ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kl ikig. 6 rup. 53-61
  • Ni Kuki Dusaza Kandi Tugapfa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni Kuki Dusaza Kandi Tugapfa?
  • Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UMUGAMBI WAKWEZE IVYAGO
  • INGENE NYA MUGAMBI WASHIKIJWE
  • INGENE ICAHA N’URUPFU VYAKWIRAGIYE
  • URAGABA KU MAYERI YA SHETANI
  • Umwansi w’Ubuzima Budashira
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Woba ubona ko Shetani abaho koko?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Igicumuro c’inyanduruko ni igiki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
kl ikig. 6 rup. 53-61

Ikigabane ca 6

Ni Kuki Dusaza Kandi Tugapfa?

1. Ni ibiki abahinga mu vya siyansi batashoboye gusigura ku vyerekeye ubuzima bw’abantu?

ABAHINGA mu vya siyansi ntibazi igituma abantu basaza kandi bagapfa. Bisa n’uko utugingo ngengabuzima twacu twari dukwiye kuguma twiyubura, be n’uko twebwe twari dukwiye kubaho ibihe bidahera. Igitabu kimwe c’ubumenyi bwerekeye uduhimba ngengabuzima tw’umubiri (Hyojun Soshikigaku) kivuga giti: “Ni amayobera koko kubona ukuntu ugusaza kw’utugingo ngengabuzima gutuma umuntu asaza hanyuma agapfa.” Abahinga mu vya siyansi benshi bemera yuko hariho urubibe ntarengwa “rwamyeho, ruvukanwa,” rw’ubuzima. Wibaza ko ivyo bavuga ari vyo?

2. Ni ibiki bamwe bagize kubera ko ubuzima buyonga ningoga?

2 Abantu bamye nantaryo bipfuza kuramba, kandi mbere baranagerageje gushikira ukudahwera. Guhera mu kinjana ca kane B.G.C., imiti bavuga yuko yagenewe gutuma ukudahwera gushoboka yarakwegereye abanyacubahiro b’Abashinwa. Abami b’abami bamwebamwe b’Abashinwa baragerageje kunywa ivyitwa ngo ni umuti utuma ubuzima butagira iherezo, ukozwe mu butare bwitwa merikire, hanyuma barapfa! Hirya no hino kw’isi, abantu bemera yuko urupfu atari ryo herezo ry’ukubaho kwabo. Ababuda, Abahindu, Abisilamu hamwe n’abandi, bose barafise ivyizigiro vyiza vy’ukuzobaho inyuma y’ugupfa. Mu Bitwa Abakirisu, abatari bake biyumvira yuko bazobaho inyuma y’ugupfa mu buhirwe bw’ijuru.

3. (a) Ni kuki abantu bipfuza cane ubuzima buhoraho? (b) Ni ibibazo ibihe vyerekeye urupfu bikeneye kwishurwa?

3 Ivyiyumviro vy’ubuhirwe bw’inyuma y’ugupfa biragaragaza icipfuzo abantu bafise c’ubuzima bwamaho. Ku vyerekeye iciyumviro c’ibihe bihoraho Imana yadushizemwo, Bibiliya ivuga iti: “Yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo.” (Umusiguzi 3:11) Yaremanye abantu ba mbere ikizigizigi c’uko bobaho ibihe bidahera kw’isi. (Itanguriro 2:16, 17) Ni kuki none abantu bapfa? Urupfu rwazanywe mw’isi gute? Ubumenyi bwerekeye Imana buratanga inyishu y’ivyo bibazo.—Zaburi 119:105.

UMUGAMBI WAKWEZE IVYAGO

4. Yezu yavuze gute wa mugizi wa nabi uwo ari we akwiye kubazwa ugupfa kw’abantu?

4 Umugizi wa nabi aragerageza gufurira amakanda yiwe. Ukwo ni ko nyene uwukwiye kubazwa ikibi cazaniye urupfu abantu amamiliyaridi yabigenjeje. Yarahinduye ibintu ku rwenge kugira ngo urupfu rw’abantu rucike amayobera. Yezu Kirisitu yaravuze uwo mugizi wa nabi uwo ari we igihe yabwira abarondera kumwica ati: “Mur’aba so wa Murwanizi, kand’ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we.”—Yohana 8:31, 40, 44.

5. (a) Inkomoko y’uwahavuye aba Shetani wa Mucokoranyi ni iyihe? (b) Amajambo “Shetani” na “Mucokoranyi” asobanura iki?

5 Egome, wa Mucokoranyi ni “umwicanyi” w’umunyenzigo. Bibiliya ihishura yuko ari ikiremwa kibaho, atari gusa ikibi kiri mu mutima w’umuntu. (Matayo 4:1-11) Naho yari yaremwe ari umumarayika agororotse, “ntiyahagaze mu kuri.” Ese ukuntu bikwiriye ko yitwa Shetani wa Mucokoranyi! (Ivyahishuriwe 12:9) Yitwa “Shetani” canke “Murwanizi” kubera ko yarwanije Yehova kandi akigira intagondwa kuri we. Uwo mugizi wa nabi yitwa kandi “Mucokoranyi” kubera ko yavuze Imana ukutariko bimwe vyo kurogota.

6. Ni kuki Shetani yagararije Imana?

6 Ni igiki catumye Shetani agarariza Imana? Wari umwina. Yagize umwina anohokera ugusengwa n’abantu kwa Yehova. Uwo Mucokoranyi ntiyikuyemwo ico cipfuzo co gusengwa, kandi ari Umuremyi wenyene yari abifitiye uburenganzira. (Gereranya na Ezekiyeli 28:12-19.) Aho kwikuramwo ico cipfuzo c’umwina, uwo mumarayika yacitse Shetani yaragitsimbataje muri we gushika aho ceza, hanyuma kivyara icaha.—Yakobo 1:14, 15.

7. (a) Ni igiki gituma umuntu apfa? (b) Icaha ni iki?

7 Duhejeje kwerekana uwagirizwa ubugizi bwa nabi bwatumye abantu bapfa. Ariko ikintu ubwaco gituma abantu bapfa ni igiki? Bibiliya ivuga iti: “I[c]aha ni [c]o ruboyi rw’urupfu.” (1 Ab’i Korinto 15:56) None icaha ni iki? Kugira ngo dutahure iryo jambo, reka turimbure insobanuro ryari rifise mu ndimi z’intango Bibiliya yanditswemwo. Amajambo y’Igiheburayo n’Ikigiriki akunda guhindurwa ngo “gukora icaha” asobanura “guhusha” mu buryo bw’uguhusha canke kudashikira ihangiro. None ihangiro twese duhusha ni irihe? Ni ihangiro ry’ukugamburukira Imana bimwe bitagiramwo agahaze. None icaha cazanywe mw’isi gute?

INGENE NYA MUGAMBI WASHIKIJWE

8. Shetani yagerageje gute kurondera gusengwa n’abantu?

8 Shetani yaritonze aradendekeranya umugambi yiyumviriye ko wotuma ategeka abantu bose kandi bakamusenga. Yafashe ingingo yo kwosha umugabo n’umugore ba mbere, Adamu na Eva, ngo bacumure ku Mana. Yehova yari yahaye abavyeyi bacu ba mbere ubumenyi bwobajanye mu buzima budahera. Bari bazi yuko Umuremyi wabo ari mwiza kubera ko yari yabashize muri rya tongo ry’i Edeni ry’akaroruhore. Adamu canecane yaratahuye ubuntu bwa Se wo mw’ijuru igihe Imana yamuha umukenyezi w’akaranga ngo amubere umufasha. (Itanguriro 1:26, 29; 2:7-9, 18-23) Uwo mugabo n’umugore ba mbere bari kubandanya babaho babihawe n’uko bagamburukiye Imana.

9. Ni ibwirizwa irihe Imana yahaye umugabo wa mbere, kandi ni kuki ritari rikabije?

9 Imana yategetse Adamu iti: “Igiti cose co mur’iryo tongo ukiryek’uk’ugomba; arikw igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuz’ukiryeko: kuk’umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza.” (Itanguriro 2:16, 17) Kubera yari we Muremyi, Yehova Imana yari afise uburenganzira bwo gushinga ingingo ngenderwako zigenga ukwigenza runtu no kugena iciza n’ikibi ku biremwa vyiwe. Ibwirizwa yatanze ntiryari rikabije kubera ko Adamu na Eva bari n’umwidegemvyo wo kurya ivyamwa vyo ku bindi biti vyose vyo muri iryo tongo. Bari gushobora kugaragaza ko bashima ubutegetsi Yehova afitiye uburenganzira, mu kugamburuka iryo tegeko aho kwishingira n’ubwishime n’akantu ingingo ngenderwako zigenga ukwigenza runtu.

10. (a) Shetani yabigenjeje gute ngo akwegere abantu ku ruhande rwiwe? (b) Ni ibara irihe Shetani yambitse Yehova? (c) Wewe wibaza iki ku vyerekeye igitero Shetani yateye Imana?

10 Uyo Mucokoranyi yaragize urwenge rwo kwonkora abo bantu ba mbere ku Mana. Kugira ngo Shetani abakwegere ku ruhande rwiwe, yarabeshe. Akoresheje inzoka, nka kurya umupfumu avuga abicishije kuri nyabusorongo, uyo Mucokoranyi yabajije Eva ati: “N’ivy’ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’iri tongo?” Igihe Eva yasubiramwo ibwirizwa ry’Imana, Shetani yavuze icese ati: “Haba n’intete ntimuzopfa.” Maze yaciye yambika ibara Yehova mu kuvuga iti: “Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.” (Itanguriro 3:1-5) Uyo Mucokoranyi yashatse rero kuvuga yuko Imana yari yabimye ikintu ciza. Urabona ga ntuze ico gitero c’agacokoro kuri uwo Muvyeyi w’umunyakuri kandi w’umunyarukundo wo mw’ijuru, Yehova!

11. Adamu na Eva bacitse gute abifatanije na Shetani mu gukora ikibi?

11 Eva yarongeye kwihweza nya giti, buno icamwa caco kimutera umunoho udasanzwe. Ni kwo kwakira ca camwa, arakirya. Mu nyuma, umunega wiwe yariyunze kuri we n’ibigirankana muri ico caha co kugarariza Imana. (Itanguriro 3:6) Naho Eva ari we yahenzwe, we na Adamu bompi barashigikiye Shetani mu rwenge yagize kugira ngo aganze umuryango w’abantu. Mu vy’ukuri babaye abifatanije na we mu kibi.—Abaroma 6:16; 1 Timoteyo 2:14.

12. Ukugarariza Imana kw’abantu kwavuyemwo iki?

12 Adamu na Eva babwirijwe guhangana n’inkurikizi z’ivyo bakoze. Ntibabaye nk’Imana ngo bagire ubumenyi budasanzwe. Ahubwo bumvise bagize isoni baca baja kwinyegeza. Adamu yaragize ico abazwa na Yehova hanyuma aca uru rubanza: “Kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’umukungugu ni wo uzosubiramwo.” (Itanguriro 3:19) “Umusi” abavyeyi bacu ba mbere barya kuri ico giti kimenyekanisha iciza n’ikibi, ni ho bakatirwa urubanza n’Imana hanyuma kuri yo baba barapfuye. Maze baciye birukanwa mw’Iparadizo hanyuma batangura gutera bagana urupfu.

INGENE ICAHA N’URUPFU VYAKWIRAGIYE

13. Icaha cakwiragiye mu muryango wose w’abantu gute?

13 Shetani bisa n’uko yari yerewe mu gukoresha urwenge rwiwe ngo abantu bamusenge. Mugabo ntiyari ashoboye gukingira abamusenga ngo ntibapfe. Igihe icaha catangura gukorera mu mugabo n’umugore ba mbere, ntibari bagishoboye kuraga uruvyaro rwabo ukutagira agasembwa. Nka kurya kw’inyandiko zishishimwe mw’ibuye, icaha cariyanditse bimwe bikomeye mu tugingo ngengakamere tw’abavyeyi bacu ba mbere. Bityo, bashobora gusa kuvyara abanyagasembwa. Kubera ko abana babo bose basamwe Adamu na Eva bamaze gucumura, uruvyaro rwabo rwararazwe icaha n’urupfu.—Zaburi 51:5; Abaroma 5:12.

14. (a) Abahakana icaha cabo twobagereranya na nde? (b) Abisirayeli bamenyeshejwe gute ko ari abanyavyaha?

14 Ariko rero muri iki gihe, abantu benshi ntibiyumvira yuko ari abanyavyaha. Mu mihingo imwimwe yo kw’isi, iciyumviro c’icaha twarazwe usanga kitazwi. Mugabo ico si co cemeza yuko icaha kitabaho. Agahungu gafise mu maso handuye koshobora kuvuga yuko katanduye, kagashobora gusa kujijuka ari uko kiravye mu cirore. Abisirayeli ba kera bari bameze nka mwene ako gahungu igihe baronka Ivyagezwe vy’Imana biciye ku muhanuzi Musa yatumwe na yo. Ivyagezwe vyaragaragaje yuko icaha kibaho. Intumwa Paulo isigura iti: “Simba naramenye icaha, iyo ntakimenyeshwa n’ivyagezwe.” (Abaroma 7:7-12) Nka kumwe kwa ka gahungu kiraba mu cirore, Abisirayeli bakoresheje Ivyagezwe mu kwiraba, barashobora kubona yuko banduye mu nyonga za Yehova.

15. Ni igiki gihishurwa n’ukwirabira mu cirore c’Ijambo ry’Imana?

15 Turavye mu cirore c’Ijambo ry’Imana tukabona ingingo ngenderwako ziri muri ryo, turashobora kubona yuko turi abanyagasembwa. (Yakobo 1:23-25) Nk’akarorero, rimbura ivyo Yezu Kirisitu yabwiye abigishwa biwe ku vyerekeye ugukunda Imana na bagenzi babo, nk’uko vyanditswe muri Matayo 22:37-40. Ese ukuntu kenshi abantu bahusha ihangiro muri ivyo! Abenshi nta n’umusonga bumva w’ijwi ryo mu mutima igihe bananiwe kugaragaza urukundo bakunda Imana canke bagenzi babo.—Luka 10:29-37.

URAGABA KU MAYERI YA SHETANI

16. Dushobora gukora iki kugira ngo twirinde guhendwa n’urwenge rwa Shetani, kandi ni kubera iki ivyo bitoroshe?

16 Shetani arondera gutuma dukora icaha n’ibigirankana. (1 Yohana 3:8) Hoba hariho uburyo bunaka twokwirinda gufatwa n’urwenge rwiwe? Egome, mugabo ivyo bisaba ko turwanya impengamiro z’ugukora icaha n’ibigirankana. Ivyo ntivyoroshe kubera ko impengamiro tuvukana yo gukora icaha ikomeye cane. (Abanyefeso 2:3) Paulo yategerezwa kurwana urugamba rukomeye. Kuki? Kubera ko icaha caba muri we. Nimba dushaka kwemerwa n’Imana, natwe nyene dutegerezwa kurwanya impengamiro z’icaha ziri muri twebwe.—Abaroma 7:14-24; 2 Ab’i Korinto 5:10.

17. Ni igiki gituma urugamba rwo kurwanya impengamiro zacu z’icaha rurushiriza kugora?

17 Kubera ko Shetani aguma arondera uturyo two kudukwegera mu kurenga ku mategeko y’Imana, urugamba turimwo rwo kurwanya icaha ntirworoshe. (1 Petero 5:8) Paulo yarerekanye ukuntu yari arajwe ishinga n’Abakirisu bagenzi we, avuga ati: “Ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.” (2 Ab’i Korinto 11:3) Shetani akoresha amayeri nk’ayo nyene muri iki gihe. Aragerageza kubiba imbuto z’ugukekeranya ku vyerekeye ubuntu bwa Yehova, be no ku vyerekeye ivyiza biva ku kugamburuka amabwirizwa y’Imana. Wa Mucokoranyi aragerageza gufatira ku mpengamiro twarazwe z’icaha hanyuma agatuma dukurikirana ingendo y’ubwibone, umwina, urwanko, n’ivangura.

18. Shetani akoresha gute isi kugira ngo aremeshe icaha?

18 Kimwe mu bikoresho uyo Mucokoranyi akoresha mu kuturwanya ni isi, iyiri mu bubasha bwiwe. (1 Yohana 5:19) Tutabaye maso, abantu bononekaye kandi b’abanyabugunge bo mw’isi idukikije bazoduhata ngo tuje mu ngendo y’icaha irenga ku ngingo ngenderwako Imana ishinga z’ukwigenza runtu. (1 Petero 4:3-5) Abantu benshi barirengagiza amategeko y’Imana, eka mbere bakikuramwo akababaro baterwa n’ijwi ryabo ryo mu mutima, amaherezo bagatuma rikongatara. (Abaroma 2:14, 15; 1 Timoteyo 4:1, 2) Bamwe buhorobuhoro barakurikira ingendo usanga mbere n’ijwi ryabo ryo mu mutima rinyagasembwa ritahora ribarekurira gukurikira.—Abaroma 1:24-32; Abanyefeso 4:17-19.

19. Ni kubera iki ukugira ubuzima butyoroye vyonyene bidahagije?

19 Kugira ubuzima butyoroye ni ikintu c’inkorabahizi muri iyi si. Ariko rero kugira ngo duhimbare Umuremyi wacu, hari ibintu vyinshi bisabwa. Dutegerezwa kandi kwizera Imana vyongeye tukumva ko hariho ico tubazwa kuri yo. (Abaheburayo 11:6) Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Ūzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha.” (Yakobo 4:17) Egome, ukwiyobagiza Imana be n’amabwirizwa yayo n’ibigirankana, ubwavyo ni ubwoko bw’icaha.

20. Shetani yoshobora gute kugerageza kukubuza gukora ibigororotse, mugabo uzofashwa n’iki kurwanya mwene iyo mikazo?

20 Hari aho Shetani yokuvyurira ukurwanywa kubera ukurikirana ubumenyi bwerekeye Imana mu kwiga kwawe Bibiliya. Turizigiye neza yuko utazoreka ngo imikazo mwene iyo ikubuze gukora ibibereye. (Yohana 16:2) Naho abategetsi benshi bizeye Yezu igihe yariko akora igikenurwa ciwe, ntibavyatuye kubera ko batinya gukumirwa n’abo mu kibano. (Yohana 12:42, 43) Shetani aragerageza ata kigongwe gutera ubwoba umuntu wese ariko ararondera ubumenyi bwerekeye Imana. Ariko rero, ukwiye nantaryo kwibuka no gushima ibintu vyiza igitangaza Yehova yakoze. Wosanga unashoboye gufasha abakurwanya ngo bagire ugushima nk’ukwo nyene.

21. Twoshobora gute gutsinda isi hamwe n’impengamiro zacu bwite z’icaha?

21 Igihe cose tuzoba tukiri abanyagasembwa, tuzokora icaha. (1 Yohana 1:8) Yamara rero turafashwa mu kurwana urwo rugamba. Egome, turashobora gutsinda muri urwo rugamba turimwo rwo kurwanya uwo mubisha, Shetani wa Mucokoranyi. (Abaroma 5:21) Igihe Yezu yari yimirije kurangiza igikenurwa ciwe kw’isi, yararemesheje abayoboke biwe n‘aya majambo: “Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.” (Yohana 16:33) No ku bantu b’abanyagasembwa nyene, birashoboka ko batsinda iyi si babifashijwemwo n’Imana. Shetani nta bubasha afise ku bamurwanya ‘bakayobokera Imana.’ (Yakobo 4:7; 1 Yohana 5:18) Nk’uko tuza kubibona, Imana yaratanze uburyo bwo kuva mu buja bw’icaha n’urupfu.

SUZUMA UBUMENYI BWAWE

Shetani wa Mucokoranyi ni nde?

Ni kuki abantu basaza kandi bagapfa?

Icaha ni iki?

Shetani ibigenza gute mu gukwegera abantu mu gucumura ku Mana n’ibigirankana?

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose on page 54]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika