ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 5 rup. 7
  • Uko vyifashe muri Amerika

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uko vyifashe muri Amerika
  • Be maso!—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Gusoma ubutumwa gake bituma dutekana.
  • Icotuma amafi asubira kugwira.
  • Ubukozi bw’ikibi muri Brezile.
  • Wokora iki ufise umwitwarariko?
    Be maso!—2020
  • Novyifatamwo gute mu mikazo yo kw’ishure?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Umwitwarariko ni iki?
    Be maso!—2020
  • Ivyogufasha ngo nturengerwe n’umwitwarariko
    Be maso!—2014
Ibindi
Be maso!—2016
g16 no. 5 rup. 7
Ifi iri mu mazi

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Uko vyifashe muri Amerika

Amakuru yo ku mugabane wa Amerika arerekana ko impanuro Bibiliya itanga zidata igihe.

Gusoma ubutumwa gake bituma dutekana.

Umugabo asoma gatatu ku musi ubutumwa arungikirwa, akaba atekanye mu bwenge; uwundi abusoma umwanya wose, akaba adatekanye

Ivyigwa vyagizwe i Vancouver muri Kanada vyerekana ko igihe umuntu araba gatatu gusa ku musi ubutumwa arungikirwa aho kuburaba umwanya wose, bishobora gutuma arushiriza gutekana. Kostadin Kushlev uwari ahagarikiye ivyo vyigwa, yavuze ati: “Abantu birabagora kwigumya ngo ntibarabe ubutumwa barungikiwe, ariko babigize borushiriza gutekana.”

UVYIBAZAKO IKI? Ko tubaye mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” ntitworondera uburyo bwotuma turushiriza gutekana?​—2 Timoteyo 3:1.

Icotuma amafi asubira kugwira.

Icegeranyo c’ishirahamwe rikingira ibikoko kivuga yuko muri Belize no mu yandi mazinga ya Karayibe “ibinyabuzima vyo mu mazi vyitwa conque, ivyitwa homard n’amafi vyagwiriye ahantu leta yabujije uburovyi.” Congerako giti: “Kugira ngo ibinyabuzima birobwa cane bisubire kugwira ahantu uburovyi bubujijwe . . . vyofata imyaka iri hagati ya 1 na 6, ariko vyosaba imyaka mirongo kugira bisubire nk’uko vyahora.” Ku bijanye n’igihugu ca Belize, umuyobozi muri iryo shirahamwe yitwa Janet Gibson, yavuze ati: “Biribonekeza ko kubuza uburovyi mu bibanza bimwe bishobora gutuma amafi n’ibindi binyabuzima vyo muri ico gihugu bisubira kugwira cane.”

UVYIBAZAKO IKI? Kuba ibidukikije bishobora gusubirana ntivyoba vyerekana ko hariho uwabiremye afise ubwenge?​—Zaburi 104:24, 25.

Ubukozi bw’ikibi muri Brezile.

Urwego rwo muri Brezile rutanga amakuru ruvuga ko ubukozi bw’ikibi bwabaye ndanse muri ico gihugu. Mu 2012 hishwe abarenga 56.000. Ni co gitigiri c’abishwe mu mwaka umwe kiruta ibindi vyose Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumaze kuronka. Umuhinga mu vy’umutekano w’abanyagihugu yitwa Luís Sapori yiyumvira yuko ivyo vyerekana ko abantu ata co bacibanga. Yavuze ko igihe abantu baba batacubaha amategeko y’ikibano babayemwo, “baca batangura gukoresha igikenye ku nyungu zabo bwite.”

WARI UBIZI? Bibiliya yari yaravuze ko hogeze igihe urukundo ‘rugakanya’ n’ubukozi bw’ikibi bukongerekana.​—Matayo 24:3, 12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika