ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • T-36 rup. 1-4
  • Ubwami bw’Imana ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami bw’Imana ni iki?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
  • Ivyo bijanye
  • Ubona gute kazoza?
    Ubona gute kazoza?
  • Ni nde vy’ukuri aganza isi?
    Ni nde vy’ukuri aganza isi?
  • Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?
    Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?
  • Imibabaro yoba izoteba igahera?
    Imibabaro yoba izoteba igahera?
Ibindi
Ubwami bw’Imana ni iki?
T-36 rup. 1-4
Abantu bava mu mihingo itandukanye y’isi bariko barasenga basaba ngo Ubwami bw’Imana buze

Ubwami bw’Imana ni iki?

Woba wovuga ko ari . . .

  • ikintu kiri mu mutima wawe?

  • imvugo y’ikigereranyo?

  • intwaro iri mw’ijuru?

IVYO BIBILIYA IVUGA

“Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa.”​—Daniyeli 2:44, Bibiliya y’isi nshasha.

“Hari umuhungu duhawe; ubutware bwa kiganwa buzoba ku rutugu rwiwe.”​—Yesaya 9:6.

ICO VYOKUMARIRA

  • Iyo ntwaro igororotse irashobora kukugirira akamaro.​—Yesaya 48:17, 18.

  • Mw’isi nshasha igiye kuza, uzobaho ufise amagara meza kandi uhimbawe.​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

Abantu bari mu murima kandi bahimbawe n’ubuzima bwo mw’isi y’iparadizo itwarwa n’Ubwami bw’Imana

TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?

Egome, kubera n’imiburiburi imvo zibiri:

  • Yezu yarerekanye ivyo Ubwami bw’Imana buzokora. Yezu yarigishije abayoboke biwe gusenga basaba ngo Ubwami bw’Imana buze be n’uko ivyo Imana igomba vyokorwa kw’isi. (Matayo 6:9, 10) Yezu yarerekanye ukuntu iryo sengesho rizokwishurwa.

    Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yaragaburiye abashonje, arakiza abarwaye yongera arazura abapfuye! (Matayo 15:29-38; Yohani 11:38-44) Kubera ko Yezu ari we azoba Umutware mu Bwami bw’Imana, yarerekanye ibintu vyiza cane ubwo Bwami buzokorera abatwarwa babwo.​—Ivyahishuwe 11:15.

  • Ukuntu ibintu mw’isi vyifashe ni icemeza ko Ubwami bw’Imana bugiye kuza vuba. Yezu yaravuze ko imbere gatoyi y’uko ubwo Bwami buzana amahoro kw’isi, iyi si yacu yobayemwo urutavanako rw’intambara, inzara na vya nyamugigima.​—Matayo 24:3, 7.

    Ivyo turabibona koko muri iki gihe. Rero turakwiye kwizigira tudakeka ko Ubwami bw’Imana vuba bugiye gukuraho izo ngorane zose.

ZIRIKANA KURI IBI BINTU

Isi nziza itwarwa n’Ubwami bw’Imana

Ubuzima buzoba bumeze gute mu gihe c’ingoma y’Ubwami bw’Imana?

Bibiliya irishura ico kibazo muri ZABURI 37:29 no muri YESAYA 65:21-23.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika