IKIGABANE CA 15
Kuyoboka ubukuru Imana yashizeho biravamwo ivyiza
KUGIRA dukore ivyo Yehova agomba, birahambaye ko tuyobokera Imana, yo Segaba w’ijuru n’isi. Turemera ko Umwana wayo ari Umutwe w’ishengero rya gikirisu kandi turisunga ingingo ngenderwako y’ubukuru no mu yindi mice y’ubuzima. Kuyoboka ubukuru Imana yashizeho biragirira akamaro abo bose vyega.
2 Muri Edeni ni ho abantu batanguriye kumenyeshwa ibijanye no kuyoboka ubukuru. Ico ciyumviro kiraboneka mu mategeko Imana yatanze mw’Itanguriro 1:28 na 2:16, 17. Ibikoko vyabwirizwa kuyobokera abantu, Adamu na Eva na bo babwirizwa kuyoboka ivyo Imana igomba n’ubukuru bwayo. Kugamburuka ubwo bukuru Imana yashizeho vyari gutuma haba amahoro n’urutonde. Ingingo ngenderwako y’ubukuru yahavuye ishimikwako mu 1 Abakorinto 11:3. Intumwa Paulo yanditse ati: “Nshaka ko mumenya yuko umutwe w’umugabo wese ari Kristu; umutwe w’umugore na wo ni umugabo; umutwe wa Kristu na wo ni Imana.” Ivyo vyerekana ko twese dufise ubukuru tuyobokera, uretse Yehova.
3 Abantu benshi muri iki gihe ntibemera iyo ngingo ngenderwako y’ubukuru kandi ntibayisunga. Uti kubera iki? Iyo ngorane yatanguriye muri Edeni, igihe abavyeyi bacu bahitamwo kugarariza ubukuru bw’Imana. (Ita. 3:4, 5) Ariko rero, ntibaciye baronka umwidegemvyo urenze uwo bari bafise. Ahubwo baciye baba abaja ba Shetani wa mumarayika mubi. Ubwo bugarariji bwaronkoye abantu ku Mana. (Kol. 1:21) Ni co gituma abantu benshi muri iki gihe baganzwa na wa mubisha.—1 Yoh 5:19.
4 Kwiga ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana no kugushira mu ngiro vyaratumye tuva mu vyara vya Shetani. Kubera yuko twiyeguriye Yehova kandi tukabatizwa, turemera icese ko ari we atugaba akatuganza. Cokimwe n’Umwami Dawidi, turemera ko Yehova ari we “mukuru ari hejuru ya vyose.” (1 Ngo. 29:11) Ego cane, turavuga twicishije bugufi duti: “Mumenye ko Yehova ari Imana. Ni we yaduhinguye, si twebwe ubwacu. Turi abantu biwe n’intama zo mu buragiriro bwiwe.” (Zab. 100:3) Turemera ko Yehova ahambaye be n’uko abereye ko tumuyobokera duherejeko, kuko ari we yaremye vyose. (Ivyah. 4:11) Twebwe abasavyi b’Imana y’ukuri, turigana Yezu Kristu we yadusigiye akarorero katagira agahaze mu bijanye no kuyobokera Imana.
5 Ni igiki Yezu yigiye ku mibabaro yamushikiye igihe yari kw’isi? Mu Baheburayo 5:8 hishura hati: “Naho yari Umwana [w’Imana], yarize kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye.” Emwe, Yezu yagumye ayobokera Se wiwe wo mw’ijuru adahemuka, n’igihe yaba ari mu ngorane. Vyongeye, nta kintu na kimwe yigeze akora avyigeneye. Ntiyavuga ivyo yibwiye; eka kandi ntiyarondera ubuninahazwa bwiwe. (Yoh. 5:19, 30; 6:38; 7:16-18) Igihe yari kw’isi, yarahimbarwa no gukora ivyo Se wiwe agomba, naho ivyo vyatuma bamurwanya bakongera bakamuhama. (Yoh. 15:20) Yezu yarayobokeye Imana yongera ‘aricisha bugufi’ gushika no ku “rupfu rwo ku giti co kubabarizwako.” Kuba yarayobokeye Yehova aherejeko vyaravuyemwo ivyiza vyinshi. Nk’akarorero, vyararonkeje abantu ubukiriro budahera, biratuma ashirwa hejuru vyongera biratuma Se wiwe aninahazwa.—Flp. 2:5-11; Heb. 5:9.
TUYOBOKE UBUKURU BW’IMANA MU MICE YOSE
6 Iyo tuyobokeye Imana mu gukora ivyo igomba, tuba twirinze amaganya n’ishavu bishikira abantu banka kuyoboka ubusegaba bwa Yehova. Umwansi wacu Shetani aguma arondera kuturotsa. Imana izomudukiza nitwaguma tumurwanya kandi tukicisha bugufi imbere ya Yehova, tukamuyobokera tubikunze.—Mat. 6:10, 13; 1 Pet. 5:6-9.
7 Mw’ishengero rya gikirisu, turemera icese ubukuru bwa Kristu hamwe n’ububasha yahaye wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” Ivyo biragira ico bikoze ku kuntu tubona abandi no ku kuntu tubafata. Kuyobokera Imana mw’ishengero biratuma tugamburuka Ijambo ry’Imana mu mice yose y’ugusenga kwacu. Aho harimwo indimiro, kwitaba amakoraniro no kuyagiramwo uruhara, imigenderanire tugiranira n’abakurambere no gushigikira indinganizo z’ishirahamwe.—Mat. 24:45-47; 28:19, 20; Heb. 10:24, 25; 13:7, 17.
8 Igihe tuyobokeye Imana biratuma mw’ishengero haba amahoro, umutekano n’urutonde. Abasavyi b’Imana baragaragaza kamere za Yehova. (1 Kor. 14:33, 40) Ibintu twiboneye mw’ishirahamwe rya Yehova bituma twiyumva nka kumwe kw’Umwami Dawidi. Amaze kubona itandukaniro riri hagati y’abasavyi ba Yehova n’abanyakibi, yikuguye n’umunezero ati: “Hahiriwe abantu Imana yabo ari Yehova!”—Zab. 144:15.
9 Mu rugo, ‘umutwe w’umugore ni umugabo.’ Umugabo na we abwirizwa kuyobokera Kristu, Kristu na we akayobera Imana. (1 Kor. 11:3) Abagore babwirizwa kuyobokera abagabo babo, abana na bo bakayobokera abavyeyi babo. (Ef. 5:22-24; 6:1) Igihe umwe wese mu bagize umuryango akurikije iyo ngingo ngenderwako y’ubukuru, umuryango uragira amahoro.
10 Umugabo asabwa kwigana Kristu mu gukoresha ubukuru bwiwe abigiranye urukundo. (Ef. 5:25-29) Igihe umugabo adakoresheje nabi ubukuru bwiwe canke ngo abufate minenegwe, umugore wiwe n’abana biwe barahimbarwa no kumuyobokera. Umugore ni umufasha canke umwunganizi w’umugabo wiwe. (Ita. 2:18) Igihe ashigikiye umugabo wiwe abigiranye ukwihangana n’icubahiro, biratuma umugabo amushima kandi bikaninahaza Imana. (1 Pet. 3:1-4) Igihe umugabo n’umugore bakurikije impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’ubukuru, baba bahaye akarorero keza abana babo mu vyo kuyobokera Imana.
Kuyoboka ubukuru bw’Imana biraba imice yose y’ubuzima bwacu
11 Kuyobokera Imana kandi biragira ico bikoze ku kuntu tubona “abakuru bari hejuru,” bakaba “bashizwe n’Imana mu bibanza vyabo bigereranye.” (Rom. 13:1-7) Kubera yuko abakirisu ari abanyagihugu bagamburuka amategeko, barariha amakori, bakishura “Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana [bakavyishura] Imana.” (Mat. 22:21) Vyongeye, intunganyo bagira kugira baheture neza icibare cabo zirubahiriza amategeko ajanye no gukingira amakuru yisungwa aho iwanyu. Turayobokera ubutegetsi bwemewe kandi tukabugamburukira mu bintu vyose bidateye kubiri n’amategeko ya Yehova agororotse. Ivyo bituma twitunira ku gikorwa co kwamamaza.—Mrk. 13:10; Ivyak. 5:29.
12 Kuyoboka ubukuru bw’Imana biraba imice yose y’ubuzima bwacu. Dukoresheje amaso y’ukwizera, turabona igihe abantu bose bazoba bayobokera Yehova Imana. (1 Kor. 15:27, 28) Emwe, abemera icese ubukuru bwa Yehova kandi bakaguma bamuyobokera ibihe vyose, barahiriwe!