ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fl ikig. 10 rup. 131-145
  • Akamaro k’Ugutoza Abana Indero mu Rukundo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akamaro k’Ugutoza Abana Indero mu Rukundo
  • Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INKONI Y’UGUTOZA UMWANA INDERO
  • GUSHINGA AKARIMBI NTABANDUKA
  • IVY’UKWINEZEREZA BIKWIYE GUCUNGERWA
  • IGIHE UBATOZA INDERO, NIMUSERURIRANIRE AKARI KU MUTIMA!
  • UBURYO BUDASA BW’UGUTOZA UMWANA INDERO
  • TOZA ABANA INDERO MU RUKUNDO
  • Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Bavyeyi, nimurere abana banyu mubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ingene wotoza indero umwana
    Be maso!—2015
  • Ingene wotoza indero abana bawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
fl ikig. 10 rup. 131-145

Ikigabane c’10

Akamaro k’Ugutoza Abana Indero mu Rukundo

1. Hakenewe iki kugira ngo umuntu agire abana bagamburuka?

ABANA bagamburuka, bafise urukundo, b’urupfasoni ntubaronka ku bihamana. Barinda kugorōrwa mu guhabwa akarorero no mu gutozwa indero.

2. Ukuntu abahanga mu vya kamere y’abana babona ibintu biteye kubiri gute n’impanuro yo muri Bibiliya?

2 Abahanga benshi mu vya kamere y’abana barakīranira abana ngo “ntibakorweko,” nk’akarorero umwe muri bo yavuze ibi bikwirikira: “Ubwo mwebwe bavyeyi ntimubona ko iyo umwana wanyu mumukubise muba mwerekanye ko mumwanka?” Imana yo, mw Ijambo ryayo ivuga iti: “Ūrinda umwana inkoni aba amwanse, ariko ūmukunda amuhana hakiri kare.” (Imigani 13:24) Ubu haraheze imyaka ishika ku mirongo hasohotse ibitabu vyinshi bivuga ivy’ukurera abana bigasigura ko bakwiye kubareka, cane cane mu bihugu vy’abazungu. Ugutoza umwana indero vyomwonona bikamubuza gukura, ivyo vyavugwa n’abahanga mu vya kamere y’umuntu, na vyo ivy’ukumukubita vyo, ukuvyiyumvīra kwonyene kwarabakūra umutima. Iyo nyigisho yabo iteye kubiri rwose n’impanuro y’Imana Yehova. Ijambo ryayo rivuga ko ‘ico umuntu abiba cose ari co yimbura.’ (Ab’i Galatiya 6:7) Iyi myaka mikeyi ishika ku mirongo iheze habibwa imbuto z’ivy’ukureka abana bakagira ivyo bishakiye, igaragaza iki?

3, 4. Ukudatoza abana indero i muhira nk’uko bibereye vyatumye haba iki, abantu benshi rero basaba ko hogirwa iki?

3 Ivyimbuwe vyinshi ari vyo bugarariji n’ubukozi bw’ikibi birazwi neza. Ibibi vyose bikomeye bigirwa mu bihugu vyinshi biteye imbere, ibirenga 50 kw ijana bigirwa n’abana. Mu mihingo imwe imwe yo kw isi, mu ndaro z’abanyeshure ni ho habarizwa ivy’ukutumvikana, ukurwana, ibitutsi n’amajambo y’ubweruzi, ukwonona ibintu, ukugwa ku muntu bakamugirira nabi, ubwambuzi, ivy’uguturira, ugusahura ibintu, ivy’ugusambanya umuntu ku nguvu, ukunywa ibiyayura umutwe, n’ubwicanyi. Hari umushikirizajambo aserukira Ishirahamwe ry’abigisha ryo mu gihugu kimwe gikomeye yatohoje ivy’iyo ngorane yerekeye ivy’ugutozwa indero, asanga biterwa n’uko ishure idashobora gushikīra abana kuva bakiri bato rwose, kandi avuga ko ubwo bukozi bw’ikibi buterwa n’ukwononekara kw’ingo, bugaterwa kandi n’uko abavyeyi batagomba gushingira abana babo ingingo bokurikiza ziranga ukwiyumvīra kuroranye. Insikolopediya y’Abongereza The Encyclopœdia Britannica irihweza ikibazo cerekeye ‘impamvu ituma mu rugo havamwo bamwe bakaba inkozi z’ikibi kandi abandi atari ko bameze,’ ikavuga ibi bikwirikira: “Hari aho uburyo bw’ugutoza abana indero mu rugo bwoba budafashe na buhoro buhoro, bwoba bukaze rwose, canke bwoba butabereye. Ababitohoje muri Amerika bavuga ko abantu b’abagabo bakora ikibi, hafi ya 70 kw ijana boba bagikora kubera ko batātojwe indero vy’ukuri.”

4 Ingaruka yavyo yatumye benshi bigarura batangura kandi ivy’ugutoza abana indero.

INKONI Y’UGUTOZA UMWANA INDERO

5. Ivy’ugukubita umwana Bibiliya ibivugako iki?

5 Ugukubita umwana vyoshobora kumurokorera ubuzima, kuko Ijambo ry’Imana rivuga ngo “ntureke [gutoza umwana indero, NW] kuko atokwicwa n’uko umukubise inkoni. Uze umukubite inkoni, ni ho uzokiza ubugingo bwiwe ngo ntibuje i kuzimu.” Kandi ngo “ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana, ariko inkoni y’[ukumutoza indero, NW] izobwirukanira kure yiwe.” (Imigani 23:13, 14; 22:15) Iyo abavyeyi bitaho rwose ibirāba ubuzima bw’abana babo, ntiboreka kubatoza indero kubera ukubura intege canke ukubifata minenegwe. Urukundo ruratuma babishitsa bimwe biranga ubukerebutsi kandi bibereye, igihe bikenewe.

6. Mu vy’ugutoza indero harimwo n’ukugira iki?

6 Ivy’ugutoza indero ntibigarukira ku guhana vyonyene. Ugutoza indero cane cane ni ‘ukwigisha n’ukurera bigirirwa ku rutonde, bitunganijwe neza.’ Ni co gituma mu Migani 8:33 hatavuga ngo “[Munyengeterwe n’ivy’ugutozwa indero, NW]” ahubwo havuga ngo “Mwumvirize [ivy’ugutozwa indero, mugire ubukerebutsi, NW].” Turāvye ibiri muri 2 Timoteyo 2:24, 25, umukirisu “akwiye [kwitonda ku bantu, NW] bose, [kuba ashoboye kwigisha, kuguma yirinze ikibi, yigisha agenjeje buhoro abatiteze kuvyakīra, NW].” Iryo jambo ngo “yigisha,” aha bahinduye iry’ikigiriki risobanura ngo ugutozwa indero. Ijambo nk’iryo nyene barihinduye uku mu Baheburayo 12:9: “Twaraha icubahiro gikwiriye ba data bo kw isi badutoza indero; ntitwokwiyorosha none imbere ya Data wa twese wo mu vy’umutima mbere tukarushiriza bitagoranye, bigatuma dushikīra ubuzima?”—New English Bible.

7. Ni ivyiza ibihe bizanwa n’uko abavyeyi batoza abana indero?

7 Ivy’ugutoza umwana indero umuvyeyi bimunaniye, nya mwana ntashobora kumuha icubahiro, nk’uko n’abategetsi bareka ubukozi bw’ikibi bukabandanya ntibabwamire badashobora guhabwa icubahiro n’abanyagihugu. Ugutoza umwana indero ata karenganyo, biramwereka yuko abavyeyi biwe bamwitwararitse. Birafasha mu kugira i muhira habe amahoro, kuko ‘abo ivyo bimenyereje bibāmira imbuto zizana amahoro, ni ukuvuga ugutungana.’ (Abaheburayo 12:11, NW) Abana b’ibigaba bigenza nabi, mu rugo urwo ari rwo rwose baratera umubabaro, kandi abana ben’abo ntibigera bagira ubuhirwe nyakuri, ndetse n’ubuzima bwabo ntibubanezereza. “Hana umwana wawe, azokuruhura, mbere azonezereza [rwose ubugingo bwawe, NW].” (Imigani 29:17) Umwana amaze guhanwa vyeruye mugabo birimwo urukundo, arashobora guhinduka na gatoyi ibintu akabibona ukundi agatangura no kwigenza ukundi gusha, kandi kenshi na kenshi usanga abaye umwana mwiza rwose kuruta. Ni ivy’ukuri ugutozwa indero ‘birāma imbuto zizana amahoro.’

8. Abavyeyi bashobora gutoza abana indero gute mu rukundo?

8 “Uwo [Yehova, NW] akunda [amutoza indero, NW].” (Abaheburayo 12:6) Uko ni ko biri no ku muvyeyi yitaho rwose ivy’uko abana biwe bomererwa neza. Ugutoza umwana indero bikwiye kugirwa bivuye ku rukundo. Gushavura hari aho usanga vyumvikana iyo umuntu ashavujwe n’ikibi umwana agize, mugabo nk’uko Bibiliya ivyerekana, umuntu akwiye “kuguma yirinze ikibi.” (2 Timoteyo 2:24, NW) Iyo ishavu rimaze guhera, hari aho umuntu asanga ikibi umwana yagize kidakomeye rwose: “[Kuba umuntu aciye mu kajisho nta gukēka bitera, NW] guteba kuraka, kandi [ubutore bwiwe, NW] ni ukwirengagiza ico yacumuweko.” (Imigani 19:11; rāba no mu Musiguzi 7:8, 9.) Hashobora kuba ivyotuma ikosa riboneka ko ridakomeye: Hari aho umwana yoba arushe rwose canke amerewe nabi. Hari aho yoba vy’ukuri yibagiye ivyo bamubariye; n’abakuze birabashikira, siko? Ariko n’igihe nyene ikosa rikozwe ryoba atari iry’ukureka ngo rihere gutyo, ivy’ukumutoza indero ntivyogirwa kubera ugutwarwa n’ishavu, canke ngo ahashurwe bubera ukwimara ishavu gusa. Ugutoza indero birimwo ukwigisha, kandi iyo habaye uburakari, ivyo umwana ahīgira ntavyigana ukwigumya. Kwa kubungabungwa umwana yiyumvamwo iyo atozwa indero mu buryo bwiza ntikubaho. Nuko rero ukugira ibintu ku rugero ni nkenerwa rwose, kandi birasasagaza amahoro.

GUSHINGA AKARIMBI NTABANDUKA

9. Turāvye ibiri mu Migani 6:20-23, abavyeyi bakwiye kugirira iki abana babo?

9 Abavyeyi bategerezwa gushingira abana babo amategeko-nyobozi. “Mwana wanje, itondere icagezwe ca so, kandi ntute ibwirizwa rya nyoko; ubihambirire ku mutima wawe ibihe vyose, ubipfundike mw izosi ryawe. Bizokuja imbere ugenda, bizoguteramira usinziriye, bizoyāga nawe wikanguye. Kuko icagezwe ari itara, kandi amabwirizwa ari umuco, kandi [ugukangīra mu gutoza indero, NW] ari inzira y’[ubuzima, NW].” Izo ngingo abavyeyi bashinga ni iz’ukuyobora no gukingira umwana, kandi zigaragaza ko abavyeyi bitaho ivy’uko uwo mwana yomererwa neza akagira ubuhirwe.—Imigani 6:20-23.

10. Ivy’ugutoza abana indero abavyeyi bibananiye ibintu bishobora kumera gute?

10 Se w’ibibondo aramutse ananiwe kubishitsa, bica bija ku gatwe kiwe. Eli wa muherezi mukuru wo mu Bisirayeli kera, yararetse abahungu biwe baragira ibiranga umunoho n’agakengerwe, barakora n’ivy’ubusambanyi. Yaravuze ivyerekana ko ivyo avyanka, mugabo nta co yagize kiboneka cotuma ivyo bibi bitabandanya kugirwa. Imana yavuze iti: “Ngiye guha inzu yiwe igihano kitazobavako, mbahōye ukugabitanya yirengagije, kuko abahungu biwe bihamagariye umuvumo, na we ntabateshe.” (1 Samweli 2:12-17, 22-25; 3:13) Ni co kimwe n’umunarugo nyina w’ibibondo, iyo bimunaniye gushitsa igikorwa ajejwe, biramukoza isoni: “Inkoni n’[ugukangīra bizana ubukerebutsi, NW] ariko umwana bapfa kurekera aho atētereza nyina.”—Imigani 29:15.

11. Ni kuki abana bakwiye gushingirwa akarimbi mu vyo bagira?

11 Abana barakeneye gushingirwa akarimbi mu vyo bagira, atari uko ntibamererwa neza. Iyo bakabashingiye kandi ntibakarenge, bituma babona ko bari mu gisata begukiye kandi bakumva ntikibanse, kubera ko bakurikiza ivyo kibasaba. Abakiri bato ubaretse uba ubahevye, kandi bituma bo nyene ubwabo baca bagerageza kwirwanako. Ico ivyo bivamwo kiragaragaza ko abana bakeneye abakuze bazi neza ico ugushingirwa akarimbi mu vyo umuntu agira bimaze, bakaba boshobora no kukabashingira. Abana bakwiye gutahura ko umuntu wese kw isi hariho akarimbi atorenga mu vyo agira, bigatuma agira ubuhirwe kandi akamererwa neza. Hoba umwidegemvyo igihe abandi bataturenganije mu vyo dufisemwo umwidegemvyo, na twebwe ntitubarenganye. Ukurenga akarimbi umuntu yashingiwe mu vyo agira, nta nkeka vyerekana ko uwo nyene kugira nabi ‘ashitse aho ababaza umuvukanyi wiwe, akamurengēra mu vyo afisemwo uburenganzira.’—1 Ab’i Tesalonike 4:6, NW.

12. Ni kuki ukwitoza indero ari ivy’ingirakamaro, kandi abavyeyi bofasha gute abana babo kuvyimenyereza?

12 Iyo abana bamenye yuko ukurenga akarimbi mu vyo umuntu agira bituma haba ugutozwa indero mu buryo ubwo ari bwo bwose, baraheza akarimbi bashingiwe bakakubahiriza; kandi kubera ukudatenzura kw’abavyeyi hamwe n’ubuyobozi batanga, baratsimbataza muri bo ukwitoza indero gukenewe kugira bagire ubuzima burimwo agahimbare. Turitoza indero twebwe ubwacu, canke tukayitozwa n’abandi. (1 Ab’i Korinto 9:25, 27) Twimenyereje ivy’ukwitoza indero tukabimenyereza n’abo twibarutse, twe na bo tworushiriza kubaho duhiriwe, tukirinda ingorane n’ugutuntura.

13. Bimwe bimwe mu bikuru bikuru abavyeyi bogumiza ku muzirikanyi igihe bashingira abana babo amategeko-nyobozi ni ibihe?

13 Amategeko-nyobozi n’akarimbi abana bashingiwe mu vyo bagira bikwiye kuba bitāhurika, bikwiye kumera neza, kandi bikwiye kubaha umwidegemvyo bimwe biranga imbabazi. Ntubasabe kugira ibirenze urugero canke bike rwose. Zirikana imyaka y’amavuka bamaze, kuko umwana agira ibintu nk’uko angana. Ntiwitege ko bagira nk’ivy’abakuze kandi bakiri abana. Hari intumwa yavuze ngo nkiri umwana mutoya, ivyo nagira nabigira rwana. (1 Ab’i Korinto 13:11) Mugabo iyo amategeko ari ku rugero amaze gushingwa, abana bakaba bayategēra, nuce uja urayubahiriza. “Ijambo ryanyu [Ego ni ribe Ego, Oya yanyu, NW] Oya.” (Matayo 5:37) Mu vy’ukuri abana barashima abavyeyi bavuga hanyuma bakabishitsa, abavyeyi batihindukiza kw ijambo, abo umuntu yotahura ico baja kugira; kubera ko biyumvamwo ko inkomezi z’abo bavyeyi babo zibashigikiye, bakumva boshobora kuzīshimira igihe bashikiwe n’ingorane canke igihe bakeneye icobafasha. Iyo nya bavyeyi babo bameze neza ariko ntibareke kwamira amabi, bituma abana bumva babayeho ata nkomanzi, ata cobanyiganyiza. Abana barashima kumenya aho bahagaze, na vyo bakaba babimenya iyo bafise abavyeyi ben’abo.

14. Ni kuki ukudakina bikenewe iyo abana batumviye abavyeyi mu vyerekeye ubuyobozi babaha?

14 Iyo umwana yanse gukurikiza itegeko ry’abavyeyi, bisaba ko abo bavyeyi batotinya kwerekana ko badakina. Hari abavyeyi rero bahora baja mu vy’ukuraganira umwana igihano, mu vy’uguhārīra na we ata co bimaze, vyabura bakagerageza kumuhēra kugira ngo akore ivyo bamutegetse. Kenshi na kenshi ikiba gikenewe gusa ni ugushimika rwose ukabwira umwana wishigikiye ko ategerezwa kubikora, kandi akabikora buno nyene. Nk’igihe umuduga uriko uraza umwana akagomba kuwitamwo, abavyeyi ntibomubwira ico akwiye kugira mu majambo adatomoye neza. Hari ababitohoje hanyuma bavuga bati: “Abavyeyi nka bose barabwira abana babo kuja kw ishure, . . . gucisha umujigiti mu menyo, kwirinda kwurira ku nzu, kwiyoga, n’ibindi. Abana barakunda kwanka. Ariko rero barabikora kuko bazi ko abavyeyi batariko barakina.” Ushobora kwitega ko abana bawe ‘bahambirira ku mutima ibihe vyose amategeko-nyobozi n’amabwirizwa wabashingiye,’ iyo utigera utenzura mu kuvyubahiriza.—Imigani 6:21.

15. Igihe abavyeyi badahozako mu vy’ukwubahiriza amategeko-nyobozi, abana bishobora kubagira iki?

15 Igihe abavyeyi bubahiriza amategeko-nyobozi rimwe rimwe gusa iyo bibajemwo canke bakurikije ukuntu bamerewe ico gihe, canke igihe bateba rwose gutoza umwana indero iyo agambaraye, amakosa amwe amwe abana ntibaba bagitinya kugerageza kuyakora, kugira barābe iyo bashobora gushika mu vy’ukugira ayo makosa ntibahanwe. Iyo uguhanwa bisa n’ibitevye, abana bameze nk’abakuze mu vyerekeye ukudatinya gukora ibibi. “Urubanza rw’igikorwa kibi naho ruciwe ntiruherahezwa vuba, ni co gituma imitima y’abana b’abantu ihangara gukora ikibi.” (Umusiguzi 8:11) Vuga rero ico urondera, kandi shitsa ico uvuze. Ni ho umwana wawe ivyo yobitahura, agatako agategera yuko, kwaba ukwidoga, uguhārīra, canke ukugira ibintu nk’uko umengo abona yuko uri ruburakigongwe udakundana, ata co bimaze.

16. Abavyeyi bogira iki ngo birinde ivy’ugushinga amategeko ataranga ukwiyumvīra kuroranye?

16 Ivyo bisaba kwiyumvīra imbere y’ukuvuga. Amategeko canke amabwirizwa ashinzwe gihuruduka, usanga kenshi na kenshi ataranga ukwiyumvīra kuroranye. ‘Nimwihutire kwumva mutebe kuvuga, mutebe kuraka.’ (Yakobo 1:19) Iyo ugutozwa indero bitagizwe mu buryo bwiza, nk’uko bibereye, birononera abana agatima k’ivy’ubutungane bavukanye, bagaca batangura kugira inzigo.

IVY’UKWINEZEREZA BIKWIYE GUCUNGERWA

17. Ni uburyo ubuhe bw’ukubona ibikorwa n’ibikino bwoteba bugashimisha abana?

17 Ugukina ni ibintu bisanzwe mu buzima bw’umwana. (Zekariya 8:5) Ivyo abavyeyi ntibakwiye kuvyirengagiza, igihe bafasha umwana buhoro buhoro kugira akunde ibikorwa mu buzima, agire n’agatima k’ukwemera amabanga. Ibikorwa rero umwana yohabwa ivyo ari vyo vyose, mu bisanzwe bikwiye kubanza gukorwa neza, ivy’ugukina bikaba mu nyuma.

18. Ivy’ukwamana n’abandi bishobora kugira iki ku bana?

18 Hari abana bahinduka “ibiyerere” canke i muhira bakamera nk’abashitsi, kubera kuja ahandi kurondera ibibanezereza. Niba abo bantu bigendana atari beza, n’ingaruka yavyo ntiba nziza. (1 Ab’i Korinto 15:33) Birumvikana yuko umwana iyo yamana na bamwe bamwe mu bo bitabana mu rugo ahungukira, kubera ko atsimbataza muri we ivy’ukwumvikana n’abantu benshi kuruta. Mugabo rero iyo abana bagumana n’abo bitabana mu rugo bikarenga urugero kandi ntihagire uwubacungēra, umubano wo mu rugo uca ugoyagoya canke mbere ugasenyuka.

19. Bimwe bimwe mu vyo abavyeyi bokwihweza kugira bamenye yuko urugo boba barugira ahantu hamerera neza abana babo ni ibihe?

19 Abavyeyi bakwiye gutoza abana indero kugira ngo ivyo babihebe, ariko kandi bakwiye kwibaza ico bokora kugira ngo i muhira hamerere abana babo neza gusumba ni baba bamara igihe gihagije bari kumwe na bo, si mu kubigisha no mu kubatoza indero vyonyene, ariko no mu kuba abakunzi n’abagenzi babo nyakuri. Ubwo mu bisanzwe uhora ‘uronka umwanya’ w’ukugumana n’abana bawe mugakina? Iyo akaryo k’ukugirira umwana ivyiza ukagishije, ntuzosubira kukabona. Igihe kigenda cerekeye imbere gusa, kandi umwana ntaguma ari umwana, arakura akaja arahinduka. Ibihe vy’umwaka birarengana, kandi naho bisa n’uko igihe umuhungu wawe yariko ariga gutambuka hari ejo, bidatevye usanga ariko araba umusore, uw’umukobwa na we ugasanga yabaye inkumi. Ugutunganya ibintu ku rugero rubereye n’ukwigobera wewe ubwawe mu buryo ukoresha umwanya ufise, ni vyo gusa vyotuma wirinda kugīsha akaryo uhabwa n’ico kiringo ciza rwose—canke bigatuma abana bawe batakwiyonkorako kandi ata ho barigeza.—Imigani 3:27.

20, 21. Mu rugo bafise televiziyo, ni igikorwa ikihe abavyeyi bategerezwa kurangūra, kubera iki?

20 Ahantu bamenyereye iteleviziyo mu vy’ukwinezereza, ukuyikoresha bikwiye gushingirwa akarimbi. Hari abavyeyi TV bayihindura umurezi w’umwana. Hari aho ivyo wosanga bibereye kandi bigasa n’uko ata mahera bitwara; mugabo mu vy’ukuri hari aho wosanga bigutwaye vyinshi. Ibiganiro vyo muri televiziyo bikunda kuba vyuzuyemwo ibintu biranga ubukazi hamwe n’ivy’ubushakanyi. Bavyerekana nk’uko umengo ukugira ibiranga ubukazi ni bwo buryo nyabwo bw’ugushira mu buryo ibigoranye; ubusambanyi bukamera nk’uko umengo ni ikintu ciza cogirwa imisi yose. Ababitohoje benshi bavuga ko ivyo umuntu ashobora kubimogorera ntabe akibona ko ari bibi, cane cane abakiri bato. Uhora witwararika ko abana bawe borya imfungurwa zibaha amagara ntibarye izirimwo isumu. Ukwiye no kwitwararika mbere gusumba ibiriko birinjira mu bwenge bwabo ivyo ari vyo. Nk’uko Yezu yavyerekanye, imfungurwa ntizinjira mu mitima, ahubwo ivyo twinjiza mu bwenge ni vyo bishobora kwinjira mu mutima.—Mariko 7:18-23.

21 Uguhitamwo Ibiganiro mwokurikira n’ugushinga umwanya mwomara imbere y’iteleviziyo, birashobora rwose kugira ico bihindura ku vyerekeye ugukura kw’umwana. Iteleviziyo irashobora kwerekana ibintu binezereza mbere birimwo n’inyigisho, mugabo umuntu ayīhāye arashobora kuyimogorera, ikamutwara umwanya koko. Umwanya ni bwo buzima, kandi nta nkeka muri uyo mwanya umuntu yoshobora gukora ibindi bintu vy’ingirakamaro gusumba. Ivyo ni ko biri, kubera ko iteleviziyo umuntu ayirāba gusa ata co akora. Ntibuza umuntu gukora vyonyene, iramubuza no gusoma canke kuganira. Ababana mu rugo barakeneye kumenyeshanya amakuru no kumara igihe bari kumwe, kwicara rero mu nzu banumye bariko bararāba televiziyo ntibituma ivyo bintu vya nkenerwa babishitsa. Mu rugo rurimwo ingorane y’ivy’ukurāba TV birenze urugero, abavyeyi barashobora kumenyereza abana ivy’ugushimishwa n’ibindi bikorwa mu gishingo c’iteleviziyo—nk’urukino ruzana amagara, ugusoma, ibikorwa vy’i muhira—cane cane iyo abavyeyi ubwabo bagiye imbere bagatanga akarorero.

IGIHE UBATOZA INDERO, NIMUSERURIRANIRE AKARI KU MUTIMA!

22. Ni kuki bikenewe ko abana batahura amajambo abavyeyi babo bavuga?

22 Hari umuvyeyi yigāna iyi nkuru yabaye:

“Igihe umuhungu wanje yari amaze imyaka itatu y’amavuka, naramusiguriye ivyerekeye ukubesha, ko Imana yanka ibinyoma, nkoresheje ibiri mu Migani 6:16-19 hamwe n’ibindi Vyanditswe. Yarumvirije asa n’uko umengo biriko biramwinjira. Mugabo narabona ko ata vyo atahura neza. Naciye rero ndamubaza, nti ‘mwananje, ubwo uratahura ukubesha ico ari co?’ Yanyishuye ngo ‘oyaye.’ Kuva ubwo naguma ngerageza kumwumvisha ico amajambo mvuze asobanura, n’igituma ariko aratozwa indero.”

23. Wosanga hakenewe iki kugira ufashe abana kubona yuko ukugira ikintu kinaka ari vyiza?

23 Igihe abana bakiri bato rwose, hari aho abavyeyi gusa ari bo bashobora kuja barerekana ibintu bakavuga bati “reka, reka,” akarorero nk’ugukora ku nkono ishushe. Mugabo n’ayo majambo y’ubwa mbere y’ukubabūrira atagoye gutegēra, bashobora kuyagerekako n’impamvu. Hari aho bovuga gusa bati inkono “irashushe,” ni wayikorako “urasha!” Kuva mu ntango rero, ja urasubiriramwo umwana ingingo y’uko ivyo babimubuza kubw’ineza yiwe, hanyuma werekane neza izi ngeso nziza zironderwa, akarorero nk’ubuntu, ukwiyumvīra abandi, n’urukundo. Fasha umwana atahure ko ivyo asabwa gushitsa n’ivyo abujijwe kugira bishingiye rwose kuri izo ngeso nziza. Vyongeye, vuga ushimitse ivy’uko hariho ibintu bimwe bimwe umuntu agira bikagaragaza izo kamere zironderwa canke ntibizigaragaze. Ugumye ubigenza gutyo ntiwoshikīra ubwenge bw’umwana gusa woshikīra n’umutima.—Matayo 7:12; Abaroma 13:10.

24. Ni kuki bikenewe ko umwana yubaha abamugaba?

24 Ni co kimwe n’ivyerekeye akamaro k’ukwumvira abamugaba agatako akabubaha, bikwiye kumwinjira buhoro buhoro. Mu gihe umwana agifise umwaka umwe, ivy’uko ashaka canke adashaka kugira ivyo abakuze bamubwiye biribonekeza. Igihe ubonye ko amaze kugira ubwenge bihagije, ca umwigisha gutahura ko abavyeyi bafise ico bazobazwa n’Imana. Birashobora kugira ico bivuze ku vyerekeye ukuntu agira ivyo bamubariye. Abana ivyo batabimenye, ivy’ukwumvira abavyeyi bashobora kubona ko ari ikintu bategerezwa kugira kubera gusa ko abavyeyi bakuze kandi bakomeye kubarusha. Ariko nk’igihe umwana afashijwe akabona yuko abavyeyi badatanga ivyiyumviro vyabo bwite ariko ko bamushikiriza ivyo Umuremyi avuga, ivyo Ijambo ryiwe rivuga, bituma impanuro n’ubuyobozi abo bavyeyi bamuha bigira ububasha kurusha ikindi kintu ico ari co cose. Birashobora kumubera inkomezi, agasangwa na zo zirakenewe igihe atanguye gushikirwa n’amagume mu buzima bwiwe akiri muto, n’igihe atanguye kwumva ko bitoroshe gukurikiza za ngingo zitunganye iyo hagize ibimwosha nabi canke ibimukaza.—Zaburi 119:109-111; Imigani 6:20-22.

25. Impanuro iri mu Migani 17:9 yofasha gute abavyeyi mu vy’ugutoza abana babo indero mu buryo bubereye?

25 “Ūpfuka igicumuro aba arondera urukundo, ariko ūhoza ikintu mu kanwa atandukanya [abamenyeranye, NW].” (Imigani 17:9) Ivyo ni ko biri no ku vyerekeye imigenderanire y’umuvyeyi n’umwana. Umwana amaze kubwirwa ikibi yakoze agatahura n’igituma akwiye gutozwa indero kandi bikagirwa, urukundo rwotuma umuvyeyi yirinda kuja aribukiriza ico kibi. Naho umwana yoba agize ikibi kimeze gute, rāba yuko werekana neza ko wanka ico kibi atari we wanka. (Yuda 23) Umwana arashobora kubona ko ‘yemeye guhanwa ntiyidoge,’ ukuguma bavyibukiriza hari aho vyotuma abona ko ari ukumutetereza gusa. Birashobora gutuma yigungira aha wenyene ntabonane n’abavyeyi canke n’abandi bana bo muri urwo rugo. Niba abavyeyi bicura ko akarorero kabi kariko karashinga imizi, ivyo boshobora kuvyihweza mu nyuma mu biyago vy’abo mu rugo. Ntimwibukirize ivyakozwe canke ngo bibe ari vyo mwihweza gusa, ahubwo mworāba ingingo zivyerekeye, ukuntu zokurikizwa n’igituma ari nkenerwa rwose mu vy’ukuzana ubuhirwe bwamaho.

UBURYO BUDASA BW’UGUTOZA UMWANA INDERO

26. Ni kuki ugutozwa indero kwo mu buryo bumwe abana bose kutabamerera kumwe?

26 “Umuntu afise ubwenge iyo ahambariwe bimushika kure kurusha uko inkoni ijana zishika ku gipfu.” (Imigani 17:10) Abana batameze kumwe hari aho usanga bakwiye gutozwa indero mu buryo budasa. Ntiwirengagize ivy’ukugene umwana wese amerewe hamwe na kamere yiwe. Hari umwana ashobora kuba yumva rwose, ugasanga igihano co ku mubiri, akarorero nk’ugukubita, hari aho kitama ari nkenerwa imisi yose. Uwundi na we hari aho ukumukubita ata co vyomara. Canke hari aho umwana usanga ameze nka wa musuku avugwa mu Migani 29:19, umwe ‘atohashwa n’amajambo masa, kuko naho ayumva atabibabara.’ Iyo bimeze gutyo, umwana aba akeneye igihano co ku mubiri.

27. Se w’ibibondo umwe yabujije gute akana kiwe k’agahungu gusaragura ku ruhome?

27 Hari umuvyeyi nyina w’ibibondo yavuze ati:

“Umuhungu wanje yari amaze imyaka ibiri gusa igihe yandika ku ruhome—asaragura ahantu hatoyi n’irangi ritukura, amaja hasi kw isima. Se yarahamweretse hanyuma arabimubaza. Ntiyishuye ngo ego canke ngo oya, atari ugufyura amaso gusa. Mu nyuma, se avuga ati ‘mwananje, menya ko igihe na jewe nari nkingana nk’uko ungana nanditse ku ruhome. Birahimbara, siko?’ Nya kana k’agahungu gaca gasubiza umutima mu nda, mu maso babona harakeye, gaca gatangura kwigāna gashwashwanutse ukuntu vyagahimbaye rwose. Kari kazi ko se ivyo abitegēra! Ariko rero baramusiguriye ko naho bihimbara, ku mpome atari ahantu h’ugusaragura. Uguseruriranira akari ku mutima vyari bitanguye, kandi uwo mwana yari akeneye gusa ko babimusigurira neza gusumba.”

28. Umuvyeyi yokwirinda gute guhārīra n’umwana?

28 Iyo uriko uratoza umwana indero, kumusigurira ico ubigiriye kugira umwigishe kandi umucishe ubwenge ni vyiza rwose, mugabo mu bisanzwe ntibibereye ko uhārīra na we. Hari umuvyeyi umwe nyina w’ibibondo umwana wiwe yatanguye ivy’uguhārīra ku vyerekeye igikorwa ashinzwe, aca amubwira gusa ngo ‘niwakirangiza duca tuja gutembēra,’ nya mwana bica biramunezereza rwose uwo musi. Ntiyari guhabwa ikintu kimuhimbara canke ngo baje gutembēra atarangije igikorwa yahawe. Aje kurāba agasanga ntaragikora, yavuga ngo “mbega nturagikora? Tuva ngaha ukirangije.” Ntiyahārīra n’uyo mwana, ariko nya gikorwa carakozwe.

29. Hogirwa iki kugira ngo umwana anyengeterwe n’ingaruka y’ikibi yakoze?

29 Kunyengeterwa n’ingaruka y’ikibi, birashobora gufasha abana bakiga gukerebuka mu vy’ingingo zitunganye. Hari ico umwana yoba yanduje? Vyoshoboka yuko atahuye ko ari we nyene ategerezwa kucoza vyomushika rwose ku mutima. Hoba hari uwo yagiriye nabi canke yoba yabaye ruburakigongwe? Yize gusaba imbabazi vyoshobora rwose kugira ico bimumariye, akikuramwo ako gatima kabi. Kumbure yoba yamenye ikintu ashavuye. Ni yaba ari uwumaze kwigira haruguru, bosaba ko arondera amahera yo kugura ikindi. Hari abana iyo umaze igihe uja urabankira ibintu bimwe bimwe bashobora guca baharonkera icigwa ca nkenerwa. Mw Ishengero ry’abakirisu, ukutagendera abakoze nabi ni bwo buryo butuma bamwe bamwe bamāramāra. (2 Ab’i Tesalonike 3:6, 14, 15) Abana bato bato, ukubakumīra ukabakura mu bandi hagahera umwanya, birashobora kugira ico bimaze kurusha gukubita. Ariko rero kurenza urugero, akarorero nk’ukwugaranira umwana hanze, birarengeye ivyo umuntu ashobora kugira bivuye ku rukundo. Uburyo bwokoreshwa ubwo ari bwo bwose, mukwiye kwereka abana ko barinda gushikirwa n’ingaruka y’ukuntu bigenza. Birabigisha kutigira ba sindabibazwa.

TOZA ABANA INDERO MU RUKUNDO

30. Ni kuki ukurimbura neza ibintu ari nkenerwa rwose igihe abavyeyi bashingira abana babo amategeko-nyobozi?

30 “Mutohoze ubwanyu ibintu bihambaye kuruta,” mugumize ku muzirikanyi ko “[ubukerebutsi, NW] buva mw ijuru . . . [bufise ukwiyumvīra kuroranye, NW].” (Ab’i Filipi 1:10, NW; Yakobo 3:17) Ibuka ko abana bakiri bato batekeye inkomezi muri bo ziguma zishaka kwibonekeza, kandi ko banyotewe kwiga, gutohoza ibintu, no kugerageza ibindi bishasha. Igihe ubashingira amategeko-nyobozi hamwe n’akarimbi mu vyo bakwiye kugira, erekana ukwiyumvīra kuroranye kandi ntupfe ivyo ushinze. Ukwiye kurimbura neza ivyoba nkenerwa rwose n’ibitari nkenerwa. Umaze kumenyesha umwana ivyerekeye akarimbi wamushingiye mu vyo agira, ah’ukumugendeza no mu tuntu duto duto, mureke agire ibintu n’umwidegemvyo ata co atinya mugabo ntarenge ako karimbi. (Imigani 4:11, 12) Ahandi ho abo bana bawe ‘wobaratsa’ ‘bikabavuna umutima,’ na wewe nyene ugasanga urarambiwe kubera ukuvyimbisha ibintu mu vy’ukuri bidahambaye rwose.—Ab’i Kolosayi 3:21.

31. Ni akarorero akahe Yehova yerekanye mu vyerekeye ugutoza indero?

31 Nuko rero muvyeyi, “hana umwana wawe igihe c’ivyizigiro kitararengerana,” ariko ubigire nk’uko Imana ibigenza, mu rukundo. Nuyigāne: “Uwo [Yehova, NW] akunda [ni] we [akangīra, NW] nk’uko se w’umwana nyene [agirira, NW] umwana wiwe anezērerwa.” Ukwo gutoza abana indero kwawe nibigire ico bimaze kandi bigaragaze urukundo, nka bimwe Umuremyi agira, kubera yuko “[ugukangīra mu gutoza indero, NW] ari inzira y’[ubuzima, NW].”—Imigani 19:18; 3:12; 6:23.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika