ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 2 rup. 3-7
  • Bibiliya ni igitabu kidasanzwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ni igitabu kidasanzwe
  • Be maso!—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya iratwereka ingene twokwiyegereza Imana n’uko twokwigenza
  • Bibiliya iratubwira ingene ingorane n’ukudahuza vyatanguye
  • Icizigiro Bibiliya itanga
  • Bibiliya iradufasha gutandukanya iciza n’ikibi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2024
  • Inyigisho z’ukuri zishimwa n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Bibiliya yoba ivuga rumwe na siyansi?
    Be maso!—2011
  • Igitabu Gihishura Ubumenyi Bwerekeye Imana
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
Ibindi
Be maso!—2016
g16 no. 2 rup. 3-7
Umugabo ariko arasoma Bibiliya

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Bibiliya ni igitabu kidasanzwe

Haraciye nk’imyaka ibihumbi bibiri Bibiliya yanditswe. Kuva ico gihe hari ibindi bitabu vyinshi vyanditswe birakundwa ariko amaherezo biraharurukwa. Mugabo Bibiliya yo ntita igihe. Rimbura ibi bintu:

  • Abantu bakomakomeye barashatse kuzimanganya Bibiliya ariko ntibabishoboye. Nk’akarorero, igitabu kimwe (An Introduction to the Medieval Bible) kivuga ko kera mu bihugu bimwebimwe vyitwa ko ari ivy’abakirisu “gutunga Bibiliya no kuyisoma mu rurimi rutahurwa na bose vyafatwa ko ari ubuhakanyi n’ubugarariji.” Ico gihe abantu bashira Bibiliya mu rurimi rutahurwa na benshi canke bahimiriza abandi kuyiga baba bashize ubuzima bwabo mu kaga. Hari abahasize ubuzima.

  • Naho abantu benshi bayigwanije, Bibiliya yarakwiragijwe kuruta ibindi bitabu vyose kandi n’ubu ni ko biri. Bivugwa ko hamaze gusohorwa Bibiliya zishika imiliyaridi zitanu mu ndimi zirenga 2.800 yaba yose canke igice cayo. Ivyo si ko biri ku bitabu bivuga ivya filozofiya, ivy’ubuhinga canke ibindi, kuko vyovyo usanga bisohorwa ari bike kandi ntibiteba guta igihe.

  • Bibiliya yarafashije kuzigama no guteza imbere indimi zimwezimwe yahinduwemwo. Bibiliya yo mu kidagi yahinduwe na Martin Luther yarateje imbere cane urwo rurimi. Integuro ya mbere ya Bibiliya yitwa King James Version yavuzwe ko “ishobora kuba ari co gitabu cateje imbere ururimi rw’icongereza kuruta ibindi bitabu vyose.”

  • Bibiliya yaragize “ikintu kinini ikoze ku mico kama y’abantu bo mu bihugu vya Buraya no muri Amerika ya ruguru atari gusa mu bijanye n’idini ahubwo no mu bijanye n’utugenegene, inyandiko, amategeko, ivya politike no mu bindi vyinshi.”​—Bivugwa mu gitabu The Oxford Encyclopedia of the Books of the Bible.

Ayo ni amakuru makeyi gusa yerekana ukuntu Bibiliya itandukanye n’ibindi bitabu. Kubera iki none ikundwa cane? Kubera iki abantu bashize ubuzima bwabo mu kaga ku bwayo? Mu mvo nyinshi zibituma harimwo izi: Bibiliya irimwo impanuro zitwereka ingene twobaho n’ingene twokwiyegereza Imana. Iradufasha gutahura umuzi w’ingorane abantu bafise n’igituma badahuza. N’ikirushirije, iratubwira ko izo ngorane zizohera n’ingene zizokurwaho.

IBIYEREKEYE MURI MAKE

Bibiliya izinguruye

Bibiliya igizwe n’ibitabu 66; ico gitabu ceranda canditswe mu kiringo c’imyaka 1.600.

Bibiliya yanditswe n’abantu 40, bamwe bakaba bari abarimyi, abarovyi, abacamanza, abami n’abaririmvyi.

Ubwami bw’Imana ni co ciyumviro nyamukuru ca Bibiliya. Ubwo Bwami ni intwaro yo mw’ijuru izoganza isi. (Daniyeli 2:44; 7:13, 14) Buzokuraho ikibi, imibabaro n’urupfu. Abantu bose bazoba bagamburukira Segaba w’ibiriho vyose, ni ukuvuga Umuremyi wacu Yehova Imana.​—1 Abakorinto 15:24-26.

Bibiliya iratwereka ingene twokwiyegereza Imana n’uko twokwigenza

Ubumenyi duhabwa kw’ishure burakenewe. Ariko ikinyamakuru kimwe co muri Kanada (Ottawa Citizen) cavuze ko “kuronka impapuro z’umutsindo atari vyo bituma umuntu agira inyifato runtu.” Nkako abantu benshi baminuje harimwo abadandaza n’abategetsi bakomakomeye barabesha, bagakora forode kandi bakiba. Icigwa cagizwe hirya no hino kw’isi n’ishirahamwe ryitaho imibano y’abantu ryitwa Edelman, kivuga ko ivyo bituma “abantu batabizigira na gato.”

Bibiliya yoyo itanga ubumenyi budufasha kugira inyifato runtu no kwiyegereza Imana. Iradufasha gutahura “ubugororotsi n’urubanza n’ukugororoka, inzira yose y’iciza.” (Imigani 2:9) Reka tubitangire akarorero. Hari umusore w’imyaka 23 yitwa Stephen yari apfungiwe muri Polonye. Yaratanguye kwiga Bibiliya maze aratahura impanuro ngirakamaro itanga. Yanditse ati: “Ubu ndatahura neza impanuro igira iti: ‘Tera iteka so na nyoko.’ Narize no gutsinda ishavu.”​—Abanyefeso 4:31; 6:2.

Stephen yarakozwe ku mutima n’impanuro iri mu Migani 19:11 igira iti: “Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe; kandi kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza kuri we.” Ubu iyo Stephen ashikiwe n’ikintu gishavuza aragica irya n’ino atekanye maze agashira mu ngiro iyo mpanuro. Avuga ati: “Narabonye ko Bibiliya ari co gitabu gitanga impanuro nziza kuruta ibindi vyose.”

Icabona ca Yehova yitwa Maria yaratukiwe imbere y’abantu n’umugore yanka Ivyabona, ivyo bituma haba uruhagarara. Ariko aho kumwishura, Maria yibandanirije urugendo rwiwe atekanye. Mu nyuma uwo mugore yaricujije aca atangura kurondera Ivyabona vya Yehova. Haciye nk’ukwezi yarasubiye kubona Maria. Yaramugumbiriye yongera aramusaba imbabazi. Vyongeye yaratahuye ko ivyo Maria yemera ari vyo vyatumye agaragaza ukwitonda n’ukwigumya. None vyavuyemwo iki? Wa mugore n’abandi batanu bo mu muryango wiwe barafashe ingingo yo kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.

Yezu Kristu yavuze ko ubwenge bugaragarira mu bikorwa. (Matayo 11:19) Ivyo rero birerekana ko Bibiliya irimwo impanuro ngirakamaro! Ziratuma tuba abantu beza. Ziracisha ubwenge “umuntu atazi utuntu n’utundi,” ‘ziranezereza umutima,’ kandi zituma ‘amaso akayangana’ kubera umuntu yatahuye ibintu bituma agira inyifato runtu akongera akiyegereza Imana.​—Zaburi 19:7, 8.

Bibiliya iratubwira ingene ingorane n’ukudahuza vyatanguye

Igihe abahinga bariko bariga ibijanye n’indwara kanaka, baragerageza gutahura ikiyitera. Uko nyene ni ko dukwiye kubigenza kugira dutahure ingorane abantu bafise n’igituma hari ukutumvikana. Bibiliya irashobora kubidufashamwo kuko itwiganira ingene ingorane z’abantu zatanguye.

Igitabu c’Itanguriro kitumenyesha ko ingorane zatanguye igihe abantu ba mbere bagarariza Imana. Kimwe mu vyo bakoze, barihaye uburenganzira bwo gushinga ikibereye n’ikitabereye. Ubwo burenganzira bwegukira Umuremyi wacu gusa. (Itanguriro 3:1-7) Ikibabaje, kuva ico gihe abantu muri rusangi baratsimbataje ivyo vyiyumviro vyo kwigenga. None vyavuyemwo iki? Aho kurangwa n’umwidegemvyo be n’agahimbare, kahise kose k’abantu karanzwe n’agacinyizo, amatati n’ukudahuza mu vy’inyifato runtu be no mu vy’Imana. (Umusiguzi 8:9) Bibiliya iravuga itihenda iti: “Umuntu . . . si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yeremiya 10:23) Igishimishije ni uko ingorane zakwezwe n’ukwo kurondera ukwigenga zigiye guhera.

Icizigiro Bibiliya itanga

Bibiliya iradukura amazinda ko Imana ibitumwe n’urukundo ikunda abayubaha bakongera bakisunga amategeko yayo, itazokwama yihanganiye ububi n’ingaruka zabwo. Ababisha “bazorya . . . ku vyamwa vy’inzira yabo.” (Imigani 1:30, 31) Ariko “abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:11.

Bibiliya izinguruye iri iruhande y’igikombe c’ikawa

“[Imana i]gomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.”​—1 Timoteyo 2:3, 4

Biciye ku ‘bwami bwayo’ Imana izoshitsa umugambi ifise wo kuzana amahoro kw’isi. (Luka 4:43) Ubwo Bwami ni intwaro izoganza isi. Biciye kuri bwo, Imana izokwerekana ko ari yo ikwiye kugaba ikaganza. Ku bijanye n’ivyo ubwo Bwami buzokora kw’isi, Yezu yavuze muri rya sengesho ry’akarorero ati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi.”​—Matayo 6:10.

Abatwarwa b’Ubwami bw’Imana bazokora ivyo Imana ishaka. Bazokwerekana ko Umuremyi ari we akwiye kuba Umutware, atari uwundi muntu uwo ari we wese. Ntihazosubira kuvugwa igiturire, uguhahamira amaronko, ubusumbasumbane mu vy’ubutunzi, kwinubana n’intambara. Ico gihe kw’isi, abantu bazoba bunze ubumwe batwarwa n’intwaro imwe kandi bisunga amategeko amwe mu vy’inyifato runtu no mu vy’Imana.​—Ivyahishuwe 11:15.

Kugira twibonere ivyo bintu, turakeneye kwigishwa. Muri 1 Timoteyo 2:3, 4 havuga ko Imana “[i]gomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” Ukwo kuri, kugizwe n’inyigisho zo muri Bibiliya twokwita ibwirizwa shingiro ry’Ubwami bw’Imana, akaba ari amategeko be n’ingingo ngenderwako abatwarwa b’ubwo bwami bazokwisunga. Amwe muri ayo mategeko ari mu nsiguro Yezu yatanze dusanga muri Matayo ikigabane ca 5 gushika ku ca 7. Uko usoma ivyo bigabane bitatu, nugerageze kwiyumvira uko ubuzima buzoba bumeze igihe abantu bose bazoba bakurikiza impanuro Yezu yatanze.

Ntibitangaje rero kuba Bibiliya ari co gitabu gikwiragiye cane kw’isi. Inyigisho zirimwo zavuye koko ku Mana. Kandi kuba yarakwiragiye kw’isi, ni icerekana ko Imana yipfuza ko abantu bo mu mahanga yose n’indimi zose biga ibiyerekeye kugira bazoronke imihezagiro izozanwa n’Ubwami bwayo.​—Ivyakozwe 10:34, 35.

Ijuru ryuzuye inyenyeri

Bibiliya ivuga ko hari ivyagezwe bigenga ibisyo vyo mu kirere

BIBILIYA IRADUKINGIRA KWEMERA IBINTAZI

Igitabu kimwe (Encyclopedia of Science and Religion) kivuga ko abantu ba kera “bibaza ko ibisyo vyo mu kirere biyoborwa n’ibimana.” Ariko Bibiliya ivuga ko ibisyo biyoborwa n’amategeko abigenga. Nk’akarorero, haraciye imyaka 3.500 Bibiliya ivuze ko hari “ivyagezwe bigenga amajuru [n’]isi.” (Yobu 38:33) Muri Yeremiya 31:35 haravuga ibijanye n’“ivyagezwe biganza ukwezi n’inyenyeri.” Abemera iyo nyigisho barakingiwe ugusenga kw’ikinyoma n’ukwemera ibintazi.​—Yobu 31:26-28; Yesaya 47:1, 13.

BIBILIYA IVUGISHA UKURI

Ikintu gishimishije cane caranze abanditsi ba Bibiliya ni ukuntu bavugisha ukuri mbere bakandika n’amakosa yabo. Nk’akarorero, Umwami Dawidi amaze kurenga ibigo n’umugore yitwa Batisheba, yiyemereye ati: “Nakoze ibibi mu maso yawe [Mana].” (Zaburi 51:4) Intumwa Yohani yariyemereye ko incuro zibiri zose yapfukamye ngo asenge umumarayika. Uwo mumarayika yamubwiye ati: “Uragaba! Ntugire ivyo! . . . Senga Imana!” (Ivyahishuwe 19:10; 22:8, 9) Mwene ukwo kuvugisha ukuri kw’abanditsi ba Bibiliya ni ikintu c’imbonekarimwe mu bandi banditsi ba kera.

BIBILIYA IRATUMA TUGIRA AMAGARA MEZA YO MU MUTWE

Bibiliya iraturemesha gutsimbataza impuhwe no kubabarirana ivyo bikaba bituma turushiriza kugira amagara meza yo mu mutwe. Mu Banyefeso 4:32 havuga hati: “Mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranira ata gahigihigi.”

Ibitaro bimwe vyo muri Amerika (Mayo Clinic) vyahanuye biti: “Nimba utababarira abandi, ushobora gusanga ari we biteye ingorane.” Bica bisigura ko kubabarira abandi bituma umuntu agiranira na bo “imigenderanire myiza, akarushiriza kwiyegereza Imana no guturura. Biragabanya amaganya, imyitwarariko, ishavu n’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso. Ariko kandi birarinda akabonge, akaborerwe no gufata ibintu bishobora kwizizira umuntu.”

BIBILIYA IRATANGA INYISHU Z’IBIBAZO BIHAMBAYE MU BUZIMA

Umwana akiri mu nda

Umwana akiri mu nda

Ubuhinga bwaratoreye inyishu ibibazo vyinshi. Ariko ntiwumve burafise aho bugarukira. Igitabu kimwe c’ivy’ubuhinga kigira giti: “Abahinga benshi, abaganga n’abafilozofe bariyemerera ko ubuhinga budashobora kwigisha abantu ibijanye n’inyifato runtu, ikibereye n’ikitabereye n’ingene bokwiyegereza Imana.”

  • UBUHINGA buradusigurira uko ibisyo bigenda mu kirere ariko ntibushobora kutubwira igituma biriho canke igituma bigendera ku rutonde.

  • UBUHINGA buradusigurira ingene ibihimba vy’irondoka bikora ariko ntibushobora kutwigisha ingene twokwirinda ubusambanyi.

  • UBUHINGA burasigura ingene imbanyi ikura ariko ntibushobora kutwereka ingene dukwiye kubona ivyo gukorora inda.

Bibiliya irasigura ivyo bintu eka mbere n’ibindi bihambaye maze ikadufasha ‘gutahura ibigororotse ivyo ari vyo n’inzira yose y’iciza.’​—Imigani 2:9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika