ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yp2 rup. 134
  • Akarorero wokwigana—Ba baheburayo batatu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akarorero wokwigana—Ba baheburayo batatu
  • Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Ivyo bijanye
  • ‘Barazimije amakari y’umuriro’
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Rwaruka, nimunanire akosho k’urunganwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Abahungu bagamburukiye Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yaranse kwihumanya
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
yp2 rup. 134

Akarorero wokwigana—Ba baheburayo batatu

Hananiya, Mishayeli na Azariya bahagaze mu kiyaya ca Dura, hafi ya Babiloni. Abantu babakikuje bose barunamye imbere y’igishusho amahero. Abo basore naho bahanganye n’akosho k’urunganwe be n’iterabwoba ry’umwami, baguma bashikamye. Babigiranye icubahiro ariko batanyiganyiga, barabwira Nebukadinezari ko ingingo bafashe yo gukorera Yehova ari ntabanduka.—Daniyeli 1:6; 3:17, 18.

Abo basore bari bakiri bato igihe bajanwa i Babiloni. Kubona barabaye intahemuka bakiri bato, bakanka kurya ibifungurwa bishobora kuba vyarabuzwa n’Itegeko ry’Imana, vyarabateguriye guhangana n’ibigeragezo bikomeye mu nyuma. (Daniyeli 1:6-20) Bariboneye ko kwubaha Yehova ari yo ngendo iranga ubukerebutsi. Woba nawe wiyemeje kwumira ku ngingo ngenderwako z’Imana naho woba uhanganye n’akosho k’urunganwe? Niwiga kugamburukira Yehova mu bintu bisa na bitobito ukiri muto, uzoba witeguriye neza kuguma uri intahemuka mu nyuma niwashikirwa n’ibigeragezo bikomeye mu buzima.—Imigani 3:5, 6; Luka 16:10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika