Ikigabane ca 23
Ishirahamwe ry’Imana Riboneka
1. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ishirahamwe ry’Imana ritaboneka?
NI KUKI TUTOKEKA ko Imana idafise ishirahamwe riboneka? Ni uko ifise n’iritaboneka. Imana yaremye abakerubi, abaserafi hamwe n’abandi bamarayika kugira ngo bayikorere ivyo igomba mw ijuru. (Itanguriro 3:24; Yesaya 6:2, 3; Zaburi 103:20) Yezu ni we mumarayika mukuru ari hejuru y’abo bose. (1 Ab’i Tesalonike 4:16; Yuda 9; Ivyahishuriwe Yohani 12:7) Bibiliya yigana ko urutonde rw’abamarayika rugizwe n’“intebe z’icubahiro, ubwami ubukuru n’ububasha.” (Ab’i Kolosayi 1:16; Abanyefeso 1:21) Bose Yehova ni we abategeka, bagahurikira hamwe mu gukora ivyo abatuma kurangūra. — Daniyeli 7:9, 10; Yobu 1:6; 2:1.
2. Uburyo Imana yaremye ibiri mu kirere biboneka bwerekana gute ko yitwararika cane ivy’urutonde?
2 Ikindi cotwereka ko ivyo urutonde Imana ivyitwararika cane, ni ivyo yaremye biboneka. Akarorero, mu kirere hari umuvuvu w’inyenyeri zigabuwemwo imirwi mininiya cane yitwa galagisi (galaxies). Iyo mirwi igenda iri ku rutonde mu kirere, mbere n’inyenyeri imwe imwe hamwe n’imibumbe (planètes) biri muri iyo mirwi bikagenda gutyo nyene. Akarorero, uyu mubumbe turiko witwa Isi, uzunguruka izuba ari ryo nyenyeri itwegereye rimwe mu mwaka, ni ukuvuga mu misi 365 n’amasaha 5 n’iminota 48 n’amasengonda 45,51.
3. Itondekenywa ry’ibiremwa vy’Imana bitaboneka, n’iry’ibiri mu kirere biboneka ritwigisha iki?
3 Iryo tondekanywa ry’ibiremwa vy’Imana bitaboneka, hamwe n’iry’ibiri mu kirere biboneka ntaco ritwigisha? Ego riratwigisha ko Yehova atari Imana y’umuvurungano. Birumvikana rero ko Imana nk’iyo itoshobora kureka abantu bayikunda bari kw isi ngo babe mu muvurungano, canke babure kirōngōra.
ISHIRAHAMWE RY’IMANA RIBONEKA — IRYA KERA N’IRY’UBU
4, 5. Ni igiki kitwereka ko Imana yarōngōra abasavyi bayo mu buryo butunganijwe, mu gihe ca Aburahamu no mu c’ihanga ry’Abisirayeli?
4 Bibiliya yerekana ko Yehova yamye arōngōra abasavyi biwe mu buryo butunganijwe. Akarorero, ba bantu b’intahemuka nka Aburahamu, bārategeka ingo zabo n’abasuku babo mu vy’ugusenga Yehova. Ivyo Yehova agomba, yabibwiye Aburahamu. (Itanguriro 12:1) Hanyuma yamutegetse ko abimenyesha abandi ati: “Kuko ari we [twashikiranye,] kugira ngo aze yihanikirize abana biwe n’ab’inzu yiwe bazokwaruka hanyuma, ngo bakomeze inzira zanje.” (Itanguriro 18:19) Aho urabona ko umurwi w’abantu wari utunganijwe, kugira ngo basenge Yehova nk’uko bikwiye.
5 Munyuma, Abisirayeli bamaze kwongerekana bakaba isinzi ry’abantu, Yehova ntiyabaretse ngo umwe umwe wese asenge mu buryo yishakiye, yitandukanije n’ishirahamwe ryashinzwe. Haba n’intete! Abisirayeli ryari ihanga ritunganijwe mu gusenga Imana. Iryo hanga ryitwa “ishengero rya Yehova.” (Guharūra 20:4; 1 Ngoma 28:8) Iyo uba wari umusavyi nyakuri wa Yehova wo muri ico gihe, wategerezwa kwifatanya na ryo nturitere akagere. — Zaburi 147:19, 20.
6. (a) Imana yerekanye ite ko yakunze abigishwa ba Kirisitu? (b) Ni igiki cerekana ko abakirisu bāri bagize ishirahamwe mu gusenga?
6 Mu kinjana ca mbere ho bite? Bibiliya yerekana ko Yehova yashima abigishwa b’Umwana wiwe Yezu Kirisitu; mbere yabashungururiyeko n’impwemu yiwe yera. Kugira ngo yerekane ko ico gihe yakoresha iryo shengero ry’abakirisu atakoresha ihanga ry’Abisirayeli, aha abakirisu bamwe bamwe ububasha bwo gukiza abarwaye, kuzura abapfuye no gukora ibindi bitangaro. Ntushobora gusoma Ivyanditswe vy’abakirisu mu kigiriki, ngo ugende udatangajwe n’uko abakirisu bari bagize ishirahamwe kugira ngo basenge Yehova. Kanatsinda bāri bafise n’itegeko ryo gukoranira hamwe mu kumusenga. (Abaheburayo 10:24, 25) Iyo uba rero wari umusavyi nyakuri wa Yehova wo mu kinjana ca mbere, wategerezwa kwifatanya n’iryo shirahamwe ry’abakirisu.
7. Ikitwereka ko ata gihe na kimwe Yehova yakoresheje amashirahamwe menshi ni igiki?
7 Hari igihe na kimwe Yehova yigeze akoresha amashirahamwe menshi? Mu gihe ca Nowa, we n’abo vyari kumwe mu bwato ni bo yakingiye, bararokoka amazi y’isegenya. (1 Petero 3:20) No mu kinjana ca mbere nyene, nta mashirahamwe y’abakirisu abiri canke arenga yariho. Imana yakoresheje rimwe kubera ko hāri “Umwami umwe, ukwizera kumwe no kubatizwa kumwe.” (Abanyefeso 4:5) Ni nk’uko nyene, no muri iki gihe Yezu yavuze ko hobaye isōko rimwe ry’inyigisho z’ivy’umutima, zihabwa abantu b’Imana.
8. Yezu yerekanye ate ko kw isi hobaye ishirahamwe ry’Imana riboneka rimwe gusa muri iki gihe cacu?
8 Igihe Yezu yariko yigana ivy’ukubaho kwiwe ari nyeninganji mu bwami, yavuze ati: “Ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi aciye ubwenge koko, shebuja yashinze abo mu rugo rwiwe ngo abagaburire igihe kigeze? Arahiriwe uwo mushumba shebuja agarutse asanga ariko akora atyo. Ndababwize ukuri, azomushinga ivyo afise vyose.” (Matayo 24:45-47, NW) Igihe Kirisitu yagaruka ari umwami mu mwaka wa 1914, yasanze uwo murwi witwa “umushumba w’umwizigirwa kandi aciye ubwenge koko,” uriko uragabura “imfungurwa” z’ivy’umutima ari zo nyigisho? Egome yarasanzeho uyo “mushumba,” yari amasigarira akiri kw isi ya ba bandi “benewabo” 144 000. (Ivyahishuriwe Yohani 12:10; 14:1, 3) Kandi kuva mu mwaka wa 1914, abantu isinzi bārākiriye izo “mfungurwa” abagaburira, bifatanya na we mu gusenga mw idini y’ukuri. Iryo shirahamwe ry’abasavyi b’Imana ryitwa ivyabona vya Yehova.
9. (a) Ni kuki abasavyi b’Imana bitwa Ivyabona vya Yehova? (b) Ni kuki inyubakwa basengeramwo bayita Ingoro y’Ubwami?
9 Ivyo Ivyabona vya Yehova bagira vyose, babigira bishimikije Imana n’Ijambo ryayo. Iryo zina ryabo ryonyene ryerekana ko igikorwa cabo gikuru ari ugushingira intahe Ubwami n’izina ry’Imana Yehova, nk’uko Kirisitu na we yabigenjeje. (Yohani 17:6; Ivyahishuriwe Yohani 1:5) Bitayeko, aho bakoranira mu gusenga na ho bahita Ingoro y’Ubwami, kubera ko Ubwami bw’Imana buhagarikiwe na Mesiya ari we Kirisitu, ari bwo nyigisho nkuru ya Bibiliya yose. Kubera ko ishengero ry’abakirisu ba mbere ryashimisha Imana, ni co gituma Ivyabona vya Yehova na bo bītunganije bakurikije uko ryari rimeze. Reka duce ku mayange ivy’iryo shirahamwe ry’abakirisu ba mbere, hanyuma turabe ukuntu iryo rya mbere n’iri ry’ubu riboneka bisa nk’igiharo n’igiharage.
INDORERWAKO YO MU KINJANA CA MBERE
10. Ivy’abakirisu bo mu kinjana ca mbere vyari bitunganijwe gute?
10 Aho abakirisu bo mu kinjana ca mbere bāba bari hose, mu gusenga barakoranira hamwe mu mirwi itandukanye. Bākoranira hamwe muri ayo mashengero kugira ngo bakomeze ubuvandimwe, kandi bige Ivyanditswe. (Abaheburayo 10:24, 25) Igikorwa cabo gikuru kwari ukwamamaza n’ukwigisha ivy’ubwami bw’Imana, nk’uko Kirisitu na we nyene yabigira. (Matayo 4:17; 28:19, 20) Umwe muri bo atirimutse agatora inzira mbi, yarirukanwa mw ishengero. — 1 Ab’i Korinto 5:9-13; 2 Yohani 10, 11.
11, 12. (a) Ni igiki cemeza ko ubuyobozi n’impanuro, abakirisu bo mu mashengero ya mbere babikura ku ntumwa no ku “bazezwashengero” b’i Yeruzalemu? (b) Ubuyobozi “buva ku Mana” ni ukuvuga iki? (c) Aho amashengero amariye kwakiriza yompi ubwo buyobozi vyagenze gute?
11 Ayo mashengero yoba yarikūkira, rimwe rimwe rikagira ivyo ryishakiye? Haba namba! Bibiliya yerekana ko abāri muri yo bāri bahurikiye hamwe, bafise ukwizera kumwe. Ayo mashengero yose yari asangiye ubuyobozi n’uguhagarikirwa. Igihe impari zavyuka ku vyerekeye ugukebwa, ayo mashengero n’abo bantu si bo bifatiye ingingo y’ico bokora. Eka data, ahubwo barungitse intumwa Paulo na Baranaba ziri kumwe n’abaziherekeje, “ngo baduge i Yeruzalemu ku ntumwa n’abazezwashengero, ku biraba izo mpari.” Aho abo bantu b’inararibonye bamariye gufata ingingo barōngōwe n’Ijambo ry’Imana hamwe n’“impwemu yera” yayo, baciye batuma abagabo b’abizigirwa baja kuzimenyesha amashengero. — Ivyakozwe n’intumwa 15:2, 27-29.
12 Amashengero amaze kwemera ubwo buyobozi n’izo mpanuro biva ku Mana vyayamariye iki? Bibiliya yishura iti: “Bariko baraca mu bisagara, (intumwa Paulo n’abo vyari kumwe) bāgenda bababwira ivy’intumwa n’[abazezwashengero] b’i Yeruzalemu bashinze, ngo bavyitondere. [Nuko amashengero arakomezwa mu kwizera, n’igitigiri cayo kija kirongerekana uko bukeye uko bwije.”] (Ivyakozwe n’intumwa 16:4, 5) Me! amashengero yose yaritondeye ivyo uwo murwi w’abazezwashengero w’i Yeruzalemu wari washinze, aca aratsimbatara mu kwizera.
UBUYOBOZI BUVA KU MANA MURI IKI GIHE
13. (a) Ubuyobozi ishirahamwe ry’Imana riboneka ry’iki gihe rironka buva he; kandi kuri bande? (b) Ni isano irihe riri hagati y’umurwi w’abahagarikizi hamwe na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi aciye ubwenge koko”?
13 Ishirahamwe ry’Imana riboneka ry’iki gihe, na ryo nyene riraronka ubuyobozi n’impanuro biva ku Mana. Ku biro bikuru vy’Ivyabona vya Yehova muri Brooklyn i New York, hariho umurwi ugizwe n’abakirisu b’inararibonye baturuka mu mihingo myinshi yo kw isi, bahagarikiye igikorwa c’abantu b’Imana kw isi yose. Abo bahagarikizi ni abo muri wa murwi witwa “umushumba w’umwizigirwa kandi aciye ubwenge koko.” Ni abavugizi b’uyo “mushumba.”
14. Igihe uwo murwi w’abahagarikiye abantu b’Imana ushinga ingingo wishimikiza iki?
14 Abari muri uwo murwi w’abahagarikizi, ni abantu babonye utuntu n’utundi, kubera ko barambiye mu gikorwa c’Imana, nka za ntumwa na ba bazezwashengero bari i Yeruzalemu. Mu gushinga ingingo ntibishimikiza ubwenge bw’abantu. Kubera ko bahagarikiwe n’ubuyobozi bw’Imana, bakurikira akarorero ka wa murwi w’abahagarikizi ba mbere b’i Yeruzalemu, wīshimikiza Ijambo ry’Imana n’imfashanyo y’impwemu yayo mu gufata ingingo. — Ivyakozwe n’intumwa 15:13-17, 28, 29.
UBUYOBOZI BW’ISHIRAHAMWE RY’ISI YOSE
15. Ni kuki amajambo ya Yezu ari muri Matayo 24:14 yerekana ko Imana yogize ishirahamwe rinini ngaha kw isi mu gihe c’iherezo?
15 Yezu Kirisitu yaratanze iciyumviro c’uko ishirahamwe ry’Imana ryonganye muri iyi misi y’iherezo, igihe yavuga ati: “Kandi ubu butumwa bwiza bw’ubwami buzovugwa mw isi yose ngo bube ikimenyetso kibera icabona amahanga yose, maze umuhero uzoca uza.” (Matayo 24:14) Iyumvīre nawe ico gikorwa uko kingana; kumenyesha isinzi ry’abantu bari kw isi ko ubwami bw’Imana bwātanguye kuganza! None ishirahamwe ry’abakirisu ry’iki gihe rirōngōwe kandi rihagarikiwe na wa murwi w’abahagarikizi, ryoba rifise ibikoresho vyo kurāngūra igikorwa kingana gutyo?
16. (a) Ni kuki Ivyabona vya Yehova būbatse amazu manini manini yo kwandikiramwo? (b) Ni ibiki vyandikirwa muri izo nyubakwa?
16 Ubu Ivyabona vya Yehova bamamaza inkuru nziza y’ubwami mu bihugu birenga 200 ushizemwo n’amazinga yo mu mabahari, bikwiragiye kw isi yose. Kugira ngo abavugabutumwa bashika 4 017 213 (mu 1990) bashobore kurāngūra igikorwa cabo, amazu manini manini yo kwandikiramwo ibitabu yarubatswe mu bihugu bitari bike. Ni ho Bibiliya hamwe n’ibitabu biyisigura vyandikirwa ari vyinshi cane. Ni ho kandi buri musi, ibinyamakuru vyitwa Tour de Garde (Umunara w’Inderetsi) na Réveillez-vous! (Ikangure!) nk’imiliyoni irenga vyandikirwa kandi bikarungikwa.
17. (a) Ni kuki ivyo bitabu vyigisha Bibiliya vyandikwa? (b) Ni igiki twipfuza ko wokora?
17 Ivyo bitabu vyose bisigura Bibiliya vyandikwa kugira ngo abantu bungure ubwenge mu vyerekeye kumenya imigambi ya Yehova ihambaye. Nkako, no ku kinyamakuru Umunara w’Inderetsi hariko iri jambo: “Umenyekanisha Ubwami bwa Yehova.” Twipfuza ko nawe wofadikanya n’abandi gukwiragiza ivyo bitabu hose, hamwe no gusigurira abantu ukuri kuri muri vyo. Akarorero, hari uwo mwoshobora gusangira iyi nkuru itanga ubuzima wasomye muri iki gitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi?
18. (a) Ishirahamwe ry’Imana ryiki gihe rimeze rite? (b) Ni kuki abasavyi b’Imana ubu bakeneye cane kuremeshwa?
18 Nk’uko vyari biri mu kinjana ca mbere, ishirahamwe ry’Imana ry’iki gihe rigizwe n’abamamaji b’ubwami biyeguriye Imana batako barabatizwa. Bitayeko, ryashinzwe kugira ngo rifashe abari muri ryo bose kurangūra ico gikorwa co kwamamaza Ubwami. Abo bamamaji b’Ubwami barakeneye rwose kuremeshwa ngo bagire umutima rugabo, kubera ko Shetani n’abo ishobora kwosha bose babarwanya. Abo ni bo bīcishije Yezu bamuhora kwamamaza ubwo bwami; Bibiliya na yo ikaba imenyesha ko abigishwa biwe na bo nyene botegerejwe guhamwa. — Yohani 15:19, 20; 2 Timoteyo 3:12.
19. (a) Ubu ni bande bagenwa kugira ngo bafashe kandi bakomeze abasavyi b’Imana? (b) Ishengero ry’Imana ririndwa gute ngo ntiritosekazwe n’ikibi?
19 Nk’uko vyari biri mu kinjana ca mbere, n’ubu nyene “abashingantahe” b’ishengero baragenwa, kugira ngo bafashe kandi bakomeze ishengero rimwe rimwe. Nawe nyene barashobora kugufasha kushira mu buryo ibikugoye, bakoresheje impanuro za Bibiliya. Abo bazezwashengero ni bo baragira “ubusho bw’Imana.” Iyo rero hagize umwe mw ishengero atirimutse agakurikira inzira mbi hanyuma akanka kugarurwa, abo bashingantahe bashirwa babonye uwo muntu aciwe mw ishengero kugira ngo ishengero rigume rihagaze ritagira agatotsi. — Tito 1:5; 1 Petero 5:1-3; Yesaya 32:1, 2; 1 Ab’i Korinto 5:13.
20. (a) Mu kinjana ca mbere ni bande batumwe n’umurwi w’abahagarikizi w’i Yeruzalemu; kubera iki? (b) Ni nde atumwa n’umurwi w’abahangarikizi muri iki gihe?
20 Nk’uko kera umurwi w’abahagarikizi wari i Yeruzalemu watuma abawuserukira nka Paulo na Sila, ngo bashikirize abantu b’Imana inyigisho bateko babaremeshe, ni ko n’uw’ubu ugira muri iyi misi y’iherezo. (Ivyakozwe n’intumwa 15:24-27, 30-32) Nka kabiri mu mwaka, umukozi azi ibintu n’ibindi bīta umugenduzi w’amashengero, aratumwa kugendera ishengero rimwe rimwe akamara umushamvu wose muri ryo.
21. Umugenduzi w’amashengero afasha ate abantu b’Imana?
21 Kw isi yose hari amashengero y’Ivyabona vya Yehova 60 000, agabuwemwo imirwi myinshi bīta imizunguruko, umwe umwe wose ukaba ugizwe n’amashengero ashika 20. Igihe umugenduzi w’amashengero yagendeye ishengero, arakomeza Ivyabona vy’Ubwami mu gufadikanya na bo igikorwa co kubwamamaza no kwigisha abantu. Ndetse y’uko abaremesha muri ubwo buryo, arabaha kandi izindi mpanuro zibafasha kurangūra neza igikorwa cabo kurusha uko bahora. — Ivyakozwe n’intumwa 20:20, 21.
22. (a) Ni uburyo ubuhe bundi bwo gukomeza abantu b’Imana bwategekanijwe kabiri mu mwaka? (b) Ni ubutumire ubuhe uhawe?
22 Ubundi buryo bwo kuremesha kandi bwo gukomeza amashengero ari mu muzunguruko umwe umwe, ni ugukoranira hamwe mw ikoraniro rimara imisi ibiri; ryama rigirwa kabiri mu mwaka, bita ikoraniro ry’umuzunguruko. Hari aho abantu kuva ku 200 canke 300 gushika ku 2 000 canke birenga, bashobora gushika kuri iryo koraniro. Uratumiwe nawe ngo uze ushike ku ryegereje rizobera mu mihingo ubamwo. Nta gukeka, mu vy’umutima rizokuremesha kandi rizokugirira akamaro.
23. (a) Ayandi makoraniro agirwa rimwe mu mwaka ni ayahe? (b) Rimwe muri ayo nyarimwo abantu bangana iki?
23 Hanyuma rimwe mu mwaka, harashobora kuba ikoraniro rinini rimara imisi myinshi, bita ikoraniro ry’intara. Ni kuki utokwigora nawe ngo uze uhashike, wibonere ukuntu iryo koraniro rihimbaye kandi ririmwo imigisha? Mu myaka imwe imwe, aho hobaye bene iryo koraniro, haba ayandi makoraniro manini cane bita amakoraniro y’ihanga canke y’amahanga yose. Iriruta yose ryabereye ahantu hamwe, ni rimwe ryabera mu gisagara c’i New York kuri Yankee Stadium no kuri Polo Ground mu mwaka wa 1958, rimara imisi umunani. Ico gihe, abumvirije ikiganiro gishikirizwa abantu bose cavuga ngo “Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza — umuhero w’isi uri hafi?” bashika 253 922. Kuva ubwo, nta kibanza na kimwe gishobora gukwirwamwo isinzi ry’abantu nk’iryo; ni co gituma bāciye bagena ko amakoraniro manini manini nk’ayo, abera mu bisagara vyinshi bikuru bikuru.
AMAKORANIRO MU MASHENGERO
24. Amakoraniro atanu agirwa mu ndwi n’amashengero y’abasavyi b’Imana ni ayahe?
24 Umurwi w’abahagarikizi w’Ivyabona vya Yehova, wategekanije kandi ko inyigisho za Bibiliya zidateye kubiri, zitangwa zitondekanijwe mu mashengero yose y’abantu ba Yehova. Ishengero ryose rigira amakoraniro atanu mu ndwi. Ishuri y’Igikorwa c’Imana; Ikoraniro ry’Akazi; Ikoraniro ry’Abantu Bose, Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi hamwe n’Inyigisho y’Igitabu mw ishengero. Kubera ko hari aho bwoba ari bwo bwa mbere wumva ivy’ayo makoraniro, reka tubigucire ku mayange.
25, 26. Ishuri y’Igikorwa c’Imana hamwe n’Ikoraniro ry’Akazi bifise akamaro gaki?
25 Ishuri y’Igikorwa c’Imana yashinzwe ngo ifashe abayigamwo kuvuga bashize amanga, igihe bayagira abantu ivy’ubwami bw’Imana. Abiyandikishije muri iyo shuri, rimwe rimwe barashikiriza ikiganiro kigufi abaje kw ikoraniro bose, hanyuma umuzezwashengero yabishinzwe akabaha impanuro, zituma batera baja imbere.
26 Kuri uwo mugoroba nyene, mu bisanzwe ni ho n’Ikoraniro ry’Akazi rigirwa. Urutonde rw’inyigisho zitangwa muri iryo koraniro, ruri ku rukaratasi witwa Igikorwa Dukorera Ubwami, rufise impapuro zibiri canke zirenga, rwandikwa n’umurwi w’abahagarikizi rimwe mu kwezi. Muri iryo koraniro, haraba inyigisho n’imyerekano imenyesha uburyo bwiza bwo kuyagira abandi inkuru z’ubwami bw’Imana. Uko ni ko na Kirisitu yarindishije abigishwa biwe, kandi abereka n’uburyo bwo kurangūra igikorwa bashinzwe. — Yohani 21:15-17; Matayo 10:5-14.
27, 28. Sigura Ikoraniro ry’Abantu Bose, inyigisho y’Umunara w’Inderetsi hamwe n’iy’Igitabu mw Ishengero ico ari co.
27 Ikoraniro ry’Abantu Bose hamwe n’iry’Umunara w’Inderetsi, mu bisanzwe agirwa ku musi w’iyinga. Bahora bīgora bagatumira abakiri bashasha mw Ijambo ry’Imana kw Ikoraniro ry’Abantu Bose, ngo bāze kwumviriza ikiganiro ca Bibiliya, gitangwa n’umukozi abikwiye. Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi yo, igizwe n’ibibazo n’inyishu bivuye mu kiganiro cigisha Bibiliya, kiri mu nomero iheruka y’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi.
28 N’aho ishengero ryose hamwe rigirira ayo makoraniro duhejeje kudondagura mu Ngoro y’Ubwami, imirwi mito mito yo ikoranira mu mazu abantu babamwo rimwe mu ndwi, kugira ngo ihabwe Inyigisho y’Igitabu mw ishengero. Igitabu gifasha kumenya Bibiliya nk’iki uriko urasoma, ni co gikoreshwa mu guhanahana ivyiyumviro vya Bibiliya, kumara nk’isaha yose.
29. (a) Ni icibutso ikihe abakirisu b’ukuri bahimbaza buri mwaka? (b) Ni bande bafungura ku mukate no ku muvinyu babikwiye?
29 Turetse ayo makoraniro asanzwe, hariho irindi koraniro Ivyabona vya Yehova bagira rimwe mu mwaka, igihe co kwibuka urupfu rwa Yezu kigeze. Igihe Yezu yagira ubwa mbere ico cibutso c’urupfu rwiwe yavuze ati: “Murakore mutyo kugira ngo kibe icibutso canje.” (Luka 22:19, 20) Muri ivyo birori Yezu yakoresheje umuvinyu n’umukate utarimwo umwambiro, ngo bibe ikimenyetso c’ubuzima yari hafi gutangako inkuka kubera abantu bose. Kuri ivyo bifungurwa vya buri mwaka vyo kumwibukirako, amasigarira akiri kw isi ya ba bigishwa ba Kirisitu 144 000 bāsīzwe, arimenyekanisha ko afise icizigiro co kuja mw ijuru mu gufungura kuri uwo mukate no kuri uwo muvinyu.
30. (a) Ni bande kandi bāza kuri ico cibutso nk’abarorerezi; kandi bo bafise icizigiro ikihe? (b) Abo bantu Yezu yabasiguye ngo iki?
30 Abandi bantu ibihumbi n’ibihumbi bāza kuri ico cibutso ku Ngoro y’Ubwami, bahimbarwa no kuba abarorerezi. Ivyo bibibutsa ico Imana Yehova na Yezu Kirisitu bagize kugira ngo bababohore mu caha no mu rupfu. Bo ntibiteze kuja kuba mw ijuru, ariko bahimbarwa n’uko bazobaho ibihe bidashira mw iparadizo ngaha kw isi. Bagereranywa na Yohani Umubatizi, yiyise “Umugenzi w’umukwe” ntiyishira muri ba bandi 144 000 bagize umugeni wa Kirisitu. (Yohani 3:29) Abo bantu ibihumbi n’ibihumbi bari muri bamwe Yezu yita “izindi ntama,” ntibari mu “busho buto.” Mugabo nk’uko Yezu yabivuze, mu gikorwa cabo bahurikiye hamwe n’abari mu “busho buto,” bose hamwe rero bagaca baba “umukuku umwe.” — Yohani 10:16; Luka 12:32.
GUKORERA IMANA WIFATANIJE N’ISHIRAHAMWE RYAYO
31. Ni igiki cerekana ko Imana idashima abumira kw idini y’ikinyoma, kandi bakagerageza kwifatanya n’ishirahamwe ryayo?
31 Nk’uko vyari kera, ese ukuntu bigaragara ko n’ubu nyene Imana Yehova ifise ishirahamwe riboneka! Ubu ni ryo akoresha kugira ngo amenyereze abantu kuzoba mw isi nshasha. Ntidushobora kuba mw ishirahamwe rya Yehova no kuba mw idini y’ikinyoma. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ntimwifatanye n’abatizera kandi bitabereye. Ukugororoka n’ubugarariji bihuriye he? Canke umuco n’umwiza bifatana bite? . . . Canke umwizigirwa n’uwutizera basangiye iki?” Imana rero itegeka iti: “Ni mubavemwo; mwitandukanye na bo.” — 2 Ab’i Korinto 6:14-17, NW.
32. (a) Ni twaba dushaka “kubavamwo,” dutegerezwa gukora iki? (b) Ni umugisha uwuhe tuzoronka dukoreye Imana twifatanije n’ishirahamwe ryayo riboneka?
32 “Kubavamwo” ni ukuvuga iki? Tugumye mw idini yindi atari iyo Imana Yehova ikoresha; canke tuyiterereye agacumu k’ubumwe, ntitwoba twubashe iryo tegeko ry’Imana. Nimba hari n’umwe muri twebwe akiri mw idini nk’iyo, bikwiye ko tumenyesha ko twitandukanije na yo. Ni twava rero mw idini y’ikinyoma tugakorera Imana twifatanije n’ishirahamwe ryayo riboneka, tuzoca duharūrwa mu murwi wa ba bandi Imana ivuga iti: “Nzogerera muri bo, nzogendera muri bo, mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.” — 2 Ab’i Korinto 6:16.
[Ifoto ku rup. 192]
Igihe c’umwuzure, Imana yari ifise amashirahamwe menshi?
[Amafoto ku rup. 196]
UMURWA MUKURU W’IVYABONA VYA YEHOVA
IBIRO VY’UBUYOBOZI
Orodinateri zandika ibitabu
INYUBAKWA ZO KWANDIKIRAMWO IBITABU Z’I BROOKLYN
Imashini zandika ibitabu
Aho ibitabu bifatanirizwa
Ibiro birungika ibitabu
[Amafoto ku rup. 197]
ZIMWE ZIMWE MU NYUBAKWA NYINSHI ZANDIKIRWAMWO IBITABU Z’ISHIRAHAMWE WATCH TOWER
Iy’i Brezil
Iyo mu Bwongereza
Afirika yo mu bumanuko
I Wallkill muri Reta Zunze Ubumwe
Iy’i Kanada
[Amafoto ku rup. 198]
Bamwe mu bantu 253 922 bāri kw ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova i New York
Polo Grounds
Yankee Stadium
[Ifoto ku rup. 201]
Inyigisho ishimikiye kuri Bibiliya irategurwa, igatangirwa ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova