Ikigabane ca 11
Ni kuki Imana Yaretse Ikibi Kikabandanya?
1. (a) Ubu abantu bamerewe bate ngaha kw isi? (b) Bamwe bidodomba bavuga ngo iki?
AHO UGIYE HOSE kw isi, uhasanga ubwicanyi, urwanko n’umudurumbanyo. Usanga kenshi abatazi ico bazira ari bo ivyo vyago bigwako; bamwe bagaca batuka Imana, ngo ‘ni kuki ireka ibi bibi vyose bikabandanya?’
2. (a) Ni nde akora ikibi? (b) Abantu bāri kwirinda bate gushikirwa n’amarushwa?
2 None uwugirira abandi nabi ni nde? Ni umuntu si Imana. Imana si intambirakibi. Nkako, iyo abantu baba bubaha amategeko Imana yashinze, amarushwa ntaba abashikira. Yadutegetse ko dukundana, itubuza kwicana, kwiba, gusambana, kwipfuza nabi, kuborerwa n’ibindi bibi bitera umubabaro mu bantu. (Abaroma 13:9; Abanyefeso 5:3, 18) Imana yaremeye Adamu na Eva umubiri n’ubwonko bitangaje, itako ibaha n’ubushobozi bwo kubaho mu gahimbare kenshi. Ntaho yigeze ishaka ko bo n’uruvyaro rwabo bababara.
3. (a) Ikibi gikomoka kuri nde? (b) Ni igiki cerekana ko Adamu na Eva bāri gushobora gutsinda inyosha mbi za Shetani?
3 Shetani ari yo Mureganyi ni yo yazanye ikibi mu bantu; ariko Adamu na Eva na bo nyene barakwiye kunegurwa, kubera ko bāri bafise intege zo kuyinanira ko ibosha nabi. Bāri gushobora kuyibwira bati: “Gwa hiyo,” nk’uko munyuma Yezu umuntu atagira akanenge yabigize. (Matayo 4:10) Baca rero bandura ibara, baryanduza abana babo na twebwe turimwo; indwara, intuntu n’urupfu vyinjira mu bantu. (Abaroma 5:12) Ni kuki Imana yaretse umubabaro ukabandanya?
4. Ni igiki kidufasha gutegera ko Imana yuzuye urukundo yoshobora kureka abantu bakababazwabababazwe igihe gito?
4 Umuntu atiyumviriye cane, yobona ko ata gituma na kimwe gihambaye, cotumye Imana irekera abantu mu marushwa muri ibi binjana vyose gushika n’ubu. Ntibwoba ari ubujuju kwiyumvīra gutyo? Abavyeyi bo ntibemera ko abana babo babagwa n’aho bibabaza kugira ngo bakire indwara ibaturubitse? Egome, abana batānzwe bakababazwa akanya gato, munyuma baratora akabiri. Ko Imana yaretse ikibi kikabandanya vyamariye iki abantu?
IKIBAZO GIHAMBAYE GISHAKA GUTORERWA INYISHU
5. (a) Ni ibiki Shetani yavuze binyuranye n’ivy’Imana? (b) Shetani yemereye iki Eva?
5 Kugarariza Imana muri Edeni vyatumye haba ikibazo gihambaye. Dukwiye kucihweza kugira ngo dutahure igituma Imana yaretse ububi bukabandanya. Yehova yabujije Adamu kurya ivyama ku giti cari mw itongo. Adamu abiriye vyogenze gute? Imana yavuze iti: “Uzopfa nta kabuza.” (Itanguriro 2:17) Ariko Shetani yo si uko yavuze. Yoheje Eva umugore wa Adamu ngo ntatinye, arye kuri nya giti bari babujijwe. “Haba n’intete ntimuzopfa,” uko ni ko yavuze. Irabandanya iti: “Kuko Imana izi ko umusi mwakiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.” — Itanguriro 3:1-5.
6. (a) Ni kuki Eva yagararije Imana? (b) Kurya ku giti Imana yabujije vyerekana iki?
6 Eva agambararira Imana ararya. Yabitumwe n’iki? N’uko yemeye ivyo Shetani ivuze. Yibajije ko yogize akunguko mu kugābira Imana. Yiyumviriye ko we hamwe na Adamu bociye bidegemvya, ntihabe hakigira ico Imana ibabaza, canke ngo bagendere mu mategeko yayo. Bokwihitiyemwo bo nyene “iciza n’ikibi.” Adamu ashigikira umugore wiwe, na we ararya. Ngiyi nsiguro Bibiliya y’i Yeruzalemu (La Bible de Jérusalem) itanga ku vyerekeye icaha c’inyanduruko cakozwe n’umuntu: “Ni ukwishoborera guhitamwo iciza n’ikibi, hanyuma ugakora nk’uko wavyishakiye. Ni ukurondera kwigenza nk’uko umutima ubishaka. . . . Icaha ca mbere cabaye nk’ukurwanya inganji y’Imana.” Egome, kwari ukurondera kunyaga Imana uburenganzira yiharije bwo kugaba ikaganza.
7. (a) Ubugarariji bw’umuntu bwatumye haba ikibazo ikihe? (b) Ni ibibazo ibihe bijanirana n’ico kibazo gihambaye bikeneye inyishu?
7 Adamu na Eva biyonkoye rero ku ntwaro y’Imana igihe barīriye ku giti bari babujijwe. Bīhaye umwidegemvyo wo gukora ico babona ko ari co “ciza,” canke kureka ico babona ko ari “kibi.” Ikibazo rero gihambaye ngiki: Imana iri n’uburenganzira bwo kugaba ikaganza abantu yo nyene gusa? Canke, Yehova ni we musa akwiye kwereka abantu ikibi ico ari co n’iciza ico ari co? Ni we musa akwiye kwerekana imigenzo ibereye n’iyitabereye? Abantu barashobora kwigaba bo nyene bagakora iciza? Uwuganza neza ni nde? Abantu bahagarikiwe na Shetani iri mu mpisho barashobora kuganza bagatunganirwa Yehova atabafashije? Canke abantu bakeneye kurōngōrwa n’Imana kugira ngo intwaro itunganye izosasagaza amahoro yamaho ishobore gushingwa? Kugerageza gutembagaza intwaro y’Imana no kuyinyaga uburenganzira yiharije bwo kugaba ikaganza, vyatumye ibibazo nk’ivyo bibaho.
8. Ni kuki Imana itātikije abo bagarariji mu maguru masha?
8 Birumvikana ko Yehova atāri kunanirwa gutikiza abo bagarariji batatu mu maguru masha. Si ivy’ugukeka ko ububasha bwiwe ataho buhuriye n’ubwa Shetani, Adamu canke Eva. Ariko ivyagoranye vyose ntivyari kuja mu buryo kubera ko abishe. Akarorero, ikibazo c’uko abantu bashobora kwigaba bo nyene bagatunganirwa badafashijwe n’Imana nticari gutorerwa inyishu. Ni co gituma rero Yehova yatanze umwanya, kugira ngo ikibazo gihambaye nk’ico kije mu buryo.
KWISHURA IKIBAZO CABAJIJWE
9, 10. Kubera ko abantu bishingiye intwaro zabo bagataramura Imana, habaye inkwirikizi iyihe?
9 Ubu ko hamaze gushira igihe kitari gito, ivy’ico kibazo bigeze he? Wewe wovuga iki? Wovuga ko imyaka 6 000 iheze umuntu ariho, yagaragaje ko abantu bashobora kuganza bagatunganirwa batarōngōwe n’Imana? Abantu baramaze gushinga intwaro izana umugisha kandi ihimbara bose? Ivyashikiye abantu kuva mu ntango, biragaragaza ko amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yeremiya ari ay‘ukuri: “Ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” — Yeremiya 10:23.
10 Abantu bāragerageje gushinga intwaro z’ubwoko bwose kuva kera, ariko nta n’iwe yazaniye abanyagihugu umutekano n’agahimbare nyakuri. Hari abovuga bati: ariko haramaze kuba amajambere. Ni nde yokwubahuka kuvuga ko hari amajambere nyakuri, igihe umuheto n’imyampi vyasubiriwe n’amabombe ruhonyanganda, kandi abantu bakaba bahindishwa agashitsi n’iyindi ndwano y’isi yose bīcura? Ni amajambere nyabaki kuja ku kwezi kandi abantu badashobora kubana mu mahoro ngaha kw isi? Kwubaka amazu y’amagorofa imiryango iyambamwo iriko isenyagurwa n’ukutumvikana bifise akamaro gaki? Imigumuko, kuyogeza ibintu n’ubuzima tutibagiye ubugarariji buguma bukwira hose, ivyo wumva ari ivy’ukwiratira? Haba n’intete! Ivyo vyose ni uko abantu bāgerageje kwishingira intwaro zabo bagataramura Imana. — Imigani 19:3.
11. Mu vy’ukuri abantu bakeneye iki?
11 Ico bose botahura neza ngiki: gutunganirwa igihe abantu bihanze kuganza bakumiriye Imana vyarananiranye. Ahubwo vyazaniye abantu amarushwa menshi. “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bwo kumugirira nabi.” Uko ni ko Bibiliya ivuga. (Umusiguzi 8:9) Mu vy’ukuri, abantu barakeneye Imana kugira ngo batunganirwe mu vyo bakora. Nk’uko Imana yaremeye umuntu umubiri ukeneye kurya no kunywa amazi, ni ko yamuremye akeneye kugendera mu mategeko yayo. Umuntu ayirengagije, yobona ingaruka mbi nk’iyo yobona yirengagije kurya no kunywa amazi. — Imigani 3:5, 6.
NI KUKI VYATWAYE IGIHE KIREKIRE?
12. Ni kuki vyatwaye igihe kirekire kugira ngo Imana ishire mu buryo ico kibazo?
12 Mugabo hari uwobaza ati: ‘ubu ko imyaka 6 000 imaze kurenga, ni kuki none Imana yarindiriye igihe kingana uko cose kugira ngo ishire mu buryo ico kibazo? Ntiyoshoboye kuba yaragitoreye inyishu ihagije kuva kera? Eka si vyo namba. Iyo Imana igituganya ata n’imisi myinshi irahera, yari guca itukwa ngo ntiyahaye abantu umwanya ukwiye ngo bigeragereze. Ariko ubu ho, abantu bāraronse umwanya uhagije wo gushinga intwaro zomaze ubukene bw’abatwarwa, hamwe n’uwo gutora ubuhinga bwinshi bwofashije kuzana iterambere rya bose. Mu myaka amajana n’amajana, abantu bāragerageje gushinga intwaro z’uburyo bwose. Iterambere ryabo mu vy’ubuhinga na ryo si agaseseshwarumuri. Bārashoboye gukoresha Atome, batako barashika no ku kwezi. None ivyo vyabamariye iki? Vyarabafashije guhindura iyi si bo no kuzanira abantu amahirwe?
13. (a) N’aho abantu bamaze gutera imbere mu vy’ubuhinga, ubu bamerewe bate? (b) Ivyo vyerekana iki none?
13 Haba n’intete! Ahubwo ubu ni ho hari umubabaro n’amarushwa kurusha uko vyahora. Ubwicanyi, umwanda wonona ikirere n’isi, indwano, gusenyuka kw ingo n’izindi ngorane, bimaze gushika aho abahinga babona ko n’ubuzima bw’abantu bugeramiwe. Me! imyaka 6 000 iraheze abantu bigaba bakiganza. N’aho bamaze “gutera imbere cane” mu vy’ubuhinga, ubuzima bwabo buri ku manga kubera bo nyene! Ese ukuntu bimaze kwibonekeza ko abantu badashobora kuganza bagatunganirwa badafadikanije n’Imana! Ubu nta n’umwe ashobora kwidoga ngo Imana nta mwanya uhagije yatanze, kugira ngo ca kibazo kije mu buryo.
14. Ni kuki bikwiye ko twihweza ikindi kibazo gihambaye Shetani yabajije?
14 Birumvikana, Imana ntiyakoresheje ubujuju mu kureka abantu baganzwa na Shetani ngo babandanye gukora ikibi mu gihe kingana gitya cose. Igihe Shetani yagarariza, yatumye haba ikindi kibazo gikeneye umwanya kugira ngo na co nyene cishurwe. Tucihweje, cobandanya kudufasha gutegera igituma Imana yaretse ububi bukabandanya gushika n’ubu. Bikwiye ko ucitondera ukagitohoza, kubera ko na wewe kikwerekeye.
[Ifoto ku rup. 100]
Hariho impamvu yotuma umuvyeyi arekura umwana wiwe ngo abāgwe n’aho bibabaza. Imana na yo nyene iri n’impamvu nyakuri zatumye iba irareka ngo abantu bacobogore mu kanya gato
[Ifoto ku rup. 101]
Igihe Adamu na Eva bārya ku giti bari babujijwe, biyonkoye ku ntwaro y’Imana. Bo nyene baciye batangura kwifatira ingingo y’ico babona ko ari ciza canke ko ari kibi
[Amafoto ku rup. 103]
Nk’uko umuremyi yaremeye umuntu umubiri ukeneye kurya no kunywa amazi, ni ko yamuremye akeneye kuyoborwa n’Imana