ICIGWA CA 52
Uguhimiriza mu Buryo Bushika ku Nyota
ABAKURAMBERE b’Abakirisu bategerezwa kuba bashoboye ‘guhimiriza abantu mu kwigisha kuzima.’ (Tito 1:9) Rimwe na rimwe ivyo bategerezwa kubigira mu ngorane zitoroshe. Birahambaye gutanga impanuro zijanye n’inyobozo zo mu Vyanditswe. Kubera ico, abakurambere babwirizwa gukurikiza iyi mpanuro: ‘Wame ugira umwete wo guhanura.’ (1 Tim. 4:13) Naho iki kiganiro cacu cerekeye ahanini abakurambere canke abariko barondera gushikira iryo banga, hariho ibihe abavyeyi baba bategerezwa guhimiriza abana babo, canke ugasanga abarongora inyigisho za Bibiliya bakeneye guhimiriza abo bigana Bibiliya. Mu bihe mwene ivyo, inyobozo nk’izo nyene zirakora.
Igihe Usanga Bikenewe. Kugira ngo umenye igihe uguhimiriza gukenewe, ni ngombwa ko usuzuma ibihe dusanga muri Bibiliya aho abantu bahimirijwe. Intumwa Petero yahimirije abakurambere kwitwararika ibanga bajejwe bwa bungere b’umukuku w’Imana. (1 Pet. 5:1, 2) Paulo yahanuye Tito guhimiriza imisore ngo “babe abaroranye mu muzirikanyi.” (Tito 2:6, NW) Paulo yahimirije Abakirisu bagenziwe ngo “[ba]be imvugarimwe” kandi birinde abarondera kuzana amacakubiri mu bavukanyi. (1 Kor. 1:10; Rom. 16:17; Flp. 4:2) Naho Paulo yashimye abari mw’ishengero ry’i Tesalonike ku bw’ibintu vyiza bariko bakora, yarabahimirije gukurikiza mbere mu buryo bushitse kuruta, inyigisho bari bararonse. (1 Tes. 4:1, 10) Petero yaringinze Abakirisu nka we ngo “[b]irinde ivyifuzo vy’umubiri.” (1 Pet. 2:11) Yuda yarahimirije abavukanyi biwe “kurwanira cane ukwizera” yihweje akosho k’abatubaha Imana bari bagiye mu vyo kwigenza nabi. (Yuda 3, 4) Abakirisu muri rusangi bahimirijwe guhanurana kugira ngo ntihagire n’umwe akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha. (Heb. 3:13) Petero yahimirije Abayuda batari bwizere Kirisitu ati: “Ni mwikize ab’iki gihe kigoramye.”—Ivyak. 2:40.
Ni kamere izihe zikenewe kugira ngo muri mwene ivyo bihe abantu bahimirizwe mu buryo bukomeye? Uwuriko arahimiriza yovyifatamwo gute kugira ngo yerekane yuko ivyo avuga vyihutirwa atarinze gushira umukazo ku bo abwira canke ngo abaryagumbe?
“Kubg’Urukundo.” Mu gihe uguhimiriza kwacu kutagizwe “kubg’urukundo,” hari aho kwokumvikana nk’ugukaze. (Flm. 9) Ariko ntiwumve, igihe hasabwa kugira igikozwe mu maguru masha, ivyo umushikirizansiguro avuga bikwiye kwumvikanisha yuko ibintu vyihutirwa. Kuvuga mu buryo bworoheje vyoshobora kwumvikana nk’aho umengo uriko urasaba ikigongwe. Muri ico gihe nyene, uguhimiriza gukwiye kugiranwa ubwira n’ikibabarwe cinshi. Kubahimiriza n’urukundo bisa n’ibizorushiriza kuvyurira abumviriza umutima wo kugira ico bakoze. Igihe Paulo yariko yivugira yongera avugira bagenziwe, yabwiye Abanyatesalonike ati: “Muzi ingene twari tumeze ku muntu wese muri mwebge, nk’uko se amera ku bana biwe, tubah[imiriz]a.” (1 Tes. 2:11) Abo bacungezi bakirisu baringinga abo bavukanyi babigiranye urukundo. Reka ivyo uvuga bize biva ku kwitwararika vy’ukuri abakwumviriza.
Koresha ubugenge. Ntutere ishavu abo uriko wihatira kuvyurira umutima wo kugira ico bakoze. Muri ico gihe nyene, ntureke kubwira abakwumviriza “ivy’Imana yagabiye vyose.” (Ivyak. 20:27) Abantu bakenguruka ntibazobabara canke ngo bagabanye urukundo bari bagufitiye ngo ni uko wabahimirije gukora ibigororotse ubigiranye urukundo.—Zab. 141:5.
Akenshi, biraba ngirakamaro ubanje kubwira abavukanyi amajambo yo kubashimira atomoye kandi avuye ku mutima, ukabona kubahimiriza. Niwiyumvire ibintu vyiza abavukanyi bawe bariko baragira, ibintu bitegerezwa kuba binezereza Yehova: nk’ukwizera kugaragarira mu gikorwa barangura, urukundo rubavyurira umutima wo kwitanga, be n’ukwihangana kwabo igihe bahanganye n’ibigeragezo. (1 Tes. 1:2-8; 2 Tes. 1:3-5) Ivyo bizofasha abavukanyi bawe kwumva ko bafise agaciro be n’uko batahurwa, kandi bizonabafasha kwakira neza uguhimirizwa gukurikira.
“Mu Kwihangana Kwose.” Uguhimiriza gukwiye kugirwa “mu kwihangana kwose.” (2 Tim. 4:2) Ivyo birimwo iki? Mu kwihangana harimwo ukurindira ku kugirirwa nabi canke ku gucokorwa, wiyumanganije. Umuntu yihangana aguma yizigiye yuko abamwumviriza bazoshira mu ngiro ivyo avuga. Guhimiriza abakwumviriza muri ubwo buryo bizobarinda kwiyumvira yuko ubiyumvirako ibibi. Ukwizigira yuko abavukanyi n’abavukanyikazi bawe bashaka gusukurira Yehova gushika aho ubushobozi bwabo bugera kuzokwega icipfuzo bafise co gukora ibigororotse.—Heb. 6:9.
“Mu Nyigisho Nzima.” Umukurambere ashobora gute “gu[himiriz]a mu nyigisho nzima”? Mu ‘kugumya ijambo ryo kwizerwa rihura n’ukwigisha kwiwe.’ (Tito 1:9, UB) Ha kuvuga ivyiyumviro vyawe bwite, Ijambo ry’Imana nurigire ryo bubasha ukoresha. Reka Bibiliya isene uburyo ubona ivyo ukeneye kuvuga. Rimbura ivyiza biva ku gukurikiza ivyo Bibiliya ivuga ku bintu bikuraje ishinga. Nugumize ku muzirikanyi ingaruka z’ubu n’izo muri kazoza z’ukutisunga Ijambo ry’Imana, maze uzikoreshe mu kujijura abakwumviriza yuko bakeneye kugira ico bakoze.
Uraraba neza ko usobanuriye neza abakwumviriza ivyo bakwiye kugira be n’ingene bakwiye kubigira. Nutomore yuko ivyiyumviro vyawe bishinze imizi cane mu Vyanditswe. Nimba Ivyanditswe biha umuntu umwidegemvyo kanaka mu ngingo yose yofatwa, nushire ahabona uko uwo mwidegemvyo ungana. Maze mu nsozero yawe, nuheze uvuge amajambo azokomeza umwiyemezo abakwumviriza bafise wo kugira ico bakoze.
N’“Ubushizi bg’Amanga.” Kugira ngo umuntu ahimirize abandi bimwe bishika ku nyota, ategerezwa kugira “ubushizi bg’amanga . . . mu kwizera.” (1 Tim. 3:13) Ni igiki gituma umuntu ashobora kuvuga ashize amanga? Ni ukuba “akarolero [atanga] mu migenzo myiza” gahura n’ivyo ariko ahimiriza abavukanyi biwe kugira. (Tito 2:6, 7, UB; 1 Pet. 5:3) Aho ivyo ari ukwo bimeze, abariko barahimirizwa kugira ico bakoze bazotahura yuko nyene kubahimiriza atiteze ko bakora ivyo we ubwiwe adakora. Bazobona yuko bashobora kwigana ukwizera kwiwe nk’uko nawe nyene yihatira kwigana Kirisitu.—1 Kor. 11:1; Flp. 3:17.
Uguhimiriza kugizwe hishimikijwe Ijambo ry’Imana kandi kukagiranwa umutima w’urukundo kurashobora kurangura ivyiza vyinshi. Abashinzwe guhimiriza mwene ukwo bakwiye kwihatira kubigira neza.—Rom. 12:8.