ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/15 rup. 16
  • Uko ivy’imiryango vyifashe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uko ivy’imiryango vyifashe
  • Be maso!—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Muri Afrika
  • Muri Kanada
  • Mu Buholande
  • Bavyeyi, nimurere abana banyu mubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • «Abana ni ingabire Yehova atanga»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 2
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bavyeyi, nimubere akarorero keza abana banyu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Be maso!—2015
g 10/15 rup. 16
Umuvyeyi ariko arakoresha orodinateri mu gihe akana kiwe gashaka ko agaterura

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Uko ivy’imiryango vyifashe

Hariho ingorane nyinshi zihanze imiryango, mugabo impanuro zidata igihe dusanga muri Bibiliya zirashobora kudufasha guhangana n’izo ngorane kandi tukaroranirwa.

Muri Afrika

Nk’uko Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu ribivuga, abavyeyi bakwiye gutangura kwonsa abana babo haciye nk’isaha imwe bavutse kandi bakabonsa amaberebere gusa ikiringo c’amezi atandatu. Ariko rero naho bahimirizwa gutyo, umukozi wa UNICEF ajejwe ibijanye no gufungura neza mu karere ka Afrika y’ubuseruko n’iyo mu bumanuko yavuze ko hari abantu bakibandanya kubesha bavuga ko “amata yo mu magopo ari meza cokimwe n’amaberebere.”

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.”​—Imigani 14:15.

Muri Kanada

Abashakashatsi b’i Montréal berekanye ko abana bafise abavyeyi batwaza igikenye, bamwe bashingira abana babo amategeko aremereye mugabo ntibabereke urukundo, bishoboka rwose ko ibice 30 kw’ijana vy’abo bana bavyibuha birenze gusumba abana bafise abavyeyi babitwararika kandi bakabashingira amategeko atarenze urugero.

WARI UBIZI? Haraciye imyaka amajana Bibiliya yerekanye uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kurera abana ubwo ari bwo.​—Abakolosayi 3:21.

Mu Buholande

Itohoza ryagizwe ku miryango y’Abanyaholande aho usanga abavyeyi bompi bakora, ryerekanye ko abavyeyi bashira akazi mu kibanza cako be n’umuryango mu kibanza cawo, bumvikana cane n’abana babo gusumba abavyeyi batwarwa cane n’akazi ntibiteho imiryango yabo. Nk’akarorero, abavyeyi bavanga akazi n’umuryango ugasanga bari muhira bariko baraterefona abantu ku bijanye n’akazi, biratuma batitwararika abana nk’uko bategerezwa.

UVYIBAZAKO IKI?: “Ikintu cose kirafise igihe [kibereye] cashingiwe.”​—Umusiguzi 3:1.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika