Ikigabane ca 4
Umunega Yihesha Icubahiro vy’Ukuri
1, 2. Umuntu yihesha icubahiro gute, kandi ivyo bigaragazwa gute n’ivyerekeye Yezu Kirisitu?
NTIWOHABWA icubahiro kubera gusa utegetse umuntu ngo akwubahe. Ukuntu uvuga, ukuntu ukora ibintu hamwe n’ukuntu umeze, ni vyo biguhesha icubahiro.
2 Ivyo bigaragazwa n’ivyerekeye Kirisitu Yezu. Yari umwigisha yubahwa kubera uburyo yigisha. Aho arangirije ya Nsiguro yashikiriza ari ku musozi, “ishengero ritangazwa n’inyigisho ziwe.” Ni igiki catumye ahabwa ico cubahiro? Ni ukwishimikiza Bibiliya Ijambo ry’Imana ntiyishimikize ivyiyumviro vy’abandi bantu. Nta kindi yabona ko kirengeye vyose atari Imana Yehova na rya Jambo ryiwe ryo kuri. Yezu yarubahwa n’abakunzi akubahwa n’abansi, kuko yari abikwiriye.—Matayo 7:28, 29; 15:1-9; Yohani 7:32, 45, 46.
3. Mu Banyefeso 5:33 havuga ko umukenyezi ategerezwa kugira iki, kandi ivyo bisaba ko umunega agira iki?
3 “Umugore [ategerezwa guha icubahiro nyakuri, NW] umugabo wiwe,” iryo tegeko riri mu Banyefeso 5:33. Mugabo umunega akwiye kwigora kugira ace ico cubahiro, ahandi ho umukenyezi wiwe ntivyomworohera na gato gukurikiza iryo tegeko. Umunega yorangūra ate uruhara rumwega Bibiliya ivuga mu ncamake, kugira ace ico cubahiro?
MU GUTEGEKA NK’UKO BIKWIRIYE
4. Ni igiki Bibiliya ishinga umunega?
4 Turāvye ukuntu ivy’umubano wo mu rugo vyatunganijwe, Bibiliya irashinga umunega ubutegetsi, iti: “[Abagore niborohere abagabo babo nk’uko borohera Umukama, NW] kuko umugabo ari we mutwe w’umugore wiwe, nk’uko [Kirisitu] na we ari umutwe w’ishengero, akaba Umukiza waryo, ari wo mubiri wiwe. Ariko nk’uko ishengero [ryorohera Kirisitu, NW] abe ari ko abagore [borohera, NW] abagabo babo muri vyose.” (Abanyefeso 5:22-24) Uburyo ivyo bintu vyatunganijwe, ubwo vyoshobora koko gufasha ababana mu rugo bakagira agahimbare? Hari abakenyezi badatinya kwiyamiriza ico bita ubwishime bw’abagabo, ni ukuvuga ukuntu abagabo bamwe bamwe baheba bakarenza urugero mu kwiratira ubukuru bafise bw’ukugaba abakenyezi. Ariko tubanze tuvuge ko inyigisho za Bibiliya zidashigikiye ben’ubwo bwishime bw’abagabo.
5. Ni igiki cerekeye ivy’ugutegeka umunega akwiye kumenya, kandi akwiye gukurikira akarorero ka bande?
5 Bibiliya iravuga ishimitse yuko umugore atari we gusa afise uwumutegeka, ariko ko n’umugabo ategekwa. Tuzinguruye ico gitabu Bibiliya mw ikete rya 1 ku b’i Korinto, ikigabane ca 11, umurongo wa 3, dusanga intumwa Paulo yandikiye Ishengero ry’i Korinto ibi bikurikira: “Ndagomba ko mumenya ko umutwe w’umugabo wese ari [Kirisitu], kandi ko umutwe w’umugore ari umugabo, kandi ko umutwe wa [Kirisitu] ari Imana.” Umutwe w’umugabo ni Kirisitu, kandi wewe munega ukwiye gufatira akarorero ku Mana na Kirisitu, ukabīgirako kugira ngo umenye ukuntu wotegeka.
6. Ni igiki abanega boshobora kwigira ku buryo Imana Yehova na Yezu Kirisitu bategeka?
6 Yehova yarategeka Kirisitu akabigirana ubuntu-mvarukundo, kandi vyatumye Kirisitu avuga ngo “mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje.” (Zaburi 40:8; Abaheburayo 10:7) Na Yezu nyene arategeka, akabigirana urukundo. Abari bimirije kuba abayoboke biwe yababariye ati: ‘Ndi ingenzabuhoro, ndiyoroheje mu mutima, muzoronka uburuhukiro bw’ubugingo bwanyu.’ (Matayo 11:29) Abagize Ishengero ryiwe, rimwe Ivyanditswe bigereranya n’umugeni, bararonkeye uburuhukiro koko ku buryo ategeka. Ntiyabarya imitsi, ahubwo yarabakunze arabigura. Uku ni ko n’umugabo akwiye gutegeka umugore wiwe: “Bagabo [mushishikare gukunda, NW] abagore banyu nk’uko Kirisitu na we yakunze ishengero, akaryigura . . . Ni ko abagabo na bo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Ukunda umugore wiwe, aba yikunda; kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira, akawubungabunga, nk’uko Kirisitu na we agirira ishengero . . . umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yikunda; umugore na we [ategerezwa guha icubahiro nyakuri, NW] umugabo wiwe.” (Abanyefeso 5:25-29, 33) Niwatanga akarorero ukoroha Kirisitu akagutegeka, ntivyogorana rwose ko umukenyezi wawe aguha icubahiro nyakuri wewe uri umunega wiwe umutegeka—mbere vyonamuhimbara.
7, 8. Erekana uburyo abanega bamwe bamwe ivy’ugutegeka neza bibananira.
7 Ibihora bigorana rwose ni uko hari aho umunega bimunanira kwerekana urukundo rwa nkenerwa n’uko ababaye umugore wiwe mu gihe arondera kwubahwa kubera ko ari we mutwe mu rugo, bivuye ku gasembwa no ku bwikunzi tuvukana. Kenshi na kenshi umukenyezi avuga ko atabona yuko akundwa n’umunega wiwe, ko uyo munega yishakira gusa kunezerwa no kwironkera ico yarondera. Bitayeko, hari abagore bidoga bakavuga ko abanega babo babahahaza. Hari aho ivyo vyoba biterwa n’uko umukenyezi arondeye kurengera umugabo mu vy’ugutegeka, nya mugabo agaca yanka ko amurengera. Canke hari umunega yoba yakuriye ahari abagabo benshi b’amanyama kandi b’agahahazo. Ico vyoba bivako ico ari co cose, ukwo gutwaza umukazo nta n’umwe guhesha icubahiro.
8 Abandi banega na bo, ah’ugutwaza umukazo, baheba ivy’ugutegeka. Barareka abakenyezi bakaba ari bo bafata ingingo zose. Canke iyo babariye umukenyezi ngo ‘ntabahutagize,’ baratevya rwose ibintu gushika aho ivyerekeye urugo vyononekara. Kumbure si ibinebwe kandi ntibadebara, mugabo iyo birinze ivy’ukwihāta ngo bakoreshe ubwenge, birashoboka ko haba ibisa n’ibi bivugwa mu Migani 24:33, 34: “Guca agatiro gakeya, kuba urisinziriye gatoya, kwisegura ukuboko gatoya wiboterere, uko ni ko ubworo bwawe buzogushikako nk’umwambuzi, n’ikigoyi kizogushikako nk’umuntu w’umurwanyi.”
9, 10. Igihe umunega afata ingingo yerekeye abo mu rugo, ni ivyiyumviro vya bande akwiye kuzirikana?
9 Umugore wawe yoguha icubahiro werekanye ko ushikamye, ko ukomeye kandi ko ushoboye gufata ingingo. Mugabo ivyo si ukuvuga ko ata wundi muntu n’umwe wohanuza mu rugo, canke ko iciyumviro c’umukenyezi wawe utocitaho na buhoro buhoro, kubera gusa ko bidashobotse ko gihuza n’icawe. Mu nkuru ya mbere na mbere muri Bibiliya, turasoma ivy’ingorane zikomeye zabaye mu rugo kwa Aburahamu na Sara, zerekeye Isaka umuhungu wabo hamwe n’umuhungu wa Hagari, incoreke yabo. Sara yarerekanye uburyo ivyo vyotorerwa umuti, mugabo ntivyari bihuje n’ukuntu Aburahamu abona ibintu. Ariko Imana yabariye Aburahamu, iti: “Nuvyemere.”—Itanguriro 21:9-12.
10 Ivyo ntivyotuma duca twiyumvira yuko umunega akwiye nantaryo kwama agira ivyo umukenyezi wiwe yipfuza. Mugabo vyogira ico bibungura ivy’izo ngingo bofata zerekeye abo mu rugo babigiyemwo inama, umunega akaremesha umukenyezi ngo na we nyene atange iciyumviro avuge n’ukuntu abona ibintu, ata wumugobereye. Uguseruriranira akari ku mutima nibigume vyoroshe, nantaryo ugume uri umuntu umukenyezi atotinya, kandi witonde uzirikane ibimushimisha gusumba igihe uriko urafata ingingo. Ntiwigere wigira agahambaye canke ngo utwaze umukazo mu gutegeka, ariko niwerekane ukwicisha bugufi. Ntubuze agasembwa, uragira n’amakosa, kandi iyo uyagize wipfuza ko umukenyezi wawe ivyo abitahura. Igihe ibintu nk’ivyo bibaye, umugore afise umugabo yicisha bugufi, biramworohera rwose kwubahiriza ubutegetsi bwiwe kurusha ūfise umugabo w’amanyama.
MU KURONKA IBITUNGA URUGO
11, 12. (a) Ni ibanga irihe umunega ajejwe mu vyerekeye ukuronka ivy’umubiri vya nkenerwa mu buzima? (b) Ni mu buryo ki vy’ukuri bose bīgora kugira ngo ivyo biboneke?
11 Umugabo ni we ajejwe ibanga ry’ukurondera ibitunga abo mu rugo. Ikete rya 1 ryandikiwe Timoteyo 5:8, ivyo riravyerekana riti: “Umuntu natātunga abo mu nzu y’iwabo, cane cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kandi azoba abaye hanyuma y’ūtizera.” Mu bihugu vyinshi, kubaho muri iki gihe bisaba amahera menshi cane, kandi wewe munega utegerezwa gufata ingingo y’ukuntu woronka ayo mahera akenewe. Hari aho wosanga ari nkenerwa ngo mwumvikane n’umukenyezi wawe mu gushinga ukuntu amahera mwoja murakoresha yongana, turetse ivy’ukuyatahukana i muhira gusa. Ivyo bishaka kuvuga ko ari ugutunganya uburyo bw’ukumenya ayasohotse. Vyobafasha kubaho nk’uko amahera muronka angana, kandi vyotuma mwirinda rwose amahane ahora avyuka iyo amahera aheze umusi w’uguhembwa utaragera.
12 Naho umugabo ari we akunda kuronka amahera atunga abo mu rugo, ntitwibagire ko aboneka bose bagize akigoro. Wewe munega ni waba wibaza ko uyaronka uri wenyene, itonde urimbure gusa ayo wohemba umukozi akugīra kw isoko, ūteka, uwoza amasahani, ūsukura mu nzu, ūyishariza, ūzigama abana, n’ibindi, ukuntu yoba angana. Mu bisanzwe umugore wawe ararokora ayo mahera mu kurangūra igikorwa, ego ni ko citwa ko ari iciwe kubera ko mwubakanye. Kandi ni yaba yandika amahera yo mu rugo asohotse, muri urwo rutonde shiramwo n’“umukarani.” Mu Migani 18:22 havugisha ukuri koko hati: “Ūronse umugore [mwiza, NW] aba aronse ikintu ciza.”
13. Ku vyerekeye ibintu vy’umubiri, abubakanye bakwiye kwirinda kubibona gute, kandi ivyo vyobagirira akamaro gaki?
13 Ukurondera ibintu vy’umubiri vyobatunga vyama birimwo uguhakwa—wewe n’umukenyezi wawe—kugenda akayombekera mugatangura kubona yuko amaronko ari bwo buzima. ‘Ntacokuraho’ ubuhirwe bw’ababana mu rugo coza kingana n’ubwo buryo bw’ukubona ivyerekeye amaronko. Paulo umwanditsi wa Bibiliya avuga yuko “ata co twazanye mw isi kandi ata co dushobora kuyivanamwo. Ariko iyo dufise ivyo turya n’ivyo [twambara] biba bitubūmvye. Ariko abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura. Kuko gukunda amahera ari imizi y’ibibi vyose, ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi.” Naho ubuzima bw’ukurondera amaronko bwoba butuma ababana mu rugo batunga ibingana iki, nta co vyigera bimara iyo havyutse umubabaro kubera ko umwumvikano wabo utanguye kugoyagoya hanyuma ugasenyuka. Bopfuma babura itunga hako babura ibiraba ivy’umutima hamwe n’urukundo.—1 Timoteyo 6:7-10.
14. Ni igiki cerekana ko umuntu abona ko ivy’umubiri vyoba bifise akarusho karengeje mu buzima?
14 Uguhahamira amaronko biterwa n’ukuyakunda ntibiterwa n’ugutunga. Umuntu arashobora kuba mukene ugasanga arayahahamiye, canke umutunzi ugasanga aritwararika ivy’umutima. Biva ku vyo yamizako umutima. Yezu yavuze ati: “[Geze aho kwirundaniriza, NW] ubutunzi mw isi, aho inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikimba bikabwiba. Ariko mwirundanirize ubutunzi mw ijuru, aho inyenzi n’ingese bitabumara, hatariyo n’ibisuma vyimba ngo vyibe. Kuko aho ubutunzi bwawe buri, ari ho [n’]umutima wawe [uba uri, NW].”—Matayo 6:19-21.
15, 16. Turetse kuronka ivy’umubiri abo mu rugo bakeneye, ni igiki kandi umunega akwiye gukora kugira ngo bagume bahiriwe?
15 Umunega w’umuronsi aronka ivy’umubiri vya nkenerwa mu rugo, nazirikane iyo mpanuro yo mu Vyanditswe hanyuma ashinge umwanya uhebewe kuronsa ivy’umutima abo mu rugo iwe, turetse ukubaronsa ivy’umubiri vya nkenerwa. Vyogira akamaro gaki umaze igihe kirekire rwose uri ku kazi kugira ngo uronke ivy’umubiri vyobatunga, ku buryo ata mwanya n’inguvu bihagije wosigarana kugira ukomeze abo mu rugo rwawe mu vy’umutima? Kugira ngo muronke ubukerebutsi bw’ugutorera umuti ingorane zo mu buzima, hategerezwa kuboneka umwanya w’ugutsimbataza mu bo mu rugo ivy’ugukurikiza ingingo zitunganye. Ivyo vyoshoboka mutunganije mu buzima bwanyu ivy’ugusoma n’ukuyāga ivyerekeye Ijambo ry’Imana, mutibagiye gusengera hamwe. Kubera ko umutwe w’umuryango ari wewe munega, ni wewe woja imbere y’abandi muri ivyo. Ico muzokwunguka uzosanga kirengeye kure n’iyo umwanya bigutwara hamwe n’akigoro ugira. Uyu muhango w’Imana ntuzobura kurangūka: “Umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.”—Imigani 3:6.
16 Umunega yitura Imana ngo iyobore intambuko ziwe, aratahura yuko ibi bivugwa mu Musiguzi 7:12 ari ibintu vyumvikana: ‘Ubukerebutsi ni ubwugamo nk’uko amahera ari ubwugamo, ariko inyungu iva mu kumenya ni uko ufise ubukerebutsi bumuzigamira ubuzima.’ Kubera rero ko umunega ari we arondera ibitunga abo mu rugo, arakora rwose kugira haboneke ivy’umubiri bakeneye. Naho ari uko, ‘ntiyishimira ubutunzi butari ubwo kwishimirwa, ariko yishimira Imana.’ (1 Timoteyo 6:17-19) Uburyo umunega yihāta kugira abaronse ivyo bintu vy’umubiri n’ivy’umutima, bituma umukenyezi yibanga Imana amwubaha.
MU GUTERA ITEKA UMUKENYEZI WIWE
17-19. Impanuro Bibiliya itanga yerekeye ivy’ugutera “iteka” umukenyezi yokurikizwa gute mu vy’ukumarana inambu y’umubiri?
17 Intumwa Petero arabwira abanega ivyerekeye abakenyezi babo, akavuga ngo ‘babatere iteka kuko ari urwavya rurushirije kudakomera, urwavya-mugore.’ (1 Petero 3:7, NW) Kuri uyo murongo nyene, Petero arerekana yuko wewe munega ubana n’umukenyezi, ukwiye kumutera iryo teka ‘ukurikije ukuntu uzi ibintu.’
18 Nta gukeka ivyo vyerekeye ivy’ukumarana inambu y’umubiri. Ivy’abagore bumva badashaka umugabo na buhoro buhoro, biterwa n’abagabo batazi ukuntu umugore ameze mu mubiri no mu vyerekeye akanyengetera. “Umugabo ahe umugore wiwe ivyo akwiye,” ariko abigire ‘akurikije ukuntu azi ibintu amutera n’iteka kuko ari urwavya rurushirije kudakomera,’ iyo ni impanuro yo mw Ijambo ry’Imana. (1 Ab’i Korinto 7:3) Ni waba ‘umutera iteka’ vy’ukuri, ntiwoba ntambabazi kandi ntiwomugobera ushaka gutururuza gusa inambu y’umubiri, naho kumbure yoba arushe rwose canke afise ingorane zo muri ca gihe c’ukuja mu kwezi. (Gereranya no mu Balewi 20:18.) Kandi no mu gihe c’ukumarana inambu y’umubiri ntiworondera cane kuryoherwa wewe wenyene ngo wibagire ivyo akeneye. Muri ivyo, inambu y’umukenyezi ntivyuka vuba na vuba nk’iy’umugabo. We akeneye rwose kugirirwa ikibabarwe hamwe n’igishika cinshi. Igihe Bibiliya ibwira umugabo ngo “ahe umugore wiwe ivyo akwiye,” ishimika ku vy’ugutanga, ntishimika ku vy’ukuronka.
19 Birumvikana yuko ben’ukwo gutanga kugirwa ku wo mwubakanye gusa. Ni ivy’ukuri muri iki gihe abagabo benshi ‘barashaka’ abandi bagore. Ariko amaherezo bunguka iki? Nta kindi atari uko ivy’ubuhirwe mu ngo zabo bihakwa kuzimangana. Ivy’‘ugutera iteka’ abakenyezi babo birabananira, bigatuma abo bakenyezi bataronka ishimikiro ry’ukububaha. Bitayeko, umubano wabo uca ukengereka kandi ari ikintu catunganijwe n’Imana. Turāvye umubabaro ivyo bitera ukuntu ungana, duca dutahura igituma mu Baheburayo 13:4 havuga hashimitse, hati: “Umubano w’ababiranye niwubahwe na bose, kandi uburiri bwabo bwoye guhumanywa, kuko [abasambanyi n’abarengabigo, NW] Imana izobacirako iteka.”
20. Nk’uko mu Banyefeso 5:28 havyerekana, umukenyezi akwiye guterwa iteka mu bundi buryo ubuhe?
20 Ugutera iteka umukenyezi ntibigirwa gusa mu vy’ukumarana inambu y’umubiri. No mu bindi bintu nyene, umunega yubahwa vy’ukuri arerekana ko yitaho rwose umukenyezi wiwe. Si ukuvuga ko amushira hejuru akigira umushumba wiwe. Ahubwo, akurikiza ibi twamaze gusoma mu Banyefeso 5:28: “Abagabo na bo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Ūkunda umugore wiwe aba yikunda.” Nta gukeka umugabo ashitsa ivyo ntashobora gufata umukenyezi wiwe nk’umuntu atangana na we. Mu gihe c’ugufungura, birumvikana ko atobona yuko umubiri wiwe ari wo ukwiriye guhabwa ibifungurwa vyiza vyiza, uw’umukenyezi ugahabwa ibisigaye. Si uko yogira ni yaba amukunda ‘nk’umubiri wiwe bwite.’ Ah’ukwigira neza we nyene gusa, yokwitwararika ko n’umugore wiwe yosa neza nka we canke akamusumvya, agakora uko ashoboye kugira ngo uyo mukenyezi yumve ashimishijwe n’ukuntu yambitswe. Nta mugabo yikubita iyo binaniranye ko akora ivyo yashaka gukora. N’umukirisu w’umunega ivyo ntiyobigirira umukenyezi wiwe, kubera gusa ko hari aho ivyo yashaka ko arangūra bimunaniye. Ahubwo riho iyo hagize uwufata uyo mukenyezi wiwe nabi, ntamuhemukira aramutabara. Amukunda nk’uko akunda umubiri wiwe bwite.
21, 22. Umunega yofasha gute umukenyezi wiwe kugira ngo arangūre uruhara rumwega anezerewe?
21 Kubera ko ushimishwa n’uko muhuje mu bintu bimwe bimwe, ukwiye no gutahura aho mutandukaniye mu vyerekeye kamere, kugira ngo ‘utere iteka’ umukenyezi wawe. Mu bisanzwe abakenyezi bashima gukorera kw itegeko, rigapfa gusa kuba rimeze neza. Uko ni ko Imana Yehova yabaremye. Umugore yaremwe ngo abe ‘umufasha w’umugabo, uwo bakwiranye.’ (Itanguriro 2:18) Mugabo iyo umukenyezi yamizwako ijisho; iyo adahabwa akaryo k’ukwibwira ico yokora n’ak’ugukoresha ubushobozi afise, birashoboka ko atangura kubona yuko abujijwe umunezero mu buzima, kumbure agaca atangura kugira inzigo.
22 Ikindi kintu gihambaye cokwitwararikwa, ni uko mu bisanzwe umukenyezi yipfuza ko babona yuko akenewe. Umunega afasha umukenyezi ibikorwa abagore benshi baramushima, mugabo uwumwamikaza akaba ari we akora vyose hari aho asanga inabi agize iruta ineza. Wofasha rwose umukenyezi wawe kutaguhemukira umugiriye ubuntu kandi ukamushīma, ukamwereka ko umukeneye, ko ari n’agateka, ko mukorera hamwe, ko ari “twebwe,” “cacu,” atari “jewe,” “wewe” canke “canje,” “cawe.” Ubwo vy’ukuri urereka umugore wawe ukuntu umushima n’ukuntu umukeneye? Ivyo ntiwobigira mu kumuhemba umushahara; ukwiye kubimwereka mu bundi buryo.
NUSHIMISHWE NA KAMERE NZIZA AFISE ZA ZINA MUGORE
23. Mu bisanzwe umugabo n’umugore batandukaniye he mu vyerekeye akanyengetera ko mu mutima?
23 Hari umukenyezi atohoza ivya kamere z’abantu yanditse ibi bikurikira: “Mu bisanzwe, abagore bakoresha akanyengetera ko mu mutima, ariko abagabo bakoresha ukwiyumvīra.” Muri izo kamere imwe yose ishizwe ukwa yonyene nta yiruta iyindi, ziratandukanye gusa. Ntitwishiramwo umuntu atiyumvamwo akanyengetera, kandi ntidukunda abantu batiyumvīra. Biragaragara ko abagore bafise akanyengetera n’ukwiyumvīra, abagabo kukaba uko nyene. Mugabo mu bisanzwe, umugore ntagumye mu vy’uguserura akanyengetera ko ku mutima, ariko umugabo we mu bisanzwe asa rwose n’uwugerageza kwigumya mu vy’ako kanyengetera, agashima ico abona ko ari bwo buryo buroranye bw’ukugira ibintu. Naho vyumvikana ko hariho abatameze gutyo, ico ni ikindi kintu umugabo n’umugore batandukaniyeko, gituma baba magirirane. Turetse ivy’uko umukenyezi afise kamere y’ukwerekana akanyengetera ko mu mutima gusumba, ukuntu ashimishwa rwose n’ivyerekeye abandi bantu, bikunda gutuma aba umutēzi w’inkuru gusumvya umugabo. Kandi arakeneye uwumwikiriza. Abagabo benshi ivyo ni vyo bihora bibananira.
24. Ni kuki ari nkenerwa ko umunega yumviriza umukenyezi wiwe agatako akamuganiriza?
24 Ubwo uraganiriza umugore wawe? Si mu vyerekeye igikorwa wewe ukora gusa ariko no mu vyerekeye iciwe? Ubwo kiragushimisha kandi ukabimwereka? Yiriwe gute? Abana boba bashikiwe n’iki? Ntushike i muhira ngo ubaze ngo ‘mbega watetse iki,’ hanyuma umaze kubifungura ugaca wunamika umutwe ku kinyamakuru ukaja uranihira mu kwikiriza, iyo ariko aragerageza kukuyāgisha. Nushimishwe n’umukenyezi wawe, n’ivyo yiyumvīra, ivyo akora, n’ukuntu abona ibintu. Muremeshe mu vyo yishinze kurangūra, aramutse abirangūye umushimire. Umushimiye ku vyo ashikije, yoshobora guca atangura gukora ibindi bikorwa ata ciyumviro c’ukubikora yari afise. Kumunegura birashobora kumera nk’isumu itibonekeje bikamuvuna umutima, ariko kumushima vy’ukuri bigizwe mu gihe gikwiriye, ni umuti kandi birashwangamura umutima!—Imigani 12:18; 16:24.
25, 26. (a) Ikintu utahukaniye umukenyezi kimubwira iki? (b) Ni ikintu nyabaki gihambaye rwose akwiye guhabwa?
25 Ubwo uhora rimwe rimwe umutahukanira ikintu? Si ngombwa ngo kibe ic’igiciro kinini—kumbure akantu gatoyi gusa komubwira ko ‘wamye umwiyumvira.’ Kandi ivyo woba ubigira atabigusavye, atari ngombwa ngo habe ari mu gihe cashinzwe, ukabigira ata kindi kibigutumye atari uko uvyishakiye? Ibintu vyiza umuntu aronse atavyiteze, nantaryo birahimbara. Ntuhimbarwa none iyo atetse ibifungurwa ukunda utari uvyiteze? Akugiriye ivyo utari witeze nawe mugirire gutyo nyene, umunezereze. Utuntu duto duto two kukwibukirako umuhaye ku rukundo, turi n’ico tuvuze gusumba ibintu vy’igiciro kinini wamenyereye kumuha—kumbure mbere ukabimuha widoga—kubera ko ari itegeko. “Imana ikunda ūtanga anezerewe.” (2 Ab’i Korinto 9:7) N’abakenyezi ni uko nyene. Naho imfungurwa zoba ari izisanzwe, ntiwibagire ko “ingaburo y’imboga irimwo urukundo iruta inyama z’inka inuze zirimwo urwanko.”—Imigani 15:17.
26 Ikintu c’ingirakamaro rwose wotanga ni ukwitanga wewe nyene—umwanya ufise, inkomezi, ukumwitaho hamwe n’ivyiyumviro, bimwe cane cane vyo ku mutima. Abagabo benshi ivyo babona ko bitoroshe. Kugira ibigaragaza urukundo hari aho bobona ko ari ukuba nk’akagugu, kandi ko umengo ntibibereye umugabo. Mugabo ni waba ukunda umugore wawe, wogumiza ku muzirikanyi ko iyo umurāvye, umukozeko, umubwiye akajambo, bimuhimbara rwose. Ariko ivyo utabigize hari aho bituma ashavura, adendebuka, akumva arababaye. Kurikiza rero akarorero dusoma muri ya Ndirimbo ya Salomo iri muri Bibiliya. Ubabara abandi akabagirira igishika arabironkamwo akunguko. Abantu ni ngombwa ngo biyegereze umuntu ashwashwanutse. Ūshwashwanutse none ni umuntu nyabaki? Ni uwereka abo yitwararitse ukuntu yumva amerewe n’urweze afise. Ukwo gushwashwanuka kurandukira; ūkwerekana, na we barakumwereka.—Indirimbo ya Salomo 1:2, 15; Luka 6:38.
27, 28. (a) Ni igiki umunega akwiye kwibaza kugira ngo amenye ko yoba ategeka neza? (b) Ivyo ni kuki ari vyiza kuvyitwararika?
27 Yewe munega, niwibaze uti: Ukuntu ntegeka biroroshe ku buryo umugore wanje yovyubahiriza? Ubwo ndamukunda nk’uko nikunda? Canke ubwo sindondera ubwa mbere na mbere kwinezereza jewe ubwanje no kuronka ivyo nipfuza? Ivyo akeneye ndavyitwararika ku rugero rungana iki? Ubwo mpora mbanza kumuhanuza nkumviriza n’ivyo yipfuza, imbere y’uko mfata ingingo mu rugo? Ubwo ingingo mpora ndazifata kubw’ineza yiwe? Ubwo ndamutera iteka nk’uko nyene ari urwavya rurushirije kudakomera, urwavya-mugore? Ubwo turaganira nkamuserurira akari ku mutima?
28 Ivyo ntiwoshobora kubishitsa mu buryo butagira amahinyu. Mugabo ugumye wihāta kandi wicishije bugufi, wokwizigira udakekereza ko ivyo bizoteba bigatuma uba umunega yiyubahiriza vy’ukuri imbere y’umukenyezi wiwe, umunega ashimwa n’Imana.
[Ifoto ku rup. 49]
Utuntu duto duto turi n’ico tuvuze koko