ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g19 no. 3 rup. 4-5
  • Amagara meza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amagara meza
  • Be maso!—2019
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • KWITWARARIKA UMUBIRI WACU
  • KWIRINDA INGESO MBI
  • IBINDI BIBILIYA IVUGA
  • 1 | Nukingire amagara yawe
    Be maso!—2022
  • Ica 5—Nutume wewe n’umuryango wawe mugira ishaka
    Be maso!—2011
  • Nugume wisunga ivyanditswe mu bijanye no kubungabunga amagara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ingene wokwihanganira indwara ikomeye
    Ibindi biganiro
Ibindi
Be maso!—2019
g19 no. 3 rup. 4-5
Umugabo ariko ararya isalade

Amagara meza

Bibiliya si igitabu c’ivy’ubuvuzi. Yamara rero, iratwereka ingene twogira amagara meza. Raba impanuro zimwezimwe Bibiliya iduha.

KWITWARARIKA UMUBIRI WACU

ICO BIBILIYA IVUGA: “[N]ta muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite; ahubwo arawugaburira akawubungabungana urukundo.”​—Abanyefeso 5:29.

ICO BISOBANURA: Iyo mpanuro iraturemesha gukora uko dushoboye kwose kugira twitwararike amagara yacu. Icigwa kimwe cagizwe cerekanye ko indwara nyinshi zifitaniye isano n’utumenyero usanga abantu bafise. Igihe rero dufise utumenyero twiza, biratuma tugira amagara meza.

ICO WOKORA:

  • Gufungura. Niwitwararike ivyo ufungura mu kwihereza imfungurwa ntungamagara no mu kunywa amazi akwiye.

  • Kwinonora imitsi. Naho woba ufise imyaka ingana gute, kwinonora imitsi birashobora gutuma ugira amagara meza, mbere n’igihe woba umugaye canke ufise indwara idakira. Abagukunda be n’abahinga mu vy’amagara y’abantu boshobora kugufasha mu bijanye na siporo, ariko vyose bivana nawe kugira hagire ikivamwo.

  • Gusinzira bihagije. Kumara igihe udasinzira neza vyoshobora kugukwegera indwara zikomeye. Abantu benshi usanga bahitamwo gukora ibintu bituma badasinzira bikwiye. Ariko igihe uhisemwo gusinzira bihagije, uba uhisemwo kugira amagara meza.

KWIRINDA INGESO MBI

ICO BIBILIYA IVUGA: “Twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima.”​—2 Abakorinto 7:1.

ICO BISOBANURA: Turagira amagara meza igihe twirinda guhumanisha umubiri wacu ibintu biwonona nk’itabi, bikaba bizwi ko ari bimwe mu bintu bikunda guteza indwara n’urupfu.

ICO WOKORA: Niwishingire itariki yo kubiheba, uce uyandika ku kirangamisi. Imbere y’uko iyo tariki igera, niwikureko amatabi canke ibindi bintu vyose bifitaniye isano n’iyo ngeso yari yarakwiziziye. Niwirinde ibibanza birangwamwo abafise iyo ngeso. Ingingo wafashe nuyibwire abagenzi bashobora kugushigikira.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

Umugabo ariko arasoma Bibiliya

Nimba wipfuza kuronka Bibiliya, woshobora kuyisaba Icabona ca Yehova wo mu karere iwanyu

NIWIRINDE AMASANGANYA.

“Niwubaka inzu nshasha, uze ukore igitangirizo c’igisenge cawe, kugira ntukwegere amaraso inzu yawe, kuko hogira uwukoroka avuye kuri co.”​—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 22:8.

NUCUNGERE ISHAVU RYAWE.

“Uwuteba gushavura aba ari n’ugutahura kugwiriye, mugabo uwutihangana aba ariko ashira hejuru ubupfu.”​—IMIGANI 14:29.

NIWIGERERE MU GUFUNGURA.

“Ntube mu . . . bakunzi b’inda.”​—IMIGANI 23:20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika