ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yc icig. 4 rup. 10-11
  • Yaranezereje se wiwe hamwe na Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yaranezereje se wiwe hamwe na Yehova
  • Niwigishe abana bawe
  • Ivyo bijanye
  • Yarakundwa n’Imana be n’abagenzi biwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Indagano ya Yefuta
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Kuba abizigirwa bituma dushimwa n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Barashikije indagano igoye cane
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Niwigishe abana bawe
yc icig. 4 rup. 10-11
Yefuta yaramara umwanya ari kumwe n’agakobwa kiwe igihe kari kakiri gato

ICIGWA CA 4

Yaranezereje se wiwe hamwe na Yehova

Yefuta ariko arasenga Yehova igihe Abisirayeli bariko bararwana n’abansi babo

Ni igiki Yefuta ariko aremerera Yehova?

Yefuta atashe avuye mu ntambara, ariko ararwa mu nda umukobwa wiwe yari yaje kumusanganira

Ntivyari vyoroshe, ariko umukobwa wa Yefuta yarakoze ivyo se wiwe yari yaremeye

Urabona ako gakobwa kari kuri iyo foto?— Ni agakobwa k’umugabo umwe yitwa Yefuta. Bibiliya ntitubwira ingene ako gakobwa kitwa, ariko turazi ko kanezereje se wako hamwe na Yehova. Reka turabe ibikerekeye be n’ivyerekeye se wako Yefuta.

Yefuta yari umuntu ameze neza kandi yaramara umwanya munini ariko arigisha agakobwa kiwe ivyerekeye Yehova. N’ikindi kandi yari umuntu w’inguvu akaba n’indongozi nziza. Rero Abisirayeli baramusavye ngo abayobore igihe bagira baje kurwana n’abansi babo.

Yefuta yarasenze asaba Imana ngo imufashe gutsinda. Yefuta yemeye ko atsinze yoca aha Yehova umuntu wa mbere yosohotse mu nzu yiwe aje kumwakira igihe yobaye atashe. Uwo muntu yari guca amara ubuzima bwiwe bwose aba kw’itaberenakulo y’Imana kandi akahakorera. Kw’itaberenakulo hari ahantu abantu baja gusengera Imana ico gihe. Emwe, Yefuta yaratsinze! Urazi umuntu wa mbere yasohotse mu nzu igihe yari atashe?—

Ni umukobwa wa Yefuta! Ni we mwana wenyene Yefuta yari afise, kandi ico gihe akaba yabwirizwa kumutanga. Ivyo vyaramubabaje cane. Ariko wibuke ko ari ikintu yari yaremereye Yehova. Ubwo nyene, uwo mukobwa wiwe yaciye avuga ati: ‘Papa, waremereye Yehova, rero utegerezwa gushitsa ivyo wemeye.’

Umukobwa wa Yefuta ariko arasenya inkwi zo kw’itaberenakulo; abagenzi biwe bari baje kumuramutsa

Buri mwaka, abagenzi b’umukobwa wa Yefuta baraja kumuramutsa

Uwo mukobwa wa Yefuta na we nyene yarababaye cane. Ari aho kw’itaberenakulo, ntiyari kurongorwa kandi ntiyari kuvyara. Ariko yarashaka cane gushitsa ivyo se wiwe yemeye no kunezereza Yehova. Ivyo ni vyo vyari bihambaye cane kuri we kuruta kurongorwa canke kuvyara. Rero yaravuye iwabo aja kuba kw’itaberenakulo ubuzima bwiwe bwose.

Wibaza ko ivyo yakoze vyanezereje se wiwe hamwe na Yehova?— Vyarabanezereje! Niba ugamburuka kandi ukaba ukunda Yehova, urashobora kumera nk’umukobwa wa Yefuta. Na wewe uzonezereza abavyeyi bawe hamwe na Yehova.

SOMA MURI BIBILIYA YAWE

  • Gusubira mu vyagezwe 6:4-6

  • Abacamanza 11:30-40

  • 1 Abakorinto 7:37, 38

IBIBAZO:

  • Yefuta yari nde? Ni igiki yemereye Yehova?

  • Ni kubera iki vyari bigoye ko umukobwa wa Yefuta akora ivyo se wiwe yari yaremereye Yehova?

  • Ni igiki umukobwa wa Yefuta yashaka gukora kuruta ikindi kintu cose?

  • Woshobora gute kumera nk’umukobwa wa Yefuta?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika