ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yp2 ikig. 21 rup. 174-180
  • Nokora iki igihe bankosoye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora iki igihe bankosoye?
  • Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ariko ntibiryoshe!
  • Igituma bagukosora
  • Nugume utekanye
  • Igituma wokwigora ukabigira
  • Kuki banshingira amategeko menshi?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Nokora iki abavyeyi banje bashwanye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Rwaruka, nimuyoborwe n’Ijambo ry’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Kunezereza Umutima w’Abavyeyi
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
yp2 ikig. 21 rup. 174-180

IKIGABANE CA 21

Nokora iki igihe bankosoye?

“Mama wamenga ni umupolisi aguma arondera kumfatira mw’ikosa. Ntaranaheza udukorwa naba ndiko ndakora, yaraza gusuzuma kugira arabe ivyo nakoze nabi.”​—Craig.

“Abavyeyi banje wasanga baguma bandyagagura. Bambwira ngo nta rutonde ngira mu vyo nkora. Haba mu vy’ishure, ivy’i muhira canke ivy’ishengero, nta gahengwe bigera bampa.”​—James.

VYOBA bisa n’uko ata na kimwe abavyeyi bawe bashima mu vyo ukora? Woba ubona ko ari nk’aho akantu kose ukoze baba bamaze kukarabira muri rugagamisha, bakama basuzuma ivyo ukora ariko ntibigere babishima?

Muri aya majambo, ni ayahe ukunze kwumva?

□ Icumba cawe camamwo akajagari.

□ Televiziyo yaragutwaye umutima.

□ Ukunda kuryama utevye.

□ Uraryamira cane.

Andika aha munsi ikintu abavyeyi bawe bama bakwibutsa canke bagukosora kikubabaza kuruta ibindi.

․․․․․

Ego ni ko, guhabwa amategeko no gukosorwa vyoshobora kukurya mu mutwe. Ariko rimbura iki kintu: Hamwe abavyeyi bawe batokwigera baguhanura canke ngo bagukosore, ubwo ntiwokwiyumvira yuko batakwitwararika? (Abaheburayo 12:8) Vy’ukuri, igihe abavyeyi bagukosoye biba vyerekana ko bagukunda. Bibiliya ivuga ko umuvyeyi akangira “umwana amuhimbara.”​—Imigani 3:12.

Urakwiye rero gukenguruka kubona ufise abavyeyi bakwitwararika cane ku buryo bakubogora! Nakare, uracari muto kandi hariho utuntu twinshi utaramenya. Bitebe bitebuke, bizokenerwa ko ukosorwa. Utaronse ubuyobozi, woshobora gutwarwa bitagoranye n’“ivyipfuzo bijana n’ubuto.”​—2 Timoteyo 2:22.

Ariko ntibiryoshe!

Mu bisanzwe, “nta gutozwa indero kuboneka uwo mwanya ko guteye umunezero, ahubwo kuboneka nk’uguteye intuntu.” (Abaheburayo 12:11) Ukwo ni ko biri na canecane igihe ukiri muto, kandi ntibitangaje! Uracakura kandi kamere yawe ibandanya guhinduka. Ni co gituma woshobora kubabara igihe bagukosoye, naho nyene boba babizirikanyeko cane kandi bakabigirana umutima mwiza.

Ivyo birumvikana kubera ko ivyo abandi bavuga ku bikwerekeye bigira ikintu kinini bikoze ku kuntu wibona. Na canecane ivyo abavyeyi bawe bavuga biragira ico bikoze ku gaciro wumva ko ufise. Ku bw’ivyo, igihe umuvyeyi agukosoye canke adashimye ingene ukora ibintu, birashobora kukuvuna umutima cane.

Woba ukwiye guca wiyumvira yuko ata ciza na kimwe ukora canke ko ata co umaze kubera gusa abavyeyi bakweretse utunenge tumwetumwe ufise? Habe namba! Nta n’umwe adakora amakosa. (Umusiguzi 7:20) Vyongeye, iyo dukoze amakosa turahakura ivyigwa. (Yobu 6:24) Ariko none, tuvuge iki nimba abavyeyi bawe baca bakuryagagura igihe ukoze ikosa ariko igihe ukoze iciza ukamengo si ho bari? Ivyo birababaza, ariko ntibisobanura na gato ko ata co umaze.

Igituma bagukosora

Vyoshika umuvyeyi wawe agasa n’uwugukarira cane, atari kubera ikosa rikomeye wakoze, ariko kubera gusa atamerewe neza. Nk’akarorero, mama wawe yoba yiriwe mu ngorane? Yoba ariko aranyinyana n’indwara? Ivyo vyoshobora gutuma agukarira kuruta uko yahora nimba icumba cawe kidatunganije neza. Papa wawe yoba ahagaritswe umutima n’ingene ubutunzi bw’umuryango bwifashe? Ivyo vyoshobora gutuma avuga atiyumviriye “nk’aho avuganye ugusogota kw’inkota.” (Imigani 12:18) Ego ni ko igihe bagukariye muri ubwo buryo birababaza. Ariko aho kwibanda kuri ako karenganyo, ivyo bikaba vyorushiriza kukubabaza, nugerageze kwihoza utwo tunenge twabo. Uribuka yuko “twese dutsitara kenshi. Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo, uyo ni umuntu atagira akanenge.”—Yakobo 3:2.

Kubera ko abavyeyi badatunganye, na bo nyene barashobora kwumva umenga nta co bashoboye. Kukaba nkako, igihe hari ikintu kikunaniye, barashobora guca babona ko ari bo bananiwe kugufasha neza. Nk’akarorero, umuvyeyi yoshobora gukarira umwana wiwe kubera yaronse amanota mabi. Ariko hari n’aho uwo muvyeyi yoba mu vy’ukuri yibwira ati: ‘Ngira sindi umuvyeyi mwiza kuko ntafasha umwana wanje ngo amenye.’

Nugume utekanye

Imvo itumye ukosorwa yaba iyihe, ikibazo nyamukuru ni ukumenya ingene wovyifatamwo. Imbere ya vyose, niwirinde kwishurana ishavu. Mu Migani 17:27 havuga hati: “Uwo wese atangira amajambo yiwe aba afise koko ubumenyi, kandi umuntu w’ugutahura agira umutima utekanye.” None wogumana gute “umutima utekanye” igihe bagukosoye? Gerageza ibi:

Nutege yompi. Ntiwihutire kwisigura canke kwerekana ko ata kosa ufise, ahubwo nugerageze kwigumya, wihatire gutahura ivyo abavyeyi bawe bakubwira. Umwigishwa Yakobo aduhanura ngo ‘dutebuke kwumva, dutebe kuvuga, kandi dutebe kuraka.’ (Yakobo 1:19) Niwaciramwo abavyeyi bawe ubigiranye ishavu igihe bariko barakuvugisha, bazoca biyumvira ko utariko urabumviriza. Ivyo bizobashavuza kandi bizotuma barushiriza kuguha impanuro.

Nutahure. Birashobora gushika abavyeyi bakaguha impanuro ukabona ko batayitanganye umutima mwiza. Aho kwibanda ku kuntu bayitanze, niwibande ku vyo bavuze. Niwibaze uti: ‘Mu vyo bavuze, ni igiki nzi ko ari ukuri? Noba nari maze kwumva abavyeyi banje bidoga kubera ico kintu? Hari ico vyontwara nkoze ivyo bambwiye?’ Naho ubu woshobora kuba ubibona ukundi, uribuka ko abavyeyi bawe bagukosora kubera bagukunda. Iyo baba bakwanka ntibogukosoye na gato.​—Imigani 13:24.

Niwemere ikosa. Iyo wemeye ikosa, uba weretse abavyeyi bawe ko utahura ivyo bavuze. Nk’akarorero, umuvyeyi yoshobora kukubwira ati: “Imisi yose wama usiga mu cumba cawe ari akajagari. Utahatunganije ntuva ng’aha!” Wewe ushobora kuba ubona ko mu cumba cawe hameze neza. Ariko guca ubimubwira nta co vyofasha. Nugerageze kubona ibintu nk’uko umuvyeyi wawe abibona. Vyoba vyiza uvuze ata gahemo uti: “Urambabarira. Ndaza kuhatunganya mpejeje gufungura.” Wemeye muri ubwo buryo ivyo abavyeyi bawe bakubwiye, vyoshobora guhwamika ishavu. Birumvikana ko ukwiye guca ukora ivyo bagusavye.​—Abanyefeso 6:1.

Nurindire. Nube uraretse kwisigura gushika umaze gukora ivyo abavyeyi bawe bagusavye. Bibiliya ivuga iti: “Uwugumya iminwa yiwe aba akoranye ubwenge.” (Imigani 10:19) Abavyeyi bawe nibabona ko uriko urabumviriza vy’ukuri, na bo nyene ntibizobagora kukwumviriza.

Muri ivyo bintu bine duhejeje kuvuga, andika ng’aha ico ukeneye kwitwararika kuruta ibindi. ․․․․․

Igituma wokwigora ukabigira

Woba wokwemera kwihanganira ingorane zimwezimwe uriko urarondera inzahabu? Bibiliya ivuga ko ubukerebutsi burusha cane agaciro inzahabu. (Imigani 3:13, 14) None umuntu aba inkerebutsi gute? Mu Migani 19:20 havuga hati: “Umviriza impanuro kandi wemere indero, kugira ngo uze ucike inkerebutsi muri kazoza kawe.” Ego ni ko, guhabwa impanuro no gutozwa indero vyoshobora kukubabaza. Ariko niwabona ubukerebutsi buri mu mpanuro yose uhawe kandi ukabwisunga, uzokwironkera ubutunzi buruta inzahabu.

Tubivuge tubisubire, twama dukeneye gukosorwa mu buzima. Ubu ukosorwa n’abavyeyi bawe be n’abigisha bawe. Muri kazoza na ho, nta gukeka ko uzokosorwa n’abakoresha bawe be n’abandi bantu. Niwiga kuvyifatamwo neza igihe ukosowe ukiri i muhira, uzoba umunyeshure atera imbere be n’umukozi yubahwa. Muri rusangi, uzoba umuntu yizigirwa kuruta. Emwe, birabereye ko umuntu yemera gukosorwa kugira ashike kuri ivyo bintu!

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Woba ubona ko amategeko y’i muhira akuzitira? Raba ingene woshima umwidegemvyo ufise, mbere ukaronka n’uwiyongereye.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Umuntu w’inkerebutsi azokwumviriza aronke inyigisho.”​—Imigani 1:5.

IMPANURO

Kugira bikworohere kwemera gukosorwa n’abavyeyi bawe:

● Nukenguruke ikintu cose bagukejeko igihe bariko baraguhanura.

● Nubasabe bagutomorere nimba utatahuye neza ingorane iyo ari yo canke ico bakwitezeko.

WARI UBIZI . . . ?

Abavyeyi bamwebamwe birabagora gufatana urukundo abana babo kubera ko na bo nyene abavyeyi babo bataba baraberetse bimwe bihagije ko babakunda be n’uko babatahura.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Abavyeyi banje nibasubira kunkosora, nzokora ibi: ․․․․․

Ninabona umenga abavyeyi banje barankarira cane, nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki vyoshobora kukugora kwemera gukosorwa?

● Ni ibiki vyoshobora gutuma abavyeyi bawe bagukosora?

● Ushobora gute kwungukira ku mpanuro yose uhawe?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 177]

“Kuva kera, mama yaravuga nanje nkavuga. Ariko ubu ndagerageza gushira mu ngiro ivyo Ijambo ry’Imana rivuga kandi biravamwo ivyiza. Mama yaratanguye guhindura agatima. Gushira mu ngiro ivyo Bibiliya yigisha vyaratumye ndushiriza kumutahura. Ubu turumvikana.”​—Marleen

[Ifoto ku rup. 180]

Niwacukura ubukerebutsi buri mu mpanuro yose uhawe, uzokwironkera ubutunzi buruta inzahabu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika