ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 12/13 rup. 3
  • Udukuru tw’irya n’ino

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru tw’irya n’ino
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
  • Muri Nijeriya
  • Muri Espanye
  • Kw’isi yose
  • Kubera iki mudakoresha umusaraba mu gusenga?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Yezu yoba vy’ukuri yapfiriye ku musaraba?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Igituma abakirisu b’ukuri badakoresha umusaraba mu gusenga
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova badakoresha umusaraba mu gusenga?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Be maso!—2013
g 12/13 rup. 3

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Icigwa kimwe cagizwe cerekanye ko hafi ica gatatu c’abagenda n’amaguru usanga basamara mu kujabuka amabarabara yuzuye uruja n’uruza, bitumwe n’uko bagenda bumviriza umuziki, bavugira kuri telefone, n’ibindi n’ibindi. Ikibasamaza giteye akaga kuruta ibindi vyose ni ukugenda barandika ubutumwa kuri telefone. Muri ico cigwa basanze abajabuka bandika ubwo butumwa bakoresha umwanya wiyongereyeko ibice 18 kw’ijana ku wo abajabuka batasamaye bakoresha. Nayo ku bijanye no kujabukira ahatabereye, kuteraguza imbere yo kujabuka, canke kutubahiriza ibimenyetso bibarekurira kujabuka, basanze abandika ubutumwa bishobora kubashikira incuro 3,9 kuruta abajabuka batasamaye.

Muri Nijeriya

Abigeme bakurwa muri Nijeriya bakajanwa i Buraya batwawe n’abakora urudandaza rw’abantu, barajanwa ku tunyabugoro tw’abapfumu kugira barahire ko bazogumya ibanga. Kugira ngo abakora urwo rudandaza biganzire abo bigeme kandi batume bemera gukoreshwa nk’abaja mu vy’igitsina, bafatira ku bwoba bukomeye abo bigeme bafise bwo guhanwa n’amadayimoni.

Muri Espanye

Abantu bari hagati y’ibice 5 na 10 kw’ijana vy’abamaze igihe kirekire batagira akazi, usanga ku rupapuro rwabo rw’umwidondoro badashirako ko bize kaminuza canke ko bigeze gukora akazi kanaka, kuko ivyo bica bituma abobaha akazi babona ko batoronka ayo bobahemba.

Kw’isi yose

Umwotsi uva mu mashiga ubonwa ko uri mu bintu nyamukuru bihitana ubuzima bw’abantu mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, aho buri mwaka abantu imiliyoni zine bahitanwa n’indwara zijanye n’uguhema ziterwa n’imyotsi. Abashakashatsi bavuga ko umwotsi w’inkwi canke w’amakara ugirira nabi amagara nka kurya kw’ubumara buri mu mwotsi w’itabi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika