kako kariko gacapa amashusho avugwa mu nkuru zo muri Bibiliya. Ka gakobwa na gasaza kako bari mu nzira bariko baraganira banezerewe bongera banywa utuntu. Ka gakobwa kariko karatanga inyishu mw’ikoraniro gasaza kako na ko kariko karakitegereza kamwenyura.

    Ifoto C

  • Wokwigana gute umutima rugabo wa Shifura na Puwa?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza abavugwa muri iyi nkuru nibazuka?

Rondera kumenya n’ibindi

Raba ingene twokwungukira ku karorero k’abakenyezi banse gukurikiza itegeko ryatanzwe na Farawo.

«Abagore banse kwumvira Umufarawo» (w03 1/11 8-9 ing. 3-5)

Yehova yoba abandanya kwitwararika abamugamburukira nka we mutware babigiranye umutima rugabo aho kugamburukira abantu?

Turi aba Yehova (6:55)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika