ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • T-31 rup. 1-4
  • Ubona gute kazoza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubona gute kazoza?
  • Ubona gute kazoza?
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Ubwami bw’Imana ni iki?
  • Imibabaro yoba izoteba igahera?
    Imibabaro yoba izoteba igahera?
  • Ni nde vy’ukuri aganza isi?
    Ni nde vy’ukuri aganza isi?
  • Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?
    Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?
Ibindi
Ubona gute kazoza?
T-31 rup. 1-4

Ubona gute kazoza?

Iyi si yoba . . .

  • izoguma gutya?

  • izorushiriza kumera nabi?

  • izomera neza?

IVYO BIBILIYA IVUGA

“Imana . . . izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”​—Ivyahishuwe 21:3, 4, Bibiliya y’isi nshasha.

ICO VYOKUMARIRA

Uzogira igikorwa c’ingirakamaro kandi gishimishije.​—Yesaya 65:21-23.

Ntuzosubira kurwara canke gushikirwa n’imibabaro iyo ari yo yose.​—Yesaya 25:8; 33:24.

Uzobaho uhimbawe kandi ibihe bidahera uri kumwe n’umuryango be n’abagenzi.​—Zaburi 37:11, 29.

Umugabo n’umugore bahanze amaso kazoza bafise icizigiro; agakobwa kariko kavomera ibiterwa; abubatsi bariko bubaka inzu

TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?

Egome, kubera n’imiburiburi imvo zibiri:

  • Imana irashoboye gushitsa ivyo yasezeranye. Muri Bibiliya, Yehova Imana ni we wenyene yitwa “Mushoboravyose,” kuko afise ububasha butagira aho bugarukira. (Ivyahishuwe 15:3) Ku bw’ivyo, arashoboye rwose gushitsa ivyo yasezeranye ko azohindura iyi si ikamera neza. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “ku Mana vyose birashoboka.”​—Matayo 19:26.

  • Imana iripfuza gushitsa ivyo yasezeranye. Nk’akarorero, Yehova ‘arashashaye’ kuzura abapfuye.​—Yobu 14:14, 15.

    Bibiliya irerekana kandi yuko Umwana w’Imana ari we Yezu yakijije indwara. Yabitumwe n’iki? Yabitumwe n’uko yabishaka. (Mariko 1:40, 41) Cokimwe na Se wiwe, Yezu yaripfuza gufasha abari n’ivyo bakeneye.​—Yohani 14:9.

    Turashobora rero kwemera tudakeka ko Yehova na Yezu bashaka kudufasha kuzobaho duhimbawe muri kazoza!—Zaburi 72:12-14; 145:16; 2 Petero 3:9.

ZIRIKANA KURI IBI BINTU

Umuntu ashize urutoki ku murongo wo muri Bibiliya

Ni gute Imana izohindura iyi si ikamera neza?

Bibiliya irishura ico kibazo muri MATAYO 6:9, 10 no muri DANIYELI 2:44.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika