ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 5 rup. 97-rup. 100 ing. 4
  • Akaruhuko Kabereye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akaruhuko Kabereye
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Gusoma Ata Mahinyu
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gusoma Ivyanditswe n’Ugushimika Kubereye
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Kuvuga Worohewe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Niwiyibutse ivyiyumviro nyamukuru
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 5 rup. 97-rup. 100 ing. 4

ICIGWA CA 5

Akaruhuko Kabereye

Ni ibiki ukeneye kugira?

Nuze urahagarara ushitsa, iyo ugeze ku ntambwe yinaka y’ikiganiro ushikiriza. Rimwe na rimwe ushobora kuruhuka gatogato cane, canke ukareka gusa ijwi rigahagarara akanya gatoyi imbere yo kwongerako ibindi bintu. Ako karuhuko karabereye igihe karangura uruhara rw’ingirakamaro.

Ni Kuki Bihambaye?

Gukoresha neza akaruhuko ni ikintu gihambaye mu mvugo. Ishobora gutahurwa ata ngorane. Kuruhuka kandi biratuma ivyiyumviro bihambaye vyibonekeza.

MU MVUGO, uturuhuko dushizwemwo mu buryo bubereye turahambaye. Ivyo ni ukuri waba uriko ushikiriza insiguro canke uriko uganira n’umuntu. Iyo mwene utwo turuhuko atatwo, ibivugwa vyokwumvikana nk’ukudebagura aho kuba uguserurwa kw’iciyumviro. Ukuruhuka kubereye kurafasha bigatuma imvugo yawe iba iyitomoye. Kurashobora kandi gukoreshwa mu buryo ivyiyumviro bikurubikuru ushikiriza bisigara mu bwenge igihe kirekire.

None womenya gute igihe ukwiriye kuruhuka? Ukwiye kuruhuka akanya kangana iki?

Kuruhuka kwo Gutandukanya Ibintu. Utumenyetso tw’ukuruhuka twarabaye igihimba gihambaye c’ururimi rwanditswe. Dushobora kwerekana ko ibivugwa birangiye canke yuko ari ikibazo. Mu ndimi zimwezimwe dushobora gukoreshwa kugira ngo amajambo asubiwemwo agaragare. Utumenyetso tumwetumwe tw’ukuruhuka twerekana isano riri hagati y’igihimba kimwe c’iryungane n’ibindi bihimba. Umuntu yisomera arashobora kubona utumenyetso two kuruhuka. Mugabo igihe asomera abandi n’ijwi ryumvikana, ijwi ryiwe ritegerezwa gushikiriza insobanuro y’akaruhuko kose kabonetse muri nya mayagwa yanditswe. (Kugira ngo umenye ido n’ido, raba Icigwa ca 1, “Gusoma Ata Mahinyu.”) Kunanirwa kuruhuka igihe bisabwa n’akamenyetso k’ukuruhuka bishobora gutuma abandi bibagora gutahura ivyo uriko urasoma canke mbere bigatuma insobanuro y’igisomwa yononekara.

Turetse utumenyetso two kuruhuka, uburyo ivyiyumviro biserurwa mu ryungane burerekana aho uturuhuko tubereye kuja. Umucuraranzi rurangiranwa igihe kimwe yavuze ati: “Amanuta avugirizwako ndayashobora nk’uko abacuraranzi benshi b’ikinanda bayashobora. Mugabo kuruhuka hagati ya nya manuta, aho ni ho bigoreye.” Birasa n’ukuvuga. Ugukoresha neza akaruhuko bizokwongereza ubwiza n’insobanuro y’amayagwa yawe ateguwe neza.

Mu kwitegurira gusomera ishengero, ushobora gusanga wofashwa no kuza urashira utumenyetso mu mayagwa yanditswe uzosoma. Nuce akarongo gatoyi kamanuka ahakwiye gushirwa akaruhuko kagufiya canke kumbure uguhagarara gatoyi. Nukoreshe uturongo tubiri twegeranye nimba ari akaruhuko karushirije kuba kanini. Usanze hari ahantu uburyo ibintu bivuzwe bukugamiye hanyuma ukaza uraruhuka ahatari ho, nushireho utumenyetso n’ikaramu y’igiti kugira ngo ufatanye amajambo yose agize nya ryungane rigoye. Nuce usoma nya ryungane guhera mu ntango gushika uheze. Abashikirizansiguro benshi baciye uruma ni ko bagira.

Kuruhuka mu mvugo ya misi yose mu bisanzwe ntibikwiye kuzana ingorane, kubera ko uba uzi ivyiyumviro ushaka gushikiriza. Ariko rero, nimba ufise akamenyero ko kuza uraruhuka ahantu henshi udahengeshanya ata n’ukuraba ivyo iciyumviro kihari gisaba, insiguro yawe izobura inguvu kandi ntizotomoka. Inama tugirirwa zo kurushiriza kuryohora ziratangwa mu Cigwa ca 4, c’umutwe uvuga ngo: “Kuvuga Worohewe.”

Kuruhuka Kugira ngo Uhindure Iciyumviro. Igihe uriko urava ku ciyumviro nyamukuru kugira ngo utandukire ikindi, akaruhuko karashobora guha abakwumviriza akaryo ko kuzirikana, guhindura, kumenya ko bakwiye guhindura aho berekeza, no gutegera mu buryo burongorotse kuruta iciyumviro gikurikira gishikirizwa. Kuruhuka igihe uhindura uva ku ciyumviro uja ku kindi bihambaye kuri wewe nka kurya ugabanya ingendo igihe uhindukira mw’ikorosi uvuye mu nzira imwe ngo winjire mu yindi.

Imvo imwe ituma abashikirizansiguro bamwebamwe bihutagiza bava ku ciyumviro baja ku kindi ata kuruhuka ni uko bagerageza gushikiriza amayagwa arenze urugero. Kuri bamwebamwe, ako kamenyero gaca kerekana uburyo basanzwe bavuga bwa misi yose. Kumbure umuntu wese mu babakikuje ni ko avuga. Mugabo ivyo ntibituma inyigisho iba kirumara. Nimba ufise ico uvuga gikwiriye gutegwa ugutwi no kwibukwa, fata rero umwanya ukwiye wo gutuma nya ciyumviro cibonekeza bimwe bitomoye. Numenye ko uturuhuko ari ntahara ku mvugo iserura ivyiyumviro mu buryo butomoye.

Nimba uzoshikiriza insiguro ku rucacagu, amayagwa yawe akwiye gushirwamwo urutonde mu buryo butuma aho kuruhuka hagati y’ivyiyumviro nyamukuru hibonekeza. Nimba uzoba uriko urashikiriza bene ya nsiguro isomwa, nushire utumenyetso ahantu hari ihinduka ryo kuva, ku ciyumviro nyamukuru uja ku kindi.

Uturuhuko two kugira ngo uhindure iciyumviro kenshi turaba tureture kuruta uturuhuko two mu mungane, ariko rero ntitube tureture gushika aho dutuma insiguro ushikiriza yikwega. Mu gihe ari tureture kurenza urugero, dutuma biboneka ko witeguye nabinabi be n’uko uriko ugerageza kumenya ivyo wovuga ubukurikira.

Akaruhuko ko Gushimika. Akaruhuko ko gushimika kenshi kaba gahambaye, ni ukuvuga kamwe gatangurira canke gakurikira ibivuzwe canke ikibazo gishikirijwe harimwo ugushimika. Mwene ako karuhuko karaha abumviriza akaryo ko kuzirikana ku bihejeje kuvugwa, canke kagatuma bitega ibigiye gukurikira. Utwo twompi ntidusa. Nuhitemwo uburyo bubereye wokoresha muri ubwo. Mugabo niwamize mu muzirikanyi yuko uturuhuko two gushimika dukwiye gukoreshwa gusa ku bintu bihambaye biba bivuzwe. Ahandiho, agaciro ka nya bintu kazotituka.

Igihe Yezu yasoma mu Vyanditswe n’ijwi ryumvikana mw’isinagogi y’i Nazareti, yarakoresheje neza akaruhuko. Ubwa mbere, yasomye igikorwa yashinzwe, mu muzingo w’umuhanuzi Yesaya. Ariko rero, imbere y’uko yerekana uwo biraba, yarazinze uwo muzingo, awuhereza umusuku, hanyuma aricara. Maze abari mu rusengero bose bamuhanze amaso, avuga ati: “Ivyo vyanditswe birashitse uyu musi, nk’ukw amatwi yanyu yiyumviye.”—Luka 4:16-21.

Kuruhuka Igihe Bisabwe n’Ukungene Ibintu Vyifashe. Ibiguciriyemwo birashobora kandi rimwe na rimwe gusaba ko uhagarara mu vyo uriko uravuga. Urwamo rw’imiduga irengana canke umwana arize birashobora gusaba guhagarika ikiyago wariko uragiranira n’umunyamuhana muhuriye mu busuku bwo mu ndimiro. Nimba ico kintu kigorana kibaye ahagirirwa iteraniro kidakaze, urashobora kuduza ijwi hanyuma ukabandanya. Ariko nimba nya kintu kigoranye kivugije urwamo runini kandi rw’igihe kirekire, utegerezwa kuruhuka. N’ubundi abakwumviriza ntibazoba bariko barumviriza. Rero, koresha akaruhuko mu buryo kirumara, urondera gufasha abakwumviriza kwungukira bimwe vyuzuye ku bintu vyiza ushaka kubabwira.

Kuruhuka Kugira ngo Bavyakire. Naho ushobora kuba uriko utanga insiguro bitateganijwe yuko abumviriza bayigiramwo uruhara, birahambaye kureka ngo abumviriza bavyakire, atari mu kuvuga tukabumva, ariko bakabigira mu bwenge. Mu gihe wobaza utubazo dukwiye gutuma abakwumviriza biyumvira mugabo rero ugaca unanirwa no kuruhuka bikwiye, agaciro kanini k’ivyo bibazo kazotakara.

Birumvikana, birahambaye kuruhuka atari gusa igihe uriko uvugira ku mukiruruko, mugabo kandi n’igihe ushinga intahe ku bandi. Hariho abantu umenga ntibigera baruhuka. Nimba ari yo ngorane ufise, nugire akigoro gakomeye ko gutsimbataza iyo kamere y’ivy’ukuvuga. Uzorushiriza kuryohora mu buryo uganira n’abandi hamwe no mu gutuma ubusuku bwawe bwo mu ndimiro buba kirumara. Akaruhuko ni akanya k’agacerere, kandi baravuze batabesha yuko agacerere gafasha kumira amate, kagashimika, kagategeka umuntu gukurikira, kandi kakaruhurira ugutwi.

Ikiyago ca misi yose kirimwo uguhanahana ivyiyumviro. Abandi bararushiriza kworoherwa kukwumviriza igihe nawe ubumviriza kandi ukerekana ko witwararitse ivyo bavuga. Ivyo bisaba ko uruhuka bihagije kugira ngo ubahe akaryo ko kugira ico bavuze.

Mu busuku bwo mu ndimiro, ugushinga intahe kwacu kenshi kuraba kirumara igihe kugizwe mu buryo bw’ikiyago. Bamaze kuramukanya n’umuntu, Ivyabona benshi basanga ari vyiza kuvuga ikibagenza, hanyuma rero bakabaza ikibazo. Bararuhuka kugira ngo nya wundi muntu bamuhe akaryo ko kwishura, hanyuma bagashima ico uwo ku muhana yavuze. Mu kiringo ca nya kiyago, bashobora guha nya muntu wo ku muhana uturyo tutari duke two kugira ico avuze. Mu bisanzwe barazi yuko bashobora gukora vyinshi kugira ngo bafashe umuntu nimba bazi ivyiyumviro afise ku kibazo kiriko kiraganirwako.—Imig. 20:5.

Birumvikana, si bose bazokwishura ibibazo mu buryo bushimisha. Mugabo ivyo ntivyabujije Yezu guhagarara akanya gakwiye kugira ahe mbere n’abamurwanya akaryo ko kuvuga. (Mrk. 3:1-5) Guha uwundi muntu akaryo ko kuvuga biramuremesha kwiyumvira, kandi bishobora gutuma ahishura ibimuri mu mutima. Imwe mu ntumbero y’ubusuku bwacu mu vy’ukuri ni ugukabura umuntu kugira ngo avyitabire bivuye ku mutima mu gushikiriza abantu ibibazo vyo mw’Ijambo ry’Imana, ivyo bategerezwa gufatako ingingo.—Heb. 4:12.

Si ivy’imbeshere, gukoresha ukuruhuka kubereye mu busuku bwacu ni ubuhanga. Igihe ukuruhuka gukoreshejwe mu buryo kirumara, ivyiyumviro birashikirizwa mu buryo butomoye rwose kandi kenshi bikibukwa mu gihe kirekire.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Niwitwararike bimwe bidasanzwe utumenyetso two kuruhuka igihe usoma n’ijwi ryumvikana.

  • Niwumvirize witonze abashikirizansiguro babishoboye, kandi utege ugutwi aho baruhuka n’igihe bamara baruhutse.

  • Umaze kuvuga ikintu ushaka vy’ukuri ko abandi bibuka, nuruhuke kugira ureke kibanyengetere.

  • Mu kiyago, nusabe abandi baserure ivyiyumviro vyabo, hanyuma wumvirize inyishu batanga. Bareke baheze. Ntubaciremwo.

UMWIMENYEREZO: Nusome Mariko 9:1-13 n’ijwi ryumvikana; nuruhuke mu buryo bubereye wisunze utumenyetso dutandukanye tuhari tw’ukuruhuka. Ntureke ngo ugusoma kwikwege. Umaze kwimenyereza, nusabe umuntu akwumvirize yongere akugire inama kugira ngo urushirize kuryohora mu kungene uruhuka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika