ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 12/15 rup. 8-9
  • Kutamera kumwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kutamera kumwe
  • Be maso!—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGORANE
  • Igihe ivyo wari witeze mu mubano bitarangutse
    Be maso!—2014
  • Igihe mutabona ibintu kumwe
    Icofasha umuryango
  • Nushimire uwo mwubakanye
    Be maso!—2017
  • Ingene mworeka gushwana
    Be maso!—2013
Ibindi
Be maso!—2015
g 12/15 rup. 8-9
Umugabo yihuta arindiriye umugore wiwe ariko yivomerera amashurwe

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Kutamera kumwe

INGORANE

Umupira w’amaguru n’igitabu

Ukunda inkino, na we akunda gusoma. Ushaka ko utuntu twose tuba ku rutonde, we apfa aho ashize ibintu. Ukunda kuja kuramukanya, na we ashima kwigumira muhira.

Wibwira uti: “Ntiduhuza na gato! Kubera iki ntabibonye igihe twariko turareshanya?”

Ushobora kuba warabibonye ariko ukavyihanganira. Ivyo ni vyo ukwiye kugira ubu narirya mwubakanye. Iki kiganiro kiraza kubigufashamwo. Reka tubanze turabe ibintu bimwebimwe ukwiye kumenya ku bijanye n’ivyo abantu babona ko ari ukudahuza.

ICO UKWIYE KUMENYA

Hari igihe ukudahuza kuba gukomeye. Igihe co kureshanya ahanini abantu baba bashaka kuraba ko bazohuza. Ni yo mpamvu, igihe babonye ko hari ibintu bikomeye badahurizako, benshi baca bahagarika ubwo bucuti aho kwubakana mugabo bakazokwama muri zuguruzuguru. Ariko tuvuge iki ku bintu bidahambaye badahurizako usanga bishika mu mibano yose?

Nta bantu babiri bameze kumwe ijana kw’ijana. Ni co gituma ari ibisanzwe ko abubakanye bashobora kuba batandukanye muri iyi mice ikurikira:

Ivyo bakunda. Umugore yitwa Annaa avuga ati: “Umugabo wanje yakuriye ahantu bakunda kuduga imisozi iriko ibibarafu no kuja gutembera mu mashamba, ariko jewe ivyo sinigeze ndabikunda.”

Ivyo bamenyereye. Umugabo yitwa Brian avuga ati: “Umugore wanje arashobora guterama cane, mugabo isaha 11 zo mu gitondo akaba yavyutse. Ariko jewe, ntaryamye amasaha indwi canke umunani, nca nirirwa nabi.”

Uko bameze. Urashobora kuba uri umuntu ahoze, mugabo uwo mwubakanye akaba akunda kuvuga. Umugabo yitwa David avuga ati: “Kuva nkiri umwana sinakunda kuvuga ibijanye n’ingorane zanje, ariko umugore wanje yakuriye mu muryango bisanzura mu kuvuga.”

Kutamera kumwe birashobora kuba ngirakamaro. Umugore yitwa Helena avuga ati: “Ndashobora kuba mfise uburyo bwiza bwo gukora ikintu ariko ntibisobanura ko ari bwo buryo bwiza bwonyene buriho.”

ICO WOKORA

Numushigikire. Umugabo yitwa Adam avuga ati: “Umugore wanje Karen ntakunda na gato inkino. Ariko aramaze kumperekeza akatari gake kurorera inkino mbere akamfasha umunezero. Karen na we akunda kuja kuraba utugenegene akaba ari co gituma ndamuherekeza kandi tukamarayo umwanya wose yipfuza. Ndagerageza gukunda utugenegene kubera ko bihambaye kuri we.”​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Abakorinto 10:24.

Niwuguruke. Igihe uwo mwubakanye atabona ibintu nk’uko ubibona ntibisobanura ko aba abibona ukutariko. Ivyo umugabo yitwa Alex yaravyiboneye. Avuga ati: “Nahora mbona ko hari uburyo bumwe gusa bwo gukora ikintu neza. Ariko maze kwubaka urwanje naratahuye ko hari uburyo bwinshi bwo gukora ikintu neza, kandi bumwe bwose usanga bufise ivyiza bwisangije.”​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Petero 5:5.

Ntiwitege ibidashoboka. Guhuza ntibisobanura kumera kumwe. Ntuce ubona rero ko wahisemwo nabi kubera gusa ubonye hari ivyo mudahurizako n’uwo mwubakanye. Igitabu kimwe kivuga ivy’umubano kigira giti: “Abantu benshi bitwaza ngo ‘amaso akunda ntabona neza.’” Ariko gica kibandanya giti: “Umusi wose mumaranye munezerewe, vyerekana ko mushobora gukundana naho mutameze kumwe.” Rero, “[ni]mubandanye kwihanganirana . . . iyo hari uwufise ico yidogera uwundi.”​—Abakolosayi 3:13.

Gerageza iki kintu: Niwandike ivyo ushima ku wo mwubakanye be n’ivyo ubona ko muhurizako. Hama wandike ivyo ubona ko mudahurizako. Ushobora gusanga ivyo mudahurizako bidakomeye nk’uko wavyibaza. Ivyo kandi birashobora kukwereka aho ukeneye kurushiririza kumwihanganira canke kumushigikira. Umugabo yitwa Kenneth avuga ati: “Ndashima iyo umugore wanje agize ivyahevye kugira anyorohereze, eka kandi ndazi ko na we bimushimisha iyo ndabigize. Naho bitama vyoroshe, ndamubonye anezerewe nanje biranezera.”​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abafilipi 4:5.

a Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera bitashimwe ko bamenyekana.

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.”​—1 Abakorinto 10:24.

  • “Mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira.”​—1 Petero 5:5.

  • “Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane.”​—Abafilipi 4:5.

Charlie na Ramona

CHARLIE NA RAMONA

“Nimwibwira ngo: ‘Ntiduhuza na gato,’ muzoguma mubona ko ari ko biri. Ahubwo nimugerageze gusenyera ku mugozi umwe, mubone ivyo mudahurizako ko ari ibirungo aho kubibona nk’ubumara. Intambamyi ntizikwiye gutuma mubona ko kabaye.”

Benjamin na Chelsea

BENJAMIN NA CHELSEA

“Hari abavuga ngo ‘Ntidukunda imiziki imwe canke amasinema amwe.’ Na twebwe twovuga ivyo canke ibindi. Ariko iyo duhagarika ubucuti bwacu kubera tudakunda bimwe, twari kuba duhomvye ibintu biteye umunezero twasangiye kandi ntitwari kuronka akaryo ko gukorera hamwe ibintu dukunda twese.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika