ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 12/13 rup. 16
  • Ubushobozi bwo kubika amakuru bw’agahimba ADN

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubushobozi bwo kubika amakuru bw’agahimba ADN
  • Be maso!—2013
  • Ivyo bijanye
  • Umubiri wawe utekeye amakuru menshi
    Be maso!—2015
Be maso!—2013
g 12/13 rup. 16

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ubushobozi bwo kubika amakuru bw’agahimba ADN

ABAKORESHA orodinateri barakenera kuyibikamwo amakuru menshi kugira ngo bayikoreko igihe bikenewe. Abahinga barizigiye ko bazoteza imbere cane uburyo busanzwe bukoreshwa mu gushingura amakuru ya elegitoronike, barabiye ku kantu karuhariwe mu kubika amakuru, ako na ko kakaba ari agahimba ntekeramakuru dusanga mu binyabuzima vyose kitwa ADN.

Rimbura ibi: Ikinyabuzima cose kirafise muri co ako gahimba ADN gatekeye amakuru amamiliyaridi n’amamiliyaridi acerekeye. Uwitwa Nick Goldman wo mu kigo c’i Buraya gisuzuma amakuru y’ibinyabuzima gikoresheje ubuhinga bwa none, avuga ati: “Turashobora kugakura mu magufa y’inzovu za kera cane (mammouths) . . . kandi tugatahura amakuru gatekeye. Ni n’akantu inzatsa, gatsindagiyemwo amakuru menshi kandi kadakenera umuyagankuba kugira ngo kabike amakuru, ivyo bigatuma kukabika no kukimurira ahandi vyoroha.” None ako gahimba ADN koba gashobora gushingurwamwo amakuru ya elegitoronike atunganywa n’abantu? Abashakashatsi bavuga ko kabishoboye.

Abahinga barihinguriye agahimba ADN, bagashiramwo ibintu vyo kwumviriza, ibisomwa be n’amashusho vyahawe iyindi mero, nka kurya babishira mu vyuma bibikwamwo amakuru ya elegitoronike. Mu nyuma abo bashakashatsi barashoboye kubisubiza mu mero yavyo isanzwe kandi ata na kimwe cononekaye. Abahinga babona ko biciye kuri ubwo buhinga, agahimba ADN k’igarama 1 koshobora kubika amakuru yoja ku tudisiki CD dushika 3.000.000 kandi hagahera imyaka amajana canke ibihumbi nya makuru yose abitswe. Ubwo buhinga hari aho bwotuma amakuru ya elegitoronike yo kw’isi yose ashingurwa. Ni co gituma agahimba ntekeramakuru ADN bakise “ubushinguro rusakumba bw’amakuru.”

None uvyibazako iki? Ubushobozi bwo kubika amakuru bw’ako gahimba ntekeramakuru ADN coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwagishizeho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika