ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g17 no. 1 rup. 16
  • Ikinyegeri kirinda ubushuhe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikinyegeri kirinda ubushuhe
  • Be maso!—2017
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2017
  • Izosi ry’ikimonyo
    Be maso!—2016
  • Ingene ikimonyo gisukura uduhembe twaco
    Vyoba vyariyadukije?
  • Ubukerebutsi bwa Yehova burabonekera mu vyo yaremye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Be maso!—2017
g17 no. 1 rup. 16
Ikinyegeri co muri Sahara

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ikinyegeri kirinda ubushuhe

IKINYEGERI kimwe co muri Sahara (Cataglyphis bombycina) kiri mu bikoko birinda ubushuhe kuruta ibindi. Igihe ibikoko bikibangamira biba vyagiye kwikinga izuba rya sasita, coco gica kinyeguruka kivuye mu mwobo waco kikaza kirakubitira hanze kurondera ivyo kirya bigizwe n’udukoko twishwe n’izuba rimena imbwa agahanga.

Ubwoya budasanzwe bw’ikinyegeri co muri Sahara ni kimwe mu bigikingira ubushuhe

mm [0.05]

Rimbura iki kintu: Ni igiki gituma ico kinyegeri kirinda ubushuhe? Gifise ubwoya budasanzwe ku mugongo no mu mbavu, kandi kikaba kitagira ubwoya ku nda. Ubwoya bwaco busa n’ifeza bumeze nk’uturingoti dufise impande zitatu. Impande zibiri ziboneka hejuru zifise imihiro, ariko uruhande rw’indani rusigaye rukaba rusenye neza. Ivyo rero bigifasha mu buryo bubiri. Ubwa mbere, bituma ubwoya bwayo buzibira imishwarara itaboneka iva ku zuba. Ubwa kabiri, bituma ico kinyegeri gisohora ubushuhe bwo muri ubwo bugaragwa buba bumaze kwinjira mu mubiri waco. Ya nda itagira ubwoya na yo irazibira ubushuhe bw’imishwarara itaboneka iva mu butaka.a

Muri rugagamisha, ubwoya budasanzwe bw’ikinyegeri co muri Sahara bumeze nk’uturingoti dufise impande zitatu

mm [0.01]

Ubwo bushobozi ico kinyegeri gifise butuma umubiri waco uguma ku bushuhe buri munsi y’amadogere kidashobora kurenza angana 53,6. Abahinga baracagerageza kwigana ico kinyegeri mu guhingura ibintu bidasanzwe bituma ahantu haguma hapfutse hadakoreshejwe amavantirateri canke ibindi vyuma bizana ubukanye.

Uvyibazako iki? Kuba ikinyegeri co muri Sahara gifise ubushobozi bwo kurinda ubushuhe, coba ari ikintu ciyadukije? Canke hari uwagikoze?

a Ibindi bintu bifasha ico kinyegeri ni indemamubiri zidasanzwe gifise zirinda ubushuhe bukaze, n’utuguru tureture dutuma umutumba waco udakora ku musenyi ushushe kandi tugifasha kunyaruka cane. Gifise n’ubushobozi bwo kumenya inzira bugifasha gutora aho coca kugira gisubire ningoga ku mwobo waco.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika