ICIGWA CA 47
Gukoresha Neza Ibintu Umuntu Ashobora Kubona
NI KUKI wokoresha ibintu vyo kuraba mu kwigisha kwawe? Kubera yuko kubikoresha bishobora gutuma ukwigisha kwawe kurushiriza kuba kirumara. Yehova Imana be na Yezu Kirisitu barakoresheje ibintu umuntu ashobora kubona, kandi turashobora kubigirako. Igihe ivyo bintu biri kumwe n’ivyo uvuga, amakuru yakirwa mu buryo bubiri. Ivyo birashobora kugufasha gukwegera abakwumviriza ntibasamare, bikanakomeza akanyengetera bagize. Ushobora kwinjizamwo gute ibintu umuntu ashobora kubona mu buryo ushikiriza inkuru nziza? Ushobora gute kumenya neza yuko uriko urabikoresha mu buryo kirumara?
Ingene ba Bigisha Bahambaye Kuruta Ababayeho Bose Bakoresheje Ibintu Umuntu Ashobora Kubona. Yehova yarakoresha ibintu umuntu ashobora kubona vy’intibagirwa kugira ngo yigishe ivyigwa bihambaye. Mw’ijoro rimwe yarasohokanye Aburahamu hanze, maze amubwira ati: “Rangamiza, urābe mw ijuru, uharūre inyenyeri, namba woshobora kuziharūra. . . . Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana.” (Ita. 15:5) Naho nyene ivyo yari asezeraniwe vyasa n’ibidashoboka dukurikije ukuntu umuntu abona ibintu, Aburahamu vyaramukoze ku mutima cane maze arizera Yehova. Ikindi gihe, Yehova yarungitse Yeremiya ku nzu y’umubumvyi, amusaba kwinjira aho uwo mubumvyi abumbira kugira ngo arabe ingene nya mugabo abumba. Ese ukuntu cari icigwa c’intibagirwa c’ubukuru Umuremyi afise ku bantu! (Yer. 18:1-6) Bisubiye Yona yari gushobora gute kwibagira icigwa co kugira ikigongwe Yehova yamwigishije biciye ku kibonobono? (Yona 4:6-11) Yehova yaranabwira abamenyeshakazoza biwe kwerekana ubutumwa menyeshakazoza mu kugira ico bakoze, bakoresheje ibikoresho bibereye. (1 Abam. 11:29-32; Yer. 27:1-8; Ezk. 4:1-17) Vya bintu vyari bigize ihema be n’urusengero ubwavyo ni ibigereranyo bidufasha gutahura ukuntu ibiri mw’ijuru bimeze. (Heb. 9:9, 23, 24) Imana kandi yareretse abantu ibintu nko mu ndoto kugira ngo ishikirize amakuru ahambaye.—Ezk. 1:4-28; 8:2-18; Ivyak. 10:9-16; 16:9, 10; Ivyah. 1:1.
Mbega Yezu yakoresheje gute ibintu umuntu ashobora kubona? Igihe Abafarizayo be n’umugwi w’abantu wari ku ruhande rwa Herode bagerageza kumutegera mu vyo avuga, Yezu yasavye ko bamuha idenariyo, maze abereka igishushanyo ca Kayisari cari kuri ico kingorongoro. Yaciye abasigurira yuko ivya Kayisari bikwiye guhabwa Kayisari, mugabo ko ivy’Imana bikwiye guhabwa Imana. (Mat. 22:19-21) Kugira ngo yigishe icigwa co gutera iteka Imana dukoresheje ibintu vyose dufise, Yezu yarerekanye umupfakazi w’umworo yari mu rusengero, uwatanze intererano y’amasenge abiri, na yo akaba ari bwo buryo bwose yari afise bwo kubaho. (Luka 21:1-4) Ikindi gihe yakoresheje akana gatoyi mu gutanga akarorero ko kwicisha bugufi, kazira ivyo guhahamira ubukuru. (Mat. 18:2-6) Ubwiwe yarerekanye kandi ico ukwicisha bugufi gusobanura mu kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe.—Yoh. 13:14.
Uburyo bwo Gukoresha Ibintu Umuntu Ashobora Kubona. Twebwe ntitumeze nka Yehova, kubera ko tudashobora gushikiriza amakuru biciye ku kwerekwa ibintu nko mu ndoto. Naho ari ukwo, amashusho menshi y’inkoramutima araboneka mu bisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova. Nuyakoreshe kugira ufashe abantu bashimishijwe barabe Iparadizo yo kw’isi, isezeranwa mw’Ijambo ry’Imana. Igihe c’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, woshobora gukwegera ubwenge bw’umutohoji kw’ishusho ijanye n’ivyo muriko mutohoza maze ukamusaba kukubarira ivyo abona. Birahambaye kubona igihe umumenyeshakazoza Amosi yerekwa ibintu binaka, Yehova yamubajije ati: “Ubonye iki ga Amosi?” (Am. 7:7, 8; 8:1, 2) Urashobora kubaza ibibazo nk’ivyo nyene igihe ukwegera ubwenge bw’abantu ku mashusho yateguriwe kwigisha umuntu igihe ayaravye.
Nimba wanditse ibiharuro canke ugakoresha umurongo werekana ibihe urukurikirane rw’ibintu bihambaye vyabereyeko, ivyo birashobora gufasha abantu kurushiriza gutahura ubuhanuzi, nk’akarorero vya “bihe ndwi” bivugwa muri Daniyeli 4:16 be na ya “mayinga mirongwirindwi” avugwa muri Daniyeli 9:24. Ibintu nk’ivyo bifasha umuntu iyo abibonye biraboneka ari vyinshi mu bisohokayandikiro vyacu vyo kwiga.
Mu nyigisho yanyu ya Bibiliya mugira mu muryango, ukuganira kuri mwene ibi ibintu, nk’akarorero ihema, urusengero rw’i Yeruzalemu be n’urusengero Ezekiyeli yeretswe, birashobora kurushiriza kuborohera kubitahura mu gihe mukoresheje ishusho. Ivyo umuntu ashobora kubisanga mu gitabu Étude perspicace des Écritures, mu mayagwa y’inyongera ari muri Bibiliya Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau—avec notes et références, be no mu nomero zinyuranye z’Umunara w’Inderetsi.
Igihe usoma Bibiliya uri kumwe n’umuryango wawe, nukoreshe neza amakarata ndondabihugu. Nugende urerekana urugendo Aburahamu yagize kuva i Uri gushika i Harani no gushika i Beteli. Nusuzume inzira ihanga rya Isirayeli ryaciyemwo igihe ryava mu Misiri maze rigafata urugendo rigana muri ca Gihugu c’Isezerano. Niwerekane akarere kahawe umuryango umwumwe wose wa Isirayeli bwa shamvu. Niwihweze ukuntu akarere Salomo yatwara kangana. Nugende urerekana inzira Eliya yaciyemwo igihe yahunga ava i Yezireli agenda mu bugaragwa haruguru ya Beri-sheba amaze guterwa ubwoba na Yezebeli. (1 Abam. 18:46–19:4) Niwerekane ibisagara n’udusagara Yezu yigishijemwo. Nukurikirane ingendo Paulo yagize, nk’uko zidondorwa mu gitabu c’Ivyakozwe.
Ibintu umuntu ashobora kubona ni ngirakamaro igihe umenyesha abatohoji ba Bibiliya uburyo ishengero rikora. Woshobora kwereka umutohoji wawe porogarama maze ukamusigurira amakuru twihweza ku materaniro no ku mahwaniro ayo ari yo. Benshi baratangaye batemberejwe ku Ngoro y’Ubwami canke ku biro vy’ishami ry’Ivyabona vya Yehova. Ivyo birashobora kuba uburyo kirumara bwo guhindura ivyiyumviro bitari vyo bagira ku vyerekeye igikorwa turangura be n’intumbero yaco. Igihe uriko uratembereza umuntu ku Ngoro y’Ubwami, niwerekane ingene itandukanye n’ibindi bibanza abantu basengeramwo. Nushimike ku vy’uko ari ahantu habayabaye hatangirwa inyigisho. Nudome urutoke ku mice igenewe canecane ubusuku turangurira ku mugaragaro, nk’akarorero ahantu hatangirwa ibisohokayandikiro, amakarata y’icibare, be n’udusandugu tw’intererano (ko dutandukanye na twa dukoko batorezamwo imperezwa).
Ahaboneka amakaseti ya videwo ategurwa ahagarikiwe n’Inama Nyobozi, nuyakoreshe kugira ngo wubake mu batohoji ukwizigira Bibiliya, kugira ngo bamenye neza igikorwa Ivyabona vya Yehova barangura, wongere uremeshe abaziraba kubaho bisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya.
Gukoresha Ibintu Umuntu Ashobora Kubona ku Migwi Minini y’Abantu. Igihe ivyo bintu umuntu ashobora kubona vyateguwe neza kandi bigakoreshwa mu buryo bubereye, birashobora kuba ibintu kirumara bifasha kwigisha imigwi minini y’abantu. Ibintu mwene ivyo biratangwa mu buryo bunyuranye n’umugwi wa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.
Amayagwa yo kwiga ari mu Munara w’Inderetsi kenshi aba arimwo ibintu umuntu ashobora kubona biri mu buryo bw’amashusho umurongozi ashobora gukoresha kugira ngo ashimike ku vyiyumviro bihambaye. Ivyo ni na ko bimeze ku bisohokayandikiro bikoreshwa ku Nyigisho y’Igitabu y’Ishengero.
Incacagu zimwezimwe z’insiguro z’icese zishobora gutuma umuntu akoresha ibintu abantu bashobora kubona kugira ngo ivyiyumviro nyamukuru bije ahabona. Ariko rero, kenshi havamwo inyungu nini kuruta igihe ashimika ku biri muri Bibiliya, igitabu usanga benshi mu bumviriza bafise mu minwe yabo. Nimba hari igihe ishusho canke igicapo kimwe cerekana ivyiyumviro nyamukuru kiba gikenewe kugira ngo ushikirize iciyumviro nyamukuru kimwe c’insiguro canke vyinshi, nusuzume imbere y’igihe kugira ngo umenye neza yuko ico kintu umuntu ashobora kukibona neza (canke kugisoma neza) yicaye mu kibanza c’inyuma c’aho ikoraniro ribera. Ibintu mwene ivyo umuntu akwiye kubikoresha abigiranye ukwiyubara.
Intumbero yacu mu gukoresha ibintu umuntu ashobora kubona igihe turiko turavuga twongera twigisha si iyo gutwenza abantu. Igihe hakoreshejwe ikintu kiranga urupfasoni, ico umuntu abonye gikwiye gutuma yitunira ku bintu bikwiriye gushimikwako bimwe bidasanzwe. Ibintu mwene ivyo birafasha kurangura intumbero ngirakamaro igihe bifasha kwumvikanisha ijambo rivuzwe, bigatuma rirushiriza kworoha gutegera, canke igihe bitanga ikimenyamenya gikomeye c’uko ibivugwa bihambaye. Igihe ico kintu umuntu ashobora kubona kibereye kandi kigakoreshwa neza, kirashobora gutuma haba akanyengetera gakomeye ku buryo bw’uko ico kintu umuntu yabonye be n’iciyumviro cigisha yakuyemwo hahera imyaka myinshi akivyibuka.
Ubushobozi bwo kwumviriza be n’uburyo bwo kubona vyompi birarangura uruhara ruhambaye mu kwiga. Niwibuke ukuntu ivyo vyakoreshejwe na ba Bigisha bahambaye kuruta ababayeho bose, maze wihatire kubigana mu twigoro ugira two gushikira abandi.