ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bhs rup. 3-7
  • Imana idufitiye umugambi uwuhe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana idufitiye umugambi uwuhe?
  • Bibiliya itwigisha iki?
  • Soma muri Ivyo Bibiliya yigisha
  • Udutwe
  • BIBILIYA YIGISHA KO IMANA IZOHINDURA IBINTU HANO KW’ISI.
  • NIWUNGUKIRE KU VYO BIBILIYA YIGISHA
Bibiliya itwigisha iki?
bhs rup. 3-7

Imana idufitiye umugambi uwuhe?

IGIHE usomye ikinyamakuru, uravye televiziyo canke wumvirije iradiyo, nta kindi wumva canke ubona atari amakuru y’ubugizi bwa nabi, intambara n’iterabwoba. Ushobora kuba utuntuye kubera indwara canke kubera wabuze uwawe.

Umuryango uriko urumviriza amakuru kw’iradiyo

Niwibaze uti:

  • Ibi vyoba ari vyo Imana inyipfuriza n’umuryango wanje?

  • Ni igiki comfasha kwihanganira ingorane?

  • Twoba tuzokwigera turonka amahoro nyakuri?

Bibiliya iratanga inyishu zitomoye kuri ivyo bibazo.

BIBILIYA YIGISHA KO IMANA IZOHINDURA IBINTU HANO KW’ISI.

  • Abantu ntibazosubira kugira intuntu, gusaza canke gupfa.​—Ivyahishuwe 21:4

  • ‘Uwucumbagira azosimba nk’impongo.’​—Yesaya 35:6, Bibiliya Yera

  • “Amaso y’impumyi azohumuka.”​—Yesaya 35:5

  • Abapfuye bazozuka.​—Yohani 5:28, 29

  • Nta wuzosubira kurwara.​—Yesaya 33:24

  • Ibifungurwa bizoba ari vyinshi cane kw’isi yose.​—Zaburi 72:16

    Umutama yabaye umusore, uwucumbagira ariko arasimba, abapfuye bazutse, abarwaye n’impumyi bakize

NIWUNGUKIRE KU VYO BIBILIYA YIGISHA

Umugabo ariko ariga Bibiliya n’Icabona ca Yehova

Woshobora kwiyumvira ko ivyo uhejeje gusoma ku mpapuro z’imbere y’uru ari indoto. Ariko Imana isezerana ko igiye kubikora vuba, kandi Bibiliya irerekana ukuntu izobigenza.

Si ivyo gusa. Bibiliya iratubwira ico twokora muri iki gihe kugira turonke agahimbare nyakuri. Zirikana gatoyi ku bintu biduhagarika umutima. Aho twovuga nk’ibibazo vy’amahera n’ivyo mu muryango, ingorane z’amagara canke kubura uwacu. Bibiliya irashobora kugufasha kwihanganira izo ngorane, kandi irashobora kuguhumuriza mu kuguha inyishu z’ibibazo nk’ibi:

  • Kubera iki dushikirwa n’imibabaro?

  • Twovyifatamwo gute mu ngorane?

  • Twoba dushobora kuronka agahimbare mu rugo?

  • Abapfuye bari hehe?

  • Twoba tuzosubira kubona abacu bapfuye?

  • Kubera iki twokwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye vyose?

Kuba uriko urasoma iki gitabu vyerekana ko wipfuza kumenya ivyo Bibiliya yigisha. Iki gitabu kizogufasha. Ingingo yose irafise ikibazo, ivyo bikaba bigufasha kurushiriza gutahura Bibiliya. Abantu benshi cane bararyoherwa no kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Twizigiye ko nawe bizokuryohera. Ese Imana yoguhezagira mu twigoro ugira ngo umenye ivyo Bibiliya yigisha!

NUMENYE IBIRI MURI BIBILIYA YAWE

BIBILIYA igizwe n’ibitabu be n’amakete bishika kuri 66. Kimwe cose kigabuwemwo ibigabane n’imirongo. Bituma tworoherwa no gutora umurongo turondera. Igihe hari ivyanditswe bitanzwe muri iki gitabu, igiharuro gikurikira izina ry’igitabu kiba cerekana ikigabane, igikurikira na co kikerekana umurongo. Nk’akarorero, ahanditse “2 Timoteyo 3:16,” bisigura ikete rya kabiri ryandikiwe Timoteyo, ikigabane ca 3, umurongo wa 16.

Niwaza urarondera muri Bibiliya ivyanditswe vyatanzwe, ntuzoteba kuyimenyera. Woshobora no gutangura kuza urasoma Bibiliya buri musi. Ugiye urasoma ibigabane bitatu canke bitanu ku musi, mu mwaka umwe woba uyirangije.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika