ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lvs rup. 3
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
  • Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Soma muri “Urukundo rw’Imana”
  • Ivyo bijanye
  • Urukundo rw’Imana rwamaho
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Nugume mu rukundo rw’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ntureke ngo urukundo rwawe rukanye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • ‘Iki ni co ugukunda Imana gusobanura’
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
Ibindi
Nugume mu rukundo rw’Imana
lvs rup. 3

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Kuri abo bose bakunda Yehova Imana n’Ijambo ryiwe Bibiliya,

Yezu yavuze ati: “Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.” (Yohani 8:32) Woba wibuka umunezero wagize igihe wumva ukuri kwo muri Bibiliya ari bwo bwa mbere? Warahimbawe no kubona ko dushobora kumenya ukuri muri ino si yuzuyemwo ibinyoma.​—2 Timoteyo 3:1.

Yehova Imana ashaka ko tumenya ukuri. Kubera yuko natwe dukunda abandi, turipfuza kubabwira ukwo kuri. Ariko hariho n’ibindi dusabwa. Turakwiye kwihatira kubaho nk’uko Yehova ashaka kubera ko twubaha cane ingingo ngenderwako ziwe. Yezu yarasiguye uburyo buhambaye twokwerekana ko dukunda Imana. Yavuze ati: “Nimwubahiriza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nubahirije amabwirizwa ya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.”​—Yohani 15:10.

Yezu arakunda cane Se wiwe, kandi arakora ivyo amusaba vyose. Nitwigana Yezu mu buzima bwacu, Yehova azodukunda kandi tuzohimbarwa vy’ukuri. Yezu yavuze ati: “Nimba muzi ivyo bintu, muzoba muhiriwe mubikoze.”​—Yohani 13:17.

Turizigiye ko iki gitabu kizokwereka ingene wobaho wisunga ukuri kwo muri Bibiliya, bigatuma uba umugenzi w’Imana. Dusenga dusaba ko urukundo ukunda Imana rworushiriza kwongerekana, maze ukaguma ‘mu rukundo rwayo kugira uzoronke ubuzima budahera.’​—Yuda 21.

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika