Ikigabane ca 7
Kubona Imana Yararetse Ikibi Kikabandanya Bitwigisha Iki?
1. (a) Iyo Yehova yica ba bagarariji bo muri Edeni ubwo nyene, vyari kuba bivuze iki kuri twebwe? (b) Ni ibiki nyabuna Yehova yadutunganirije biranga urukundo?
TURETSE ingorane zihora zidushikira mu buzima, Imana yatumye tuvuka ntiyaturenganije. Abantu ba mbere na mbere yabaremye batagira agasembwa, itako ibaha n’iparadizo ngo bayibemwo. Iyo ibīca ubwo nyene bagiheza kugarariza, aba bantu bariho ubu naho barwara, naho bakenye kandi naho bakora ikibi, ntibari kubaho. Ariko kubera imbabazi za Yehova, Adamu na Eva baravyaye abana imbere y’uko bapfa, naho abo bana banduye agasembwa. Yehova yabicishije kuri Kirisitu ategekanya ivy’uko abakomoka kuri Adamu bafise ukwizera, boronka ico Adamu yitesheje—ubuzima budashira bari ahantu hotuma banezerererwa rwose ubuzima.—Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5; Yohani 10:10.
2. Ivyo vyose vyoba vyagizwe kubera agakiza kacu gusa?
2 Akunguko twebwe ubwacu tuharonkera ntikagira urugero. Ariko dusomye inkuru ya Bibiliya, dusanga ivyo vyerekeye ikintu gihambaye rwose gusumba agakiza kacu.
Kubera Izina Ryiwe Rihambaye
3. Irangūrwa ry’umugambi Yehova afitiye iyi si n’abantu ryari ryerekeye iki?
3 Izina rya Yehova, ni ukuvuga iteka ry’ukwitwa Segaba w’ijuru n’isi n’Imana y’imvugakuri, mu vy’irangūrwa ry’umugambi wiwe werekeye iyi si n’abantu na ryo nyene ryarimwo. Kubera ubukuru bwa Yehova, amahoro no kumererwa neza vy’abari kw isi yose bisaba ko izina ryiwe ryubahwa rwose nk’uko bibereye, kandi ko vyose bimugamburukira.
4. Uwo mugambi cane cane werekeye iki?
4 Amaze kurema Adamu na Eva, yarabashikirije igikorwa borangūye. Yarasiguye neza ko umugambi afise atari uw’ukwiganzira isi yose gusa ari kwo kwagura iparadizo, ariko kandi ko ari uw’ukuyuzuza abantu bakomoka ku mugabo n’umugore ba mbere, Adamu na Eva. (Itanguriro 1:28) Uwo mugambi vyonaniranye ko urangūka kubera icaha cabo bigatuma izina ry’Imana ritukwa?
5. (a) Turavye ivyanditswe mw Itanguriro 2:17, ni ryari uworiye ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi yopfuye? (b) Ivyo Yehova yabishikije ate, atako kandi arubahiriza umugambi wiwe w’ukwuzuza iyi si abantu?
5 Yehova yari yabūriye Adamu ko ni yagarariza akarya ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi, yopfuye ata kabuza kuri uwo ‘musi nyene’ akiriyeko. (Itanguriro 2:17) Nk’uko Imana yari yabivuze, kuri uwo musi nyene Adamu yacumura, Yehova yarabajije abo bacumuzi ico bakoze, hanyuma abacira urwo gupfa. Vyari ngombwa ngo bahanwe. Turavye amategeko, mu nyonga z’Imana Adamu na Eva bapfuye uwo musi nyene. (Gereranya no muri Luka 20:37, 38.) Ariko kugira ngo Yehova ashitse umugambi yari afise werekeye ukwuzuza isi abantu, yarabaretse baravyara abana imbere y’uko bapfa vy’ukuri. Naho ari uko, turavye ivy’ukuntu Imana ibona ko imyaka 1 000 ari umusi umwe, igihe Adamu yapfa amaze imyaka 930, hāri kuri uwo ‘musi’ nyene. (Itanguriro 5:3-5; gereranya no muri Zaburi 90:4; no muri 2 Petero 3:8.) Amajambo ya Yehova rero aca aba ay’ukuri ku vyerekeye igihe c’ugushitsa igihano; n’umugambi wiwe w’ukwuzuza iyi si uruvyaro rwa Adamu ntiwahagarara. Ivyo ariko vyērekanye ko abantu b’abacumuzi barekuriwe kubaho mu kanya gato.
6, 7. (a) Muri Kuvayo 9:15, 16 herekana iki ku vyerekeye impamvu yatumye Yehova areka ikibi kikamara igihe kibandanya? (b) Ku vyerekeye Farawo, ni mu buryo ki ububasha bwa Yehova bwagaragajwe, izina ryiwe na ryo rikamamara? (c) Kw iherezo ry’ijuru n’iyi si mbi bizogenda gute none?
6 Ivyo Yehova yabwiye umwami wo mu Misiri mu gihe ca Musa, birerekana kandi igituma yararetse ikibi kikamara igihe kibandanya. Igihe Farawo yabuza Abisirayeli kuva mu Misiri, Yehova ntiyaciye amwica ubwo nyene. Hāratanzwe ibihano cumi muri ico gihugu, bigaragaza ububasha bwa Yehova mu buryo butangaje kandi budasa. Igihe Yehova yamenyesha Farawo ivy’igihano kigira indwi, yavuze ko aba amaze kumurandura we n’abantu biwe mw isi bitagoranye. Ati “ariko icatumye [mba ndakuretse], ni ukugira ngo [nkwereke] ubushobozi [bwanje], kandi izina [ryanje] ryamamare mw isi yose.”—Kuvayo 9:15, 16.
7 Igihe Yehova yabohora Abisirayeli, ni ivy’ukuri izina ryiwe ryaramamaye hose. Ubu hashize imyaka ishika nka 3 500 ivyo yagize bitaribagiranwa. Si izina ry’uruharo Yehova ryamamaye gusa, ariko n’uwitwa iryo zina na we nyene yaramenyekanye. Ivyo vyarahesheje Yehova agateka we Mana idahemuka mu masezerano kandi irwanira abasavyi bayo. Vyarerekanye ko kubera ububasha bwayo buhebuje ata kintu na kimwe gishobora guhagarika imigambi yayo. Mbere n’isangangurwa twimirije ry’ivy’iyi si n’ijuru bibi, ibiboneka n’ibitaboneka, rizoba agatangaza kuruta. Ukwo kwerekana ububasha buhebuje hamwe n’ivy’uko izina rya Yehova rishemezwa, ntibizokwigera vyibagiranwa mu nkuru menyeshakahise yerekeye isi yose. Ivyiza ivyo bizovamwo ntibizogira iherezo!—Ezekiyeli 38:23; Ivyahishuriwe Yohani 19:1, 2.
‘Yoo, Ingene Ubukerebutsi bw’Imana Bushika Ibwina Kure!’
8. Ni ibintu ibihe bindi Paulo adusaba kwihweza?
8 Mw ikete intumwa Paulo yandikiye Abaroma, yarabajije ati: “Mbega Imana iragabitanya?” Hanyuma yarishuye ashimikiye rwose ku vyerekeye imbabazi z’Imana, avuga n’ivyo Yehova yabariye Farawo. Yaratwibukije kandi ivy’uko twebwe abantu tumeze nk’ibumba mu minwe y’umubumvyi. Ibumba ryokwidodomba kubera ukuntu rikoreshejwe? Paulo arabandanya ati: “Hari ico biriko, naho Imana yagomvye kwerekana uburake bwayo, no kumenyesha ubushobozi bwayo, namba yihangananiye imbabazi nyinshi inzavya z’ukuraka, ziteguriwe guhona; kugira ngo yerekanire ubutunzi bw’[ubuninahazwa] bwayo ku nzavya z’ikigongwe, izo yiteguriye guha [ubuninahazwa] kera, kuri twebwe abo yahamagaye, si mu Bayahudi bonyene ariko no mu banyamahanga?”—Abaroma 9:14-24.
9. (a) Ni bande ari “inzavya z’ukuraka ziteguriwe guhona”? (b) Ni kuki Yehova yihanganiye rwose ububi bwazo, kandi amaherezo bizogenda gute kubera ineza y’abamukunda?
9 Kuva igihe Yehova yavuga amajambo menyeshakazoza dusanga mw Itanguriro 3:15, Shetani n’uruvyaro rwayo babaye “inzavya z’ukuraka ziteguriwe guhona.” Kuva ico gihe gushika n’ubu, Yehova yarerekanye ukwihangana. Ababi baratyekeje ivy’inzira ziwe; barahamye abasavyi biwe, mbere barishe n’Umwana wiwe. Ariko Yehova yarigumije koko, abasavyi biwe baca baharonkera akunguko kamaho. Ibiremwa vyose vyarahawe akaryo k’ukwibonera ingaruka mbi y’ukugarariza Imana. Urupfu rwa Yezu rwatumye haba uburyo bw’ukurokora abantu bagamburuka, rutuma kandi ivy’ ‘ugusangangura ibikorwa vya wa Mucokoranyi bishoboka.’—1 Yohani 3:8; Abaheburayo 2:14, 15.
10. Ni kuki Yehova yabandanije kwihanganira abanyakibi muri iyi myaka 1 900?
10 Mu myaka irenga 1 900 kuva Yezu azutse, Yehova yarabandanije kwihanganira “inzavya z’ukuraka,” aririnda kuzisangangura. Kubera iki? Kubera ko yariko aratunganya umuce ugira kabiri w’uruvyaro rwa wa mugore, umuce ugizwe n’abazosangira ingingo na Yezu Kirisitu mu Bwami bw’ijuru. (Ab’i Galatiya 3:29) Abo bantu 144 000, ni bo “nzavya z’ikigongwe” zivugwa n’intumwa Paulo. Ubwa mbere, umuntu umwe umwe mu Bayahudi yarākurwa ngo yinjire muri uwo mugwi. Mu nyuma Abanyasamariya bakebwe barongeweko, amaherezo n’ababa mu mahanga y’abapagani barinjira. Yehova yashikije uwo mugambi wiwe n’ukwihangana kwinshi; ntiyagobereye umuntu n’umwe mu vy’ukumukorera, ariko yaja aratanga imigisha y’agatangaza ku bashimishwa rwose n’ivyo yategekanije biranga urukundo. Ubu itunganywa ry’uwo mugwi wo mw ijuru riri hafi kurangira.
11. Ubu ni umugwi uwuhe wundi uronkera akunguko ku vy’ukwihangana kwa Yehova?
11 Bite none ku baba muri iyi si? Igihe cashinzwe n’Imana kigeze, abantu amasinzi n’amasinzi bazozurwa babe ingabo z’Ubwami. Bitayeko, cane cane kuva mu 1935 G.C., ukwihangana kwa Yehova kwatumye haba itororokanywa ry’“ishengero [rinini]” rituruka mu mahanga yose, kugira ngo rirokoke.—Ivyahishuriwe Yohani 7:9, 10; Yohani 10:16.
12. (a) Ivyo bituma tumenya iki ku vyerekeye Yehova ubwiwe? (b) Ukuntu Yehova yavyifashemwo wewe ubibona gute?
12 Hari ukugabitanya kwabaye muri ivyo vyose? Haba n’intete! Imana ni yaba yaririnze gutikiza ababi, “inzavya z’ukuraka,” kugira ngo igirire imbabazi abandi bantu mu buryo buhuje n’umugambi wayo, ni nde yokwubahuka kwidoga ntace atorwa ikosa? Ahubwo uko tuguma twibonera ukugaragara kw’uwo mugambi wayo, bituma tuhamenyera vyinshi vyerekeye Yehova ubwiwe. Turatangazwa rwose na zimwe zimwe muri kamere ziwe zihishurwa—ubutungane bwiwe, imbabazi ziwe, ukwihangana kwiwe, n’ubukerebutsi bwiwe buri mu buryo budasa. Ukuntu Yehova atunganya ca kibazo akoresheje ubukerebutsi, nantaryo bizoba ikimenyamenya c’uko uburyo bwiwe bw’ukuganza buhebuje. Nidufadikanye n’intumwa Paulo tuvuge duti: “[Yoo, ingene] ubutunzi, [ubukerebutsi n’ubumenyi] vy’Imana [bishika ibwina kure! ingingo ishinga ntizishoboka] kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!”—Abaroma 11:33.
Ikiduha Akaryo k’Ukwerekana ko Tutoheba Imana
13. (a) Igihe twebwe ubwacu dushikiwe n’umubabaro, tuba turonse akaryo ko kugira iki? (b) Ni igiki codufasha guca tugira ibiranga ubukerebutsi?
13 Haraba ibintu bitera umuntu wese umubabaro mwinshi, kubera ko Imana itarasangangura ababi ngo itunganye isi ukundi gusha, nk’uko vyavuzwe kera. Ibintu nk’ivyo duhora tubibona gute? Twoba tubona ko turonse akaryo ko gufadikanya ivy’ukweza izina rya Yehova tukarikurako iceyi, tugatako tukerekana ko wa Mucokoranyi ari umubeshi? Turashobora kuremeshwa rwose mu vy’ukuryeza tugumije ku muzirikanyi iyi mpanuro: “Mwana wanje, [kerebuka], unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura [uwuncokōra].” (Imigani 27:11) Shetani, ūcokōra Yehova, yarihanukiriye ngo igihe abantu bonyagwa itunga canke bakababazwa ku mubiri boca banebagura Imana, mbere bakanayivuma. (Yobu 1:9-11; 2:4, 5) Turanezereza umutima wa Yehova iyo twerekanye ko kuri twebwe ivyo atari ivy’ukuri, mu kuguma kw ibanga imbere y’Imana naho twoba turi mu magume. Turazi neza ko Yehova afitiye igishika abasavyi biwe, kandi nk’uko yagiriye Yobu, igihe kigeze azoduha impēra nyinshi tugumye turi intahemuka.—Yakobo 5:11; Yobu 42:10-16.
14. Twishimiye Yehova igihe turiko tugeragezwa, ni akandi kunguko nyabaki dushobora kuharonkera?
14 Igihe turiko tugeragezwa mu buryo butera amaganya tukishimira Yehova dufise icizigiro, turashobora gutsimbataza kamere nziza ntangere. Amarushwa Yezu yihanganiye yatumye “yigishwa kwumvira Imana” mu buryo atāri bwigere abigira. Na twebwe nyene turashobora kwigishwa—ugutsimbataza ukwihangana, kugumya umutima no gushimishwa rwose n’inzira za Yehova. Twokwemera uko kwigishwa ntiturambirwe?—Abaheburayo 5:8, 9; 12:11; Yakobo 1:2-4.
15. Tugumye twihanganira ingorane ntibiturambire, vyoshoboka ko abandi bantu baharonkera akunguko gute?
15 Abantu bazoraba ivyo dukora. Kubera ibidushikira bitewe n’uko dukunda ivy’ugutungana, hari aho bamwe bamwe muri bo boteba bagatahura “[abavukanyi]” nyakuri ba Kirisitu muri iki gihe abo ari bo, hanyuma bifatanije n’abo ‘bavukanyi’ ba Kirisitu mu vy’ugusenga Imana, bigashoboka ko baja mu nzira izobahesha imigisha ari yo buzima budashira. (Matayo 25:34-36, 40, 46) Yehova n’Umwana wiwe bashaka ko baronka ako karyo. Ubwo tweho turabishaka? Twoba dushaka kwihanganira amagume n’umutima ukunze kugira ngo baronke ako karyo?
16. Ukuntu tubona amagume ben’ayo ashikira umuntu we nyene ubwiwe bifitaniye isano ki n’ivyerekeye ubumwe?
16 Ese ingene ari vyiza igihe n’ingorane nyene zidushikira mu buzima tuzibona nk’akaryo ko kwerekana ko tutoheba Yehova, hamwe n’ako gufadikanya gushitsa ivyo agomba! Tubigenjeje gutyo, birashobora kugaragaza ko dutera tuja imbere koko mu vy’ukwunga ubumwe n’Imana hamwe na Kirisitu, bwa bumwe Yezu yasaba ko abakirisu nyakuri bose bogira.—Yohani 17:20, 21.
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Naho Yehova yaretse ikibi kikabandanya, yerekanye gute ukwubahiriza rwose izina ryiwe nk’uko bibereye?
● Kubera ko Imana yihanganiye “inzavya z’ukuraka,” vyatumye imbabazi ziwe zidushikīra gute?
● Ni igiki twogerageza kubona igihe ivy’amarushwa bidushikiye twebwe nyene ubwacu?