ICIGWA CA 57
Bigenda gute igihe ukoze igicumuro gikomeye?
Naho ukunda Yehova cane kandi ukaba ukora uko ushoboye kwose kugira ngo wirinde ikintu comubabaza, bizoshika ukore amakosa. Yamara usanga ibicumuro bimwebimwe bikomeye kuruta ibindi. (1 Abakorinto 6:9, 10) Igihe ukoze igicumuro gikomeye, niwibuke ko Yehova adaca ahagarika kugukunda. Yama yiteguriye kukubabarira no kugufasha.
1. Twokora iki kugira Yehova atubabarire?
Abantu bakunda Yehova barababara cane iyo babonye ko bakoze igicumuro gikomeye. Ariko bararemeshwa n’ivyo Yehova asezeranira abasavyi biwe. Avuga ati: “Naho ibicumuro vyanyu vyoba bimeze nk’agahama, bizogirwa ivyera derere.” (Yesaya 1:18) Nitwigaya vy’ukuri, Yehova azotubabarira aherejeko. Twerekana gute ko twigaya? Tuvyerekana mu kwicuza kubera ikibi twakoze, tukirinda gusubira kugikora maze tugasaba Yehova ikigongwe. Hanyuma turihatira guhindura ibintu vyatumye dukora ico gicumuro, nimba ari ivyiyumviro canke ingeso mbi, maze tukabaho duhuza n’ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse.—Soma Yesaya 55:6, 7.
2. Yehova akoresha gute abakurambere mu kudufasha igihe twacumuye?
Igihe twakoze igicumuro gikomeye, Yehova adusaba guhamagara “abagabo b’inararibonye b’ishengero.” (Soma Yakobo 5:14, 15.) Abo bagabo, ni ukuvuga abakurambere, barakunda Yehova n’abasavyi biwe. Barigishijwe ukuntu bodufasha gusubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova.—Abagalatiya 6:1.
None abakurambere badufasha gute igihe twakoze igicumuro gikomeye? Abakurambere babiri canke batatu baraduhanura bakoresheje Ivyanditswe. Baraturonsa kandi impanuro ngirakamaro zidufasha kudasubira gukora ico gicumuro. Igihe hari uwakoze igicumuro gikomeye ariko ntiyigaye, abakurambere barafata ingingo yo kumukura mwʼishengero kugira ngo barikingire.
TWINJIRE MU MIZI
Nurushirize gutahura wongere ukenguruke ukuntu Yehova adufasha igihe twakoze igicumuro gikomeye.
3. Kwatura biratuma dusubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova
Igicumuro ico ari co cose twokora kirababaza Yehova. Rero dutegerezwa kukimwaturira. Nimusome Zaburi 32:1-5, muce muganira kuri iki kibazo:
Kubera iki bibereye ko twaturira ibicumuro vyacu Yehova aho kugerageza kubihisha?
Tumaze kwaturira ibicumuro vyacu Yehova maze tugasaba abakurambere ngo badufashe, tuzorushiriza kwumva turuhuriwe. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:
Muri iyo videwo, ni gute abakurambere bafashije Canon kugaruka kuri Yehova?
Igihe tuyaga n’abakurambere, turakwiye kuvuga ukuri kwose. Nakare bahari kugira badufashe. Nimusome Yakobo 5:16, muce muganira kuri iki kibazo:
Ni gute kubwira ukuri kwose abakurambere bituma vyoroha ko badufasha?
Niwature igicumuro cawe, ubwize ukuri abakurambere maze wemere imfashanyo iranga urukundo Yehova aguha
4. Yehova aragirira imbabazi abacumuzi
Igihe umuntu akoze igicumuro gikomeye yanse gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova arakurwa mw’ishengero, kandi ntituba tucifatanya na we. Nimusome 1 Abakorinto 5:6, 11, muce muganira kuri iki kibazo:
Nka kurya akambiro gakeyi kambira irobe ryose, ni gute kwifatanya n’umucumuzi atigaya bigira ingaruka ku bagize ishengero?
Abakurambere barigana imbabazi Yehova agirira abacumuzi mu kwihatira gufasha abakuwe mwʼishengero. Benshi mu bari barakuwe mw’ishengero bahavuye bagaruka. Uti kubera iki? Kubera ko naho gukurwa mw’ishengero bibabaje, bituma umuntu abona ko ivyo yari yakoze ari bibi.—Zaburi 141:5.
Ukuntu Yehova afata abacumuzi vyerekana gute ko ari Imana itarenza urugero, yʼimbabazi kandi ikundana?
5. Igihe twigaye Yehova aratubabarira
Yezu yaratanze ikigereranyo kidufasha gutahura ukuntu Yehova yiyumva iyo umuntu yigaye. Nimusome Luka 15:1-7, muce muganira kuri iki kibazo:
Ivyo bikwigisha iki ku vyerekeye Yehova?
Nimusome Ezekiyeli 33:11, muce muganira kuri iki kibazo:
Ni ikintu gihambaye ikihe twokora kugira twerekane ko twigaye vy’ukuri?
Nka kurya kw’umwungere, Yehova aritwararika cane intama ziwe
HARI ABAVUGA BATI: “Ndatinya kubwira abakurambere ikosa nakoze kubera bohava bankura mw’ishengero.”
Wobwira iki umuntu yiyumva gutyo?
INCAMAKE
Nitwakora igicumuro gikomeye ariko tukigaya vy’ukuri kandi tukiyemeza kudasubira kugikora, Yehova azotubabarira.
Wize iki?
Kubera iki ari vyiza kwaturira Yehova ibicumuro vyacu?
Ni igiki dukwiye gukora kugira tubabarirwe ibicumuro vyacu?
Igihe dukoze igicumuro gikomeye, kubera iki bihambaye ko twitura abakurambere?
RONDERA N’IBINDI
Nurabe ukuntu umugabo umwe yiboneye imbabazi za Yehova zivugwa muri Yesaya 1:18.
Abakurambere bagerageza gute gufasha ababa bakoze igicumuro gikomeye?
Raba ingene abakuwe mwʼishengero bagaragarizwa urukundo nʼimbabazi.
“Ingene abakurambere bofasha abakuwe mw’ishengero” (Umunara w’Inderetsi, Myandagaro 2024)
Mu nkuru ivuga ngo “Nari nkeneye kugaruka kuri Yehova,” nurabe icatumye umugabo umwe yari yarahevye ukuri yibonera ko Yehova yamukwegereye kugira amugarukeko.
“Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ndamukiza 2012)