ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kp rup. 22-23
  • ‘Ntibagize ico bamenya’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ntibagize ico bamenya’
  • Mwame Mugavye!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Wakira gute imburi ziva ku Mana ubwayo?
  • Mwibuke muka Loti
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Muka Loti Arāba Inyuma
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • “Mwame Mugavye”, igihe c’urubanza cashitse!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Aho Umwana w’Umuntu Azohishurirwa
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Mwame Mugavye!
kp rup. 22-23

‘Ntibagize ico bamenya’

GUFATA minenegwe imburi birashobora gukwega icago.

Igisagara citwa Darwin co muri Ositaraliya, cariko kiritegurira imisi mikuru yo mu 1974 igihe ingunga zatangura kuburira abantu ku vyerekeye igihuhusi gikomeye cari cimirije gushika. Mugabo hari haciye imyaka nka 30 ico gisagara kidasenyuwe n’igihuhusi gikomeye. Wumva none ico gihe ari ho cari gusenyuka? Benshi mu bahaba barafashe minenegwe iyo ngeramizi gushika aho imiyaga ikomakomeye itangura kugurura ibisenge no gutembagaza impome z’amazu abantu bari binyegejemwo. Bukeye, ico gisagara cari gisigaye ari umusaka.

Mu gihugu ca Kolombiya muri Munyonyo 1985, ikirunga cararutse. Ibibarafu vyari hejuru kuri co vyarashonze hanyuma bikukumba ivyondo vyinshi vyafuriye abantu barenga 20.000 mu baba mu gisagara ca Armero. None nta mburizi yari yabanje gutangwa? Uwo musozi wari umaze amezi utigita. Ariko rero, kubera yuko abantu benshi baba mu gisagara ca Armero bari bamenyereye kuba iruhande y’ikirunga, nta co vyababwiye. Abategetsi baraburiwe yuko icago cari mu gushika, mugabo nta co bagize kugira ngo baburire abanyagihugu. Kuri radiyo harashikirijwe amatangazo mu kugerageza gusubiriza umutima mu nda abanyagihugu. Ivyuma bisamiriza amajwi vyo ku rusengero vyarakoreshejwe kugira ngo bahimirize abantu kuguma batekanye. Mu kiringo co ku mugoroba, ikirunga caraturitse bimwe biteye ubwoba incuro zibiri. None wari guheba amatungo yawe maze ugahunga? Abantu bakeya gusa ni bo bagize akigoro ko guhunga amazi atararenga inkombe.

Akenshi abahinga mu vy’ubutaka barabura ata kwihenda ahantu hazoba vya nyamugigima. Mugabo ni gake bashobora kubura ata kwihenda igihe bizokwadukira. Mu 1999, kw’isi yose vya nyamugigima vyahitanye abantu nka 20.000. Benshi mu bapfuye bari bariyumviriye yuko bitokwigeze bibashikira.

Wakira gute imburi ziva ku Mana ubwayo?

Bibiliya yaradondoye neza na neza ibintu biranga imisi y’iherezo hagisigaye igihe kirekire ngo bibe. Ku bijanye n’ivyo, iduhimiriza kurimbura “imisi ya Nowa”. “Mu misi umwuzure utaribgatere”, abantu baracurumba mu bikorwa bisanzwe vyo mu buzima, naho nyene batabuze kuba bararazwa ishinga n’ubukazi bwari bwimonogoje. Ku vyerekeye imburi Imana yatanze biciye ku musavyi wayo Nowa, “ntibagi[ze] ico bamenya kugeza ah’umwuzure waziye ubatwara bose” (Matayo 24:37-39). None wewe uba warumviye imburi yatanzwe? Woba uyumvira ubu?

Wari kuvyifatamwo gute iyo uza kuba uri i Sodomu, iruhande y’Ikiyaga c’Umunyu, mu misi ya wa mugabo yitwa Loti, umuhungwabo wa Aburahamu? Mu micungararo hari hameze nk’iparadizo. Ico gisagara cari gisagamvye. Abantu baho nta co binona. Mu misi ya Loti, “bārarya, bāranywa, bāradandaza, bāragura, bāratera, bārubaka”. N’ikindi kandi, ikibano babamwo cari carivobetse mu bushegabo. Woba wari kwumvira imburi igihe Loti yashira ku kabarore ibikorwa bibi vyahakorerwa? None wari kwumviriza igihe yari kukubwira yuko Imana yiyemeje gusangangura igisaga c’i Sodomu? Canke woba wari kubifata nk’ibijajuro, nk’uko vyagenze ku bari bimirije kuba abakwe ba Loti? Woba wari gutangura guhunga mugabo mu nyuma ukaraba inyuma, nk’uko vyagendeye muka Loti? Naho abandi iyo mburi bayifashe minenegwe, umusi Loti yaviriye i Sodomu, “umuriro n’amazuku [vya]ratibu[tse] bivuye mw ijuru, birabahonnya bose”.—Luka 17:28, 29.

Benshi muri iki gihe cacu nta co bamenya. Mugabo ubwo burorero bwarazigamwe mw’Ijambo ry’Imana kugira butuburire bwongere buturemeshe KWAMA TUGAVYE!

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 22]

Umwuzure ukwiye kw’isi yose woba vy’ukuri warabayeho?

Abantu benshi bihweza utuntu n’utundi bavuga yuko utabayeho. Mugabo Bibiliya ivuga ko wabayeho.

Yezu Kirisitu ubwiwe yaravuze ivyerekeye uwo mwuzure, kandi yariho igihe washika, akaba yarawubonye ari mw’ijuru.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 23]

Igisagara ca Sodomu n’ica Gomora vyoba koko vyarasanganguwe?

Ivyacukuwe birashingira intahe ico kintu.

Inkuru za kahise zo mw’isi ziravuga ivy’ico kintu.

Yezu Kirisitu yaremeje ico kintu, kandi ico kintu kiravugwa mu bitabu 14 bitandukanye vya Bibiliya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika