ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 53 rup. 268-rup. 271 ing. 1
  • Abakwumviriza Baremeshwe Bongere Bakomezwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abakwumviriza Baremeshwe Bongere Bakomezwe
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Mugume muremeshanya ku musi ku musi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Niwigane Yehova, Imana iremesha
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Yehova azokuronsa inkomezi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Tugume ‘twubaka bagenzi bacu’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 53 rup. 268-rup. 271 ing. 1

ICIGWA CA 53

Abakwumviriza Baremeshwe Bongere Bakomezwe

Ni ibiki ukeneye kugira?

Nushire mu bakwumviriza icizigiro be n’umutima rugabo. Bavyurire ingoga wongere ubakomeze.

Ni Kuki Bihambaye?

Abantu isi irabashirako umukazo ukomeye. Abenshi usanga bavunika umutima. Ivyo umushikirizansiguro avuga be n’ukuntu abivuga birashobora kugira ico bikoze kinini ku bamwumviriza.

NAHO abasavyi b’Imana bahura n’ingorane zimeze gute, bakwiye kuba bashobora kuronkera indemesho mw’ishengero rya gikirisu. Kugira ngo ivyo bishoboke, abakurambere canecane bategerezwa kuraba yuko insiguro bashikiriza be n’impanuro batanga ari ibiremesha. Abakurambere bakwiye kugaragara ko ari “nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; [baka]ba nk’inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.”—Yes. 32:2.

Nimba uri umukurambere, insiguro zawe zoba ziruhurira abantu kandi zikabahoza? Zoba zivyurira ingoga abariko bihatira gusukurira Yehova badahemuka? Zoba zibaha inguvu zo gukomera ku muheto mu gukora ivyo Imana igomba naho abantu boba batabinegwa canke bakabarwanya? Bite hoho mu gihe bamwebamwe mu bakwumviriza boba baremerejwe n’intuntu, barembejwe n’ingorane z’ivy’ubutunzi, canke bakaba bahanganye n’indwara ikomeye bizwi ko itagira umuti? Urashobora ‘kubaremeshesha akanwa kawe.’—Yobu 16:5.

Koresha akaryo ufise bwa mushikirizansiguro mu gufasha abavukanyi bawe kuronkera icizigiro n’inkomezi kuri Yehova no ku ntunganyo yashizeho.—Rom. 15:13; Ef. 6:10.

Nubibutse Ivyo Yehova Yakoze. Uburyo buhambaye bwo guha abantu indemesho ni ukubereka ukuntu Yehova yafashije abasavyi biwe mu ngorane baciyemwo kera.—Rom. 15:4.

Yehova yabariye Musa ‘kuremesha’ Yosuwa no ‘kumutera gushikama’ imbere y’uko Abisirayeli binjira mu Gihugu c’Isezerano, ico gihe kikaba cabamwo amahanga y’abansi babo. None Musa ivyo yabikoze gute? Yosuwa ari ho ari, Musa yaribukije ihanga ryose ibintu Yehova yari yarabagiriye igihe bava mu Misiri. (Gus. 3:28; 7:18) Musa kandi yarabiganiye ivy’intsinzi Yehova yari yarabahaye ku Bamori. Niho Musa yahimiriza Yosuwa ati: “Mushikame, mushire amanga.” (Gus. 31:1-8) Igihe urondera kuremesha abavukanyi bawe, woba ubafasha ngo baronke inkomezi mu kwibuka ivyo Yehova amaze kubakorera?

Rimwe na rimwe usanga abantu baremerewe n’ingorane gushika aho bibaza nimba bazoteba bakibonera imihezagiro y’Ubwami. Nubibutse yuko imihango ya Yehova ari iyo kwizigirwa.—Yos. 23:14.

Mu bihugu bimwebimwe, abavukanyi bacu barahanzwe n’amategeko intwaro zisohora yo kubuza iyamamazwa ry’inkuru nziza. Igihe bimeze gutyo, abakurambere banyarukundo barashobora gufasha abavukanyi babo gukura inkomezi ku vyashikiye intumwa za Yezu Kirisitu. (Ivyak. 4:1–5:42) Kandi kwerekana uburyo Imana yayoboye ibintu nk’uko bivugwa mu gitabu ca Esiteri, ntibizobura gutuma abo bavukanyi bagira umutima rugabo.

Rimwe na rimwe usanga hariho abantu bitaba amakoraniro ariko ntibabandanye gutera imbere namba. Bashobora kuba biyumvamwo yuko Imana itoshobora kwigera ibagirira ikigongwe kubera ibintu bibi cane bakoze kera. Kumbure woshobora kuvuga ivyo Yehova yagiriye Umwami Manase. (2 Ngo. 33:1-16) Canke woshobora kuvuga ivy’abantu b’i Korinto ha kera bahinduye uburyo bwabo bwo kubaho, bahinduka Abakirisu, hanyuma Imana ibita abagororotsi.—1 Kor. 6:9-11.

Hoba harimwo abiyumvira ko ingorane bariko baracamwo zerekana ko batagitonye ku Mana? Ushobora kubibutsa ivyashikiye Yobu be n’ukuntu yahezagiwe cane kubera ko yagumye ari intadohoka kuri Yehova. (Yobu 1:1-22; 10:1; 42:12, 13; Zab. 34:19) Abiruzi ba Yobu batari bo bari bahaririye babesha yuko ngo hategerezwa kuba hariho icaha Yobu yakoze. (Yobu 4:7, 8; 8:5, 6) Paulo na Barunaba bo, igihe bariko barakomeza abigishwa bongera ‘babaremesha ngo bagume mu kwizera,’ bavuze bati: “Dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.” (Ivyak. 14:21, 22) No muri iki gihe nyene, urashobora kuremesha abariko baca mu bigeragezo mu kwerekana yuko kwihangana mu marushwa bisabwa ku Bakirisu bose, be n’uko biri n’agaciro kanini mu nyonga z’Imana.—Imig. 27:11; Mat. 24:13; Rom. 5:3, 4; 2 Tim. 3:12.

Remesha abakwumviriza biyumvire ivyerekeye uburyo Yehova yashikije imihango yiwe mu buzima bwabo. Ukoresheje utuntu dukeyi tubakabura, hari aho bobona ukuntu ubwabo Yehova amaze kubakorera ibintu, nk’uko nyene yabisezeranye. Muri Zaburi 32:8, dusoma duti: “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.” Ufashije abakwumviriza gukubita agatima mpembero ku kuntu Yehova yabarongoye kandi akabafasha, uzotuma bashobora kwibonera rwose yuko Yehova abababaye be n’uko azobafasha koko mu bigeragezo ivyo ari vyo vyose bahangana na vyo muri iki gihe.—Yes. 41:10, 13; 1 Pet. 5:7.

Erekana ko Uhimbarwa n’Ivyo Imana Iriko Irakora Ubu. Igihe urondera kuremesha abavukanyi bawe, nukwegere ubwenge ku vyo Yehova ariko arakora muri iki gihe. Kuvuga ivy’ivyo bintu mu buryo bwerekana ko biguhimbara, bizovyura inyiyumvo nk’izo nyene mu mitima y’abakwumviriza.

Rimbura ukuntu Yehova adufasha kwihanganira imikazo yo mu buzima. Aratwereka uburyo bwiza kuruta bwo kubaho. (Yes. 30:21) Arasigura imvo zituma haba ubugizi bwa nabi, akarenganyo, ubukene, indwara be n’urupfu, akanatubwira ukuntu azokuraho ivyo vyose. Yadukikuje umuryango w’abavukanyi wuzuye urukundo. Aradutera agateka ntangere ko kumutura amasengesho. Aradutera agateka ko kuba Ivyabona vyiwe. Araduhumura amaso kugira ngo tubone yuko Kirisitu amaze kwimikwa mw’ijuru, be n’uko imisi y’iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu iriko yihutira kurangira.—Ivyah. 12:1-12.

Kuri iyo mihezagiro, ongerako amakoraniro tugira mw’ishengero, amateraniro n’amahwaniro. Igihe uvuga ivy’izo ntunganyo mu buryo bwerekana ko uzikenguruka koko, uzoba uriko urakomereza abandi umwiyemezo wo kudafata minenerwe ugukoranira hamwe n’abavukanyi babo.—Heb. 10:23-25.

Amaraporo atanga ikimenyamenya c’uko Yehova ariko arahezagira utwigoro tugira mu busuku bwo mu ndimiro na yo nyene araba isoko ry’inkomezi. Mu kinjana ca mbere, igihe Paulo na Barunaba bari mu nzira bagana i Yeruzalemu, barateye “bene Data bose akanyamuneza kenshi” mu kubiganira ido n’ido ukuntu abantu bo mu mahanga bahindukiye. (Ivyak. 15:3) Na wewe urashobora kuzanira abavukanyi bawe akanyamuneza mu kuganira ivyabaye vyubaka.

Abantu bazorushiriza kuremeshwa igihe bafashwa kubona agaciro k’ivyo bariko barakora. Nubakeze ku bw’uruhara bariko baragira mu busuku bwa gikirisu. Keza abakora dukeyi bivuye ku busaza no ku ndwara mugabo bakaba bariko bihangana badahemuka. Nubibutse yuko Yehova atibagira urukundo berekanye ku bw’izina ryiwe. (Heb. 6:10) Ukwizera kubonekeye mu kigeragezo ni itunga ry’agaciro ntangere. (1 Pet. 1:6, 7) Abavukanyi bacu barakeneye kwibutswa ico kintu.

Nuvugane Inyiyumvo ku Vyerekeye Icizigiro ca Kazoza. Imihango yahumetswe y’ibintu bizoza ni isoko nyamukuru ry’indemesho kuri abo bose bakunda Imana. Kumbure benshi mu bakwumviriza ivyo baramaze kuvyumva kenshi. Mugabo biciye ku kuntu ukenguruka igihe uvuga ivy’iyo mihango, urashobora kubigarukana mu bwenge bwabo, ukabashiramwo ukwizigira ko bizoranguka, eka ugatuma imitima yabo ibogaboga ugukenguruka. Ugushira mu ngiro ivyo wize mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi birashobora kugufasha gukora ivyo.

Yehova ubwiwe ni we Kiremesha Mukuru akaba na we Mutanzi w’inkomezi ku bantu biwe. Yamara urashobora gukorana na we mu guserura mwene iyo mihezagiro. Igihe uvuga ubwira ishengero, ntugishe ako karyo ko kubikora.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Igihe utegura insiguro, niwiyibutse ingorane abakwumviriza barimwo. Rimbura witonze ukuntu wobaremesha kandi ukabakomeza.

  • Koresha neza Ijambo ry’Imana. Niwerekane ukuntu ivyo rivuga bijanye n’ibintu duhanganye na vyo.

  • Nuvugane inyiyumvo zivuye ku mutima.

UMWIMENYEREZO: Igihe wisomera Bibiliya canke wiyigisha muri iyi ndwi, toranya igihimba wiyumvira ko ushobora gukoresha mu kuremesha abandi. Nugifashishe umuntu wo mw’ishengero.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika