ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yc icig. 3 rup. 8-9
  • Rahabu yarizera Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rahabu yarizera Yehova
  • Niwigishe abana bawe
  • Ivyo bijanye
  • Rahabu yarateze ugutwi amakuru abwiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Rahabu anyegeza abaje gusuma urusaku
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • ‘Yiswe umugororotsi bivuye ku bikorwa’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Rahabu Ahisha Abatasi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Niwigishe abana bawe
yc icig. 3 rup. 8-9
Rahabu aduze ku gisenge ba batasi binyegejeko

ICIGWA CA 3

Rahabu yarizera Yehova

Dufate ko turi mu gisagara c’i Yeriko. Ico gisagara kiri mu gihugu ca Kanani, abantu baho bakaba batizera Yehova. Umugore umwe yitwa Rahabu ni ho aba.

Igihe Rahabu yari akiri agakobwa gatoyi, yarumvise ingene Musa yagabuyemwo kubiri Ikiyaga Gitukura maze arayobora Abisirayeli abakuye mu Misiri. Yarumvise kandi ukuntu Yehova yabafashije gutsinda abansi babo mu ntambara. Ubu arumvise ko Abisirayeli bashinze amahema hafi ya Yeriko!

Rahabu yarakingiye abatasi kubera ko yizera Yehova

Ni ku mugoroba, hari Abisirayeli babiri baje i Yeriko kurondera mu mpisho amakuru yerekeye ico gisagara. Abo bantu babita abatasi. Barashika kwa Rahabu. Na we arabaha ikaze ngo binjire abahe indaro. Muri iryo joro, umwami w’i Yeriko aramenya ko mu gisagara hariyo abantu baje kurondera mu mpisho amakuru kandi ko bagiye mu nzu kwa Rahabu. Uwo mwami aciye arungika abantu baja kubafata. Rahabu aca anyegeza abo batasi babiri ku gisenge kibase c’inzu yiwe maze akabwira abo bagabo batumwe n’umwami ati: ‘Abo batasi bamye ng’aha, ariko bamaze kuva mu gisagara. Hamwe mwoca mubakurikira, mwobafata!’ Urazi igituma Rahabu ariko arakingira abo batasi?— Ni kubera ko yizera Yehova kandi akaba azi yuko azoha Abisirayeli ico gihugu ca Kanani.

Imbere y’uko ba batasi bava kwa Rahabu, baramwemereye ko we n’umuryango wabo ata co bazoba Yeriko niyasangangurwa. Urazi ico bamubwira gukora?— Bamubwira bati: ‘Akira uwu mugozi utukura, uwubohere kw’idirisha ryawe hanze. Niwabigira, umuntu wese azoba ari mu nzu yawe nta co azoba.’ Rahabu arakora ivyo abo batasi bamubwiye. Urazi ibiba mu nyuma?—

Umugozi utukura umanitse kw’idirisha ry’inzu ya Rahabu ku ruhome rwa Yeriko

Yehova yararokoye Rahabu n’umuryango wabo

Haciye imisi mikeyi, Abisirayeli barazunguruka ico gisagara mu gacerere. Bamara imisi itandatu bazunguruka ico gisagara, rimwe ku musi. Ariko ku musi ugira indwi, bakizunguruka incuro indwi. Baca rero bakomera induru rimwe. Yehova aca atuma impome zizitiye ico gisagara zibomoka. Ariko ya nzu iboheyeko umugozi utukura kw’idirisha iguma ihagaze! Urayibona kw’ifoto?— Rahabu n’umuryango wabo nta co babaye!

Ni igiki wokwigira kuri Rahabu?— Rahabu yarizera Yehova kubera ibintu vyiza cane yari yaramenye ku bimwerekeye. Na wewe uriko uriga ibintu vyiza cane ku vyerekeye Yehova. None uramwizera nka Rahabu?— Turazi ko umwizera!

SOMA MURI BIBILIYA YAWE

  • Yosuwa 2:1-24; 6:1-5, 14, 15, 20-25

  • Abaheburayo 11:31

IBIBAZO:

  • Ni ibintu ibihe Rahabu yumvise igihe yari akiri agakobwa gatoyi?

  • Rahabu yafashije gute abatasi b’Abisirayeli? Yabafashije kubera iki?

  • Abo batasi bemereye iki Rahabu?

  • Ni igiki wokwigira kuri Rahabu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika