ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • rk igice 1 rup. 3
  • Imana yoba itwitaho?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yoba itwitaho?
  • Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
  • Ivyo bijanye
  • “Jewe sinzokwibagira”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ukwizera nyakuri ni iki?
    Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
  • Ingene uruyoya ruhindura umubano
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Urukundo rw’Imana rurabonekera mu rukundo inabibondo afise
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
rk igice 1 rup. 3

Igihimba ca 1

Imana yoba itwitaho?

ISI ya kino gihe yuzuyemwo ingorane. Intambara, ivyago vy’ivyaduka, indwara, ubukene, ibiturire be n’ayandi mabi birasinzikaza abantu amamiliyoni. Na wewe nyene ushobora kuba ushikirwa n’ingorane zo mu buzima bwa misi yose. Ni nde none ashobora kudufasha? Hoba hari uwutwitaho?

Umuvyeyi ateruye umwana wiwe

Urukundo Imana idukunda rurakomeye kuruta urwo inabibondo akunda uruyoya rwiwe

Turashobora kwemera tudakeka yuko Imana itwitaho vy’ukuri. Mw’Ijambo ryayo Ryeranda, ivuga iti: “Mbega umugore yokwibagira umwana wiwe yonka, ntiyumvire ikigongwe umwana w’inda yiwe? Mbere abo bagore boshobora kwibagira, yamara jewe sinzokwibagira.”a

None kumenya ivyo ntibihumuriza? Urukundo rw’Imana rurakomeye kuruta kure n’iyo impuhwe zirangwa ikibabarwe inabibondo agirira uruyoya rwiwe, iyo ikaba ari imwe mu nyiyumvo zikomeye kuruta izindi zose abantu bafise. Imana ntizokwigera iduheba! Mu vy’ukuri, iramaze kudufasha mu buryo bwiza igitangaza. Uti gute? Mu kutwereka ikintu gishobora gutuma tubaho duhimbawe, ico na co kikaba ari ukwizera nyakuri.

Kugira ukwizera nyakuri bizotuma ugira agahimbare. Bene ukwo kwizera kuzogufasha kwirinda ingorane nyinshi be no gutorera umuti ingorane udashobora kwirinda. Kuzotuma kandi wiyegereza Imana, bitume ugira amahoro yo mu muzirikanyi no mu mutima. N’ikindi kandi, ukwizera nyakuri kurashobora gutuma ugira kazoza keza igitangaza, ni ukuvuga ukabaho ibihe bidahera mw’Iparadizo!

Ariko none ukwizera nyakuri ni iki? Kandi ushobora gute kukuronka?

a Raba Yesaya 49:15 mu Vyanditswe Vyeranda.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika