ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 1 rup. 16-19
  • Yagendana n’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yagendana n’Imana
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • “Yari yahimbaye Imana rwose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Gendana n’Imana muri ibi bihe bidurumbanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Umuntu w’Umutinyutsi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yehova yoba abona ivyo ukora?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 1 rup. 16-19

1 HENOKI

Yagendana n’Imana

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

HENOKI yari atandukanye n’abandi bantu bo mu gihe ciwe. Rero bishobora kuba vyarashika akumva ameze nk’inyakamwe. Mu bantu bose bo mu gihe ciwe, ni we wenyene Bibiliya ivuga ko «yagumye agendana n’Imana y’ukuri.» None umuntu buntu wo kw’isi ashobora gute kuguma agendana n’Imana y’ukuri? Kandi ni igiki twokwigira kuri Henoki muri iki gihe ku bijanye n’umutima rugabo?

Henoki yagendana n’Imana y’ukuri n’imiburiburi mu buryo bubiri: mu vyo yanse gukora no mu vyo yakoze. Yaranka kumera nk’abantu bo mu gihe ciwe batakora ibihimbara Imana. Yari mu runganwe rugira indwi uvuye kuri Adamu na Eva, kandi Adamu yari akiriho naho yari ashaje cane. (Raba igicapo kivuga ngo «Kuva mu gihe ca basekuruza b’imiryango gushika mu gihe c’abacamanza.») Agatima k’ubugarariji k’abavyeyi bacu ba mbere kari karakwiragiye mu bantu bo muri ico gihe. Umuhungu wabo Kayini yarishe mwenewabo Abeli, umuntu wa mbere yari afise ukwizera. Bamwe mu bavuye kuri Kayini bari babi cane nka we canke mbere bakaba baramurusha. (Ita. 4:​23, 24) Henoki abigiranye umutima rugabo, yaranse kwigana ububisha bw’abantu bo mu gihe ciwe. Yagumye ari umunyamahoro, kandi ivyo vyarahimbaye Imana.

Imyaka myinshi imbere y’uko Henoki avuka, «abantu [baratanguye] kwambaza izina rya Yehova.» (Ita. 4:26) Biboneka ko bakoresha izina rya Yehova mu buryo butari bwo, bakarikoresha mu gusenga kw’ikinyoma. Henoki yaranse kwifatanya na bo muri ukwo gusenga. Yarakunda izina ryeranda rya Yehova kandi akaryubaha cane. Rero yari atandukanye cane n’abantu bo mu gihe ciwe.

Igihe abantu bashaka kwica Henoki kubera batanezerezwa n’ubutumwa ababwira, Yehova yaciye amukingira

Henoki yari akeneye kurushiriza kugira umutima rugabo kugira akore ivyo Yehova yari yamusavye gukora. Imana yamuhaye igikorwa kidasanzwe co kuba nk’umuhanuzi. Yategerezwa gushikiriza ubutumwa abantu bari batandukanye cane na we. Ng’ubu ubutumwa yabashikiriza: «Ehe Yehova yaje azananye n’abamarayika biwe beranda ibihumbi n’ibihumbi, kugira ashitse urubanza kuri bose no kugira akubite intahe mu gahanga abantu bose batubaha Imana, kubera ibibi vyose bakoze no kubera ibintu vyose vy’agahomerabunwa abacumuzi batubaha Imana bayivuzeko.»

Henoki ari kw’ibarabara ririko abantu benshi ariko arababwira urubanza rw’Imana. Bamwe muri abo bantu bashangashiwe, abandi bafise ibirwanisho.

Urabona ko ubutumwa Henoki yashikiriza bwari muri kahise nk’aho umenga urubanza rw’Imana rwari rwaramaze kuba. Ivyo ni ivyerekana ko ubwo buhanuzi bworangutse ata kabuza. Bwari ubutumwa bw’urubanza rukomeye. Imvugo ngo «batubaha Imana» Henoki yayisubiyemwo kabiri! Nta gukeka ko ayo majambo yatuma abamwumviriza bagira ishavu. Ariko yarababwiye ubwo butumwa buvuye kuri Yehova abigiranye umutima rugabo.

None abo bantu bakiriye gute ubwo butumwa? Bibiliya nta co ibivugako, ariko irerekana ko hageze igihe ubuzima bwa Henoki buraja mu kaga. Ivyo tuvyemezwa n’iki? Dusoma duti: «Hanyuma ntiyasubira kuboneka kuko Imana yamutwaye.» None hari habaye iki? Biboneka ko abo bantu bo mu gihe ciwe bariko baramurwanya bimwe bidasanzwe. Kubera ko Yehova yakunda Henoki, ntiyamuretse ngo agwe mu maboko y’izo nkozi z’ikibi. Yaramutwaye, ni ukuvuga ko yamusinzirije mw’itiro ry’urupfu. Gutyo, nta muntu n’umwe yomugiriye nabi kandi Yehova yomwibutse akamuzura.

Ariko Yehova yabanje guha Henoki ingabire idasanzwe. Dusoma duti: «Imbere y’uko [Henoki] atwarwa yari yashingiwe intahe yuko yahimbaye Imana vy’ukuri.» Bishoboka ko Yehova yeretse Henoki mu ndoto ko yobayeho atekanye mw’iparadizo ng’aha kw’isi! Imbere y’uko Henoki apfa yari azi iki kintu adakekeranya: Yehova yaramukunda kandi yaramuhezagiye kubera yari afise ukwizera gukomeye n’umutima rugabo udasanzwe!

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • Itanguriro 5:​21-24

  • Abaheburayo 11:5

  • Yuda 14, 15

Ikibazo co kuganirako:

Henoki yerekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Ni mu buryo ki «abantu batangu[ye] kwambaza izina rya Yehova»? (Ita. 4:26; w01 15/9 29 ing. 3-wcgr)

  2. 2. Henoki ni we muntu wa mbere w’umwizigirwa yakoze iki? Ni igiki catumye ashobora gukora ico gikorwa? (w01 15/9 31 ing. 5-wcgr)

  3. 3. N’imbere yuko Henoki atangura kuvuga ubuhanuzi, ni kubera iki ashobora kuba yari azi ko yokeneye umutima rugabo? (w06 1/10 19 ing. 13-14) A

    Udufoto: Henoki ariko arazirikana ku bintu vyabaye mu gihe ca ba sekuruza biwe. 1. Abamarayika babiri bacunze itongo rya Edeni, hari n’inkota yaka umuriro. 2. Adamu na Eva bashaje. 3. Kayini ahagaze hejuru y’ikiziga ca mwenewabo Abeli.

    Ifoto A

  4. 4. Wokwerekana gute ko Henoki atajanywe mw’ijuru nk’uko bamwebamwe bavyiyumvira? (Yoh. 3:13; Heb. 11:​5, 13)

Rondera ivyigwa wohakura

  • Ni ryari canecane twokenera umutima rugabo kugira twamamaze? Twisunze akarorero ka Henoki, ni igiki codufasha? B

    Umuvukanyi akorera aho bakorera imiduga yegereye umugabo bakorana asa n’uwashishwe kugira amuhe ubutumire bw’ikoraniro. Abandi bakozi bariko baratwenga uwo muvukanyi.

    Ifoto B

  • Yehova amererwa gute igihe tugendanye na we tubigiranye umutima rugabo? (Imig. 27:11; Heb. 11:5)

  • Wokwigana gute umutima rugabo wa Henoki?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Henoki niyazuka?

Rondera kumenya n’ibindi

Akarorero ka Henoki kogufasha gute kwihanganira ubukozi bw’ikibi?

Niwigane abagaragaje ukwizera, ntiwigane abatakugaragaje—Niwigane Henoki, ntiwigane Lameki (2:53)

Raba ivyafashije Henoki gukomeza ukwizera.

«Gendana n’Imana muri ibi bihe bidurumbanye» (w05 1/9 13-17)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika