ICIGWA CA 31
Kwubaha Abandi
IVYANDITSWE bitubwira “[k]wubah[a] abantu bose” no “kutagira uwo [tw]ambika ibara.” (1 Pet. 2:17; Tito 3:2) Kukaba nkako, umuntu wese duhura “[ya]remwe mw ishusho y’Imana.” (Yak. 3:9) Umuntu wese Kirisitu yaramupfiriye. (Yoh. 3:16) Kandi bose bakwiriye kwumva inkuru nziza kugira ngo bayikurikize maze bazokizwe. (2 Pet. 3:9) Abantu bamwebamwe barafise kamere canke ubukuru bikwiye kwubahwa bimwe bidasanzwe.
Ni kuki hogira abantu bagerageza kwiregura ngo ntibagaragarize abandi ubwoko bw’icubahiro Bibiliya iremesha? Imico kama y’aho babaye yoshobora kuba ishinga uwukwiriye guterwa iteka uwo ari we hakurikijwe amategeko yo mu muryango, ibara ry’urukoba, igitsina, amagara, imyaka, ubutunzi, canke ikibanza umuntu afise mu kibano. Ukwimonogoza kw’ibiturire mu bategetsi bo mu kibano kwaratituye icubahiro gihabwa abakuru. Mu bihugu bimwebimwe abantu ntibabumbwa n’ukuntu ivyabo vyifashe mu buzima, kumbure ugasanga barakora amasaha menshi kugira gusa baronke utwa nkenerwa mu buzima, bakaba kandi bakikujwe n’abantu batubaha abandi. Abakiri bato barashikirwa n’akosho k’urunganwe ngo baje mu vyo kugarariza abigisha badakundwa be n’abandi bakuru. Abatari bake baroshwa n’amashusho yerekanwa kuri televiziyo y’abana bagira ivy’ubugunge bakanifatira abavyeyi babo mu gahanga. Bisaba akigoro kugira ngo twirinde ivyo vyiyumviro vy’isi ntibihindure ukuntu tubona abandi. Ariko rero, igihe twubashe abantu, birorosha ibintu, bigatuma uguhanahana ivyiyumviro gushoboka ata ngorane.
Kuvugisha Umuntu Ubigiranye Icubahiro. Umuntu agiye mu gikorwa ceranda aba yitezweko kugaragaza icubahiro mu kwambara no mu kugira ibintu mu buryo bubereye. Ibintu bibonwa ko ari inyifato ibereye biratandukana bivanye n’ahantu. Bamwe babona yuko bitaranga icubahiro kuvugisha uwundi muntu wambaye inkofero canke ukuboko kumwe kuri mu mupfuko. Mu yindi mihingo na ho, abantu boshobora kuba bemera mwene iyo nyifato. Raba ukuntu aho iwanyu bomererwa kugira ngo ntugire uwo utsitaza. Kubigenza gutyo bishobora kugufasha kwirinda ivyokubera intambamyi mu gikorwa ukora co kumenyekanisha inkuru nziza mu buryo hagira ikivamwo.
Uko ni ko bigenda ku buryo tuvugisha abandi, na canecane abadukurira. Muri rusangi ku bakiri bato, guhamagara abakuze mw’izina bibonwa ko ari ugushira isoni, kiretse igihe baronse uruhusha rwo kubigira. Mu mihingo imwimwe abakuze na bo nyene baba bitezweko kwirinda guhamagara mw’izina abo batazinanyi. Ikindi kandi, mu ndimi nyinshi usanga bakoresha ijambo “mwebwe” canke ubundi buryo kugira ngo bagaragarize icubahiro umuntu akuze canke umukuru.
Kuraba Ryiza Umuntu Ubigiranye Icubahiro. Mu bibano bitobito, biba vyitezwe yuko utaraba irarirari umuntu muhuye, haba igihe uri ku nzira canke igihe winjiye ahantu. Ivyo urabishikako mu kumuramutsa gusa, mu kumwenyura, mu kuzungagiza umutwe, canke mbere mu kuduza ingohe. Kwirengagiza uwundi muntu bibonwa ko ari ukubura urupfasoni.
Ariko rero, vyoshika bamwebamwe bakiyumvamwo yuko ubirengagije n’igihe nyene waberetse ko wababonye. Ivyo bishoboka gute? Vyoshobora kuva ku gutahura ko utabafashe nk’abantu. Birashika ko abantu bakumirwa kubera ukuntu umubiri wabo umeze. Abantu bafise ubumuga be n’ingorane z’amagara kenshi usanga babinuba. Yamara, Ijambo ry’Imana riratwereka uburyo bwo gufatana urukundo n’icubahiro mwene abo bantu. (Mat. 8:2, 3) Twese icaha twarazwe na Adamu ntihabura ukuntu kigira ico kitwononeye. Mbega wokwumva wubashwe mu gihe abandi bokwama bakwerekanira ku tunenge ufise? Mbega riho ntiwokwipfuza kumenyekanira kuri kamere nyinshi nziza ufise?
Ukwubaha kandi birimwo no kwemera icese uwuri senaka. Mu mihingo imwimwe usanga bikenerwa kubanza kuvugisha serugo imbere yo gushinga intahe ku bandi bo muri urwo rugo. Naho nyene igikorwa twashinzwe co kwamamaza no kwigisha kiva kuri Yehova, turemera yuko abavyeyi ari bo barekuriwe n’Imana kwigisha abana babo, kubatoza indero be no kubayobora. (Ef. 6:1-4) Igihe rero turamukije ku muhana, mu bisanzwe birabereye kubanza kuvugisha abavyeyi imbere yo kwinjiza abana mu kiganiro ico ari co cose gishika kure.
Uko umuntu akura ni ko agenda aramenya utuntu n’utundi, kandi ategerezwa kuvyubahirwa. (Yobu 32:6, 7) Kwemera icese ivyo vyarafashije umuvukanyikazi umwe w’umutsimvyi akiri muto wo mu gihugu ca Siri Lanka, uwari yagendeye umugabo umwe ageze mu zabukuru. Ubwa mbere nya mutama yabanje kwanka kuganira na we, mu kuvuga ati: “Mbega umwana nkawe ashobora gute kunyigisha Bibiliya?” Mugabo nya muvukanyikazi yishuye ati: “Mu vy’ukuri sinje kukwigisha, ahubwo nari nje kuganira nawe ikintu numvise kikanshimisha, ku buryo numva ntobura kukibwira abandi.” Inyishu uwo mutsimvyikazi yatanze iranga icubahiro yaravyuriye ugushimishwa nya mugabo. Yamubajije ati: “Mbarira none, ngo ngw’iki?” Uwo mutsimvyikazi yishura ati: “Narumvise ingene umuntu yoshobora kubaho ibihe bidahera.” Nya mutama yaciye atangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Si abantu bose bakuze bazovuga yuko bashaka kugirirwa mwene ico cubahiro, mugabo benshi muri bo bazobishima.
Ariko rero, kugaragaza icubahiro kurenza urugero birashoboka. Mu mazinga ya Pasifike n’ahandi, ugukoresha mu buryo buranga icubahiro imvugo ijanye n’imigenzo mu kuvugisha abakuru b’uducimbiri canke b’imiryango, birashobora gufasha Ivyabona gutegwa ugutwi be no kuronka akaryo ko kuvugisha abo bakuru be n’abo batwara. Ariko, gusigana inkore ku maso ntibikenewe, eka ntibinabereye. (Imig. 29:5) Cokimwe n’ivyo, mu ndimburo y’ururimi kanaka hashobora kuba harimwo amajambo y’icubahiro, ariko ukwubaha kw’Umukirisu ntigusaba yuko ayo majambo avugwa kurenza urugero.
Gushikiriza Insiguro mu Rupfasoni. Bibiliya iduhimiriza gusigura inyanduruko y’ivyizigiro vyacu ‘turi n’ubugwaneza dutinya.’ (1 Pet. 3:15) Rero, naho twoba dushoboye guca twerekana buno nyene amahinyu ari mu ciyumviro c’uwundi muntu, mbega vyoba none biranga ubukerebutsi tubigize mu buryo bumukurako agashambara? Mbega ntivyorushiriza kuba vyiza duteze ugutwi twihanganye, kumbure tukamubaza igituma yiyumvira gutyo, maze ntitwirengagize inyiyumvo ziwe igihe tuzirikanira hamwe ku Vyanditswe?
Icubahiro nk’ico kigaragarizwa umuntu amaso mu yandi kandi kigaragara igihe ubwira abantu bakwumviriza uri ku mukiruruko. Umushikirizansiguro yubaha abamwumviriza ntazobanebagurana amanyama canke ngo aze arababwira ngo: “Ivyo mwari gushobora kubigira iyo muba mubishaka vy’ukuri.” Kuvuga mu buryo mwene ubwo nta kindi bigira atari uguca intege abandi. Ese ukuntu birushiriza kuba vyiza gufata abumviriza bwa teraniro ry’abantu bakunda Yehova kandi bashaka kumusukurira! Mu kwigana Yezu, dukwiye kwerekana ko dutahura igihe tuganira n’abashobora kuba bagoyagoya mu vy’impwemu, abataraca uruma neza, canke abateba gukurikiza impanuro ya Bibiliya.
Abumviriza bazotahura ko umushikirizansiguro abubaha mu gihe na we nyene yishiramwo nk’uwukeneye gukurikiza Ijambo ry’Imana bimwe vyuzuye. Ni ibiranga ubukerebutsi rero kwirinda kwama nantaryo ukoresha ijambo “mwebwe” (canke “wewe”) igihe werekana ingene ivyanditswe vyoshirwa mu ngiro. Nk’akarorero, raba itandukaniro riri hagati yo kubaza uti “Mwoba muriko murakora ivyo mushoboye vyose?” no kuvuga uti “Umwe wese muri twebwe vyoba vyiza yibajije ati: ‘Noba ndiko ndakora ivyo nshoboye vyose?’” Iciyumviro kiri muri ivyo bibazo vyose ni kimwe, mugabo ikibazo ca mbere cumvikanamwo yuko umushikirizansiguro atishira ku rwego rumwe n’abamwumviriza. Ikigira kabiri kiraremesha umuntu wese, tudasize inyuma umushikirizansiguro, kwihweza uko ivyiwe vyifashe hamwe n’agatima afise.
Niwirinde gushaka kuvuga ibijajuro kubera gusa ushaka gutwenza abakwumviriza. Ivyo biratitura icubahiro c’ubutumwa bwo muri Bibiliya. Ego ni vyo, dukwiye guhimbarwa n’umurimo turangurira Imana. Mu mayagwa twashinzwe gushikiriza hashobora no kuba harimwo ibihimba bisa n’ibitwenza. Ariko rero, gufata ibintu bihambaye ukabihindura ibintu bitwenza, vyerekana ko utubaha abakwumviriza be n’uko utubaha Imana.
Ese uburyo tuvugisha abandi, uburyo twifata be n’uburyo tuvuga vyokwama nantaryo bigaragaza yuko dufata abandi nk’uko Yehova yatwigishije kubafata!