Ibibazo Bikunda Kubazwa n’Abantu Bashimishwa
Nimba Imana ari urukundo, ni kuki ireka ububisha bukabaho?
IMANA irareka koko ububisha bukabaho, kandi abantu amamiliyoni kw’isi barabigira umugenzo n’ibigirankana. Nk’akarorero, baragaba ibitero, bagatibagurira amabombe ku bana, bagaturira isi, eka bagatera amapfa. Abantu amamiliyoni baranywa itabi hanyuma bakandura kanseri y’amahaha, bakarenga ibigo hanyuma bakandura indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka, bakanywa ibiboreza kurenza urugero hanyuma bakarwara indwara y’igitigu ivyimbisha inda, n’ibindi. Mwene abo bantu ntibashaka vy’ukuri yuko ububisha bwose buhagarara. Bishakira gusa ko ibihano vyabwo biba ari vyo bizimanganywa. Igihe bimbuye ivyo babivye, baravuza amaborogo ngo “Mbega nzira iki?” hanyuma bagasiba Imana, nk’uko mu Migani 19:3 habivuga hati: “Ubupfu bg’umuntu bugoramika inzira yiwe, [maze] umutima wiwe u[ka]girira Uhoraho umwikomo.” Kandi hamwe Imana yohagarika ibibi bakora, bovyura umutwe banka guhomba umwidegemvyo wo kubikora!
Impamvu nyamukuru yatumye Yehova areka ikibi ni ukwishura umuhigo wa Shetani. Shetani wa Mucokoranyi yavuze yuko Imana itoshoboye gushira kw’isi abantu bogumye ari intahemuka kuri yo igihe bashikiwe n’ibigeragezo. (Yobu 1:6-12; 2:1-10) Yehova arareka Shetani ngo agumeho kugira aronke akaryo ko kwemeza umuhigo yahize. (Kuvayo 9:16.) Shetani ubu arabandanya gukwega ibara, gutuma abantu barwanya Imana, uko agerageza kwemeza wa muhigo wiwe. (Ivyahishuriwe 12:12) Ariko rero, Yobu yagumye ari intadohoka. Na Yezu kwabaye ukwo nyene. Abakirisu b’ukuri ubu baguma ari intadohoka.—Yobu 27:5; 31:6; Matayo 4:1-11; 1 Petero 1:6, 7.
Noshima kwemera ko hazobaho isi y’iparadizo aho abantu bazoba ibihe bidahera, ariko si ibintu bisa n’ibitoshoboka?
Si ko biri twisunze Bibiliya. Bisa n’ibitoshoboka kubera gusa abantu bamaze ibinjana vyinshi bamerewe nabi. Yehova yaremye isi hanyuma abwira abantu kuyuzuza abagabo n’abagore b’abagororotsi bokwitwararitse ibiterwa n’ibikoko biri kuri yo, bakazigama ubwiza bwayo aho kuyihonya. (Raba urupapuro rwa 12 na 17.) Ah’uko iyo Paradizo yasezeranywe isa n’iyitoshoboka, intuntu ihari ubu irababaje cane ku buryo itobandanya. Iparadizo ni yo izoyisubirira.
Nshobora gute kwishura abantu bahakana bavuga yuko Bibiliya ari umugani be n’uko iteye kubiri na siyansi?
Ukwizera iyo mihango si ugupfayo kwemera. “Ukwemera kuva ku kwumva.” Mu gutohoza Ijambo ry’Imana, ubukerebutsi buri muri ryo buribonekeza, hanyuma ukwizera na kwo kugakura.—Abaroma 10:17; Abaheburayo 11:1.
Icukurwa ry’ubutaka ry’ivya Bibiliya riremeza yuko nyinshi mu nkuru za kahise ziri muri Bibiliya ko ari iz’ukuri. Siyansi y’ukuri irahuza na Bibiliya. Ibi bintu bikurikira vyari vyaranditswe muri Bibiliya kera cane imbere y’uko vyuburwa n’abahinga bo mw’isi: urutonde rw’intambwe isi yaciyeko kugira ibe uko iri, ivy’uko isi yiburungushuye, ivy’uko yenena mu kirere ku busa, be n’uko inyoni ziza zirimuka.—Itanguriro, ikigabane ca 1; Yesaya 40:22; Yobu 26:7; Yeremiya 8:7.
Ihumekwa rya Bibiliya rirerekanwa n’ubuhanuzi bwarangutse. Daniyeli yari yaravuze imbere y’igihe ivy’iduga n’itemba ry’intwaro nganzasi, hamwe n’igihe Mesiya yoziriyeko hanyuma akicwa. (Daniyeli, ikigabane ca 2, 8; 9:24-27) Muri iki gihe, hari n’ubundi buhanuzi bukiriko buraranguka, bikerekana ko iyi ari “imisi y’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1-5; Matayo, ikigabane ca 24) Mwene ukwo kumenya ibintu imbere y’igihe ntibiri mu bubasha bw’umuntu. (Yesaya 41:23) Kugira ngo uronke ikirushiriza kuvyemeza, raba ibitabu La Bible: Parole de Dieu ou des hommes? na Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous?, vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Nshobora gute kumenya kwishura ibibazo bishingiye kuri Bibiliya?
Utegerezwa gutohoza Bibiliya kandi ukayizirikanako, ico gihe nyene ugasaba impwemu y’Imana kugira ngo ikurongore. (Imigani 15:28; Luka 11:9-13) Bibiliya ivuga iti: “Asangwa har’uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga.” (Yakobo 1:5) Vyongeye, hariho ibikoresho vyo kwifashisha mu gutohoza Bibiliya bibereye ko twikorako. Kenshi na kenshi, ugufashwa n’abandi kurakenerwa, nka ca gihe Filipo yigana n’Umunyetiyopiya. (Ivyakozwe 8:26-35) Ivyabona vya Yehova bararongora inyigisho za Bibiliya ku mihana y’abo bishimisha ataco babarihishije. Ntiwitinye kubasaba iyo mfashanyo.
Ni kuki abantu benshi barwanya Ivyabona vya Yehova kandi bakambwira ngo sinigane Bibiliya na bo?
Ukwamamaza inkuru nziza kwa Yezu kwararwanijwe, kandi yavuze yuko abayoboke biwe na bo nyene borwanijwe. Igihe bamwe bari batangajwe n’inyigisho ya Yezu, ababarwanya bo mu vy’idini barakankamye bati: “Mbega namwe mwajimijwe? Har’umukuru n’umwe yamwizeye, cank’Umufarisayo?” (Yohana 7:46-48; 15:20) Abenshi mu baguhanura ngo ntiwigane Bibiliya n’Ivyabona baba batazi ivyabo canke bakaba bafise ivyiyumviro vy’umwinubano. Niwigane n’Ivyabona hanyuma wibonere ubwawe ko ugutahura Bibiliya kwawe kwongerekana canke kutongerekana.—Matayo 7:17-20.
Ni kuki Ivyabona bagendera abantu bifitiye idini yabo?
Mu kugira ivyo bakurikira akarorero ka Yezu. Yagiye ku Bayuda. Abayuda bari bafise idini yabo bwite, mugabo nya dini muri vyinshi yari yarataye Ijambo ry’Imana. (Matayo 15:1-9) Amahanga yose arafise amadini y’ubwoko kanaka, yaba amadini yitwa ngo ni ay’Abakirisu canke ayatari yo. Birahambaye cane ko abantu bagumana ukwemera guhuye n’Ijambo ry’Imana bwite, kandi utwigoro Ivyabona bagira two kubafasha gukora ivyo ni icerekana urukundo bafitiye bagenzi babo.
Mbega Ivyabona bemera yuko idini yabo ari yo y’ukuri?
Umuntu wese afatana uburemere idini yiwe ntiyobura kwiyumvira ko ari yo y’ukuri. Ahandiho, ni kuki yokwirirwa arayijamwo? Abakirisu bakeburwa ngo: “Mugerageze vyose, mugumye ivyiza.” (1 Ab’i Tesalonike 5:21) Umuntu akwiye kuraba neza yuko ivyo yemera bishobora gushigikirwa n’Ivyanditswe, kuko hariho ukwizera kumwe gusa kw’ukuri. Mu Banyefeso 4:5 ivyo haravyemeza, hakavuga “Umwami umwe, n’ukwizera kumwe, no kubatizwa kumwe.” Yezu ntiyemeye iciyumviro co mu gihe ca none c’ukworosha ibintu c’uko ngo hariho inzira nyinshi, amadini menshi, vyose bikajana mu bukiriro. Ahubwo, yavuze ati: “Irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bu[zima], kand’abahabona ni bake.” Ivyabona vya Yehova baremera yuko bayitoye. Ahandiho, borondeye iyindi dini.—Matayo 7:14.
Boba bemera ko ari bo bonyene bazorokoka?
Oya. Abantu amamiliyoni babayeho mu binjana vya kera kandi batari Ivyabona vya Yehova bazogaruka mu gihe c’izuka hanyuma baronke akaryo ko kubaho. Abenshi bariho ubu barashobora kuba baraja ku ruhande rw’ukuri n’ubugororotsi imbere y’ “amarushwa ahambaye,” hanyuma bakazoronka ubukiriro. Vyongeye, Yezu yavuze yuko tudakwiye gucirana urubanza. Twebwe turaba inyuma; Imana yo iraba ku mutima. Irabona ibintu ata kwihenda kandi igaca urubanza mu buryo buranga ikigongwe. Yashize uguca imanza mu maboko ya Yezu, si mu yacu.—Matayo 7:1-5; 24:21; 25:31.
Abitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova bitezwe ko batanga intererano y’amahera ingana gute?
Ku biraba intererano z’amahera, intumwa Paulo yavuze ati: “Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe.” (2 Ab’i Korinto 9:7) Ku Ngoro z’Ubwami no ku bibanza vy’amahwaniro y’Ivyabona, nta mahera yigera atozwa. Udusandugu turashirwaho kugira ngo vyorohereze uwo wese yoba yipfuza guterera aterere. Nta n’umwe amenya ico abandi batanze canke ko batanze. Hariho abashobora gutanga kuruta abandi; hari abatoshobora gutanga ikintu na kimwe. Yezu yarerekanye uburyo bwiza bwo kubona ibintu igihe yagira ico avuze ku gasandugu k’amahera kari ku rusengero i Yeruzalemu no ku bariko batanga intererano: Ubushobozi umuntu afise bwo gutanga hamwe n’umutima wo gutanga ni vyo bihambaye, si igitigiri c’amahera.—Luka 21:1-4.
Hamwe noba Icabona ca Yehova, nokwitegwa ko nigisha nk’uko na bo bigisha?
Igihe umuntu yuzuwe n’ubumenyi bwerekeye Iparadizo yasezeranywe yo kw’isi izoba iganzwa n’Ubwami bwa Kirisitu, arashima kubuhako abandi. Na wewe nyene uzobishima. Ni inkuru nziza!—Ivyakozwe 5:41, 42.
Gukora ivyo ni inzira ihambaye yo kwerekana ko uri umwigishwa wa Yezu Kirisitu. Muri Bibiliya, Yezu yitwa “icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri.” Igihe yari kw’isi, yarigishije avuga ati: “Ubgami bgo mw ijuru buri hafi,” hanyuma arungika abigishwa biwe ngo bagire kuno nyene. (Ivyahishuriwe 3:14; Matayo 4:17; 10:7) Mu nyuma, Yezu yategetse abayoboke biwe ati: “Nuko ni mugende, muhindure [abantu bo mu] mahanga yose abigishwa, . . . mubigishe.” Yabuye kandi yuko imbere y’uko umuhero uza, “[“iyi nkuru nziza y’ubwami,” NW] [i]zovugwa mw isi yose, ngo [i]be ikimenyetso kibere icabona amahanga yose.”—Matayo 24:14; 28:19, 20.
Hariho uburyo bwinshi bwo kumenyesha iyo nkuru nziza. Kuyaga n’abagenzi be n’abo tuzinanyi kenshi biratuma turonka uburyo bwo kuyimenyesha. Bamwe babigira mu kwandika amakete canke mu gukoresha telefone. Abandi babicishije muri posita bararungika ibitabu birimwo amayagwa bibaza ko yoshimisha uwo bazinanyi. Bivuye ku cipfuzo bafise co kudasimba umuntu n’umwe, Ivyabona baragenda inzu ku nzu batwaye ubwo butumwa.
Bibiliya irimwo ubu butumire burangwa igishika: “[Im]pwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubu[zima] ku buntu.” (Ivyahishuriwe 22:17) Kubwira abandi ivyerekeye ya si y’Iparadizo hamwe n’imihezagiro bijana, bibwirizwa kugiranwa umutima ukunze, bivuye ku mutima wuzuye icipfuzo co gusangira n’abandi inkuru nziza.
Turazi neza yuko ufise ibindi bibazo vyerekeye Ivyabona vya Yehova be n’ivyo bemera. Kumbure ibibazo bimwebimwe ni ibisanzwe birimwo ibihari. Twoshima kwishura ibibazo vyawe. Ikibanza kibaye gito muri aka gatabu, ni co gituma tugutumiye ngo ubaze Ivyabona b’aho ubaye. Ushobora kubibabaza ku makoraniro yabo yo ku Ngoro y’Ubwami canke igihe bakugendeye muri mu muhana iwanyu. Canke ushobora kurungika ibibazo vyawe kuri Watch Tower ukoresheje aderese ibereye mu zitondetse aha hepfo.