ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • od ikig. 12 rup. 123-129
  • Gushigikira igikorwa c’Ubwami aho iwanyu no kw’isi yose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gushigikira igikorwa c’Ubwami aho iwanyu no kw’isi yose
  • Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • GUSHIGIKIRA IGIKORWA KW’ISI YOSE
  • GUSHIGIKIRA IBIKORWA VY’ISHENGERO DUKUKIRA
  • KUBIKA INTERERANO
  • AMAHERA AKORESHWA N’UMUZUNGURUKO
  • KWITWARARIKA ABORO
  • GUTANGA IBISOHOKAYANDIKIRO
  • Aho amahera akoreshwa mu bikorwa vy’Ubwami ava
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Abacungezi bo kuragira ubusho
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Ingene wokwagura umurimo
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Kubera iki twoha Umwe afise vyose?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
od ikig. 12 rup. 123-129

IKIGABANE CA 12

Gushigikira igikorwa c’Ubwami aho iwanyu no kw’isi yose

NK’UKO Yezu yabivuze mu buhanuzi yashikirije bujanye n’imisi ya nyuma, Ivyabona vya Yehova baramamaza inkuru nziza “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8; Mat. 24:14) Kugira babishikeko, baratanga umwanya wabo n’inguvu zabo kugira babwire abandi ukuri kwo muri Bibiliya. Baguma bashira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo, bizigiye ko Yehova azobaronsa ivyo bakeneye. (Mat. 6:25-34; 1 Kor. 3:5-9) Ivyiza bivamwo birerekana neza ko Yehova abashima kandi akabahezagira.

GUSHIGIKIRA IGIKORWA KW’ISI YOSE

2 Igihe bamwebamwe babonye uburyo dukoresha mu kwamamaza n’ingene dutanga ku buntu Bibiliya n’ibitabu bishingiye kuri yo, baribaza bati: “Ivyo bishoboka gute?” Emwe, gucapura no gusohora Bibiliya n’ibitabu bishingiye kuri yo biratwara amahera. Birasaba amahera kandi kwubaka no kubungabunga inyubakwa za Beteli zibamwo abakoresha imashini zicapura ivyo bitabu, bagahagarikira igikorwa co kwamamaza bakongera bagateza imbere inkuru nziza mu bundi buryo. Vyongeye, abacungezi b’imizunguruko, abamisiyonari bakorera mu ndimiro, abatsimvyi badasanzwe n’abandi bari mu murimo udasanzwe w’igihe cose bararonswa uduhera tubayabaye kugira bashobore kubandanya ibikorwa. Biragaragara ko igikorwa co kwamamaza inkuru nziza muri iki gihe, haba aho iwanyu canke kw’isi yose, gitwara amahera menshi. None ayo mahera yose ava he?

3 Abantu benshi bakenguruka igikorwa co kwigisha Bibiliya c’Ivyabona vya Yehova barahimbarwa no gutanga intererano zishigikira ico gikorwa turangurira kw’isi yose. Ariko rero, ahanini igikorwa cacu gishigikirwa n’Ivyabona ubwabo, bamwe bakaba barungika intererano zabo ku biro vy’amashami vy’Ivyabona vya Yehova biri mu karere iwabo. Baragaragaza umutima ukunze nk’umwe abasavyi b’Imana ba kera bagaragaje, abatanze cane bigatuma haboneka ibikoresho vyo kwubaka ikibanza co gusengeramwo Yehova. (Kuv. 35:20-29; 1 Ngo. 29:9) Hariho ingabire ziboneka bivuye ku baba bararaze ishirahamwe ivyo batunze, hakaba n’izindi ntererano ntonto zitangwa n’abantu umwumwe ukwiwe, amashengero hamwe n’imizunguruko. Izo ngabire zose zishizwe hamwe ziratuma igikorwa co kwamamaza kibandanya.

Ivyabona vya Yehova babona ko ari agateka gukoresha amahera yabo n’ibindi bintu batunze mu guteza imbere igikorwa co kwamamaza

4 Ivyabona vya Yehova babona ko ari agateka gukoresha amahera yabo n’ibindi bintu batunze mu guteza imbere igikorwa co kwamamaza. Yezu n’abigishwa biwe bari bafise agasandugu k’intererano bakuramwo amahera bakoresha mu vyo baba bakeneye. (Yoh. 13:29) Bibiliya iratubwira ko hari abagore bafasha udukorwa Yezu n’abigishwa biwe. (Mrk. 15:40, 41; Luka 8:3) Intumwa Paulo yarakengurutse imfashanyo y’ivy’umubiri iranga urukundo yahawe n’abipfuza guteza imbere inkuru nziza no gushigikira igikorwa yarangura. (Flp. 4:14-16; 1 Tes. 2:9) Ivyabona vya Yehova barabandanya kwigana utwo turorero tw’abantu ba kera bakoranye umwete bakongera bagatanga batitangiriye itama. Ivyo biratuma abantu b’inziraburyarya bose bashobora kuronka “amazi y’ubuzima ku buntu.”​—Ivyah. 22:17.

GUSHIGIKIRA IBIKORWA VY’ISHENGERO DUKUKIRA

5 Amahera ishengero rikoresha na yo nyene aboneka biciye ku ntererano zitangwa n’abavyishakiye. Nta mperezwa zitozwa; eka kandi nta n’igitigiri c’amahera umuntu ategerezwa gutanga gishingwa canke ngo habe ivyo gusabiriza amahera. Udusandugu tw’intererano turashirwa mu bibanza biberamwo amakoraniro kugira umuntu wese ashobore gutanga “nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe.”​—2 Kor. 9:7.

6 Intererano zitangwa, zikoreshwa canecane mu kuriha ibikenewe ku Ngoro y’Ubwami no mu kuyibungabunga. Inama y’abakurambere yoshobora gushinga ko amwe muri ayo mahera arungikwa ku biro vy’ishami kugira akoreshwe mu guteza imbere igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Muri ico gihe, ishengero riravyemeza. Amashengero menshi yama yatanze intererano zishigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose muri ubwo buryo. Igihe abagize ishengero bose bitwararika ibikenewe mw’ishengero, ntibiba ngombwa ko hanyuma hashikirijwe amatangazo yerekeye intererano.

KUBIKA INTERERANO

7 Inyuma y’amakoraniro, abavukanyi babiri baratora amahera aba yashizwe mu dusandugu tw’intererano bagaca bayandika. (2 Abm. 12:9, 10; 2 Kor. 8:20) Inama y’abakurambere iraringaniza neza ukuntu ayo mahera abikwa gushika arungitswe ku biro vy’ishami canke akoreshejwe mu vyo ishengero rikeneye. Umuvukanyi ajejwe amakonte aramenyesha ishengero buri kwezi ukuntu amakonte yifashe, kandi uko haheze amezi atatu, umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere aratunganya ivy’uko amakonte asuzumwa.

AMAHERA AKORESHWA N’UMUZUNGURUKO

8 Amahera akoreshwa ku materaniro no mu bindi umuzunguruko ukenera ava mu ntererano zitangwa n’Ivyabona bo muri uwo muzunguruko. Udusandugu tw’intererano turashirwa ahabera amateraniro kugira ababishaka batange intererano zishigikira umuzunguruko. Vyongeye, amashengero arashobora gutanga intererano no mu bindi bihe kugira umuzunguruko uronke amahera ukoresha mu bindi bintu wama wakeneye.

9 Mu bisanzwe, imizunguruko ikwiye kuba ishoboye kwirihira amahera yose ikoresha, ayasigaye bakayatangako intererano zishigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Nimba mu kigega c’umuzunguruko ata mahera akwiye ariyo yo kuriha ayakoreshejwe kw’iteraniro canke ayazokenerwa mu gutegura iteraniro rikurikira, nk’ayo gufatisha ikibanza rizoberamwo, umucungezi w’umuzunguruko yoshobora gusaba ko amashengero amenyeshwa agateka afise ko guterera. Inama y’abakurambere imwimwe yose izorimbura ico kibazo hanyuma irabe intererano ishengero ryoshobora gutanga mu kigega c’umuzunguruko. Ishengero ni ryo ryemeza ko ayo mahera asohoka.

10 Igihe hadutse ibibazo bidasanzwe vy’amahera bisaba kumenyeshwa abakurambere bo mu muzunguruko, haragirwa inama y’abakurambere bo mu muzunguruko ku musi w’iteraniro. Izindi ngingo zose zerekeye amahera asohoka zikwiye gufatwa biciye ku myiyemezo itorwa n’abakurambere. Iyo myiyemezo ikwiye kuba irimwo igitigiri gitomoye c’amahera hanyuma igashikirizwa abakurambere kugira bayemeze igihe cose hasohotse amahera y’umuzunguruko.

11 Haratunganywa ivy’uko amakonte y’umuzunguruko aza arasuzumwa uko haciye ikiringo kanaka.

KWITWARARIKA ABORO

12 Imwe mu mpamvu zatuma Yezu n’abigishwa biwe bagira agasandugu k’amahera kwari ukugira bafashe aboro. (Mrk. 14:3-5; Yoh. 13:29) Iryo banga n’ubu riracaraba abakirisu kuko Yezu yavuze ati: “Aboro mu[ra]bamana.” (Mrk. 14:7) Ni gute none Ivyabona vya Yehova bitwararika iryo banga muri iki gihe?

13 Vyoshika abakirisu b’abizigirwa bo mw’ishengero bagakenera gufashwa kubera bitereye mu myaka, ubumuga canke ivyago vyabashikiye bitabavuyeko. Abagize umuryango, incuti canke abandi bazi iyo ngorane boshobora gufasha. Ivyo birahuye n’amajambo intumwa Yohani yavuze ati: “Uwo wese afise uburyo bwo kwibeshaho bwo muri iyi si akabona mwene wabo ari mu mukeno yamara akamwugarirako impuhwe ziwe z’ikibabarwe, mbega urukundo rw’Imana ruguma muri we gute? Bana bato, dukundane atari mu majambo canke ku karimi, ahubwo mu bikorwa no mu kuri.” (1 Yoh. 3:17, 18; 2 Tes. 3:6-12) Ugusenga kw’ukuri kurimwo no kwitwararika abo dusangiye ukwizera baba bakeneye gufashwa.​—Yak. 1:27; 2:14-17.

14 Mw’ikete rya mbere intumwa Paulo yandikiye Timoteyo, yarasiguye ukuntu abakwiye gufashwa bosahirizwa. Impanuro yatanze tuyisanga muri 1 Timoteyo 5:3-21. Umukirisu wese ni we ahanini yegwa n’ibanga ryo kuronsa abo mu rugo rwiwe ivyo bakeneye. Abageze mu zabukuru canke abafise ubumuga bakwiye gufashwa n’abana babo, abuzukuru canke izindi ncuti za hafi. Rimwe na rimwe hashobora kuba hariho imfashanyo itangwa na leta canke abagiraneza. Incuti canke abandi boshobora gufasha uwo muntu gusaba iyo mfashanyo. Vyoshobora gukenerwa ko ishengero riraba ko ryofasha abavukanyi bakenye bamaze igihe kirekire bakorera Yehova badahemuka. Nimba ata bo mu muryango canke izindi ncuti boshobora kubafasha kandi akaba ata mfashanyo ihagije itangwa na leta, inama y’abakurambere yoshobora gusaba ko abo bantu bafashwa. Abakirisu babona ko ari agateka gusangira ivyo batunze n’abakeneye gufashwa.

15 Abavukanyi bacu benshi boshobora kwugarizwa n’ubukene kubera uruhamo, intambara, vya nyamugigima, imyuzurira, ikigoyi canke ibindi vyago bikunze gutera muri ibi bihe bitoroshe. (Mat. 24:7-9) Amashengero yo muri ako karere yoshobora kuba ata co yisumbije yosabikanya n’abandi. Muri ico gihe, Inama Nyobozi irahagarikira utwigoro tugirwa n’abavukanyi bo mu yindi mihingo kugira batange imfashanyo ikenewe. Ivyo birasa n’ivyo abakirisu bo muri Aziya ntoyi bakoze igihe abavukanyi babo b’i Yudaya bari barembejwe na kigoyi. (1 Kor. 16:1-4; 2 Kor. 9:1-5) Igihe twiganye akarorero kabo tuba twerekanye ko dukunda abavukanyi bacu kandi ko turi abigishwa b’ukuri ba Yezu Kristu.​—Yoh. 13:35.

GUTANGA IBISOHOKAYANDIKIRO

16 Bibiliya n’ibitabu bishingiye kuri yo birafasha cane mu gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami. Mu bisanzwe, inama y’abakurambere iragena umukozi w’ishengero ajejwe stoke y’ibisohokayandikiro. Umuvukanyi ajejwe iyo stoke aritwararika iryo banga ata gufyina. Aza arandika ivyinjira n’ibisohoka kugira ishengero rigume rifise ibisohokayandikiro rikeneye.

17 Kubera ko twiyeguriye Imana, turazi ko umwanya wacu, ubwenge bwacu, inguvu zacu, ubuhanga bwacu, ivyo dutunze eka mbere n’ubuzima bwacu ari ingabire Imana yaduhaye kugira tuzikoreshe mu murimo wayo. (Luka 17:10; 1 Kor. 4:7) Igihe dukoresheje neza ivyo dutunze vyose tuba twerekanye urukundo rugera kure dukunda Yehova. Turipfuza gutera iteka Yehova dukoresheje ibintu vyacu vy’agaciro, kandi turazi ko ahimbarwa n’ingabire iyo ari yo yose dutanga mu kugaragaza ko twamwihebeye. (Imig. 3:9; Mrk. 14:3-9; Luka 21:1-4; Kol. 3:23, 24) Yezu yavuze ati: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.” (Mat. 10:8) Twitanze tukongera tugatanga ivyo dutunze mu gikorwa ca Yehova, turironkera umunezero mwinshi.​—Ivyak. 20:35.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika