ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • hf igice 3 ibice 1-3
  • Ingene mwotorera umuti ingorane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene mwotorera umuti ingorane
  • Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • 1 NIMUBIYAGE
  • 2 NUTEGE UGUTWI WONGERE UTAHURE
  • 3 NTIMUYAGE AMASIGARACICARO
  • Gutunganya ingorane
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Nufatane icubahiro uwo mwubakanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Nimwirinde guhemukiranira
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Nimwisunge Imana kugira muronke agahimbare mu mubano
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
Ibindi
Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
hf igice 3 ibice 1-3
Umugabo ateze ugutwi umugore wiwe ariko amubwira akari ku mutima

IGIHIMBA CA 3

Ingene mwotorera umuti ingorane

“Mugiriranire urukundo rwinshi, kuko urukundo rupfuka ibicumuro indiri.”​—1 Petero 4:8

Igihe utanguye kubana n’uwo mwubakanye, haraduka ingorane zitandukanye. Zoshobora kuva ku kuba mutandukanye mu kuntu mwiyumvira, ukuntu mwiyumva canke ukuntu muvyifatamwo mu buzima bivanye n’ivyo mwakuriyemwo. Zoshobora kandi guterwa n’ibintu bitabavuyeko canke mutari mwiteze.

Hari aho mwokwiyumvira kwirengagiza izo ngorane, mugabo Bibiliya iduhanura gutorera umuti ingorane dufise. (Matayo 5:23, 24) Uburyo bwiza kuruta ubundi bwo gutorera umuti ingorane zanyu ni ugukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

1 NIMUBIYAGE

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: Hariho “igihe co kuvuga.” (Umusiguzi 3:1, 7) Nimufate umwanya muyage ivy’iyo ngorane. Nubwize ukuri uwo mwubakanye, amenye ico wiyumvira n’ingene wiyumva ku bijanye n’ico kibazo. Niwame ‘uvugana ukuri’ n’uwo mwubakanye. (Abanyefeso 4:25) Naho muri ico kiyago hogira ikikubabaza canke ikigushavuza, niwirinde guhazuka. Kwishura utekanye birashobora gutuma ikiyago kidahinduka uguterana amajambo kandi cari gikwiye kuba igisanzwe.​—Imigani 15:4; 26:20.

Bishitse ntimuhuze, nugumane ubuntu kandi ntiwibagire kugaragariza uwo mwubakanye urukundo n’icubahiro. (Abakolosayi 4:6) Nimugerageze gutorera umuti ingorane mu maguru masha, kandi ntimureke kuvugana.​—Abanyefeso 4:26.

Abubakanye bariko baraganira ku bijanye n’ingorane

ICO MWOKORA:

  • Nimuvugane umwanya ubereye mwoganira iyo ngorane

  • Hageze ko utega ugutwi uwo mwubakanye, niwirinde kumuciramwo. Uraza kuvuga niwaramukirwa

2 NUTEGE UGUTWI WONGERE UTAHURE

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Mugiriranire ikibabarwe. Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.” (Abaroma 12:10) Uburyo wumviriza burahambaye cane. Nugerageze gutahura iciyumviro c’uwo mwubakanye ubigiranye ‘impuhwe n’ukwicisha bugufi.’ (1 Petero 3:8; Yakobo 1:19) Ntumere gusa nk’uwuteze ugutwi. Igihe bishoboka, nubanze uhagarike ivyo uriko urakora maze utege yompi uwo mwubakanye ata kigusamaza, canke umubaze nimba mwobiyaga hanyuma. Niwabona uwo mwubakanye nk’umuntu musangiye urugamba aho kumubona nk’uwukurwanya, “[ntuzokwihutira] kubabara mu mutima wawe.”​— Umusiguzi 7:9.

ICO WOKORA:

  • Nugume uteze ugutwi uwo mwubakanye n’umutima ukunze, naho ivyo ariko aravuga vyoba bitaguhimbara

  • Nugerageze gutahura ico ashaka kuvuga. Niwitegereze ibimenyetso vy’umubiri agira, wumvirize n’ijwi akoresha

3 NTIMUYAGE AMASIGARACICARO

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Ubwoko bwose bw’ubucumukure burazana akarusho, mugabo ijambo ry’iminwa gusa riganisha ku bukene.” (Imigani 14:23) Kuba mwavuganye uburyo bwiza bwo gutorera umuti ingorane ntibihagije. Mukwiye guca mushira mu ngiro ingingo mwashitseko. Hari igihe ivyo vyosaba akigoro gakomeye, mugabo bizovamwo ivyiza. (Imigani 10:4) Nimwasenyera ku mugozi umwe, akigoro muzoba mwagize kazovamwo “impera nziza.”​—Umusiguzi 4:9.

ICO MWOKORA:

  • Nimuvugane ibintu bifadika umwe wese azokora kugira mutorere umuti ingorane mufise

  • Nimuze muracishamwo musuzuma aho mubigejeje

NIMUTUNGANYE INGORANE MUSENYEYE KU MUGOZI UMWE

Musenyeye ku mugozi umwe mu gutunganya ingorane, mwoshobora gutuma umubano wanyu ukomera ukarangwamwo agahimbare, aho gutuma ugoyagoya ukarangwamwo umubabaro. (Imigani 24:3) Nimurabe kazoza aho kuguma muzura akaboze. (Imigani 17:9) Nimwasenyera ku mugozi umwe kandi mugakurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, murashobora gutunganya ingorane iyo ari yo yose.

NIWIBAZE UTI . . .

  • Ni ingorane yihuta cane iyihe nipfuza kuganira n’uwo twubakanye?

  • Nokora iki kugira ntahure ukuntu uwo twubakanye yiyumva vy’ukuri ku bijanye n’ingorane dufise?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika