ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lv rup. 3
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
  • “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Ivyo bijanye
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • ‘Nubandanye kugendera mu kuri’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Vyoba bigikenewe ko tumenya ukuri?
    Ibindi biganiro
Ibindi
“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
lv rup. 3

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Musomyi ukunda Yehova,

Yezu yavuze ati: “Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.” (Yohani 8:32) Mbega amajambo aremesha! Ego cane, urashobora kumenya ukuri no muri iyi “misi ya nyuma” itoroshe aho usanga ikinyoma ciraye. (2 Timoteyo 3:1) Woba wibuka igihe wamenya ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana? Ese ukuntu vyari bihimbaye!

Ariko rero, naho bihambaye kumenya ukuri kutagira amakosa no kukubwira abandi tudahorereza, dutegerezwa kandi kwigenza mu buryo buhuye n’ukwo kuri. Kugira ngo ivyo bishoboke, turakeneye kwigumiza mu rukundo rw’Imana. None ivyo bisaba iki? Inyishu tuyisanga mu majambo Yezu yavuze buca yicwa. Yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka ati: “Nimwubahiriza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nubahirije amabwirizwa ya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.”—Yohani 15:10.

Urabona ko gukurikiza amabwirizwa ya Se ari vyo vyatumye Yezu aguma mu rukundo rw’Imana. Ni ko bimeze no kuri twebwe. Kugira tugume mu rukundo rw’Imana, dutegerezwa kubaho twisunga ukuri imisi yose. Kuri nya mugoroba nyene, Yezu yavuze kandi ati: “Nimba muzi ivyo bintu, muzoba muhiriwe mubikoze.”—Yohani 13:17.

Turizigiye ko iki gitabu kizogufasha kuguma ubaho wisunga ukuri, maze ukigumiza ‘mu rukundo rw’Imana kugira uzoronke ubuzima budahera.’—Yuda 21.

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika