Intangamarara
Woba umaze kuvyibaza?
Ukuri kwerekeye Imana ni ukuhe?
Ushobora gute gutuma ubuzima bwo mu rugo iwanyu buba ubuhimbaye?
Ni kubera iki hariho ingorane nyinshi mw’isi?
Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’ingorane?
Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
Abapfuye bari hehe?
Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?
Ushobora gute kwiyegereza Imana?
Abantu amamiliyoni bararonse inyishu z’ivyo bibazo zimara akanyota mu kwiga Ivyanditswe Vyeranda. Na wewe urashobora kuzironka.
Nimba wipfuza ayandi makuru, turagusavye uje kuri www.jw.org canke ubaze abasohoye aka gatabu.