Hariho icogufasha gutahura Bibiliya
Bibiliya irimwo amakuru ahambaye kuri wewe.
• Irasigura ivyo Umuremyi avuga ku vyerekeye intumbero y’ubuzima.
• Iratanga impanuro nziza kuruta izindi z’ukuntu woshobora guhangana n’ingorane zo mu buzima ubu.
• Irerekana ibikenewe kugira ngo tuzokwemerwe igihe twese tuzoba duhagaze imbere y’intebe y’ubucamanza y’Imana.
Inyigisho za Bibiliya zirenga 5.000.000 zirarongorwa ubudahorereza kw’isi yose.
Harashobora kugirwa indinganizo kugira ngo ugirirwe inyigisho ya Bibiliya bivanye n’ukuntu ivyawe vyifashe. NTA MAHERA ASABWA.
Nubisabe ukoresheje aderese ikwegereye cane mu ziri aho hepfo canke ubaze Icabona ca Yehova uwo ari we wese wo mu karere ubamwo.