ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwwd ikiganiro 5
  • Ingene ikimonyo gisukura uduhembe twaco

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene ikimonyo gisukura uduhembe twaco
  • Vyoba vyariyadukije?
  • Ivyo bijanye
  • Ikinyegeri kirinda ubushuhe
    Be maso!—2017
  • Izosi ry’ikimonyo
    Be maso!—2016
  • “Umubaji”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ibirimwo
    Be maso!—2017
Ibindi
Vyoba vyariyadukije?
ijwwd ikiganiro 5
Ikimonyo kiriko kirasukura uduhembe twaco

VYOBA VYARIYADUKIJE??

Ingene ikimonyo gisukura uduhembe twaco

Isuku rirahambaye kugira agakoko gashobore kuguruka, kwurira no kwumva ibiri irya n’ino yako. Nk’akarorero, iyo uduhembe tw’ikimonyo turiko ubucafu, bica bikigora kumenya neza inzira, guhanahana amakuru n’ibindi bimonyo no kumoterwa. Umuhinga mu vyerekeye ibikoko yitwa Alexander Hackmann avuga ati: “Ntuzokwigera ubona agakoko gacafuye. Udukoko twaratoreye umuti ikibazo c’ubucafu.”

Rimbura iki kintu: Hackmann na bagenziwe barize ubuhinga ikimonyo bita fourmi charpentière gikoresha mu gusukura uduhembe twaco. Kugira gikure ubucafu bwamase ku duhembe twaco, basanze kizinga ukuguru kwaco kukamera nk’ipensi kigaca kiza kiracisha agahembe kaco muri ukwo kuguru. Ibicafu bininibinini bica bimata ku dushitashita tugumye turi kuri ukwo kuguru. Uducafu dutoduto duca dukurwako n’akantu kameze nk’agasokozo kari kuri ukwo kuguru, gafise imyanya ingana n’ubwaguke bw’utwoya turi kuri ako gahembe. Uducafu dutoduto cane na two, utunganya ubwaguke n’agashatsi k’umuntu ugasatuye incuro 80, dukurwako n’utwoya two kuri ukwo kuguru tumeze nk’udushitashita tunzwinya.

Irabire ingene ikimonyo gisukura uduhembe twaco

Hackmann na bagenziwe babona ko ubwo buhinga ikimonyo gikoresha mu gusukura uduhembe twaco bushobora gufasha mu mahinguriro. Nk’akarorero, ubwo buhinga bwoshobora gukoreshwa igihe bariko barahingura udutsinga tunzwinya, kuko iyo tugiyeko uducafu na dukeyi bishobora gutuma tudakora neza.

Uvyibazako iki? Ubuhinga bw’ico kimonyo bwoba bwariyadukije canke hariho uwabushizeho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika