ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g20 no. 2 rup. 6-7
  • Imana yoba ari yo iduteza imibabaro?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yoba ari yo iduteza imibabaro?
  • Be maso!—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma bihambaye ko turonka inyishu
  • Iyumvire iki kintu:
  • Bibiliya ibivugako iki?
  • Ibirimwo
    Be maso!—2020
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ikibazo ca 3: Kubera iki Imana ireka ngashikirwa n’imibabaro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Be maso!—2020
g20 no. 2 rup. 6-7
Umupatiri afise Bibiliya mu minwe ariko arasomera imisa abantu babuze.

1. Imana Yoba Ari Yo Iduteza Imibabaro?

Igituma bihambaye ko turonka inyishu

Abantu benshi ntibashaka gukorera Imana kubera biyumvira ko ari yo iteza imibabaro.

Iyumvire iki kintu:

Mu buryo budomako canke butadomako, abakuru b’amadini benshi bigisha ko Imana ari yo iduteza imibabaro. Nk’akarorero, hari abavuga bati:

  • Ivyago vy’ivyaduka ni igihano c’Imana.

  • Abana bapfa kubera ko Imana iba ikeneye utundi tumarayika mw’ijuru.

  • Imana iba ifise abo ishigikiye mu ntambara, uzi n’ingene ziteza ingorane nyinshi.

Ubwo none ivyo bigisha ntivyoba ari ibinyoma? Burya ntiwosanga Imana itabemera?

MENYA N’IBINDI

Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

Bibiliya ibivugako iki?

Imana si yo iduteza imibabaro.

Nimba Imana ari yo iduteza imibabaro, vyoba bitandukanye n’ukuntu Bibiliya idondora kamere zayo. Nk’akarorero:

‘Inzira zayo zose ni ubutungane. Ni yo igororotse kandi itunganye.’​—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 32:4

“Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha, yuko Mushoboravyose yorenganya!”​—YOBU 34:10.

“Mushoboravyose ntagoreka urubanza.”​—YOBU 34:12.

Imana iriyamiriza amadini ayivuga uko itari.

Aho harimwo amadini yigisha ko Imana ari yo iduteza imibabaro be n’ayisuka mu ntambara no mu bukozi bw’ikibi.

“Ubuhanuzi bw’ibinyoma ni bwo abo bahanuzi bavuga mw’izina ryanje [Imana]. Sinabatumye, eka kandi nta co nabategetse canke ngo ndababwire. Bababwira mu buryo bw’ubuhanuzi ukwerekwa kw’ikinyoma . . . n’amayeri yo mu mutima wabo.”​—YEREMIYA 14:14.

Yezu yariyamirije uburyarya bw’abanyamadini.

“Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ukugomba kwa Dawe ari mw’ijuru. Benshi bazombwira kuri wa musi ngo: ‘Mukama, Mukama, ntitwavuga ubuhanuzi mw’izina ryawe, tukirukana amadayimoni mw’izina ryawe, tugakora n’ibikorwa vyinshi vy’ububasha mw’izina ryawe?’ Maze nanje nzoca ndababwira icese nti: Sinigeze ndabamenya! Mva mu maso, mwa bakora ivy’ubugarariji mwe.”​—MATAYO 7:21-23.

Imana yoba ari yo iduteza imibabaro?

Sebibondo umwe aritwararika abana biwe akabaronsa ivyo bakeneye. Mu nyuma umwe muri bo aragumutse, aromoka maze ahitamwo inyifato yonona amagara yiwe. None uwo muvyeyi yoba ari we yobibazwa? Uwo mwana yoba yota ishavu kuri se kubera ingaruka mbi ziriko ziramushikira? Muri ubwo buryo nyene, ntidukwiye kwegeka ku Mana imibabaro idushikira.

None twoba ari twe tuyikwega?

Raba ikibazo ca 2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika